Yehova yarampumuye amaso
Nk’uko vyavuzwe na Patrice Oyeka
Hari ku muhingamo, umugoroba uriko uregereza. Cokimwe n’iyindi misi, nari namaze uwo musi mu mwiza uteye agahinda, ntabona, nishwe n’irungu, ndambiwe no kuguma numviriza iradiyo. Naciye mfata ingingo yo guhagarika ubwo buzima buteye umubabaro nari mbayemwo. Narafashe ifu y’ishano ndayishira mu gikombe c’amazi hanyuma ndagishira ku meza yari imbere yanje. Nashaka kwoga irya nyuma ngaca nambara neza imbere y’uko nywa ayo mazi arimwo ishano maze nkipfira bigahera biheze. Kubera iki nagomba kwiyahura? Kandi vyagenze gute ngo mbe nkiriho, ndiko ndabiganira iyi nkuru?
NAVUTSE itariki 2 Ruhuhuma 1958, mvukira mu ntara ya Kasaï Oriental muri Leta iharanira demokrasi ya Kongo. Dawe yapfuye ndi agahungu k’imyaka icenda, maze mukurwanje aca arantunga.
Ndangije amashure, nararonse akazi ahantu barima ibiti vyitwa hévéas. Umusi umwe mu gitondo mu 1989, ndiko ntegura raporo y’akazi, nagiye mbona ndi mu mwiza w’umuzitanya. Mu ntango, niyumviriye yuko umuyagankuba ucitse, mugabo nkaguma numva imashini itanga umuyagankuba ihinda, kandi hari mu gitondo! Naratekewe n’ubwoba, ndatahura ko ata kintu na kimwe nshoboye kubona, eka mbere n’ivyo nari nanditse ku mpapuro zari imbere yanje!
Naciye ubwo nyene mpamagara umwe mu bo ntwara kugira anjane ku wari ahagarikiye ivuriro. Uwo mugabo na we yangiriye inama yo kuja mu gisagara ku muganga abimenyereye gusumba. Amaze kubona ko ibihimba vy’amaso vyakira amashusho (ivyo bita rétines) vyari vyatabutse be n’uko nari ngeze habi, yaciye andungika i Kinshasa ku mugwa mukuru.
I Kinshasa
Ngeze i Kinshasa, naragiye ku baganga b’amaso benshi, ariko nta n’umwe yashoboye kumfasha. Maze imisi 43 mu bitaro, abaganga bavuze ko nogumye ndi impumyi ubuzima bwanje bwose! Abo mu muryango baciye bantwara mu madini y’ubwoko bwose kugira barabe ko bonkiza ku gitangaro, ariko nta cavuyemwo.
Amaherezo, icizigiro co gusubira kubona caramvuyemwo. Ivyanje vyose vyari bisigaye biteye umubabaro. Sinari nkibona kandi nari maze gukurwa mu kazi. N’umukenyezi wanje ntitwari tukiri kumwe kuko yari yantaye, agenda atwaye ivyo mu nzu vyose. Kuja hanze canke kwifatanya n’abandi vyarantera isoni. Naciye nza ndigungira ukwa jenyene, nza ndamara umusi wose ndi mu nzu. Narikumira, kandi numva ata co maze namba.
Incuro zibiri naragerageje kwiyahura. Incuro ya kabiri ni irya nabiganiye mu ntango y’iyi nkuru. Akana ko mu muryango ni ko kankijije. Ehe uko vyagenze: Ndiko ndoga, karatoye ca gikombe gaca kamena hasi ivyarimwo katazi n’ivyo ari vyo. Ndashima kubona katabinyoyeko. Naho ari ukwo, narababaye cane kubera ko nari mbuze ico gikombe. Naciye mbwiza ukuri abo mu muryango ndabasigurira igituma nariko ndondera ico gikombe be n’ico nari nashatse gukora.
Ndashimira Imana n’umuryango wanje kuba barangumijeko ijisho. Umugambi nari mfise wo kwiyahura warapfuye.
Nsubira kugira umunezero mu buzima
Umusi umwe ku w’iyinga mu 1992, igihe nari nicaye muhira ndiko ndinywera agatabi, Ivyabona vya Yehova babiri barangendeye bari muri ca gikorwa cabo co kwamamaza inzu ku nzu. Babonye ko ndi impumyi, baciye bansomera muri Yesaya 35:5 ahagira hati: “Ico gihe amaso y’impumyi azohumuka, kandi amatwi y’ibipfamatwi azozibuka.” Numvise ayo majambo, akamwemwe kaciye kansya! Ivyo Vyabona vya Yehova bobo ntibambwiye ko bashobora kunkiza ku gitangaro nk’uko ayandi madini yavuga. Ahubwo riho, baransiguriye yuko mw’isi nshasha Imana yasezeranye, amaso yanje yosubiye kubona mu gihe gusa nomenya ivyerekeye Imana. (Yohani 17:3) Ubwo nyene, naratanguye kwigana Bibiliya n’Ivyabona vya Yehova dukoresheje igitabu Urashobora Kubaho Ibihe Bidashira mw Iparadizo ngaha kw Isi. Naratanguye no kwitaba amakoraniro ya gikirisu ku Ngoro y’Ubwami yo mu karere nabamwo. Vyongeye, naragize amahinduka mu buzima, na rya tabi ndariheba.
Kubera ko ubuhumyi bwariko butuma ntatera imbere neza mu vy’Imana, naciye nja ku kigo gifasha impumyi kugira ngo nige gusoma no kwandika indome z’impumyi. Ivyo vyatumye nungukira ku kumenyerezwa mu bijanye no gukorera Imana gutangirwa ku Ngoro y’Ubwami. Sinatevye gutangura kugira uruhara mu gikorwa co kwamamaza inkuru nziza mu gace nabamwo. Ivyo vyatumye umunezero utangura kugaruka mu buzima bwanje. Nagumye ntera imbere maze ndegurira ubuzima bwanje Yehova. Nabatijwe ku wa 7 Rusama 1994.
Uko narushiriza gukunda Yehova hamwe n’abantu, ni ko narushiriza kugira icipfuzo co gukora igikorwa c’Imana c’igihe cose. Ku wa 1 Kigarama 1995 narabaye umutsimvyi asanzwe, nza ndamara umwanya munini namamaza inkuru nziza. Naratewe kandi agateka ko kuba umukurambere mw’ishengero ndimwo kuva muri Ruhuhuma 2004. Rimwe na rimwe ndatumirwa gushikiriza insiguro zishingiye kuri Bibiliya mu yandi mashengero yo mu karere mbamwo. Iyo mihezagiro yose ituma ngira umunezero utagira uko ungana ikongera igatuma ntahura ko ata bumuga na bumwe bwotubuza gushitsa icipfuzo dufise co gukorera Yehova Imana.
Yehova yarampaye amaso adasanzwe
Nk’uko nari nabivuze, umugore wanje yarantaye kubera nari nsigaye ndi impumyi. Ariko nahavuye ndonka uwundi muhezagiro uvuye kuri Yehova. Yarampaye amaso adasanzwe kugira mbone. Anny Mavambu yaremeye ko ndamubera umugabo naho nari impumyi; ni we yahavuye ambera amaso. Kubera ko na we nyene ari umwamamaji w’inkuru nziza w’igihe cose, yama amperekeza iyo ngiye kwamamaza. Vyongeye, aransomera ibivugwa mw’isôko ry’amakuru insiguro nzoshikiriza ishingiyeko kugira ngire ivyo niyandikiye muri za ndome z’impumyi. Ni umuhezagiro udasanzwe kuri jewe. Kubera we, nariboneye ko amajambo yo mu Migani 19:14 avuga ukuri, na yo akaba agira ati: “Intoranwa iva kuri ba se b’abantu ni inzu be n’ubutunzi, mugabo umugore w’ubwenge ava kuri Yehova.”
Yehova kandi yaraduhezagiye twe na Anny mu kuduha abana babiri, umuhungu n’umukobwa. Ndashashaye cane kubona mu maso habo mw’Iparadizo! Uwundi muhezagiro ni uko mukuru wanje, uwemeye n’umutima mwiza ko mba mw’itongo ryiwe, yahavuye yakira ukuri kwo muri Bibiliya maze arabatizwa! Twese turi mw’ishengero rimwe.
Naho mfise ubumuga, icipfuzo mfise ku mutima ni ico kurushiriza gukorera Imana kubera yampezagiye cane ukuraho. (Malaki 3:10) Imisi yose nama nsenga nsaba ngo Ubwami bwayo buze maze bukure imibabaro yose kw’isi. Kuva aho menyeye Yehova, ndashobora kuvuga vy’ukuri nti: “Umuhezagiro wa Yehova, emwe, uwo ni wo utungisha, kandi nta mubabaro awongerako.”—Imigani 10:22.
[Amafoto ku rup. 13]
Kw’ifoto imwe: Ndiko ndashikiriza insiguro ishingiye kuri Bibiliya. Ku yindi: Ndi kumwe n’umuryango wanje na mwene wacu