Tuzogendera mu gutungana kwacu!
“Nayo jewe, ugutungana kwanje ni kwo nzogenderamwo.”—ZAB. 26:11.
1, 2. Yobu yavuze iki ku bijanye n’ugutungana kwiwe, kandi muri Yobu ikigabane ca 31 herekana iki ku bimwerekeye?
MU BIHE vya kera, akenshi ibintu vyapimwa ku munzane w’amabuye. Wakunda kuba ugizwe n’igiti canke icuma gikikamye cazungurukira ku musumari uri hagati na hagati muri co. Ku mpera zaco zompi wasanga harekera isahani. Ikintu caba kiriko kirapimwa cashirwa mw’isahani imwe, mu yindi na ho hagashirwa ibuye ryo gupima uburemere. Abasavyi b’Imana bǎtegerezwa gukoresha umunzane n’amabuye yo gupimisha bitiba.—Imig. 11:1.
2 Igihe wa mugabo yatinya Imana ari we Yobu yariko aracumukura kubera ko Shetani yari yamugavyeko igitero, yavuze ati: “[Yehova] azompima ku munzane utabesha kandi Imana izomenya ugutungana kwanje.” (Yobu 31:6) Mu bijanye n’ivyo, Yobu yaravuze ibintu bitari bike vyari gushobora kugerageza umuntu agumana ugutungana kwiwe. Mugabo Yobu yaratsinze ico kigeragezo, nk’uko amajambo yavuze dusanga muri Yobu ikigabane ca 31 asa n’ayavyerekana. Akarorero keza yatanze koshobora kutuvyurira umutima wo kuvyifatamwo mu buryo nk’ubwo maze tukavugana ubujijutsi, nk’uko umwanditsi wa Zaburi Dawidi yavuganye ubujijutsi ati: “Nayo jewe, ugutungana kwanje ni kwo nzogenderamwo.”—Zab. 26:11.
3. Ni kubera iki bihambaye ko tuba abizigirwa ku Mana mu bintu bininibinini no mu bintu bitobito?
3 Naho Yobu yageragejwe bimwe bikomeye, yagumye ari umwizigirwa ku Mana. Hari aboshobora mbere kuvuga yuko kuba Yobu yarashoboye kwihanganira ibigeragezo bikomeye vyamushikiye akagumana ugutungana kwiwe adahemuka, ari ikintu c’imbonekarimwe. Ntidushikirwa neza na neza n’ingorane nk’izashikiye Yobu. Ariko rero, kugira ngo twerekane yuko tugendera mu gutungana kwacu be n’uko dushigikira ubusegaba bwa Yehova, dutegerezwa kuba abizigirwa ku Mana mu bintu bininibinini no mu bintu bitobito.—Soma Luka 16:10.
Gutungana mu vy’inyifato runtu birahambaye cane
4, 5. Kubera ko Yobu yari umuntu agumana ugutungana kwiwe, ni inyifato iyihe yirinda?
4 Kugira ngo tugumane ugutungana kwacu imbere ya Yehova, dutegerezwa kwisunga ingingo mfatirwako ziwe zigenga inyifato runtu, nk’uko Yobu yabigize. Yavuze ati: “Nagiranye isezerano n’amaso yanje. None noshobora nte gushinga ijisho umwigeme w’isugi? . . . Nimba umutima wanje wakwegakwegewe ku mugore, kandi nkaguma mbunze ku bwinjiriro bwa mugenzanje, umugore wanje nasyere uwundi mugabo, kandi abandi bagabo nibamupfukameko.”—Yobu 31:1, 9, 10.
5 Kubera ko Yobu yari yiyemeje kugumana ugutungana kwiwe imbere y’Imana, yaririnze gushinga ijisho umwigeme gushika aho yotangura kumwipfuza. Kubera ko yari umugabo afise umugore, ntiyakwegana n’inkumi canke ngo agiranire imigenderanire y’ivy’urukundo n’umukenyezi w’uwundi mugabo. Muri ya Nsiguro yo ku Musozi, Yezu yaravuze amajambo akomeye ku vyerekeye ukwigenza neza mu bijanye n’igitsina, ico kikaba vy’ukuri ari iciyumviro abantu bagumana ugutungana kwabo bakeneye kuguma bibuka.—Soma Matayo 5:27, 28.
Ntukigere ukoresha amayeri
6, 7. (a) Nk’uko Imana yabigize ku bijanye na Yobu, ikoresha iki kugira ngo ipime ugutungana kwacu? (b) Ni kubera iki tudakwiye kuba abantu bakoresha amayeri canke uruhendo?
6 Ntidushobora gukoresha amayeri nimba twipfuza guharurwa mu bantu bagumana ugutungana kwabo. (Soma Imigani 3:31-33.) Yobu yavuze ati: “Nimba naragendanye n’abantu b’ababeshi, kandi ikirenge canje kikaba cihutira ivy’ububeshi, [Yehova] azompima ku munzane utabesha kandi Imana izomenya ugutungana kwanje.” (Yobu 31:5, 6) Yehova arapima abantu bose ku “munzane utabesha.” Nk’uko Imana yabigize ku bijanye na Yobu, irakoresha ingingo mfatirwako zayo zitagira agahaze zigenga ubutungane kugira ngo ipime ugutungana kwacu twebwe abasavyi bayo bayiyeguriye.
7 Hamwe twoba abantu bakoresha amayeri canke uruhendo, ntitwoba turiko turagumana ugutungana kwacu imbere y’Imana. Abantu bagumana ugutungana kwabo “[b]aranse ibintu vyo mu kinyegero biteye isoni” kandi “[ntib]agendana urwenge.” (2 Kor. 4:1, 2) Mugabo tuvuge iki hamwe twoba dukoresha amayeri mu vyo tuvuga canke mu vyo dukora, gutyo tugatuma uwo dusangiye ukwemera atakambira Imana ngo imutabare? Twoba twigorewe! Umwanditsi wa Zaburi yaririmvye ati: “Nahamagaye Yehova mu marushwa yanje, na we aranyishura. Ewe Yehova, rokora ubuzima bwanje ubukize iminwa y’ikinyoma, ubukize ururimi rw’amayeri.” (Zab. 120:1, 2) Turakwiye kwibuka yuko Imana ishobora kuraba uko tumeze imbere muri twebwe, “i[ga]suzuma umutima n’amafyigo” kugira ngo imenye nimba turi abantu bagumana ugutungana vy’ukuri.—Zab. 7:8, 9.
Nube intangakarorero mu kuntu ufata abandi
8. Yobu yafata abandi gute?
8 Kugira ngo tugumane ugutungana kwacu, turakeneye kumera nka Yobu, we yari umuntu atarenganya, yicisha bugufi, kandi yitwararika abandi. Yavuze ati: “Nimba nahora nanka urubanza rw’umushumba wanje canke rw’umushumbakazi wanje mu mburano dufitaniye, none nokora iki Imana ihagurutse? Hamwe yombaza, noyishura iki? Mbega Uwambumbiye mu nda si we yamubumvye na we, mbega uwaduteguriye mu gitereko si umwe rudende?”—Yobu 31:13-15.
9. Ni kamere izihe Yobu yagaragaza mu kuntu yafata abasuku biwe, kandi dukwiye kuvyifatamwo gute muri ivyo?
9 Biboneka yuko ivyo guca imanza bitari bigoye mu gihe ca Yobu. Imanza zacibwa mu buryo buri ku rutonde, kandi n’abashumba bararonka amasentare abatunganiriza. Yobu yari umuntu atarenganya akaba n’umunyembabazi mu kuntu yafata abasuku biwe. Nimba twipfuza kugendera mu gutungana kwacu, dutegerezwa kugaragaza izo kamere, na canecane nimba turi abakurambere mw’ishengero rya gikirisu.
Nube umuntu atanga atitangiriye itama, ntube umunyamwina
10, 11. (a) Tumenya gute ko Yobu yari umuntu atanga atitangiriye itama kandi afasha abandi? (b) Amajambo avugwa muri Yobu 31:16-25 yoshobora kutwibutsa impanuro zo mu Vyanditswe izihe zatanzwe mu nyuma?
10 Yobu yari umuntu atanga atitangiriye itama kandi afasha abandi, ntiyari umwikunzi n’umunyamwina. Yavuze ati: “Nimba . . . amaso y’umupfakazi [natuma] agwabira, kandi nkaba nahora ndya jenyene ikimanyu canje c’umukate, mugabo impfuvyi ntikiryeko . . . ; nimba nahora mbona uwishwe n’ukubura agahuzu . . . ; nimba narazungagije ukuboko kwanje ngo nkubite impfuvyi, kandi mbona mw’irembo uwukeneye imfashanyo yanje, ibega ryanje niritibuke rikondoke ku rutugu rwaryo, n’ukuboko kwanje nikuvunike gutane n’igufa ryakwo ryo hejuru.” Vyongeye, Yobu ntiyari kugumana ugutungana kwiwe iyo abwira inzahabu ati: “Ni wewe mizero yanje!”—Yobu 31:16-25.
11 Mwene ayo majambo ndyoshamvugo yoshobora kutwibutsa aya majambo umwigishwa Yakobo yavuze agira ati: “Insengo ityoroye kandi idahumanye ku Mana yacu ikaba na Data ni iyi: kwitaho impfuvyi n’abapfakazi mu makuba yabo, no kuguma wirinze ntutosekazwe n’isi.” (Yak. 1:27) Twoshobora kandi kwibuka ingabisho Yezu yatanze igira iti: “Mugume murikanuye kandi mwirinde ubwoko bwose bw’umwina, kuko no mu gihe umuntu afise umurengera, ubuzima bwiwe ntibuva ku bintu atunze.” Yezu yaciye atanga ikigereranyo cerekeye umuntu w’umutunzi yari umunyamwina yapfuye “atari umutunzi ku Mana.” (Luka 12:15-21) Kugira ngo tugumane ugutungana kwacu, dutegerezwa kwirinda gutwarwa n’agatima k’umwina canke k’umunoho karangwa icaha. Kugira umwina ni ugusenga ibigirwamana kubera yuko ikintu umuntu w’umunoho ahahamiye gikevya umutima wiwe ukava kuri Yehova gutyo kigacika ikigirwamana. (Kol. 3:5) Ugutungana hamwe n’umunoho ntibijana!
Nugume wumiye ku gusenga kw’ukuri
12, 13. Ni akarorero akahe Yobu yatanze mu bijanye no kwirinda gusenga ibigirwamana?
12 Abantu bagumana ugutungana kwabo ntibava ku gusenga kw’ukuri. Yobu ntiyakuvuyeko, kubera ko yavuze ati: “Nimba nahora mbona umuco iyo urabije, canke ukwezi kw’agaciro kuriko kuragenda, maze umutima wanje ugatangura gukwegakwegwa mu mpisho n’ukuboko kwanje kugatangura gusoma umunwa wanje, iryo na ryo nyene ryobaye ari ikosa ryo kurabwa n’abacamanza, kuko nari kuba nihakanye Imana y’ukuri yo hejuru.”—Yobu 31:26-28.
13 Yobu ntiyasenga ibintu bitagira ubuzima. Iyo umutima wiwe ukwegwakwegwa mu mpisho yitegereje ibisyo vyo mu kirere, nk’ukwezi, kandi iyo ‘ukuboko kwiwe gusoma umunwa wiwe,’ kumbure agasoma ukuboko kwiwe mu buryo bwo gusenga ibigirwamana, yari kuba abaye uwusenga ibigirwamana yihakana Imana. (Gus. 4:15, 19) Kugira ngo tugumane ugutungana kwacu imbere y’Imana, dutegerezwa kwirinda ugusenga ibigirwamana kw’uburyo bwose.—Soma 1 Yohani 5:21.
Ntube umuntu yihora canke yiyorobeka
14. Ni kubera iki twovuga yuko Yobu atari umuntu afise umutima mubi?
14 Yobu ntiyari umuntu afise umutima mubi canke akora ikibi. Yari azi yuko ingeso nk’izo zokwerekanye ko atagira ugutungana, kuko yavuze ati: “Nimba nahora nezererwa ukuzimangana kw’uwunyanka urunuka, canke nkaryoherwa n’uko ikibi camuronse . . . , sinemereye amagage yanje gucumura mu gusaba indahiro yo gukuraho ubuzima bwiwe.”—Yobu 31:29, 30.
15. Ni kubera iki atari vyiza guhimbarwa igihe icago gishikiye umuntu atwanka?
15 Uwo mugororotsi Yobu ntiyigera ahimbarwa igihe icago caba gishikiye umuntu amwanka. Umugani umwe wanditswe mu nyuma ugabisha uti: “Umwansi wawe aguye, ntuhimbarwe; kandi atewe gutsitara, umutima wawe ntunezerwe, kugira ngo Yehova ntabibone, bikaba bibi mu maso yiwe, hanyuma akamukurako koko ishavu ryiwe.” (Imig. 24:17, 18) Kubera ko Yehova ashobora kubona ibiri mu mutima, arabimenya igihe duhimbarirwa mu mpisho icago cashikiye uwundi muntu kandi nta gukeka ko adashima agatima nk’ako. (Imig. 17:5) Imana yoshobora kugira ico itubajije, kuko ivuga iti: “Uguhōra ni ukwanje, n’uguhemba ni ukwanje.”—Gus. 32:35.
16. Naho twoba tutari abatunzi, dushobora gute kuba abakiranyi?
16 Yobu yari umwakiranyi. (Yobu 31:31, 32) Naho tutoba turi abatunzi, turashobora “[gukurikira] inzira y’ubwakiranyi.” (Rom. 12:13) Turashobora gusangira n’abandi ibifungurwa bibayabaye, twibuka yuko “icibo c’imboga ahari urukundo kiruta ishūri yagabuririwe mu bwato ikadoha, iri kumwe n’urwanko.” (Imig. 15:17) Gusangira na mugenzi wacu agumana ugutungana kwiwe, tukabigira mu buryo buranga urukundo, kirashobora kuba ikiringo gihimbaye kandi kitwungura koko mu buryo bw’impwemu.
17. Ni kubera iki tudakwiye kugerageza guhisha igicumuro gikomeye?
17 Kugaragarizwa ubwakiranyi na Yobu bitegerezwa kuba vyarakomeza abandi mu buryo bw’impwemu, kuko atari umwiyorobetsi. Ntiyari ameze nka ba bantu batibanga Imana bari barisobetse mw’ishengero ryo mu kinjana ca mbere, bakaba kandi “ba[ra]tangarira abahambaye ku bw’inyungu yabo bwite.” (Yuda 3, 4, 16) Bisubiye Yobu ntiyapfuka ukugabitanya kwiwe canke ngo ‘anyegeze ikosa ryiwe mu mupfuko w’ishati yiwe,’ atinya yuko abandi bohava bamukengera baramutse babimenye. Yari yiteguriye gusuzumwa n’Imana, akaba yari kuyaturira ikosa igihe cose vyobaye bikenewe. (Yobu 31:33-37) Bishitse tugacumura bimwe bikomeye, ntitukagerageze guhisha ico kibi turondera gusa kwirinda kuboneka nabi. Dushobora gute kwerekana yuko turiko turagerageza kugumana ugutunga kwacu? Twovyerekana mu kwemera ikosa twakoze, tukigaya, tukarondera gufashwa mu buryo bw’impwemu, tukongera tugakora ivyo dushoboye vyose kugira ngo dusubize ibintu mu buryo.—Imig. 28:13; Yak. 5:13-15.
Asaba gusambishwa kugira yemeze ugutungana kwiwe
18, 19. (a) Ni kubera iki twovuga yuko ata muntu n’umwe Yobu yigeze arya imitsi? (b) Yobu yari yiteguriye gukora iki aramutse yagiriwe n’ikosa?
18 Yobu yari umuntu atagira ubugunge kandi atarenganya. Ni co gituma yashoboye kuvuga ati: “Nimba ubutaka bwanje bwite bwaratabaza bundega, n’imirongo yabwo y’ubusizi ikaririra hamwe; nimba narariye ivyamwa vyabwo ata mahera, na benevyo ngatuma bahezagirika, mu kibanza c’ingano nihamere icatsi c’amahwa, mu kibanza ca sayiri na ho ivyatsi binuka.” (Yobu 31:38-40) Yobu ntiyigera anyaga itongo ry’abandi, kandi ntiyarya imitsi abakozi. Nk’ukwo kwiwe, turakeneye kugumana ugutungana kwacu imbere ya Yehova mu bintu bininibinini no mu bintu bitobito.
19 Yobu ari imbere ya ba bagenzi biwe batatu na wa musore Elihu, yari yavuze ivyerekeye ukuntu yari yarabayeho. Yobu yari yasavye umuntu wese bafitaniye imburano ngo amwagirize ku bijanye n’ibintu yakoze mu buzima, ivyo akaba yari yavyemeje akoresheje “igikumu” ciwe bwite. Iyo biboneka ko Yobu yagirwa n’ikosa, yokwiteguriye guhanwa. Yarashikirije rero urubanza rwiwe maze ararindira ko rucibwa na sentare y’Imana. Ukwo ni ko ‘amajambo ya Yobu yarangiye.’—Yobu 31:35, 40.
Urashobora kugumana ugutungana kwawe
20, 21. (a) Ni kubera iki Yobu yashoboye kugumana ugutungana kwiwe? (b) Dushobora gute gutsimbataza urukundo dukunda Imana?
20 Yobu yarashoboye kugumana ugutungana kwiwe kubera yuko yakunda Imana, Yehova na we akaba yaramukunda akongera akamufasha. Yobu yavuze ati: “[Wewe Yehova] wampaye ubuzima be n’ubuntu bwuzuye urukundo [ni ukuvuga urukundo rudahemuka]; ubwitwararitsi bwawe bwararinze impwemu yanje.” (Yobu 10:12) N’ikindi kandi, Yobu yarakunda abandi, agatahura yuko umuntu wese atagaragariza abandi urukundo rudahemuka azoheba ivyo gutinya Mushoboravyose bimwe bigera kure. (Yobu 6:14) Abagumana ugutungana kwabo barakunda Imana na bagenzi babo.—Mat. 22:37-40.
21 Turashobora gutsimbataza urukundo dukunda Imana mu gusoma Ijambo ryayo buri musi no mu kuzirikana ivyo rihishura ku biyerekeye. Turashobora gushemeza Yehova mw’isengesho rivuye ku mutima tukongera tukamukengurukira kubera ivyiza atugirira. (Flp. 4:6, 7) Turashobora kuririmbira Yehova tukongera tukungukira ku kwifatanya n’abasavyi biwe tudahorereza. (Heb. 10:23-25) Vyongeye, urukundo dukunda Imana ruzokwongerekana uko tugira uruhara mu busuku tukongera tugatangaza “inkuru nziza y’ubukiriro atanga.” (Zab. 96:1-3) Muri ubwo buryo butandukanye, turashobora kugumana ugutungana kwacu, nk’uko n’umwanditsi wa Zaburi yagumanye ugutungana kwiwe, uwaririmvye ati: “Kwegera Imana bimbera vyiza. Nashize ubuhungiro bwanje mu Mukama Segaba Yehova.”—Zab. 73:28.
22, 23. Twebwe abashigikira ubusegaba bwa Yehova, ibikorwa vyacu bigereranywa gute n’ivy’abantu ba kera bagumanye ugutungana kwabo?
22 Uko ibinjana vyagiye birarengana, Yehova yarashinze ibikorwa vyinshi bitandukanye abantu bagumana ugutungana kwabo. Nowa yarubatse ubwato kandi yari “umwamamaji w’ubugororotsi.” (2 Pet. 2:5) Yosuwa yarayoboye Abisirayeli abashikana mu Gihugu c’isezerano, mugabo yaroraniwe kubera gusa yasoma “igitabu c’itegeko . . . umurango n’ijoro” akongera agakora ahuza n’ibiri muri co. (Yos. 1:7, 8) Abakirisu bo mu kinjana ca mbere barahindura abantu abigishwa bakongera bagakoranira hamwe badahorereza kugira ngo bige Ivyanditswe.—Mat. 28:19, 20.
23 Turashigikira ubusegaba bwa Yehova tukongera tukagumana ugutungana kwacu mu kwamamaza ubugororotsi, mu guhindura abantu abigishwa, mu gushira mu ngiro impanuro zishingiye ku Vyanditswe, no mu gukoranira hamwe n’abo dusangiye ukwemera ku makoraniro, ku materaniro, no ku mahwaniro. Mwene ivyo bikorwa biradufasha kugira umutima rugabo, gukomera mu buryo bw’impwemu, no kuroranirwa mu bijanye no gukora ivyo Imana igomba. Ivyo ntibigoye cane kuri twebwe kubera yuko Dawe wa twese wo mw’ijuru be n’Umwana wiwe badufata mu mugongo. (Gus. 30:11-14; 1 Bm. 8:57) Vyongeye, turafatwa mu mugongo n’“umuryango wose w’abavukanyi,” na bo nyene bakaba bagendera mu gutungana bakongera bagatera iteka Yehova nka we Mukama Segaba wabo.—1 Pet. 2:17.
Wokwishura gute?
• Dukwiye kubona gute ingingo mfatirwako za Yehova zigenga inyifato runtu?
• Ni kamere za Yobu izihe zigukwegera bimwe bidasanzwe?
• Nk’uko vyerekanwa muri Yobu 31:29-37, Yobu yigenza gute?
• Ni kubera iki bishoboka ko tugumana ugutungana kwacu imbere y’Imana?
[Akajambo gasigura ifoto ku rup. 29]
Yobu yaragumanye ugutungana kwiwe imbere ya Yehova. Na twebwe turabishoboye!
[Akajambo gasigura ifoto ku rup. 32]
Turashobora kugumana ugutungana kwacu!