Nugume ufise umutima ukwiye kuri Yehova
“Mwananje, umenye Imana ya so kandi uyikorere n’umutima ukwiye.”—1 NGO. 28:9.
RONDERA INYISHU Z’IBI BIBAZO:
Umutima w’ikigereranyo ni iki?
Ni uburyo ubuhe twokoresha mu gusuzuma umutima wacu?
Dushobora gute kuguma dufise umutima ukwiye kuri Yehova?
1, 2. (a) Ni igihimba c’umubiri ikihe kivugwa cane mu buryo bw’ikigereranyo kuruta ibindi mw’Ijambo ry’Imana? (b) Ni kubera iki bihambaye ko dutahura ico ari co umutima w’ikigereranyo?
IJAMBO RY’IMANA rirakunda gukoresha ibihimba vy’umubiri mu buryo bw’ikigereranyo. Nk’akarorero, umwe sekuruza w’imiryango Yobu yavuze ati: “Nta bukazi buri ku biganza vyanje.” Umwami Salomo yavuze ati: “Agakuru keza kadohesha amagufa.” Yehova yakuye amazinda Ezekiyeli ati: “Uruhanga rwawe . . . ndarukomantaje kurusha ibuye ry’isare.” Intumwa Paulo na we yabwiwe ati: “Uriko uzana ibintu bishasha mu matwi yacu.”—Yobu 16:17; Imig. 15:30; Ezk. 3:9; Ivyak. 17:20.
2 Ariko rero, hariho igihimba c’umubiri kivugwa muri Bibiliya mu buryo bw’ikigereranyo kenshi kuruta ibindi vyose. Ico gihimba ni kimwe wa mwizigirwa Hana yavuga mw’isengesho ati: “Umutima wanje urirata koko kubera Yehova.” (1 Sam. 2:1) Nkako, abanditsi ba Bibiliya barakoresha ijambo umutima incuro hafi igihumbi, nka hose rikaba rikoreshwa mu buryo bw’ikigereranyo. Birahambaye cane ko dutahura ico umutima ugereranya kuko Bibiliya ivuga yuko dukwiye kuwuzigama.—Soma Imigani 4:23.
UMUTIMA W’IKIGERERANYO NI IKI?
3. Dushobora dute gutahura insobanuro y’umutima w’ikigereranyo uvugwa muri Bibiliya? Tanga akarorero.
3 Naho Ijambo ry’Imana ridatanga insobanuro y’umutima w’ikigereranyo, riradufasha kumenya ico ari co. Uti gute? Tubitangire akarorero: Iyumvire ishusho iryoheye ijisho iri ku ruhome igizwe n’utubuye dutoduto twinshi cane dufise amabara atandukanye, dupanze mu buryo bwegeranye cane. Kugira ngo umuntu abone ishusho yatanzwe n’utwo tubuye twose iyo ari yo, ategerezwa kwigira inyuma ku buryo abona nya shusho yose uko yakabaye. Muri ubwo buryo nyene, dufashe akanya tukihweza ha hantu henshi ijambo “umutima” rikoreshwa mu buryo bw’ikigereranyo muri Bibiliya, twoshobora gutahura yuko aho hantu tuhafatiye hamwe hatanga ishusho yinaka ari yo nsobanuro. None iyo nsobanuro ni iyihe?
4. (a) “Umutima” ugereranya iki? (b) Amajambo ya Yezu ari muri Matayo 22:37 asobanura iki?
4 Abanditsi ba Bibiliya barakoresha ijambo “umutima” mu kudondora ico umuntu ari imbere muri we. Uwo mutima ugizwe n’ivyipfuzo vyacu, ivyiyumviro vyacu, agatima dufise, ubushobozi dufise, imvo dukorana ibintu hamwe n’imigambi yacu. (Soma Gusubira mu vyagezwe 15:7; Imigani 16:9; Ivyakozwe 2:26.) Nk’uko igitabu kimwe kibivuga, ni ico umuntu ari wese imbere muri we. Ariko rero, mu bihe bimwebimwe ijambo “umutima” ntiryerekeza kuri ivyo bintu vyose. Nk’akarorero, Yezu yavuze ati: “Utegerezwa gukunda Yehova Imana yawe n’umutima wawe wose n’ubuzima bwawe bwose n’umuzirikanyi wawe wose.” (Mat. 22:37) Ng’aho, ijambo “umutima” ryerekeza ku nyiyumvo n’ivyipfuzo umuntu afise. Yezu yakoresheje amajambo umutima, ubuzima n’umuzirikanyi ayatandukanije, kugira ngo ashimike ku vy’uko dutegerezwa guserura urwo dukunda Imana mu nyiyumvo zacu, mu kuntu tubaho no mu kuntu dukoresha ubushobozi bwacu bwo kwiyumvira. (Yoh. 17:3; Ef. 6:6) Mugabo igihe ijambo “umutima” rikoreshejwe ukwaryo, riba ryerekeza ku co umuntu ari wese imbere muri we.
IGITUMA DUKENEYE KUZIGAMA UMUTIMA WACU
5. Ni kubera iki twipfuza kwihatira gukorera Yehova n’umutima ukwiye?
5 Ku bijanye n’umutima, Umwami Dawidi yibukije Salomo ati: “Mwananje, umenye Imana ya so kandi uyikorere n’umutima ukwiye be n’umutima uhimbawe; kuko Yehova asesa imitima yose kandi akamenya impengamiro yose y’ivyiyumviro.” (1 Ngo. 28:9) Mu vy’ukuri, Yehova ni we asuzuma imitima yose, harimwo n’iyacu. (Imig. 17:3; 21:2) Kandi ivyo abona mu mutima wacu biragira ikintu gikomeye bikoze ku bucuti dufitaniye na we no kuri kazoza kacu. Turafise rero imvo yumvikana yo gukurikiza iyo mpanuro yahumetswe Dawidi yatanze, mu kwihatira gukorera Yehova n’umutima ukwiye.
6. Dukwiye gutahura iki ku bijanye n’umwiyemezo dufise wo gukorera Yehova?
6 Kukaba nkako, ibikorwa twebwe abasavyi ba Yehova dukorana umwete birerekana yuko dufise icipfuzo gikomeye co gukorera Imana n’umutima ukwiye. Muri co gihe nyene, turatahura yuko imikazo y’isi mbi ya Shetani hamwe n’impengamiro umubiri wacu ufise yo gukora igicumuro, ari inguvu zikomeye zishobora guhungabanya umwiyemezo dufise wo gukorera Imana n’umutima wacu wose. (Yer. 17:9; Ef. 2:2) Ku bw’ivyo, kugira ngo dusuzume yuko umwiyemezo dufise wo gukorera Imana utariko urahungabana, mu yandi majambo ko tutariko turareka kuba maso, turakeneye kwama dusuzuma umutima wacu. None twowusuzuma gute?
7. Ni ibiki vyerekana uko umutima wacu umeze?
7 Biragaragara yuko ata muntu ashobora kubona ico turi imbere muri twebwe, nka kurya nyene adashobora kubona intimatima y’igiti, ari wo mutima waco. Ariko rero, nk’uko Yezu yabivuze muri ya Nsiguro yo ku Musozi, nka kurya nyene ivyamwa bihishura uko igiti kimeze, ni na ko ivyo dukora vyerekana uko umutima wacu umeze koko. (Mat. 7:17-20) Nimuze turimbure kimwe muri ivyo bikorwa.
UBURYO BUBONEKA BWO GUSUZUMA UMUTIMA WACU
8. Amajambo ya Yezu ari muri Matayo 6:33 afitaniye isano gute n’ikiri mu mutima wacu?
8 Imbere y’aho, muri iyo nsiguro nyene, Yezu yarabwiye abariko baramwumviriza igikorwa kinaka bakwiye gukora cokwerekanye ko bipfuza gukorera Yehova n’umutima wabo wose. Yavuze ati: “Gume rero mubanza kurondera ubwami n’ubugororotsi bw’Imana, ivyo bindi vyose na vyo muzovyongerwa.” (Mat. 6:33) Egome, biciye ku vyo dushira imbere y’ibindi mu buzima bwacu, turerekana ico twipfuza imbere mu mutima wacu, ico twiyumvira be n’ico dutegekanya gukora. Ku bw’ivyo, kwihweza ivyo dushira imbere y’ibindi mu buzima ni uburyo buboneka bwo gusuzuma nimba turiko turakorera Imana n’umutima ukwiye.
9. Ni akamo akahe Yezu yateye abagabo bamwe, kandi ukuntu bavyakiriye kwahishuye iki?
9 Hataraca igihe kirekire Yezu ahimirije abariko baramwumviriza ‘kuguma babanza kurondera ubwami,’ hari ikintu cabaye kikaba cerekana yuko ukuntu umutima w’umuntu umeze guhishurwa koko n’ivyo ashira imbere mu buzima. Imbere y’uko umwanditsi w’Injili Luka avuga ico kintu, abanza kuvuga yuko Yezu “yereke[je] amaso yiwe i Yeruzalemu yiyemeje kujayo,” naho yari azi neza ivyohavuye bimushikira ng’aho. Igihe we hamwe n’intumwa ziwe “bari mu nzira bagenda,” yarahuye n’abagabo bamwe maze abatera akamo ati: “Nkurikira.” Abo bagabo bari biteguriye kwitaba ako kamo, mugabo abanje kubemerera ivyo bamusavye. Umugabo umwe yishuye ati: “Ndeka mbanze ngende mpambe dawe.” Uwundi yavuze ati: “Ndagukurikira, Mukama; mugabo banza undeke nsezere abo mu rugo rwanje.” (Luka 9:51, 57-61) Ese ukuntu umwiyemezo ukomeye kandi uvuye ku mutima Yezu yari afise wari utandukanye n’ukuntu abo bagabo bakiriye mu buryo butabereye akamo yabateye! Mu gushira ibibaraje ishinga imbere y’ivyungura Ubwami, barahishuye yuko umutima wabo utari ukwiye ku Mana.
10. (a) Abayoboke ba Yezu Kristu bakiriye gute akamo yabateye? (b) Ni ikigereranyo kigufi ikihe Yezu yatanze?
10 Mu buryo butandukanye n’abo bantu bari gushobora kuba abigishwa, twaremeye tubigiranye ubukerebutsi akamo Yezu yaduteye ko kuba abayoboke biwe, ubu tukaba dukorera Yehova buri musi. Muri ubwo buryo, turerekana ukuntu twiyumva mu mutima ku vyerekeye Yehova. Yamara, naho dufise vyinshi dukora mw’ishengero, turacakeneye kumenya icoshobora kugeramira umutima wacu. None ni igiki? Muri ico kiyago nyene Yezu yagiranye n’abo bantu bari gushobora kuba abigishwa, yarahishuye iyo ngeramizi mu kuvuga ati: “Nta muntu ashize ukuboko kw’isuka irimishwa n’ibitungwa araba ibiri inyuma, abereye ubwami bw’Imana.” (Luka 9:62) Ni icigwa ikihe twokura muri ico kigereranyo?
TWOBA ‘TWUMIRA KU CIZA’?
11. Ni igiki gishikira igikorwa c’umukozi avugwa mu kigereranyo ca Yezu, kandi kubera iki?
11 Kugira ngo turushirize gutahura icigwa kiri muri ico kigereranyo kigufi ca Yezu, nimuze tucongereko ayandi makuru. Umukozi wo mu murima ariko ararimisha inka. Ariko rero, mu gihe ari kuri ico gikorwa, aguma yiyumvira ibijanye n’i muhira ahari umuryango wiwe, abagenzi, imfungurwa, umuziki, agatwengo n’agatutu. Aravyipfuza cane. Uwo mukozi amaze kurima igice kitari gito, ararushiriza kwipfuza ivyo bintu bihimbaye vyo mu buzima ku buryo ahindukira akaraba “ibiri inyuma.” Naho agifise vyinshi vyo gukora atera uwo murima, arasamara maze ntakore neza igikorwa ciwe. Birumvikana yuko Shebuja avunika umutima kubera ko uwo mukozi atumiye ku gikorwa.
12. Ni gute muri iki gihe ivy’umukirisu vyoshobora kumera nk’ivya wa mukozi avugwa mu kigereranyo ca Yezu?
12 Ubu na ho, rimbura ukuntu ikintu nk’ico coshobora gushika muri iki gihe. Uwo murimyi yoshobora kugereranya umukirisu uwo ari we wese asa n’uwuhagaze neza mugabo mu vy’ukuri ari mu kaga mu buryo bw’impwemu. Nk’akarorero, reka dufate umuvukanyi aguma afise vyinshi akora mu busuku. Ariko rero, naho yitaba amakoraniro akongera akagira uruhara mu murimo wo mu ndimiro, aguma yiyumvira ibintu bimwebimwe vyo muri iyi si bimushimisha. Aravyipfuza cane mu mutima. Amaherezo, haciye imyaka itari mike arangura ubusuku bwiwe, ararushiriza kwipfuza ivyo bintu ku buryo ahindukira akaraba “ibiri inyuma.” Naho hakiriho vyinshi vyo gukora mu busuku, ‘ntagumya rwose rya jambo ry’ubuzima,’ bigatuma ataba akirangura neza ibikorwa vya gitewokarasi. (Flp. 2:16) Yehova we “Mukuru w’iyimbura,” arababazwa na bene ukwo kubura ukwihangana.—Luka 10:2.
13. Gukorera Yehova n’umutima ukwiye birimwo ibiki?
13 Icigwa tuhakura kiratomoye. Nimba twama tugira uruhara mu bikorwa vyiza kandi vy’ingirakamaro nko kwitaba amakoraniro y’ishengero no kugira uruhara mu murimo wo mu ndimiro, turakwiye gukezwa. Mugabo gukorera Yehova n’umutima ukwiye ntibigarukira aho. (2 Ngo. 25:1, 2, 27) Mu gihe umukirisu abandanije gukunda mu mutima wiwe “ibiri inyuma,” ni ukuvuga ibintu bimwebimwe vyo muri iyi si, aba ahakwa gutakaza ubucuti afitaniye n’Imana. (Luka 17:32) ‘Nitwazinukwa vy’ukuri ikibi maze tukumira ku ciza,’ ni ho gusa tuzoba “[tu]bereye ubwami bw’Imana.” (Rom. 12:9; Luka 9:62) Ku bw’ivyo, twese turakeneye kwiyemeza neza ko ata kintu na kimwe co mw’isi ya Shetani kitubuza kwitwararika ivyungura Ubwami n’umutima wacu wose, naho coshobora gusa n’igifise akamaro canke kigasa n’igihimbaye.—2 Kor. 11:14; soma Abafilipi 3:13, 14.
TUGUME TURI MASO!
14, 15. (a) Shetani agerageza gute kwonona umutima wacu? (b) Tanga akarorero kerekana igituma uburyo Shetani akoresha buba ubuteye akaga cane.
14 Urwo dukunda Yehova rwaratuvyuriye umutima wo kumwiyegurira. Kuva ico gihe, benshi muri twebwe turamaze imyaka n’iyindi tugaragaza ko twiyemeje kuguma dufise umutima ukwiye kuri Yehova. Ariko rero, Shetani ntiyaturetse. Aracarondera gutera umutima wacu. (Ef. 6:12) Birumvikana yuko azi ko tutazoheba Yehova bukwi na bukwi. Ni co gituma akoresha ku ruyeri ku rwenge “ivy’iki gihe” mu kugerageza gutuma umwete dufise mu vy’Imana ugenda uragabanuka buhorobuhoro. (Soma Mariko 4:18, 19.) Ni kubera iki ubwo buryo Shetani akoresha bumugendera neza?
15 Hari ikigereranyo gishobora kudufasha kwishura ico kibazo. Nufate yuko uriko urasomera igitabu kw’itara ryaka cane, mugabo rigaca rizigira. Uciye ubwo nyene umenya ibibaye kubera ko usigaye mu kizime. Iryo tara rizigiye urarisubirije irindi rishasha, maze mu cumba urimwo hagaca hasubira kubona neza. Ku mugoroba ukurikira, urongeye gusoma igitabu wibaza yuko uriko uragisomera kuri iryo tara nyene. Ariko rero, hariho umuntu yarisubirije irindi ritanga umuco uri musi gatoyi y’umuco w’iryo, ivyo akaba yabigize utabizi. Woba wobona icahindutse? Nta gukeka ko utokibona. Vyongeye, mu gihe ku musi ukurikira umuntu afashe iryo tara akarisubiriza irindi ritanga umuco uri musi gatoyi y’umuco waryo, nta gukeka ko na ho nyene utobona ko hari icahindutse. Kubera iki? Kubera ko uwo muco wagiye uragabanuka buhorobuhoro ku buryo utabica n’ikanda. Muri ubwo buryo nyene, utwosho tw’isi ya Shetani twoshobora gutuma umwete dufise mu murimo wa Yehova ugenda uragabanuka bukebuke. Umukirisu atabaye maso, ntazomenya mbere iryo hinduka rigenda riraba, kandi Shetani azoba yaroraniwe.—Mat. 24:42; 1 Pet. 5:8.
ISENGESHO RIRAHAMBAYE CANE
16. Twokwikingira gute imigabo ya Shetani?
16 Twokwikingira gute mwene iyo migabo ya Shetani maze tukaguma dufise umutima ukwiye kuri Yehova? (2 Kor. 2:11) Isengesho rirahambaye cane. Paulo yaremesheje abo basangiye ukwemera ‘guhagarara bashikamye imbere y’amayeri ya Shetani.’ Yaciye abahimiriza ati: “Mubandanye gusenga mukoresheje ubwoko bwose bw’amasengesho n’intakambo.”—Ef. 6:11, 18; 1 Pet. 4:7.
17. Amasengesho Yezu yatuye atwigisha iki?
17 Kugira ngo turwanye Shetani dushikamye, vyoba vyiza twiganye agatima ko gukunda gusenga nk’aka Yezu, kano kakaba karerekana yuko yipfuza bimwe bikomeye kuguma afise umutima ukwiye kuri Yehova. Nk’akarorero, raba ivyo Luka yanditse ku bijanye n’ukuntu Yezu yasenze mw’ijoro ry’imbere yuko apfa. Yanditse ati: “Agira agahinda kenshi, aguma arushirizaho gusengana ubwira.” (Luka 22:44) Imbere y’aho, Yezu yarasengana ubwira, mugabo ico gihe, kubera ko yari ahanganye n’ikigeragezo gikomeye kuruta ibindi vyose vyamushikiye ng’aha kw’isi, ‘yararushirijeho gusengana ubwira,’ kandi isengesho ryiwe ryarishuwe. Ako karorero ka Yezu karerekana yuko amasengesho amwamwe ashobora kuba ayakomeye kuruta ayandi. Ku bw’ivyo, uko ibigeragezo bidushikira birushiriza kuba ibikomeye n’imigabo ya Shetani ikarushiriza kuba iyirimwo uruyeri, ni ko dukwiye ‘kurushirizaho gusengana ubwira’ dusaba Yehova ngo adukingire.
18. (a) Dukwiye kwibaza iki ku bijanye n’isengesho, kandi kubera iki? (b) Ni ibintu ibihe bigira ico bikoze ku mutima wacu, kandi mu buryo ubuhe? (Raba uruzitiro ruri ku rupapuro rwa 16.)
18 Mwene ayo masengesho azogira ico akoze gute kuri twebwe? Paulo yavuze ati: “Muri vyose, mu gusenga no mu gutakamba hariko n’ugukenguruka, ivyo musaba bimenyeshwe Imana; maze amahoro y’Imana arengeye ukwiyumvira kwose azorinda imitima yanyu.” (Flp. 4:6, 7) Egome, kugira ngo tugume dufise umutima ukwiye kuri Yehova, dutegerezwa gusengana ubwira kandi tukabigira kenshi. (Luka 6:12) Niwibaze rero uti: ‘Noba nsengana ubwira kandi nkabigira kenshi?’ (Mat. 7:7; Rom. 12:12) Inyishu utanga irahishura vyinshi ku bijanye n’urugero ushikanako mu kwipfuza gukorera Imana.
19. Uzokora iki kugira ngo ugume ufise umutima ukwiye kuri Yehova?
19 Nk’uko twabibonye, ivyo dushira imbere y’ibindi mu buzima birashobora kuduhishurira vyinshi ku bijanye n’ukuntu umutima wacu umeze. Twipfuza kwiyemeza neza yuko vyaba ibintu twasize inyuma canke imigabo ya Shetani irangwa uruyeri bitazohungabanya umwiyemezo dufise wo gukorera Yehova n’umutima ukwiye. (Soma Luka 21:19, 34-36.) Ku bw’ivyo, cokimwe na Dawidi, tuguma dutakambira Yehova duti: “Egeranya umutima wanje.”—Zab. 86:11.
[Uruzitiro ku rup. 16]
IBINTU BITATU BIGIRA ICO BIKOZE KU MUTIMA WACU
Nka kurya nyene dushobora kugira ico dukoze kugira ngo dutume umutima nya mutima wacu urushiriza kumera neza, ni na ko dushobora kugira ivyo dukoze vyodufasha kuguma dufise umutima w’ikigereranyo umeze neza. Rimbura ibi bintu bitatu bihambaye:
1 Ibifungurwa: Umutima nya mutima wacu urakenera kuronka ibifungurwa bikwiye kandi vy’ingirakamaro. Muri ubwo buryo nyene, turakeneye kwiyemeza neza yuko twironsa ibifungurwa vyo mu buryo bw’impwemu bikwiye kandi bimeze neza biciye ku kwiyigisha, ku kuzirikana no ku kwitaba amakoraniro, ivyo tukabigira tudahorereza.—Zab. 1:1, 2; Imig. 15:28; Heb. 10:24, 25.
2 Kwinonora: Kugira ngo umutima nya mutima wacu ugume ukomeye, rimwe na rimwe urakenera gutera cane. Muri ubwo buryo nyene, kugira uruhara n’umwete mu busuku, kumbure tukihatira kwongereza ibikorwa dukora, biratuma umutima wacu w’ikigereranyo uguma umeze neza.—Luka 13:24; Flp. 3:12.
3 Abadukikuje: Abantu batibanga Imana badukikuje, abo tubwirizwa gukorana no kubana, barashobora gutuma umutima nya mutima wacu be n’umutima wacu w’ikigereranyo bishikirwa n’imikazo ikomeye. Ariko rero, turashobora kugabanya iyo mikazo mu kwifatanya kenshi gashoboka n’abo dusangiye ukwemera batwitwararika vy’ukuri kandi bafise umutima ukwiye ku Mana.—Zab. 119:63; Imig. 13:20.