Bibiliya irahindura ubuzima bw’abantu
UMUGORE yasereva inzoga mu kabare yakoresha indahiro ziteye isoni, akanywa akarenza urugero akongera akihereza ibiyayuramutwe yashoboye gute guhindura ubuzima bwiwe? Ni igiki catumye umunyapolitike yahoze yanka ivy’idini aba umuntu akorera Imana? Umwigisha yatanga mu gipolisi c’Uburusiya ivyigwa bijanye n’ukurwana yabwirijwe gutsinda urugamba uruhe kugira ngo abe Icabona ca Yehova? Niwisomere nawe ivyo abo bantu batwiganira.
“Twe na mawe dufitaniye imigenderanire myiza.”—NATALIE HAM
YAVUTSE MU 1965
IGIHUGU AKOMOKAMWO: OSITARALIYA
IVYO YACIYEMWO: YARIHEREZA IBIYAYURAMUTWE
KAHISE KANJE: Nakuriye mu gasagara gakorerwamwo uburovyi kitwa Robe, muri Ositaraliya yo mu Bumanuko. Mu bibano mwene ivyo usanga ihoteli ari co kibanza abantu bateramiramwo. Abavyeyi usanga bamara umwanya munini kw’ihoteli, bigatuma rero abana bakurira mu bantu banywa inzoga zirenze urugero, bakoresha imvugo mbi bakongera bagatumura itabi.
Mfise imyaka 12, naratumura agatabi, ngakoresha ibijambo vy’indahiro bitari bike biteye isoni, kandi nama mfitaniye ingorane na mawe. Nshikanye imyaka 15, abavyeyi banje baratandukanye, maze haciye amezi 18 ndomoka. Naranywa nkarenza urugero, nkihereza ibiyayuramutwe nkongera nkabaho mu buhumbu. Nari mfise ishavu kandi sinabona iyo mva n’iyo nja. Ariko kubera ko nari naramaze imyaka itanu niga ibijanye n’inkino zo gukubitana be n’ivyigwa bimenyereza abagore kwirwanira, numva umengo ndashoboye kwitunga. Naho ari ukwo, mu bihe naba ntekanye, nshoboye no kuzirikana, nararengerwa n’umubabaro maze ngasenga Imana ngo imfashe. Ariko nayibwira nti: “Kimwe gusa, ntunsabe kuja mu misa.”
Haciye igihe, hari umugenzi yangabiye Bibiliya. Yari umuntu akunda ivyo gusenga ariko akaba ata dini na rimwe yarimwo. Cokimwe n’abandi bagenzi bacu, yaratumura ibiyayuramutwe. Yamara, yavuga yuko yemera Imana vy’ukuri kandi yaranjijuye yuko nkwiye kubatizwa. Yaranjanye ku kiyaga kimwe co ng’aho, arambatiza. Kuva ico gihe, naciye ntangura kwumva ko mfitaniye imigenderanire idasanzwe n’Imana. Ariko sinigeze ndonka umwanya wo gusoma Bibiliya.
UKUNTU BIBILIYA YAHINDUYE UBUZIMA BWANJE: Mu 1988, hari Ivyabona vya Yehova babiri bangendeye. Umwe muri bo yambajije ati: “Woba uzi izina ry’Imana?” Yaciye asoma muri Zaburi 83:18 muri Bibiliya yiwe, hakaba havuga hati: “Kugira bamenye yuko wewe, uwitwa Yehova, ari wewe wenyene Musumbavyose kw’isi yose.” Narajongorotse! Bahavuye, naciye mfata urugendo rw’ibilometero 56 n’umuduga nja aho badandariza ibitabu vya gikirisu kugira ndabe mu yandi mabibiliya, maze ndarondera iryo zina mu nyizamvugo (ari yo kazinduzi). Maze kujijuka ko Imana yitwa Yehova, nariyumviriye ibindi noba nari nkeneye kumenya.
Mawe yari yarambwiye ko Ivyabona vya Yehova ari abantu bameze ukuntu. Mfatiye ku bintu bikeyi nari ndabaziko, niyumvira yuko ari abantu bumira cane ku vya kera kandi batiryohera. Nigiriye inama y’uko baje kungendera nociye nigira nk’aho atari ho ndi. Ariko igihe baza, narahinduye ivyiyumviro. Narabahaye ikaze mu nzu, duca ubwo nyene dutangura kwiga Bibiliya.
Igihe cose twaba duhejeje kwiga, naca mbwira ivyo nize umuhungu twari dukundanye yitwa Craig. Vyahavuye bimubuza amahoro ku buryo yaciye anyaka igitabu twakoresha mu kwiga, atangura kugisoma. Haciye indwi zitatu, yarajijutse ko yari yubuye ukuri kwerekeye Imana. Twe na Craig twahavuye duheba ibiyayuramutwe n’ukunywa birenze urugero, kandi narahevye akazi nakora ko gusereva inzoga mu kabare. Kugira ngo duhuze ubuzima bwacu n’ivyo Bibiliya isaba, twarafashe ingingo yo kwubakana.
IVYIZA NAHAKUYE: Igihe twe na Craig twatangura kwigana Bibiliya n’Ivyabona vya Yehova, hari kabiri na rimwe nkamuheba. Ubu Craig asigaye ari umunega mwiza utoraba, kandi dufise abana babiri beza cane. Turafise n’abagenzi dukunda cane dusangiye ukwizera.
Mu ntango, mawe yarashavuye igihe yamenya ko nari nsigaye nifatanya n’Ivyabona vya Yehova. Ariko rero, yari afise amakenga kubera ko yari abazi ukutari kwo. Ubu twe na mawe dufitaniye imigenderanire myiza. Mu mutima wanje sincumva yuko ntagira iyo nja n’iyo mva. Ahubwo riho, ubuzima bwanje buri n’intumbero kandi ndumva ko ndonswa ivyo nkeneye mu vy’Imana.—Matayo 5:3.
“Narize ibintu vyinshi bitangaje vyo muri Bibiliya.”—ISAKALA PAENIU
YAVUTSE MU 1939
IGIHUGU AKOMOKAMWO: TUVALU
IVYO YACIYEMWO: YARI UMUNYAPOLITIKE
KAHISE KANJE: Navukiye i Nukulaelae, iryo akaba ari izinga ribereye ijisho ryo mw’Ibahari Pasifike risigaye riri mu karere ka Tuvalu. Mu mazinga wasanga abapasitori bavyigiye kw’ishure ry’i Samoa ari bo bica bagakiza. Abanyagihugu bo muri ayo mazinga bakubitirwa kugaburira abo bapasitori n’imiryango yabo imisi yose, bakabaronsa aho baba, eka bakabaha ibintu vyizavyiza mu vyo batunze vyose. Naho abo banyagihugu bataba bafise ibifungurwa bihagije vyo gutunga imiryango yabo bwite, babwirizwa kuronsa abo bapasitori ivyo bafungura.
Umupasitori wo mw’izinga nabamwo ni we yari ahagarikiye ishure ryo mu kigwati cacu, akaba yaratanga icigwa c’ivy’Imana n’ic’ibiharuro, akigisha n’ibintu bimwebimwe vy’indondabihugu. Ndibuka ko nabonye ingene uwo mupasitori yakubita abanyeshure buyoka bagasigara buzuyeko amaraso. Ariko nta wahirahira ngo akureko umunwa, bashake babe n’abavyeyi. Uwo mupasitori yubahwa nk’Imana ubwayo.
Nshikanye imyaka cumi, naravuye i muhira kugira nje kw’ishure rya Leta rimwe rudende ryo muri ako karere, na ryo rikaba ryari mu rindi zinga. Ndangije amashure, naciye ntangura gukora akazi ka Leta. Ico gihe, ayo mazinga yari amwe mu mazinga yatwarwa n’Abongereza yitwa Gilbert na Ellice. Narakoreye mu nzego zitandukanye imbere y’uko mba umwanditsi w’ikinyamakuru ca Leta casohoka buri ndwi. Vyose vyagenda neza, ariko vyagiye guhinduka igihe nasohora muri ico kinyamakuru ikete ry’umusomyi waco ryatera ivyatsi ibijanye n’amahera yariko arakoreshwa mu kwitegurira kwakira umuganwa w’igihugu citwa Pays de Galles. Uwanditse iryo kete yari yiyise izina ritari ryo. Umukoresha wanje yaransavye ngo ndamubwire izina ryiwe ry’ukuri. Naranse kurimubwira, kandi ukwo kutavuga rumwe kwahavuye kumenyekana cane.
Budakeye na kabiri ivyo bibaye, narahevye akazi ka Leta nja mu vya politike. Naratsinze amatora i Nukulaelae maze ndagenwa ngo mbe Umushikiranganji w’ubudandaji, ubutare n’agataka. Mu nyuma, igihe abanyagihugu bo mw’izinga rya Kiribati (ahahoze hitwa Gilbert) n’abo mw’izinga rya Tuvalu (ahahoze hitwa Ellice) bariko biganzura intwaro y’Ubwongereza, buramatari w’ayo mazinga yaransavye ngo ndongore Tuvalu. Ariko sinashaka ko abantu bibaza yuko nkorana n’abakoroni. Naciye rero nanka maze nja mu vyo guhiganirwa igiti gikomeye mu vya politike biciye ku matora y’abanyagihugu, ntashigikiwe n’abakoroni. Ariko naratsinzwe. Inyuma y’ivyo, twe n’umukenyezi wanje twaciye dusubira mw’izinga ryacu ry’amavukiro maze dufata ingingo yo kubaho nk’abandi bose baba mu kigwati.
UKUNTU BIBILIYA YAHINDUYE UBUZIMA BWANJE: Muri ayo mazinga, umusi w’iyinga wari umusi w’Isabato, abantu bose kiretse jewe bakaba bawubona nk’umusi mweranda. Wari wo musi wanje wo gufata ingendo n’ubwato be no kuroba. Sinashaka kwitwa umuntu akunda ivy’ugusenga. Dawe yarambwiye ko we hamwe n’abandi bababazwa cane n’ivyo nkora. Ariko sinashaka na gato kwigarurirwa n’idini.
Kuri rumwe mu ngendo nagize nja mw’izinga rya Funafuti, iririmwo umugwa mukuru wa Tuvalu, murumunanje yarantumiye ngo tujane kw’ikoraniro ry’Ivyabona vya Yehova. Mu nyuma, umumisiyonari umwe wo mu Vyabona vya Yehova yarampaye umukama w’ibinyamakuru Umunara w’Inderetsi na Be maso! ngo ndabisome. Yarampaye n’igitabu cashira ahabona ukuntu nyinshi mu nyigisho z’amadini yitwa aya gikirisu zikomoka mu bapagani. Ico gitabu naragisomye incuro zitari nke. Narize ibintu vyinshi bitangaje vyo muri Bibiliya, harimwo n’ivy’uko abakirisu atari ngombwa ngo bubahirize Isabato ya buri ndwi.a Narayaze ivyo bintu n’umukenyezi wanje, aca arareka kuza araja mu misa.
Ariko nari nariyemeje kudakora ikintu na kimwe gifitaniye isano n’idini. Imyaka hafi ibiri yararenganye, ariko sinashobora kwibagira ivyo nari narize. Nahavuye nandikira wa mumisiyonari yaba i Funafuti, ndamubwira ko nari niteguriye kugira ivyo mpinduye. Ubwato bwa mbere yaronse yaciye anyaragasa arabwurira maze araza kumfasha kwiga vyinshi ku bijanye na Bibiliya. Dawe vyaramuriye mu mutwe igihe yamenya ko nashaka kuba Icabona ca Yehova. Yamara naramubwiye ko Ivyabona vya Yehova bari bamaze kunyigisha vyinshi ku bijanye na Bibiliya ku buryo nari maze gufata ingingo.
IVYIZA NAHAKUYE: Mu 1986, narabatijwe mba Icabona ca Yehova, umukenyezi wanje na we abatizwa mu mwaka wakurikiye. Abigeme bacu babiri na bo nyene barize ivyo Bibiliya yigisha baraheza bafata ingingo yo kuba Ivyabona vya Yehova.
Ubu ndi n’umunezero wo kuba ndi mw’idini rimeze nk’iry’abakirisu bo mu kinjana ca mbere, aho ata bitwa ko ari abakuru, abandi ngo bitwe ko ari abakirisu basanzwe. (Matayo 23:8-12) Ariko kandi, barigana akarorero ka Yezu bicishije bugufi bakabwira abandi ivyerekeye intwaro y’Ubwami bw’Imana. (Matayo 4:17) Ese ukuntu nkengurukira Yehova Imana kuba yarankundiye kwiga ukuri ku bimwerekeye no ku vyerekeye abasavyi biwe!
‘Ivyabona vya Yehova ntibambwiye ivyo nkwiye kwemera.’—ALEXANDER SOSKOV
YAVUTSE MU 1971
IGIHUGU AKOMOKAMWO: UBURUSIYA
IVYO YACIYEMWO: YIGISHA IVYO KURWANA
KAHISE KANJE: Navukiye i Moscou, ukaba ari wo wari umugwa mukuru wa Leta Zunze Ubumwe z’Abasoviyeti ico gihe. Umuryango wacu waba mw’igorofa nini ibamwo abantu benshi, kandi benshi mu babanyi bacu bakorera hamwe mw’ihinguriro rimwe. Ndibuka ingene bidoga bavuga yuko ndi umwana akubagana maze bakavuga ko impera n’imperuka nopfuye nkiri muto canke na ho ngatahira mu minwe y’abapolisi. Emwe ntibihenze kuko mfise imyaka cumi nari maze kumenyekana mu gipolisi.
Nshikanye imyaka 18, narinjijwe mu gisoda ku nguvu maze mba umwe mu bacungera imbibe. Haheze imyaka ibiri, narasubiye i muhira ntangura gukorera mw’ihinguriro rimwe, ariko ako kazi kahavuye kandambira. Ni kwo guca nja mu gipolisi ca Moscou kijejwe guhwamika abagumutsi maze mba umwigisha w’ivyo kurwana muhanganye. Narafashije mu vyo gufata inkozi z’ikibi i Moscou, ndaja no mu bibanza bitandukanye vyariko bibamwo imishamirano hirya no hino mu gihugu. Numva umutima udatekanye, umeze nk’irasoro banangiriye. Ntashe, rimwe na rimwe vyaraba ngombwa ko ntararana n’umukenyezi wanje kuko natinya ko nohava ndamukomeretsa nsinziriye.
UKUNTU BIBILIYA YAHINDUYE UBUZIMA BWANJE: Ntanguye kwigana Bibiliya n’Ivyabona vya Yehova, naratahuye ko uburyo nari mbayeho ndi umuntu w’inkazi butari buhuje n’ingingo ngenderwako za Bibiliya. Narabonye kandi ko nkeneye guheba itabi no kwigerera mu bijanye no kunywa inzoga. Naho ari ukwo, nibwira yuko ntashobora guhindura akazi nakora kuko ata wundi mwuga nari nshoboye gukora wontungira umuryango. Vyongeye, numva umengo sinopfa nshoboye kwamamaza inkuru nziza, kurya Ivyabona vya Yehova bagira.
Nahavuye njijuka yuko ivyo Bibiliya ivuga ari ukuri. Vyongeye, nararemeshejwe n’ibivugwa muri Ezekiyeli 18:21, 22. Havuga hati: “Nayo umubisha, niyahindukira akava mu bicumuro vyiwe vyose yakoze . . . , ibigabitanyo vyiwe vyose yakoze, ntibizokwibukwa ngo abihorwe.”
Narashimye ukuntu Ivyabona vya Yehova batambwira ivyo nkwiye kwemera, ahubwo bamfasha kuzirikana ku vyo naba ndiko ndiga. Narakiriye umukama w’ibinyamakuru vyabo 40 canke birenga, mu ndwi zitatu mba ndahejeje kubisoma. Ivyo nize vyaranjijuye yuko nari nubuye idini ry’ukuri.
IVYIZA NAHAKUYE: Imbere y’uko ntangura kwiga Bibiliya, hari gato twe n’umukenyezi wanje tukahukana. Ubu umubano wacu wifashe neza. Igihe natangura kwiga Bibiliya, umukenyezi wanje na we yaciye atangura, maze dufata ingingo yo gukorera Yehova turi kumwe. Ubu urugo rwanje rusigaye rurangwa agahimbare. Vyongeye, narashoboye kuronka akazi kadateye kubiri n’ingingo ngenderwako za Bibiliya.
Igihe natangura kwamamaza inkuru nziza inzu ku nzu, naguma mpagarika umutima cane, nkiyumva nk’uko nahora niyumva tugira tugabe igitero. Ubu ndiyumvamwo ko nshoboye kwigumya, naho umuntu yoba agerageje kunsomborotsa. Nagiye ndiga kwihanganira abandi. Ndicuza kubona narapfishije ubusa igice kinini c’ubuzima bwanje, ariko ubu ndumva ko ubuzima bwanje buri n’ico buvuze koko. Ndahimbarwa no gukoresha inkomezi zanje zose mu gukorera Yehova Imana no mu gufasha abandi.
[Akajambo k’epfo]
a Ushaka kumenya n’ibindi, raba ikiganiro kivuga ngo “Woba ukwiye kwubahiriza Isabato ya buri ndwi?” casohowe mu Munara w’Inderetsi wo ku wa 1 Ruhuhuma 2010, urupapuro rwa 11-15.