Ingene ukwiyigisha kworushiriza kuguhimbara no kukugirira akamaro
Dushobora gute kurushiriza guhimbarwa igihe turiko turiga Bibiliya? Dushobora gute gutuma ibiringo vyacu vyo kwiga birushiriza kutugirira akamaro? Nimuze twihweze muri make ibintu bitatu bihambaye bizodufasha kurushiriza kwungukira ku kwiyigisha Bibiliya kwacu.
1 GUSENGA: Ikintu ca mbere twokora ni ugusenga. (Zab. 42:8) Kubera iki? Dukwiye kubona yuko kwiga Ijambo ry’Imana ari kimwe mu bigize ugusenga kwacu. Ku bw’ivyo, turakeneye gusaba Yehova ngo adufashe gutegura umuzirikanyi yongere aduhe impwemu nyeranda yiwe. (Luka 11:13) Uwitwa Barbara, akaba ari umumisiyonari abumazemwo igihe kirekire, avuga ati: “Nama nsenga imbere y’uko nsoma canke niga Bibiliya. Inyuma y’aho, nca numva ko Yehova ari kumwe nanje be n’uko ashima ivyo ndiko ndakora.” Gusenga imbere y’uko twiga biratuma umuzirikanyi wacu n’umutima wacu vyitegurira kwakira bimwe vyuzuye ibifungurwa umukimba vyo mu buryo bw’impwemu biba biri imbere yacu.
2 KUZIRIKANA: Kubera ko bamwebamwe ata mwanya baba bafise, usanga basoma Ijambo ry’Imana bacishako. Ariko rero, barahomba ivyiza bari gushobora gukura mu kwiga Bibiliya. Uwitwa Carlos, uno akaba amaze imyaka irenga 50 akorera Yehova, yaratahuye akamaro ko kurondera umwanya wo kuzirikana kugira ngo atume ukwiga kwiwe kurushiriza kumugirira akamaro. Avuga ati: “Nsigaye nsoma impapuro za Bibiliya nkeyi icarimwe, ni ukuvuga impapuro nka zibiri ku musi. Ndashobora rero kumara umwanya wiyongereye ndiko ndazirikana ivyo nsoma kugira ngo ndahakure ivyigwa bihambaye.” (Zab. 77:12) Igihe dufata umwanya wo kuzirikana, turarushiriza kumenya no gutahura ivyo Imana igomba.—Kol. 1:9-11.
3 GUSHIRA MU NGIRO: Igihe tubona akamaro k’igikorwa kinaka, turarushiriza kucungukirako. Nta gukeka ko ukwo ari ko biri ku bijanye no kwiga Bibiliya. Uwitwa Gabriel, akaba ari umuvukanyi akiri muto yama yiga Bibiliya adahorereza, avuga ati: “Kwiga biramfasha gutsinda ingorane zo mu buzima bwa misi yose, kandi biratuma nitegurira gufasha abandi.” Yongerako ati: “Ndagerageza gushira mu ngiro mu buzima bwanje ibintu vyose niga.” (Gus. 11:18; Yos. 1:8) Egome, hariho ibintu vyinshi vyerekeye Imana dushobora kwiga no gushira mu ngiro.—Imig. 2:1-5.
ISUBIRAMWO: Ese ukuntu dufise agateka ko kwimba mu bumenyi butangwa na Yehova, we Sôko ry’ubukerebutsi bwose! (Rom. 11:33) Ku bw’ivyo, igihe uzoba ugira wige, uraraba neza ko wabanje gusenga Yehova no kumusaba ngo agufashe gutegura umuzirikanyi yongere aguhe impwemu nyeranda yiwe. Hanyuma nuze urafata umwanya wo kuzirikana ivyo usoma. N’ikindi kandi, nurondere ukuntu woshira mu ngiro mu buzima bwawe bwa misi yose ivyo wiga. Niwakurikiza ivyo bintu bihambaye, uzosanga ukwiga Bibiliya kwawe kurushirije kuguhimbara no kukugirira akamaro.