Aburahamu yari nde?
NI ABANTU bake ubiravye bagize akosho kanini ukuraho ku madini yo mw’isi. Aburahamua, uwubahwa cane n’Abayahudi, abisilamu be n’abakirisu, avugwa ko ari “igihangange mu Vyanditswe” be n’“akarorero gakomeye cane k’ukwizera.” Bibiliya imwita “se w’abari n’ukwizera bose.”—Abaroma 4:11.
Kubera iki Aburahamu yubahwa cane gutyo? Kimwe coco, Aburahamu ni we muntu wenyene Bibiliya yita umugenzi w’Imana.—Yesaya 41:8; Yakobo 2:23.
Ariko rero, Aburahamu yari umuntu nkatwe. Yarashikiwe n’ingorane nyinshi nk’izidushikira, kandi yarashoboye kuzitsinda. Woshima kumenya ingene yabigenjeje? Reka turabe ico Bibiliya ivuga kuri uwo mugabo adasanzwe.
Aho yakuriye
Aburahamu yavutse mu 2018 B.G.C. (B.G.C. bisobanura “imbere y’igihe cacu”), akurira i Uri. (Itanguriro 11:27-31) Uri cari igisagara kinini kandi gitunze. Ariko kandi ico gisagara carangwamwo cane ugusenga ibigirwamana. Tera se wa Aburahamu ashobora kuba yari mu basenga ibigirwamana bitandukanye. (Yosuwa 24:1, 2) Ariko Aburahamu yahisemwo gusenga Yehova gusab aho gusenga ibishushanyo bitagira ubuzima vy’izindi mana.
None ni igiki catumye Aburahamu afata iyo ngingo? Aburahamu yavutse Shemu umuhungu wa Nowa akiriho, Shemu akaba yagiye gupfa Aburahamu afise imyaka 150. Nimba yarifatanya n’uwo mugabo yamuruta kure n’iyo mu myaka, vyamugizeko akosho akahe? Aburahamu ashobora kuba yariganiwe na Shemu ubwiwe ukuntu barokotse rya Segenya ryatera kw’isi yose. Ashobora kandi kuba yaramenye igituma bihambaye gusenga Yehova, ya Mana yazigama Shemu n’umuryango wiwe mu gihe c’uwo Mwuzure.
Ivyo Aburahamu yamenye ku bijanye n’Imana y’ukuri, yaba yavyize biciye kuri Shemu canke mu bundi buryo, yarabifashe nka nkama. Igihe Yehova, “we musuzumyi w’imitima,” yihweza Aburahamu, yaramubonyemwo iciza, maze aramufasha kurushiriza kuba umuntu mwiza.—Imigani 17:3; 2 Ngoma 16:9.
Ubuzima yagize
Aburahamu yagize ubuzima bwaranzwemwo ibintu vyinshi kandi buryoshe, ubuzima akenshi bwaba butoroshe ariko bwagumye buri n’ico buvuze koko. Rimbura bikeyi gusa mu bintu vyamushikiye.
▪ Igihe Aburahamu yaba i Uri, Imana yamutegetse kuva mu gihugu ciwe c’amavuko akaja mu gihugu yomweretse. Naho Aburahamu na Sara batari bafise amakuru yose, nk’akarorero iyo bari bagiye canke igituma Imana yari ibasavye kugenda, baragamburutse. Aburahamu na Sara bahavuye baba mu mahema mu gihugu ca Kanani, bamara igice gisigaye c’ubuzima bwabo ng’aho ari ingenzi.—Ivyakozwe 7:2, 3; Abaheburayo 11:8, 9, 13.
▪ Igihe Aburahamu na Sara batari bwaronke akana, Yehova yasezeraniye Aburahamu ko yomugize ihanga rikomeye. Yehova yabandanije avuga ko imiryango yose yo kw’isi yohezagiwe biciye kuri Aburahamu. (Itanguriro 11:30; 12:1-3) Mu nyuma, Yehova yaremeje ko yoshikije uwo muhango. Yabwiye Aburahamu ko uruvyaro rwiwe rwobaye rwinshi, nk’inyenyeri zo mu kirere.—Itanguriro 15:5, 6.
▪ Igihe Aburahamu yari afise imyaka 99, Sara na we akaba yariko aregereza imyaka 90, Yehova yabasezeraniye ko bovyaye umuhungu. Ku bantu, ivyo vyasa n’ibidashoboka, mugabo Aburahamu na Sara ntibatevye kumenya ko ata kintu na kimwe “kidashoboka kuri Yehova.” (Itanguriro 18:14) Haciye umwaka umwe, igihe Aburahamu yari afise imyaka 100, yararonse umwana w’umuhungu, aca amwita Izahaki. (Itanguriro 17:21; 21:1-5) Imana yarasezeranye idomako yuko abantu boronse imihezagiro myinshi biciye kuri Izahaki.
▪ Haciye imyaka itari mike, Yehova yarasavye Aburahamu ikintu kidasanzwe na gato: Yasavye Aburahamu gutangako ikimazi umuhungu wiwe yakunda cane Izahaki, naho uwo musore atari bwubake urwiwe kandi akaba ata bana yari afise.c Naho Aburahamu ategerezwa kuba yarababajwe n’uko yari agiye kubura umuhungu wiwe, yariteguriye gukora ivyo Imana yari yamusavye, ni ukuvuga gutangako ikimazi Izahaki. Aburahamu yaremera adakeka ko Imana yari ishoboye kuzura Izahaki biramutse bibaye ngombwa, kugira ishitse ivyo yasezeranye. (Abaheburayo 11:19) Emwe, Aburahamu agira atangeko ikimazi umuhungu wiwe, Imana yaciye ihaseruka, irarokora ubuzima bwa Izahaki. Yarakeje Aburahamu ku bw’ukugamburuka kwiwe kudasanzwe. Yehova yaciye yongera kuvuga ivyo yari yarasezeraniye Aburahamu.—Itanguriro 22:1-18.
▪ Aburahamu amaze imyaka 175, yarasinziriye mu rupfu. Bibiliya ivuga ko “[yapfuye] yisaziye neza” kandi ko yapfuye “ashaje kandi aheze akanyota.” (Itanguriro 25:7, 8) Gutyo, Aburahamu yariboneye iranguka ry’uwundi muhango Imana yari yaratanze, uw’uko yoramvye cane imbere y’uko yipfira mu mahoro.—Itanguriro 15:15.
Iragi yadusigiye
Aburahamu si umuntu gusa wa kera cane yemerwa n’abasenga canke avugwa mu nkuru za kahise. Gushika n’uno musi, aracavugwa cane, akaba ari akarorero keza cane twese dukwiye kwigana. (Abaheburayo 11:8-10, 17-19) Reka twihweze zine muri kamere nziza Aburahamu yagaragaje. Turahera kuri kamere yiwe ishobora kuba ari iyo izwi cane kuruta izindi zose yagaragaje, ni ukuvuga ukwizera.
[Utujambo tw’epfo]
a Mu ntango, Aburahamu yitwa Aburamu, umugore wiwe na we akitwa Sarayi. Mu nyuma, Imana yarahinduye izina rya Aburamu imwita Aburahamu, bisobanura ngo “Se w’isinzi,” Sarayi na we imwita Sara, bisobanura ngo “Umuganwakazi.” (Itanguriro 17:5, 15) Kugira tworoshe ibintu, muri uru rukurikirane rw’ibiganiro tuza turabita Aburahamu na Sara.
b Yehova ni izina ry’Imana nk’uko rihishurwa muri Bibiliya.
c Raba ikiganiro kivuga ngo “Abasomyi bacu barabaza . . . Kubera iki Imana yasavye Aburahamu gutangako ikimazi umuhungu wiwe?” ku rupapuro rwa 23 rw’iki kinyamakuru.
[Uruzitiro ku rup. 4]
Umuntu ahambaye cane mu nkuru za Bibiliya
Igitabu ca Bibiliya c’Itanguriro, mu bigabane cumi vyaco vya mbere, kirigana inkuru z’ubuzima z’abantu batari bake bari bafise ukwizera, ushizemwo Abeli, Henoki, na Nowa. Ariko rero, vyinshi mu bigabane 15 bikurikira, bivuga canecane ubuzima bw’umugabo umwe, ari we Aburahamu.
N’ikindi kandi, bimwebimwe mu vyiyumviro bihambaye kuruta ibindi dusanga muri Bibiliya, bivugwa ari bwo bwa mbere ku bijanye na Aburahamu. Nk’akarorero, mu nkuru yerekeye ubuzima bwa Aburahamu ni ho . . .
▪ Imana ivugwa ari bwo bwa mbere ko ari Inkinzo ku basavyi bayo, ni ukuvuga Uwubakingira.—Itanguriro 15:1; raba Gusubira mu vyagezwe 33:29; Zaburi 115:9; Imigani 30:5.
▪ havugwa ari bwo bwa mbere ibijanye n’ukwizera Imana.—Itanguriro 15:6.
▪ haboneka ari bwo bwa mbere ijambo umuhanuzi.—Itanguriro 20:7.
▪ havugwa ari bwo bwa mbere urukundo rw’umuvyeyi.—Itanguriro 22:2.