Bibiliya irahindura ubuzima bw’abantu
NI IGIKI cafashije umugore umwe wo muri Filipine guheba ingeso yo kunywa inzoga nyinshi maze ubuzima bwiwe bwo mu rugo bukaba bwiza? Kubera iki umugabo umwe wo muri Ostraliya yakunda cane karate yahindutse akaba umuntu w’umunyamahoro akorera Imana? Umva ivyo abo bantu batuyagira.
“Amahinduka ntiyabaye ku musi umwe.”—CARMEN ALEGRE
YAVUTSE MU 1949
IGIHUGU AKOMOKAMWO: FILIPINE
IVYO YACIYEMWO: YANYWA INZOGA NYINSHI
KAHISE KANJE: Navukiye i San Fernando, igisagara co mu ntara ya Camarines Sur. Ariko maze gukura nabaye ahanini i Antipolo, mu ntara ya Rizal. Antipolo ni igisagara kiri mu ntara y’imisozi itotahaye yuzuyeko ibiti; igihe nahimukira mu ntango, kari agasagara gatekanye. Ni gake nabona umuntu atembera hanze bumaze guhwibira. Ariko ubu Antipolo gisigaye ari igisagara kinini kibamwo abantu benshi.
Inyuma y’aho nimukiriye i Antipolo, narahuye n’umugabo yitwa Benjamin, tukaba twahavuye twubakana. Nasanze umubano w’abubatse ugoye kuruta uko nari ndavyiteze. Kugira niyibagize ingorane zanje, naratanguye kunywa inzoga nyinshi. Narabaye umuntu agoye, ivyo bikaba vyabonekera mu kuntu nafata umugabo wanje n’abana banje. Nta kwigumya canke ukwihangana nagaragaza mu kuntu nabafata. Umugabo wanje sinamwubaha. Emwe, ubuzima bwo mu rugo rwacu ntibwari buryoshe!
UKUNTU BIBILIYA YAHINDUYE UBUZIMA BWANJE: Muramukazanje Editha ni Icabona ca Yehova. Twe na Benjamin yaturemesheje kwigana Bibiliya n’Ivyabona vya Yehova. Twaravyemeye, twizigiye ko vyotumye ubuzima bwo mu rugo rwacu buba bwiza.
Uko twiga Bibiliya, twaramenye ibintu vyiza cane bitari bike. Amajambo yo mu Vyahishuwe 21:4 yarankoze ku mutima bimwe bidasanzwe. Ku bijanye n’abazoba mw’isi y’iparadizo izoba irongowe n’Ubwami bw’Imana, uwo murongo uvuga uti: “[Imana] izohanagura amosozi yose ku maso yabo, kandi urupfu ntiruzoba rukiriho, eka n’ikigandaro canke amaborogo canke ububabare ntibizoba bikiriho.” Naripfuza kuba mu bazoronka iyo mihezagiro.
Nahavuye ntahura ko hari amahinduka ahambaye nari nkeneye kugira mu nyifato yanje no mu ngeso zanje. Ayo mahinduka ntiyabaye ku musi umwe, ariko naratevye ndaheba kunywa inzoga zirenze urugero. Narize kandi gufatana ubuntu n’ukwihangana abo mu rugo rwacu. Vyongeye, narize kwubaha umugabo wanje, nkamufata mu mugongo uko ahagarikira urugo rwacu.
Igihe twe na Benjamin twatangura kwitaba amakoraniro y’Ivyabona vya Yehova, twarakozwe ku mutima cane n’ivyo twiboneye. Mu Vyabona, nta kamari, ukunywa inzoga zirenze urugero canke ukugira nkunzi. Barubaha kandi bagatera iteka abantu bose. Twarajijutse yuko twari twubuye idini ry’ukuri.—Yohani 13:34, 35.
IVYIZA NAHAKUYE: Ubuzima bwo mu rugo rwacu ntiworaba ukuntu bwarushirije kuba bwiza. Ubu twe na Benjamin tubanye neza, kandi turahimbarwa no kwigisha abandi Bibiliya. Abahungu bacu babiri n’abakenyezi babo na bo nyene baratanguye kwiga Bibiliya. Twizeye yuko bazohava batwiyungako mu gukorera Yehova. Ni bwo buryo bwo kubaho bwiza kuruta ubundi bwose.
“Nabona ko ata wonkonya.”—MICHAEL BLUNSDEN
YAVUTSE MU 1967
IGIHUGU AKOMOKAMWO: OSTRALIYA
IVYO YACIYEMWO: YARAKUNDA CANE KARATE
KAHISE KANJE: Nakuriye i Albury, igisagara ciza kandi gitunze co muri Leta ya Nouvelle-Galles du Sud. Naho kirimwo ubukozi bw’ikibi cokimwe n’ibindi bisagara nka vyose, muri rusangi ni ahantu hatekanye ho kuba.
Indero nakuranye yari nziza. Naho abavyeyi banje bahukanye mfise imyaka indwi, baritayeho ivy’uko twe na mukurwanje na bashikanje babiri ata co twigera tubura. Nararonse inyigisho nziza yo kw’ishure, narirya niga kw’ishure ry’abikorera utwabo ryiza kuruta ayandi yose yo mu karere twabamwo. Dawe yipfuza ko ndangije amashure noca nkora ivy’ubudandaji. Ariko jewe nakunda cane ivy’ukwinonora imitsi, nkaba narashobora cane ivyo kunyonga ikinga n’ivya karate. Nahavuye ntangura gukorera ahantu bakwamurira imiduga, ivyo bikaba vyaratuma ndonka umwanya wiyongereye wo gukurikirana ivy’ukwinonora imitsi.
Kuguma nonokewe mu mubiri vyatuma numva nishimye. Hari igihe nabona ko ata wonkonya. Vyari vyoroshe ko nkoresha inguvu zanje mu guhohotera abandi. Ariko umwigisha wanje wa karate, kubera yari azi ko vyariko bingora kwirinda gukoresha nabi inguvu zanje, yaranyigishije ukwigumya n’imico myiza. Yama ashimika ku kamaro ko kwumvira no kudahemuka.
UKUNTU BIBILIYA YAHINDUYE UBUZIMA BWANJE: Igihe natangura kwiga Bibiliya, naramenye ko Yehova yanka ubukazi. (Zaburi 11:5) Mu ntango nabona ko karate atari ubukazi, ahubwo ko ari ukwinonora imitsi ata we kugirira nabi. Nabona ko imico myiza n’ingingo ngenderwako ziri hejuru karate iremesha bihuje cane n’ivyo Bibiliya yigisha. Umugabo n’umugore b’Ivyabona vya Yehova banyigisha Bibiliya bari abantu bihangana cane. Ntibigeze bambwira ko nabwirizwa guheba izo nkino zo gukubitana; bo babandanije gusa kunyigisha ukuri kwo muri Bibiliya.
Uko nagenda menya vyinshi kuri Bibiliya nkarushiriza no kugiranira ubucuti bukomeye na Yehova, naratanguye kubona ibintu mu bundi buryo. Narakozwe ku mutima igihe namenya akarorero ka Yezu Umwana wa Yehova. Naho Yezu yari afise ububasha bwinshi, ntiyigeze ashira mu migere. Amajambo yavuze dusanga muri Matayo 26:52 yaranshitse ku mutima koko, akaba agira ati: “Abafata inkota bose bazokwicwa n’inkota.”
Uko narushiriza kumenya ivyerekeye Yehova ni ko narushiriza kumukunda no kumwubaha. Narakorwa ku mutima cane no kumenya ko Umuremyi wacu ambabaye ku giti canje, uzi n’ukuntu afise ubukerebutsi bwinshi n’ububasha bwinshi. Narakozwe ku mutima no kumenya yuko naho nobabaza Yehova canke nkumva vyanse ku buryo mbona ko notana n’akabando, we atompeba nimba mbandanya kwihata. Narahumurijwe cane n’uwu muhango atanga ugira uti: “Jewe, Yehova Imana yawe, ngufata ukuboko kw’ukuryo, nkakubwira nti: ‘Ntutinye. Jewe nzogufasha.’” (Yesaya 41:13) Maze gutahura ko nagaragarijwe urukundo nk’urwo, numvise ntokwemera kurutakaza.
Nari nzi ko guheba karate ari co kintu congoye gusumba ibindi vyose nari maze gukora. Mugabo nari nzi kandi ko vyohimbaye Yehova, kandi narabona neza ko ata co ntoheba kugira ndamukorere. Nibaza ko icanjijuye rwose ari amajambo Yezu yavuze muri Matayo 6:24 agira ati: “Nta woshobora gushumbira ba shebuja babiri.” Naratahuye yuko bitari gushoboka ko nkorera Yehova bimwe bishitse ndabibangikanije na karate, kuko nari guca nsubira kwitaho cane ivya karate kuruta ikindi kintu cose. Hari hageze ko mpitamwo uwombera databuja.
Ntivyari vyoroshe guheba karate. Narumva nzazaniwe. Ku ruhande rumwe, narumva mpimbawe no kumenya ko nariko ndanezereza Yehova, ku rundi ruhande na ho nkumva umengo ndiko mpemukira uwanyigishije karate. Abagira ivya karate usanga akenshi babona ko guhemukira umuntu ari icaha kidaharirwa. Hari n’abashima kwiyahura aho kwemera kumaramara kubera bahemutse.
Vyaranse yuko nsigurira uwanyigishije karate igituma nagira ndabavemwo. Narigiriye gusa, sinasubira kubonana canke kuvugana na we hamwe n’abo twari kumwe mu vya karate. Nari nzi yuko nagize neza guheba karate. Mugabo narumva kandi niyagirije kubera ko ntashoboye gusigura ivyo nari nsigaye nemera, nkagisha akaryo ko kubwira abandi ivyo nizera. Numvise umengo nahemukiye Yehova ntaranatangura kumukorera. Ivyo vyose vyarambuza amahoro. Akatari gake naragerageza gutura isengesho Yehova ariko ngasanga ndiko ndarira kubera umubabaro.
Yehova ategerezwa kuba yarambonyemwo iciza, kuko yatumye bene wacu na bashiki bacu bo mw’ishengero banshigikira. Urukundo bangaragarije, ukuntu bampojeje be n’ukuntu bangize umugenzi, ntiworaba ingene vyandemesheje. Nararemeshejwe kandi n’inkuru yo muri Bibiliya ivuga ivya Dawidi na Bati-sheba. Naho Dawidi yakoze ivyaha bikomeye, Yehova yaramuhariye aho amariye kwigaya bivuye ku mutima. Kuzirikana kuri iyo nkuru vyaramfashije kubona amakosa yanje mu buryo butarenze urugero.
IVYIZA NAHAKUYE: Ntaratangura kwiga Bibiliya, nta muntu n’umwe nitaho kuko ata wundi nabona mu buzima atari jewe gusa. Ariko Yehova be n’umukenyezi wanje tumaranye imyaka indwi baramfashije kuba umuntu afise impuhwe. Twarahezagiwe mu guterwa agateka ko kwigana Bibiliya n’abantu batari bake, bamwe muri bo bakaba ari abantu bashikiwe n’ibintu bibabaje cane. Kubona ukuntu urukundo rwa Yehova rugira ico ruhinduye ku buzima bw’abandi vyaranzaniye umunezero uruta kure n’iyo uwo nari kuronka mbaye igihangange mu vya karate.
[Iciyumviro nyamukuru ku rup. 14]
“Narakorwa ku mutima cane no kumenya ko Umuremyi wacu ambabaye ku giti canje, uzi n’ukuntu afise ubukerebutsi bwinshi n’ububasha bwinshi”
[Uruzitiro/Ifoto ku rup. 15]
“Mwarakoze gusohora ivyo biganiro vyiza igitangaza!”
Woba wahimbawe no gusoma inkuru z’abavugwa muri ico kiganiro kirangiye? Izo ni 2 gusa mu nkuru zirenga 50 mwene izo zimaze gusohorwa mu Munara w’Inderetsi kuva muri Myandagaro 2008. Ivyo biganiro bivuga ngo “Bibiliya irahindura ubuzima bw’abantu” bisigaye bikundwa cane n’abasomyi bacu. Kubera iki bishimisha cane abantu benshi?
Abavugwa muri ivyo biganiro usanga baciye mu bintu bitandukanye mu buzima. Imbere y’uko bamenya ivyerekeye Yehova Imana, bamwe bari baroraniwe ku rugero runaka mugabo ubuzima bwabo bukaba butagira intumbero. Abandi na bo baranyinyana n’ingorane zikomeye, nk’ukuba inkazi canke ukwihereza ibiyayuramutwe canke inzoga zirenze urugero. Bakeyi muri bo bakuze bazi ivyerekeye Yehova mugabo vyarashitse baramara igihe barataye umurongo. Inkuru mwene izo zose zirerekana ko bishoboka ko umuntu ahinduka kugira ahimbare Imana. Kandi ivyo vyama bivamwo ivyiza. None abasomyi bacu bakiriye gute izo nkuru?
Umusomyi umwe arasigura ukuntu ikiganiro co mu Munara w’Inderetsi wo ku wa 1 Ruhuhuma 2009 cafashije bamwe mu bari bapfungiwe mw’ibohero ry’abakenyezi.
◼ Yigana ati: “Benshi mu bahapfungiwe barashobora gutahura ivyashikiye abavugwa muri ico kiganiro. Arya mafoto yerekana ingene bari bameze kera n’ingene ubu basigaye bameze, hamwe n’ibidondora kahise kabo, vyarabaye kirumara cane. Imbohe nyinshi usanga zaciye mu bintu bisa n’ivyo abavugwa muri ico kiganiro baciyemwo. Igihe imbohe zibiri zamara gusoma izo nkuru, zaciye zitangura kwiga Bibiliya.”—C. W.
Inkuru ziganwa muri ivyo biganiro zarakoze ku mutima bimwe bidasanzwe bamwebamwe mu bazisomye. Nk’akarorero, Umunara w’Inderetsi wo ku wa 1 Ndamukiza 2011 warimwo inkuru y’uwitwa Guadalupe Villarreal yahevye ingeso z’abaryamana n’abo basangiye igitsina kugira akorere Yehova. Ng’aya abiri gusa mu makete menshi abasomyi bacu banditse aho bamariye gusoma iyo nkuru:
◼ “Inkuru ya Guadalupe yaranshitse ku mutima bimwe bitovugwa. Ni igitangaza vy’ukuri kubona ingene urukundo umuntu akunda Yehova n’Ijambo ryiwe rushobora gutuma ahinduka wese!”—L. F.
◼ “Nahora mbwira ivyo nemera abantu bose, ushizemwo n’abaryamana n’abo basangiye igitsina. Ariko mperutse kubona ko hari ukuntu nsa n’uwirengagiza mwene abo bantu, nkanabaca kure. Emwe, ico kiganiro ni co nyene nari nkeneye. Caramfashije kubona mwene abo bantu nk’uko Yehova ababona, nk’abantu bashobora kuzoba abamusenga.”—M. K.
Iyindi nkuru yashimishije abasomyi benshi ni iy’uwitwa Victoria Tong iri mu Munara w’Inderetsi wo ku wa 1 Myandagaro 2011. Victoria yaravuze ibintu biteye agahinda yakuriyemwo. Yariyemereye yuko naho yari amaze imyaka akorera Yehova vyashika akumva umengo Yehova ntamukunda. Yariganye n’ivyagiye biramufasha gushika aho yemera ko Yehova amukunda. Raba ivyo abasomyi bamwebamwe bavuze kuri iyo nkuru yiwe:
◼ “Inkuru ya Victoria yarankoze ku mutima. Mu buzima bwanje narashikiwe n’ibintu vyinshi bibabaje. Ubu nama ndiko ndanyinyana n’ivyiyumviro binca intege naho maze imyaka ndi Icabona ca Yehova yabatijwe. Ariko inkuru ya Victoria ituma nipfuza kurushiriza kwihata kugira mbone ico Yehova ambonamwo.”—M. M.
◼ “Nkiri muto, nararwanye urugamba rwo guheba ingeso yo kuraba amashusho yerekana ubushegabo. Mperutse gusubira kuyaraba. Narasavye imfashanyo abakurambere bakirisu, maze ndatera intambwe ishimishije mu bijanye no gutsinda iyo ngorane. Baransubirije umutima mu nda ko Yehova ankunda kandi yangiriye imbabazi. Yamara n’ubu birashika nkumva umengo nta co maze, nk’aho Yehova atoshobora kunkunda. Gusoma ivyashikiye Victoria vyaramfashije koko. Ubu ndatahura yuko igihe niyumvira ko Imana itoshobora kumbabarira, ari nk’aho mba ndiko ndavuga yuko inkuka y’incungu y’Umwana wiwe itoshobora gupfuka ibicumuro vyanje. Naragegenye ico kiganiro kugira nze ndagisoma nongera ndakizirikanako igihe cose numvise umengo nta co maze. Mwarakoze gusohora ivyo biganiro vyiza igitangaza!”—L. K.