ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w11 15/12 rup. 13-17
  • Kubera iki twoyoborwa n’impwemu y’Imana?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Kubera iki twoyoborwa n’impwemu y’Imana?
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2011
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Ico ari co impwemu nyeranda
  • Ntidushobora kwiyobora
  • Yezu yayoborwa n’impwemu y’Imana
  • Impwemu y’isi yotuzimiza
  • Impwemu nyeranda irama icamwa ciza
  • Woba worohera impwemu y’Imana?
  • Nugende wisunga impwemu ubone kubaho uhuza n’ukwiyegura kwawe
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2010
  • Kuyoborwa n’impwemu y’Imana mu kinjana ca mbere no muri iki gihe
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2011
  • Impwemu nyeranda ni iki?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2009
  • Impwemu nyeranda ni iki?
    Inyishu z’ibibazo bishingiye kuri Bibiliya
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2011
w11 15/12 rup. 13-17

Kubera iki twoyoborwa n’impwemu y’Imana?

“Uri Imana yanje. Impwemu yawe ni nziza; ninyobore.”​—ZAB. 143:10.

1. Tanga akarorero kerekana ukuntu inguvu zitaboneka zishobora kuyobora umuntu.

WOBA umaze gukoresha akuma bita rugenimpande kugira ngo umenye inzira ujana? Rugenimpande ni akuma gasanzwe, gashobora gufasha umuntu kumenya aho yokwerekeza. Karafise urushinge rw’isumaku ruguma rwerekana mu buraruko. Inguvu zitaboneka isi ifise zikora nk’isumaku ni zo zituma urwo rushinge ruza rurahindukira rwerekeza mu buraruko. Abagenzura ivy’uturere be n’ingenzi baramaze imyaka amajana bakoresha ako kuma kugira ngo kabayobore mu ngendo bagira baca kw’isi no mu biyaga.

2, 3. (a) Ni inguvu zikomeye izihe Yehova yakoresheje mu myaka idaharurika iheze? (b) Ni kubera iki dukwiye kwitega yuko inguvu zitaboneka z’Imana zituyobora muri iki gihe?

2 Hariho izindi nguvu zitaboneka zirushirije mbere kuba izihambaye mu bijanye no kutuyobora. Ni izihe? Ni zimwe zivugwa mu mirongo itangura ya Bibiliya. Mu kuvuga ivyo Yehova yaranguye, ubu hakaba haciye imyaka idaharurika, igitabu c’Itanguriro kigira giti: “Mu ntango Imana yaremye amajuru n’isi.” Igihe yariko irabirema, yararungika inguvu zikomeye, kubera ko iyo nkuru ivuga ivy’irema yongerako iti: “Inguvu zikora z’Imana zaguma zitembera irya n’ino.” (Ita. 1:1, 2) Ni igiki cariko kirakora? Ni impwemu nyeranda, ni ukuvuga inguvu zikomeye zakoreshejwe mu kurema. Turiho kubera ko Yehova yakoresheje iyo mpwemu mu kurema ibintu vyose.​—Yobu 33:4; Zab. 104:30.

3 Turazi ko Imana yakoresheje inguvu zayo zikora mu kuturema; ariko none twoba dukwiye kwitega ko izo nguvu zigira ikindi kintu zikoze ku buzima bwacu? Umwana w’Imana ari we Yezu yari azi yuko dukwiye kwitega ico kintu, kuko yabwiye abigishwa biwe ati: ‘Impwemu y’ukuri izobarongora mu kuri kwose.’ (Yoh. 16:13) None iyo mpwemu ni iki, kandi ni kubera iki dukwiye kwipfuza kuyoborwa na yo?

Ico ari co impwemu nyeranda

4, 5. (a) Abemera Ubutatu biyumvira bihenda yuko impwemu nyeranda ari iki? (b) Wosigura gute impwemu nyeranda?

4 Birashoboka yuko bamwebamwe mu bo muganira mu busuku usanga batahura impwemu nyeranda mu buryo buteye kubiri n’Ivyanditswe. Abemera Ubutatu biyumvira bihenda yuko impwemu nyeranda ari ikiremwa c’impwemu kingana n’Imana Data. (1 Kor. 8:6) Mugabo biroroshe gutahura ko inyigisho y’Ubutatu idashingiye ku Vyanditswe.

5 None impwemu nyeranda ni iki? Akajambo k’epfo ko kw’​Itanguriro 1:2 muri Bibiliya y’isi nshasha ifise utujambo tw’epfo n’amarabiro (mu gifaransa) kavuga yuko ijambo ry’igiheburayo ruʹach, irihindurwa ngo “impwemu” mw’​Itanguriro 1:2, mu yindi mirongo rihindurwa ngo “umuyaga” canke rigahindurwa mu majambo afise insobanuro nk’iyo. (Gereranya n’utujambo tw’epfo two kw’​Itanguriro 3:8; 8:1.) Naho tudashobora kubona umuyaga, turashobora kubona ivyo ukora. Muri ubwo buryo nyene, impwemu nyeranda ntiboneka, mugabo irashobora gutuma ibintu biba. Impwemu nyeranda si umuntu. Ni inguvu ziva ku Mana. Irazikoresha ku bantu canke ku bintu kugira ngo yiyemeze neza ko ico igomba cose kizoranguka. Vyoba bigoye none kwemera ko inguvu nk’izo zitangaje ziva ku Mana ishobora vyose? Habe namba!​—Soma Yesaya 40:12, 13.

6. Dawidi yatakambiye Yehova amusaba iki?

6 Yehova yoba ashobora kubandanya gukoresha impwemu nyeranda yiwe kugira ngo ituyobore mu buzima? Yasezeraniye umwanditsi wa Zaburi ari we Dawidi ati: “Nzotuma ugira ugutahura kwimbitse nongere nkwigishe inzira ukwiye gucamwo.” (Zab. 32:8) Dawidi yoba yaripfuza kuyoborwa n’Imana? Egome, kuko yatakambiye Yehova ati: “Nyigisha gukora ukugomba kwawe, kuko uri Imana yanje. Impwemu yawe ni nziza; ninyobore.” (Zab. 143:10) Na twebwe nyene turakwiye kwipfuza kuyoborwa n’impwemu y’Imana. Kubera iki? Reka turabe ibintu bine bikwiye gutuma twipfuza ico kintu.

Ntidushobora kwiyobora

7, 8. (a) Ni kubera iki tudashobora kwiyobora tudafashijwe n’Imana? (b) Tanga akarorero kerekana igituma tudahirahira ngo twironderere inzira twocamwo muri ino si mbi.

7 Ubwa mbere, turakwiye kwipfuza kuyoborwa n’impwemu y’Imana kubera ko tudashobora kwiyobora. “Kuyobora umuntu” bisobanura “kumwereka inzira akwiye gucamwo.” Ariko rero, Yehova ntiyaturemanye ubushobozi bwo kwiyobora, tukaba rero tutobishobora na canecane kubera ko turi abanyagasembwa. Umuhanuzi wiwe Yeremiya yanditse ati: “Ewe Mukama, ndazi yuko inzira y’umuntu itari muri we: umuntu nta bubasha afise bwo kuyobora intambuko ziwe.” (Yer. 10:23, The Bible in Basic English) Kubera iki none ari ukwo biri? Yeremiya yarumvise Imana iriko irasigura igituma tudashobora kwiyobora. Mu kuvuga ibijanye n’ukuntu tumeze imbere muri twebwe, Yehova yavuze ati: “Umutima ni umuhemu kuruta ikindi kintu cose kandi ni mubi cane. Ni nde yowumenya?”​—Yer. 17:9; Mat. 15:19.

8 Ntikwoba none ari ukwigerezako hamwe umuntu atazi utuntu n’utundi yofata urugendo akaja gutembera mu gahinga ka nyaganande atari kumwe n’umuntu abimenyereye amuyobora canke adafise rugenimpande? Kubera yuko ataba azi ukuntu yokwikura muri ako gahinga kandi akaba adafise ubuhanga mu bijanye no gutora inzira imushikana iyo aja ata co abaye, yoba ariko arashira ubuzima bwiwe mu kaga. Muri ubwo buryo nyene, umuntu yiyumvira yuko ashobora kwiyobora muri iyi si mbi ataretse ngo Imana imwereke inzira ibereye, aba ariko arashira ubuzima bwiwe mu kaga gakomeye. Ikintu conyene codufasha guca muri iyi si mbi ata ngorane ni ugusaba Yehova mw’isengesho ngo adufashe nk’uko Dawidi yabigize, uwavuze ati: “Intambuko zanje nizifate imihora yawe, muri yo amakanda yanje ntazogenda anyiganyijwe.” (Zab. 17:5; 23:3) Dushobora gute none kuronka ubwo buyobozi?

9. Nk’uko vyerekanwa kw’ifoto iri ku rupapuro rwa 17, impwemu y’Imana ishobora gute kutuyobora?

9 Nimba twicisha bugufi tukaba kandi dufise umutima ukunze wo kuyoborwa na Yehova, azoduha impwemu nyeranda yiwe kugira ngo iyobore intambuko zacu. None izo nguvu zikora zizodufasha gute? Yezu yasiguriye abigishwa biwe ati: “Wa mufasha, ya mpwemu nyeranda, iyo Data azorungika mw’izina ryanje, uwo ni we azobigisha vyose yongere abibutse ibintu vyose nababwiye.” (Yoh. 14:26) Nitwiga Ijambo ry’Imana tudahorereza kandi tubijanisha n’isengesho, harimwo n’ibintu vyose Kristu yavuze, impwemu nyeranda izotuma turushiriza gutahura ubukerebutsi bwa Yehova bugera kure, kugira ngo dukore ivyo agomba tudaca ku ruhande. (1 Kor. 2:10) Vyongeye, nitwahura n’intambamyi tutari twiteze muri ya nzira ijana mu buzima, iyo mpwemu izotwereka aho twoca. Izotwibutsa ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya twamaze kwiga maze idufashe gutahura ukuntu twozishira mu ngiro kugira ngo zituyobore.

Yezu yayoborwa n’impwemu y’Imana

10, 11. Ni igiki Umwana w’ikinege w’Imana yari yiteze ku bijanye n’impwemu nyeranda, kandi iyo mpwemu yamufashije gute?

10 Imvo igira kabiri ikwiye gutuma twipfuza kuyoborwa n’impwemu nyeranda, ni uko Imana yayoboye Umwana wayo biciye kuri iyo mpwemu. Imbere y’uko Umwana w’ikinege w’Imana aza ng’aha kw’isi, yari azi ubu buhanuzi bugira buti: “Impwemu ya Yehova izoba kuri we, impwemu y’ubukerebutsi n’ugutegera, impwemu y’impanuro n’ubushobozi, impwemu y’ubumenyi n’ugutinya Yehova.” (Yes. 11:2) Iyumvire ukuntu Yezu yari ashashaye gufashwa n’impwemu y’Imana igihe yobaye ari mu bintu bitoroshe vyomushikiye ari ng’aha kw’isi!

11 Ayo majambo Yehova yari yaravuze yararangutse. Inkuru yo mu Njili iravuga ivyabaye Yezu akimara kubatizwa iti: “Buno Yezu, yuzuye impwemu nyeranda, aragaruka avuye kuri Yorodani, hanyuma ajanwa n’impwemu hirya no hino mu gahinga.” (Luka 4:1) Igihe Yezu yari ng’aho yisonzesha, asenga yongera azirikana, birashoboka yuko Yehova yamuhaye ubuyobozi ku bijanye n’ivyari kumushikira akongera akamufasha kuvyitegurira. Inguvu zikora z’Imana zariko zirakorera mu muzirikanyi wa Yezu no mu mutima wiwe, zikayobora ivyiyumviro vyiwe n’ingingo yafata. Ivyo vyatuma Yezu yama azi ivyo Se wiwe ashaka ko akora, kandi ni vyo yakora.

12. Ni kubera iki dukeneye gusaba impwemu y’Imana ngo ituyobore?

12 Kubera yuko Yezu yari azi ko impwemu y’Imana imufasha mu buzima, yararemesheje cane abigishwa biwe kuyisaba no kureka ikabayobora. (Soma Luka 11:9-13.) Kubera iki dukeneye gusaba impwemu y’Imana ngo ituyobore? Kubera ko ishobora guhindura ivyiyumviro vyacu bikamera nk’umuzirikanyi wa Kristu. (Rom. 12:2; 1 Kor. 2:16) Turetse impwemu y’Imana ikayobora ubuzima bwacu, turashobora kwiyumvira nk’uko Kristu yiyumvira maze tukigana akarorero kiwe.​—1 Pet. 2:21.

Impwemu y’isi yotuzimiza

13. Impwemu y’isi ni iki, kandi ituma abantu bakora iki?

13 Imvo igira gatatu ikwiye gutuma twipfuza kuyoborwa n’impwemu y’Imana ni uko tutayifise dushobora kuzimizwa n’impwemu mbi ikorera mu bantu benshi muri iki gihe. Isi irafise inguvu zikomeye zigira akosho ku bantu zituma bagira ingendo ihushanye rwose n’iyo impwemu nyeranda ishobora gutuma bagira. Aho gutuma abantu batsimbataza umuzirikanyi wa Kristu, impwemu y’isi ituma ivyiyumviro vyabo be n’ivyo bakora bisa n’ivy’umutware wayo Shetani. (Soma Abanyefeso 2:1-3; Tito 3:3.) Igihe umuntu yirekeranye agatwarwa n’impwemu y’isi maze agatangura gukora ibikorwa vy’umubiri, biragira inkurikizi zikomeye, bigatuma adashobora gutorana Ubwami bw’Imana.​—Gal. 5:19-21.

14, 15. Dushobora gute kunanira impwemu y’isi?

14 Yehova yaraturonkeje ibikenewe vyose kugira ngo tunanire impwemu y’isi. Intumwa Paulo yavuze ati: “Mubandanye kwironsa ububasha mu Mukama no mu bushobozi bw’inkomezi ziwe . . . kugira ngo mushobore kunana kuri wa musi mubi.” (Ef. 6:10, 13) Yehova abicishije ku mpwemu nyeranda yiwe, aradukomeza kugira ngo tunanire utwigoro Shetani agira arondera kutuzimiza. (Ivyah. 12:9) Impwemu y’isi irakomeye, kandi ntidushobora kuyirinda ijana kw’ijana. Ariko rero, turashobora kuyinanira. Impwemu nyeranda irakomeye kuruta, kandi izodufasha!

15 Intumwa Petero yavuze ku bijanye n’abahevye ubukirisu mu kinjana ca mbere, ati: “Mu guta inzira igororotse, barazimijwe.” (2 Pet. 2:15) Ese ukuntu dukwiye gukenguruka cane kuba ‘tutaronse impwemu y’isi, ahubwo tukaronka impwemu iva ku Mana’! (1 Kor. 2:12) Turetse impwemu nyeranda ikatuyobora tukongera tukungukira bimwe bishitse ku ntunganyo zose Yehova yadushiriyeho kugira ngo tugume mu nzira ibereye mu buryo bw’impwemu, turashobora kunanira impwemu y’iyi si mbi iva kuri Shetani.​—Gal. 5:16.

Impwemu nyeranda irama icamwa ciza

16. Ni icamwa ikihe impwemu nyeranda ishobora kwama muri twebwe?

16 Imvo igira kane ituma twipfuza kuyoborwa n’impwemu y’Imana, ni uko yama icamwa ciza mu buzima bw’abayoborwa na yo. (Soma Abagalatiya 5:22, 23.) Ni nde muri twebwe atokwipfuza kurushiriza gukunda abandi, kugira umunezero no kuba umunyamahoro? Ni nde muri twebwe atoshima kurushiriza kwiyumanganya, kugira ubuntu no kumera neza? Ni nde muri twebwe atokwungukira ku kurushiriza kugira ukwizera, ubwitonzi n’ukwigumya? Impwemu y’Imana irama muri twebwe kamere nziza zitugirira akamaro zikongera zikakagirira abo tubana be n’abo dukorana. Gutsimbataza ico camwa ni igikorwa kibandanya, kubera ko ata karimbi impwemu ishingirwa mu bijanye n’icamwa ishobora kwama muri twebwe.

17. Dushobora gute kurushiriza gutsimbataza umuce munaka w’icamwa c’impwemu?

17 Vyoba vyiza twisuzumye kugira ngo twiyemeze yuko ivyo tuvuga be n’ivyo dukora vyerekana ko tuyoborwa n’impwemu nyeranda be n’uko turiko turama icamwa cayo. (2 Kor. 13:5a; Gal. 5:25) Nimba tubona yuko dukeneye gutsimbataza imice imwimwe y’icamwa c’impwemu, turashobora kurushiriza kugira akigoro ko kuyoborwa n’impwemu nyeranda kugira ngo dutsimbataze izo kamere. Ivyo tubigira mu kwiga umuce umwumwe dukoresheje Bibiliya n’ibisohokayandikiro vyacu vya gikirisu. Gutyo turashobora gutahura ukuntu dukwiye kugaragaza icamwa c’impwemu mu buzima bwacu bwa misi yose maze tugaca twihatira kukigaragaza.a Iyo tubonye ivyiza biva ku kuba impwemu nyeranda ikorera mu buzima bwacu no mu buzima bw’abakirisu bagenzi bacu, turatahura neza igituma dutegerezwa kuyoborwa na yo.

Woba worohera impwemu y’Imana?

18. Twokwigira iki ku kuba Yezu yarareka impwemu y’Imana ikamuyobora?

18 Igihe Imana yarema ibiriho vyose, Yezu yari “umukozi w’umuhanga” wayo. Ku bw’ivyo, yari azi ibintu vyose vyerekeye inguvu isi ifise zo gukwega ibintu nk’isumaku, zimwe zifasha abantu igihe bakoresha ka kuma rugenimpande. (Imig. 8:30; Yoh. 1:3) Ariko rero, nta hantu na hamwe muri Bibiliya herekana ko Yezu yigeze akoresha izo nguvu kugira ngo zimuyobore igihe yari ng’aha kw’isi. Mugabo Bibiliya ivuga yuko igihe yari umuntu yiboneye ukuntu impwemu nyeranda y’Imana igira ububasha mu buzima bwiwe. Yaremera kuyoborwa na yo, kandi igihe yaba imuvyuriye umutima wo kugira ico akoze, yarayorohera akagikora. (Mrk. 1:12, 13; Luka 4:14) Woba nawe worohera impwemu nyeranda?

19. Dutegerezwa gukora iki kugira ngo impwemu nyeranda ituyobore mu buzima bwacu?

19 Inguvu zikora z’Imana ziracakorera ku bantu bemera kuyoborwa na zo. Ushobora gute none kuzireka zigakorera kuri wewe kugira zikuyobore mu nzira ibereye? Niwame usenga Yehova umusaba ngo akurungikire impwemu yiwe yongere agufashe kwemera kuyoborwa na yo. (Soma Abanyefeso 3:14-16.) Nukore uhuza n’amasengesho utura mu kurondera impanuro zo mw’Ijambo ry’Imana ryanditse ari ryo Bibiliya, ino ikaba yabonetse biciye ku mpwemu nyeranda. (2 Tim. 3:16, 17) Nugamburuke ubuyobozi buranga ubukerebutsi ritanga maze wemere ubishashaye kuyoborwa n’impwemu nyeranda. Ubigenjeje gutyo, uba werekanye ko wizera ubushobozi Yehova afise bwo kukuyobora neza muri iyi si mbi.

[Akajambo k’epfo]

a Nimba ushaka kumenya ivyarimbuwe ku bijanye n’umuce umwumwe, raba Umunara w’Inderetsi wo ku wa 15 Mukakaro 2007, urupapuro rwa 21-25 n’uwo ku wa 15 Ndamukiza 2011, urupapuro rwa 18-27.

Woba watahuye ivyiyumviro nyamukuru?

• Impwemu nyeranda ishobora kugira ico ikoze gute mu buzima bwacu?

• Ni imvo zine izihe zikwiye gutuma twipfuza kuyoborwa n’impwemu y’Imana?

• Dushobora gute kurangura uruhara rutwega kugira ngo twungukire bimwe bishitse ku kuyoborwa n’impwemu nyeranda?

[Ifoto ku rup. 15]

Impwemu y’Imana zari inguvu zayobora Yezu mu buzima bwiwe

[Ifoto ku rup. 17]

Impwemu y’Imana irakorera ku bantu bemera kuyoborwa na yo

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika