Kwizigira Imana duherejeko biratuma twumva dutekaniwe
“Yehova ubwiwe azokwumva ninamuhamagara.”—ZAB. 4:3.
1, 2. (a) Ni ibintu bitoroshe ibihe vyashikiye Dawidi? (b) Tugira duce irya n’ino amazaburi ayahe?
UMWAMI DAWIDI aramaze igihe aganza Isirayeli, none ubu arashikiwe n’ibintu biteye akaga. Umuhungu wiwe Abusalomu, uwamugīriye umugambi mubi, yaratumye hatangazwa yuko ari umwami, Dawidi akaba yabwirijwe kuva i Yeruzalemu. Yarahemukiwe kandi n’umuntu yari yizigiye, ubu na ho, akaba ariko araduga umusozi w’Imyelayo arira kandi agenda ibirenge bisa, aherekejwe n’abantu b’intahemuka bakeyi. Vyongeye, Shimeyi, uno akaba ari uwo mu muryango w’inzu y’Umwami Sauli, aratera Dawidi amabuye n’umukungugu muri ico gihe nyene akagenda aramuvuma.—2 Sam. 15:30, 31; 16:5-14.
2 Ivyo bintu bitoroshe Dawidi arimwo vyoba bizotuma amanuka mu mva atuntuye kandi akengeretse? Oya, kubera yuko yizigira Yehova. Ivyo biribonekeza mw’Izaburi igira gatatu yatunganijwe na Dawidi, ikaba ivuga ibijanye n’ukwo guhunga. Yaranditse kandi Izaburi igira kane. Ayo mazaburi yompi arerekana ko Dawidi yari yarajijutse yuko Imana yumva amasengesho kandi ikayishura. (Zab. 3:4; 4:3) Ayo mazaburi aradukura amazinda yuko Yehova aba kumwe n’abasavyi biwe b’abizigirwa ijoro n’umurango, akabahezagira mu kubashigikira, mu kubaronsa amahoro no mu gutuma bumva batekaniwe. (Zab. 3:5; 4:8) Nimuze rero twihweze ayo mazaburi maze turabe ukuntu atuma twumva dutekaniwe akongera agatuma twizigira Imana.
Igihe ‘benshi bahagurukiye kuturwanya’
3. Nk’uko vyerekanwa muri Zaburi 3:1, 2, ivya Dawidi vyari vyifashe gute?
3 Intumwa imwe ivuga iti: “Umutima w’abagabo ba Isirayeli usigaye uri inyuma ya Abusalomu.” (2 Sam. 15:13) Mu kwibaza ingene Abusalomu yashoboye kujijura abantu benshi ukuri aho ngo bamushigikire, Dawidi arabaza ati: “Ewe Yehova, kubera iki abarwanizi banje babaye benshi? Kubera iki benshi bahagurukira kundwanya? Benshi bamvugako ngo: “Nta bukiriro afise ku Mana.’” (Zab. 3:1, 2) Abisirayeli benshi babona ko Yehova atazokiza Dawidi ivyago yatejwe na Abusalomu be n’abamushigikiye.
4, 5. (a) Ni igiki Dawidi yari yizigiye adakeka? (b) Amajambo ngo “Uwunduza umutwe” asobanura iki?
4 Mugabo Dawidi arumva atekanye kubera yuko yizigira Imana aherejeko. Aririmba ati: “Ariko wewe ga Yehova, uri inkinzo inkikuje, ubuninahazwa bwanje, n’Uwunduza umutwe.” (Zab. 3:3) Dawidi arizigiye adakeka yuko Yehova azomukingira nka kurya nyene inkinzo ikingira umusoda. Egome, uwo mwami yitereye mu myaka ariko arahunga, umutwe wiwe utwikiriye kandi yunamye kubera ukumaramara. Mugabo Musumbavyose azohindura ukwo kuntu ivya Dawidi vyifashe atume agira ubuninahazwa. Yehova azotuma ashobora guhagarara agororotse no kuduza umutwe wiwe wongere kuguma hejuru. Dawidi arahamagara Imana yizigiye yuko imwishura. Woba wizigira Yehova muri ubwo buryo?
5 Mu gukoresha amajambo ngo “Uwunduza umutwe,” Dawidi aba yemeje yuko imfashanyo yiteze kuronka izova kuri Yehova. Bibiliya imwe (Today’s English Version) ihavuga ngo: “Mugabo wewe, EWE MUKAMA, wama uri inkinzo yanje inkingira akaga; urampa intsinzi kandi ugatuma nsubira kugira umutima rugabo.” Ku bijanye n’iyo mvugo ngo “Uwunduza umutwe,” igitabu kimwe kivuga giti: “Igihe Imana idugije . . . ‘umutwe’ w’umuntu, iratuma agira icizigiro kandi akumva atekaniwe.” Kubera ko Dawidi yakuwe ku ntebe y’ubwami ya Isirayeli ku nguvu, arafise imvo yumvikana yo kudundumirwa. Ariko rero, ukwo ‘kumuduza umutwe’ kuzotuma asubira kugira umutima rugabo, kwumva atekaniwe, kwongere gutume yizigira Imana aherejeko.
‘Yehova azokwishura!’
6. Ni kubera iki Dawidi yavuze ko Yehova azokwishura isengesho ryiwe ari ku musozi mweranda?
6 Kubera ko Dawidi yizigira Yehova akaba kandi azi yuko yishura amasengesho, abandanya ati: “Nzotabaza Yehova ubwiwe n’ijwi ryanje, na we azonyishura ari ku musozi wiwe mweranda.” (Zab. 3:4) Mu gukurikiza ubuyobozi Dawidi yari yatanze, isandugu y’isezerano, iyerekana ko Imana ari ho iri, yaratwawe ku Musozi Siyoni. (Soma 2 Samweli 15:23-25.) Birabereye rero kuba Dawidi avuga yuko Yehova azokwishura isengesho ryiwe ari ku musozi mweranda.
7. Ni kubera iki Dawidi atagize ubwoba?
7 Kubera yuko Dawidi yemera adakeka ko isengesho umuntu atura Imana ritagenda ubusa, nta bwoba agira. Ahubwo nyabuna, aririmba ati: “Nayo jewe, nzoryama kugira nsinzire; sinzobura kwikangura, kuko Yehova ubwiwe aguma anshigikiye.” (Zab. 3:5) Mbere no mw’ijoro, aho usanga umuntu ahakwa cane guterwa atiteguye, Dawidi ntatinya kuja kuryama. Aremera adakeka yuko azovyuka, kubera ko ivyo yaciyemwo vyatumye ahera amazinda rwose yuko ashobora kwizigira kubandanya gushigikirwa n’Imana. Na twebwe nyene turashobora kwizigira ico kintu nimba twisunga “inzira za Yehova” kandi ntitwigere tumuheba.—Soma 2 Samweli 22:21, 22.
8. Muri Zaburi 27:1-4 herekana gute ko Dawidi yizigira Imana?
8 Kuba Dawidi yarumva atekanye akaba kandi yarizigira Imana aherejeko birabonekera mu yindi zaburi yiwe, iyo na yo ikaba irimwo aya majambo yahumetswe agira ati: “Yehova ni umuco wanje n’ubukiriro bwanje. Ni nde nzotinya? Yehova ni we gihome gikomeye c’ubuzima bwanje. Ni nde nzogirira ubwoba? . . . Naho ikambi yoshinga ihema ngo intere, umutima wanje ntuzotinya. . . . Nasavye Yehova ikintu kimwe, ni co nzorondera, ni uko nokwibera mu nzu ya Yehova imisi yose y’ubuzima bwanje, ngo nitegereze ubwiza bwa Yehova no kugira ngo ndabe urusengero rwiwe nikugura.” (Zab. 27:1-4) Nimba wiyumva nk’ukwo nyene kandi uko ivyawe vyifashe kukaba kubigukundira, uzokwama ukoranira hamwe n’abasavyi ba Yehova bagenzi bawe.—Heb. 10:23-25.
9, 10. Naho Dawidi ari we yanditse ibivugwa muri Zaburi 3:6, 7, ni kubera ki wovuga yuko atari afise agatima ko kwihora?
9 Naho Dawidi yahemukiwe na Abusalomu be n’abandi bantu benshi cane, aririmba ati: “Sinzotinya abantu ibihumbi mirongo batondeye kundwanya irya n’ino. Haguruka, Yehova we! Nkiza, Mana yanje we! Kuko uzokubita abansi banje bose ku mubangabanga. Amenyo y’ababisha uzoyamena.”—Zab. 3:6, 7.
10 Dawidi ntafise agatima ko kwihora. Nimba abansi biwe bari ‘gukubitwa ku mubangabanga,’ Imana ni yo yobigize. Umwami Dawidi yaranditse ikopi yiwe bwite y’Itegeko akaba azi yuko muri ryo Yehova avuga ati: “Uguhōra ni ukwanje, n’uguhemba ni ukwanje.” (Gus. 17:14, 15, 18; 32:35) Imana kandi ni yo ‘imena amenyo y’ababisha.’ Kumena amenyo yabo bisobanura gutuma badashobora kugira nabi. Yehova arazi ababisha abo ari bo kubera ko “abona ico umutima uri.” (1 Sam. 16:7) Ese ukuntu dukenguruka kuba Imana ituma tugira ukwizera n’inkomezi bidufasha guhagarara dushikamye imbere ya wa mubisha mukuru Shetani, uno akaba agiye gutabwa mu nyenga nk’intambwe iroha ariko itagira amenyo ata kindi ibereye atari ugutikizwa!—1 Pet. 5:8, 9; Ivyah. 20:1, 2, 7-10.
“Ubukiriro ni ubwa Yehova”
11. Ni kubera iki dukwiye gusabira abo dusangiye ukwemera?
11 Dawidi aratahura yuko Yehova ari we wenyene ashobora gutuma arokoka, ivyo akaba abikeneye rwose. Mugabo uwo mwanditsi wa Zaburi ntiyiyumvira ivyiwe gusa. Tuvuge iki ku bijanye n’abantu batoneshwa na Yehova tubafatiye hamwe? Birabereye kuba Dawidi asozera urwo ruririmbo rwiwe rwahumetswe mu kuvuga ati: “Ubukiriro ni ubwa Yehova. Umuhezagiro wawe uri ku bantu bawe.” (Zab. 3:8) Ego ni ko, Dawidi arafise ingorane nyinshi cane, mugabo aribuka abasavyi ba Yehova muri rusangi kandi arizigiye yuko Imana izobahezagira. Wumva none natwe tudakwiye kuguma twibuka abo dusangiye ukwemera? Nimuze tuze turabibuka mu masengesho dutura, dusabe Yehova ngo abahe impwemu yiwe nyeranda kugira ngo bagire umutima rugabo maze batangaze inkuru nziza bafise ukwizigira.—Ef. 6:17-20.
12, 13. Ni ibiki vyashikiye Abusalomu, kandi Dawidi yavyakiriye gute?
12 Ubuzima bwa Abusalomu burangira mu buryo bumaramaje, iyo ikaba ari ingabisho kuri abo bose bofata nabi abandi, na canecane abo Imana yarobanuye, nka Dawidi. (Soma Imigani 3:31-35.) Haraba intambara, maze ingabo za Abusalomu zikaneshwa. Abusalomu ubwiwe aragendera ku nyumpu ahunga maze imishatsi yiwe myinshi cane igafatwa mw’ishami rishamitse ry’igiti kinini. Arenena kuri iryo shami, ari muzima mugabo atagira gitabara, gushika Yowabu amwishe mu kumucumita uducumu dutatu mu mutima.—2 Sam. 18:6-17.
13 Dawidi yoba anezerwa igihe amenye ivyashikiye umuhungu wiwe? Oya. Aho kunezerwa, aza aragenda yongera agaruka, arira, yongera asemerera ati: “Mwananje Abusalomu, mwananje, mwananje Abusalomu! Ese iyo aba ari jewe mpfa mu kibanza cawe, Abusalomu mwananje, mwananje!” (2 Sam. 18:24-33) Amajambo Yowabu avuga ni yo gusa atuma Dawidi areka kugira intuntu yari mu kumwica. Mbega iherezo ribabaje rya Abusalomu, uwahahamiye ubukuru birenze urugero bigatuma arwanya se wiwe yari yararobanuwe na Yehova, maze akikwegera akarambaraye!—2 Sam. 19:1-8; Imig. 12:21; 24:21, 22.
Dawidi yongera guserura ko yizigira Imana
14. Twovuga iki ku bijanye n’itunganywa rya Zaburi ya 4?
14 Zaburi igira kane, cokimwe na Zaburi igira gatatu, ni isengesho Dawidi aturana ubwira ryerekana yuko yizigira Yehova agaherezako. (Zab. 3:4; 4:3) Dawidi ashobora kuba yaratunganije urwo ruririmbo kugira ngo aserure ukuntu yumva aruhuriwe yongere akengurukire Imana aho umugambi wa Abusalomu wo kumukura ku ngoma unaniriwe. Canke ashobora kuba yayanditse yiyumvira abaririmvyi b’Abalewi. Uko vyoba biri kwose, kuzirikana iyo Zaburi birashobora gutuma turushiriza kwizigira Yehova.
15. Ni kubera iki dushobora gusenga Yehova tubigiranye ukujijuka biciye ku Mwana wiwe?
15 Dawidi arongera kwerekana ko yizigira Imana aherejeko be n’uko yemera adakeka ko Imana yumva amasengesho kandi ikayishura. Aririmba ati: “Iyo mpamagaye, nunyishure, ewe Mana yanje igororotse! Mu marushwa nuntegurire ahagutse. Ngirira ubutoni, wumve isengesho ryanje.” (Zab. 4:1) Na twebwe nyene turashobora kwemera tudakeka yuko Imana yumva amasengesho kandi ikayishura nimba dukora ivy’ubugororotsi. Kubera tuzi yuko Yehova, we ‘Mana igororotse,’ ahezagira abasavyi biwe bagororotse, turashobora kumusenga tubigiranye ukujijuka biciye ku Mwana wiwe, dufise ukwizera mu nkuka y’incungu Yezu yatanze. (Yoh. 3:16, 36) Ese ukuntu ivyo bituma tugira amahoro!
16. Ni kubera iki Dawidi ashobora kuba yaracitse intege?
16 Rimwe na rimwe, twoshobora gushikirwa n’ibintu bica intege bituma tubura amahoro. Ivyo bishobora kuba vyarigeze gushikira Dawidi, kubera yuko aririmba ati: “Yemwe bana b’abantu, ubuninahazwa bwanje buzoba ubwo gutukwa gushika ryari, mu gihe muguma mukunda ibintu ata co bimaze, mu gihe muguma murondera ikinyoma?” (Zab. 4:2) Imvugo ngo “abana b’abantu” biragaragara ko yerekeza ku bantu mu buryo bwo kubavuga nabi. Abansi ba Dawidi “[bǎ]kunda ibintu ata co bimaze.” Bibiliya imwe (New International Version) ayo majambo iyahindura ngo: “Muzogeza ryari gukunda ibintu vy’uruhendo no kurondera imana z’ikinyoma?” Naho nyene twocika intege kubera ivyo abandi bakora, nimuze tubandanye gusenga n’ubwira twongere twizigire ya Mana yonyene y’ukuri duherejeko.
17. Sigura ukuntu twokwisunga ibivugwa muri Zaburi 4:3.
17 Kuba Dawidi yarizigira Imana birabonekera muri aya majambo agira ati: “Nimumenye rero ko Yehova atazobura gutonesha intahemuka yiwe; Yehova ubwiwe azokwumva ninamuhamagara.” (Zab. 4:3) Umutima rugabo hamwe no kwizigira Yehova duherejeko ni ntahara kugira ngo tugume turi intahemuka kuri we. Nk’akarorero, umuryango w’abakirisu urakeneye kugaragaza izo kamere igihe umwe mu bawugize aciwe mw’ishengero kubera ko atigaya. Imana iratera iteka abaguma ari intahemuka kuri yo kandi baguma bumiye ku nzira zayo. Ukudahemuka be n’ukwizigira Yehova duherejeko biraheza bigatuma mu basavyi biwe harangwa umunezero.—Zab. 84:11, 12.
18. Twisunze ibivugwa muri Zaburi 4:4, dukwiye gukora iki igihe hari uwatubwiye amajambo ataranga ubuntu canke akadukorera ibintu bitaranga ubuntu?
18 Tuvuge iki mu gihe hari uwuvuze canke akoze ibintu bitubabaza? Turashobora kuguma tunezerewe mu gihe dukoze ibi bintu Dawidi avuga ati: “Mute umutwe, ariko ntimucumure. Muvugire mu mutima wanyu, ku gitanda canyu, mugume mucereje.” (Zab. 4:4) Nimba hari uwatubwiye amajambo ataranga ubuntu canke akadukorera ibintu bitaranga ubuntu, nimuze ntiducumure mu kwihora. (Rom. 12:17-19) Turashobora kuvugira mu mutima wacu igihe turi mu gitanda. Mu gihe dusenze ku bijanye n’ico kintu, twoshobora kukibona mu bundi buryo maze tukavyurirwa umutima wo kubabarira tubitumwe n’urukundo. (1 Pet. 4:8) Impanuro intumwa Paulo yatanze, iyiboneka ko ishingiye kuri Zaburi 4:4, irahambaye cane muri ivyo. Igira iti: “Murake, yamara ntimucumure; izuba ntirirenge mugishavuye, kandi ntimuhe ikibanza Shetani.”—Ef. 4:26, 27.
19. Ibivugwa muri Zaburi 4:5 bishobora gute kudufasha mu bijanye n’ibimazi vyo mu buryo bw’impwemu dutanga?
19 Mu gushimika ku vy’uko dukeneye kwizigira Imana, Dawidi aririmba ati: “Mushikane ibimazi vy’ubugororotsi, kandi mwizigire Yehova.” (Zab. 4:5) Ibimazi vyatangwa n’Abisirayeli vyagira agaciro mu gihe gusa abantu baba babitanze babitumwe n’imvo zibereye. (Yes. 1:11-17) Kugira ngo Imana yemere ibimazi vyo mu buryo bw’impwemu dutanga, na twebwe nyene dutegerezwa kubitanga tubitumwe n’imvo zibereye tukongera tukayizigira duherejeko.—Soma Imigani 3:5, 6; Abaheburayo 13:15, 16.
20. Imvugo ngo ‘umuco wo mu maso ha Yehova’ isobanura iki?
20 Dawidi abandanya ati: “Hari benshi bavuga ngo: ‘Ni nde azotwereka iciza?’ Nuturasireko umuco wo mu maso hawe, Yehova we!” (Zab. 4:6) ‘Umuco wo mu maso ha Yehova’ usobanura ugutoneshwa n’Imana. (Zab. 89:15) Igihe rero Dawidi asenga ati: “Nuturasireko umuco wo mu maso hawe,” aba ashaka kuvuga ngo ‘nutugirire ubutoni.’ Kubera yuko twizigira Yehova, turatoneshwa na we kandi tukagira umunezero mwinshi uko dukora ivyo agomba umutima uri mu nda.
21. Ni igiki twizigira kuronka tudakeka nimba tugira uruhara mu buryo bushitse mu gikorwa c’iyimbura ryo mu buryo bw’impwemu kirangurwa muri iki gihe?
21 Kubera ko Dawidi ashashaye kuronka umunezero utangwa n’Imana uruta uwo mu gihe c’iyimbura, aririmbira Yehova ati: “Ntuzobura gushira mu mutima wanje umunezero mwinshi kuruta igihe intete zabo n’umuvinyu wabo mushasha vyagwira.” (Zab. 4:7) Turashobora kwizigira tudakeka yuko tuzokwironkera umunezero mwinshi nitwagira uruhara bimwe bishitse mu gikorwa c’iyimbura ryo mu buryo bw’impwemu kirangurwa muri iki gihe. (Luka 10:2) Ubu turanezeranwa n’‘ihanga rigwiriye’ ry’abarobanuwe baja imbere muri ico gikorwa, uko igitigiri c’‘abimbuzi’ kiguma congerekana. (Yes. 9:3) Woba uriko uragira uruhara rushimishije koko muri iryo yimbura riteye umunezero?
Nutere uja imbere wizigiye Imana uherejeko
22. Twisunze ibivugwa muri Zaburi 4:8, Abisirayeli bamererwa gute igihe baba bakurikije Itegeko ry’Imana?
22 Dawidi asozera iyo zaburi mu kuvuga ati: “Nzokwiryamira nisinzirire mu mahoro, kuko wewe wenyene, ewe Yehova, ari we utuma mbaho mu mutekano.” (Zab. 4:8) Igihe Abisirayeli baba bakurikije Itegeko rya Yehova, baragiranira amahoro na we kandi bakumva batekaniwe. Nk’akarorero mu gihe c’ingoma ya Salomo, ‘Yuda na Isirayeli vyiberaho mu mutekano.’ (1 Abm. 4:25) Abizigira Imana wasanga bifitiye amahoro n’igihe nyene amahanga yari abakikuje yaba abanka. Cokimwe na Dawidi, turisinzirira mu mahoro kubera yuko Imana ituma twumva dutekaniwe.
23. Ni igiki tuzokwironkera nimba twizigira Imana duherejeko?
23 Nimuze dutere tuja imbere mu murimo wa Yehova umutima uri mu nda. Nimuze kandi dusenge dufise ukwizera gutyo twironkere “amahoro y’Imana arengeye ukwiyumvira kwose.” (Flp. 4:6, 7) Ese ukuntu ivyo bituma twironkera umunezero! Vyongeye, turashobora guhanga amaso kazoza umutima uri mu nda nimba tuguma twizigiye Yehova duherejeko.
Wokwishura gute?
• Ni ingorane izihe zashikiye Dawidi kubera Abusalomu?
• Ni mu buryo nyabaki Zaburi ya 3 ituma twumva dutekanye?
• Ni mu buryo butandukanye ubuhe Zaburi ya 4 ishobora gutuma turushiriza kwizigira Yehova?
• Dushobora gute kwungukira ku kwizigira Imana duherejeko?
[Ifoto ku rup. 29]
N’igihe nyene Dawidi yahunga kubera Abusalomu, yagumye yizigiye Yehova
[Amafoto ku rup. 32]
Woba wizigira Yehova uherejeko?