ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w12 1/7 rup. 23-28
  • ‘Aho uzoja ni ho nzoja’

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • ‘Aho uzoja ni ho nzoja’
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2012
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Umuryango utandukanywa n’ivyago
  • Urukundo rudahemuka rwa Rusi
  • Rusi na Nawomi i Betelehemu
  • “Aho uzoja ni ho nzoja”
    Niwigane ukwizera kwabo
  • Ibikurubikuru vyo mu gitabu ca Rusi
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2005
  • “Umugore w’agahebuza”
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2012
  • “Umugore w’agahebuza”
    Niwigane ukwizera kwabo
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2012
w12 1/7 rup. 23-28

Niwigane ukwizera kwabo

‘Aho uzoja ni ho nzoja’

NUSE n’uwubona abagore babiri, Rusi na Nawomi, bariko barajana. Rusi ariko agendera iruhande ya Nawomi mw’ibarabara rica mu biyaya bikirurutse vya Mowabu bicamwo imiyaga. Ubu ni bonyene, kandi ubaravye ni nk’utuntu tubiri dutoyi cane mu ntara igereza iyo n’iyo. Iyumvire Rusi abonye ko izuba ritanguye kurenga, agaca araba inabukwe akibaza niba hageze ko barondera aho barara. Arakunda cane Nawomi kandi nta co atokora ngo amwitwararike.

Umwe wese muri abo bagore yari aremerewe n’intuntu. Nawomi yari amaze imyaka ari umupfakazi, ariko yari akibabaye kubera yari aherutse kubura abahungu biwe babiri, Kiliyoni na Mahiloni. Rusi na we nyene yari atuntuye kubera ko Mahiloni yari umugabo wiwe. Rusi na Nawomi bariko baja ahantu hamwe, mu gisagara ca Betelehemu co muri Isirayeli. Ariko twovuga ko urugendo rw’umwe rwari rutandukanye n’urw’uwundi. Nawomi yari agiye iwabo. Ariko Rusi yari agiye iyo atazi, asize incuti ziwe, igihugu ciwe n’imigenzo y’iwabo, n’imana z’iwabo.​—Rusi 1:3-6.

Ni igiki catumye uwo mugore akiri muto agira ayo mahinduka akomeye? Rusi yoronse gute inkomezi zo kwironderera ubuzima bushasha no kwitwararika Nawomi? Inyishu z’ivyo bibazo ziraza kutwereka ibintu vyinshi twokwigira ku kwizera kw’uwo Munyamowabukazi Rusi. Reka tubanze turabe ingene vyagenze ngo abo bagore babiri babe bari muri iryo barabara rirerire rija i Betelehemu.

Umuryango utandukanywa n’ivyago

Rusi yakuriye i Mowabu, igihugu gitoyi cari mu buseruko bw’Ikiyaga c’Umunyu. Ako karere ahanini kari kagizwe n’amataba akirurutse ariko ibiti bisabagiye irya n’ino akabamwo n’imyonga igera epfo. “Uturere twa Mowabu” akenshi wasanga twimbuka, mbere n’igihe ikigoyi catera muri Isirayeli. Mu bisanzwe ico ni co catumye Rusi amenyana na Mahiloni n’umuryango wiwe.​—Rusi 1:1.

Ikigoyi cateye muri Isirayeli catumye Elimeleki umugabo wa Nawomi abona ko ategerezwa kwimurira umugore wiwe n’abahungu biwe babiri kure y’igihugu cabo, bakaja kuba i Mowabu ari ba kavamahanga. Ivyo bitegerezwa kuba vyarabereye urugamba umwe wese mu bagize uwo muryango mu bijanye n’ukwizera, kubera ko Abisirayeli babwirizwa kwama baja gusengera mu kibanza ceranda Yehova yari yarahisemwo. (Gusubira mu vyagezwe 16:16, 17) Nawomi yarashoboye kuzigama ukwizera kwiwe. Naho ari ukwo, yarishwe n’intuntu igihe umugabo wiwe yapfa.​—Rusi 1:2, 3.

Mu nyuma, ashobora kuba yarasubiye kugira umubabaro igihe abahungu biwe barongora Abanyamowabukazi. (Rusi 1:4) Nawomi yari azi yuko Aburahamu sekuruza w’igihugu ciwe yaciye ku biti no ku mabuye kugira ngo aronderere umugore umuhungu wiwe Izahaki mu bantu b’iwabo, bano bakaba basenga Yehova. (Itanguriro 24:3, 4) Mu nyuma, rya Tegeko rya Musa ryaragabishije Abisirayeli ngo ntibareke abahungu babo n’abakobwa babo babirane n’abanyamahanga kuko ivyo vyotumye abasavyi b’Imana baja mu vyo gusenga ibigirwamana.​—Gusubira mu vyagezwe 7:3, 4.a

Ariko nticabujije ko Mahiloni na Kiliyoni babira Abanyamowabukazi. Ivyo bishobora kuba vyarahagaritse umutima Nawomi canke bikamuvuna umutima, ariko biboneka ko yitwararitse kugaragariza abakazana biwe Rusi na Orupa umutima mwiza n’urukundo bivuye ku mutima. Ashobora kuba yari yizigiye ko umusi uri izina na bo nyene bobaye abasenga Yehova nka we. Uko biri kwose, Rusi na Orupa barakunda cane Nawomi. Imigenderanire myiza bari bafitaniye na we yarabafashije igihe bashikirwa n’ivyago. Bompi bapfakaye bataravyara.​—Rusi 1:5.

Ugusenga Rusi yakuriyemwo kwoba kwaramufashije kwihanganira ivyo vyago? Ntidushoka tubona ukuntu kwoba kwaramufashije. Abanyamowabu basenga imana nyinshi, nkuru muri zo ikaba yari Kemoshi. (Guharūra 21:29) Bisa n’uko ugusenga kw’Abanyamowabu kwarimwo ubukazi n’amabi y’agahomerabunwa vyari vyiraye ico gihe, ushizemwo n’ivyo gutanga abana kw’ibimazi. Ikintu cose Rusi yigiye kuri Mahiloni canke Nawomi ku bijanye n’Imana y’urukundo n’imbabazi ya Isirayeli, ari yo Yehova, gitegerezwa kuba catumye abona ko iyo Mana ata ho ihuriye n’imana z’iwabo. Yehova ntiyakoresha iterabwoba, ahubwo yakoresha urukundo. (Gusubira mu vyagezwe 6:5) Rusi amaze gushikirwa n’ico kintu c’agaterantimba, ashobora kuba yararushirije kwiyumvamwo Nawomi no kumutega ugutwi abikunze uko uwo mugore amukurira yamuyagira ivyerekeye iyo Mana mushoboravyose Yehova, ibikorwa vyayo bitangaje, be n’ukuntu yagaragarije urukundo n’imbabazi abasavyi bayo.

Nawomi we yari ashashaye kumenya amakuru yo mu gihugu c’amavukiro. Umusi umwe yarumvise ko ata kigoyi cari kikiri muri Isirayeli, akaba ashobora kuba yabibwiwe n’umudandaza w’ingenzi. Yehova yari yaritayeho abasavyi biwe. Betelehemu yari yasubiye kumera nk’uko izina ryayo risobanura, ni ukuvuga “Inzu y’Umukate.” Nawomi yaciye afata ingingo yo gusubira iwabo.​—Rusi 1:6.

None Rusi na Orupa bari guca bakora iki? (Rusi 1:7) Ivyago vyabashikiye bose vyari vyatumye ubucuti bafitaniye na Nawomi burushiriza gukomera. Bisa n’uko Rusi ari we canecane yakozwe ku mutima n’umutima mwiza wa Nawomi be n’ukuntu yagumye yizera Yehova ashikamye. Abo bapfakazi batatu baciye bafata inzira ija i Yuda bari kumwe.

Inkuru ya Rusi iratwibutsa ko ivyago n’ukubura bishikira bose, baba abeza canke ababi. (Umusiguzi 9:2, 11) Iratwereka kandi yuko iyo tubuze uwacu tukumva umengo ntitwovyihanganira, vyoba vyiza turondeye uruhoza n’impumurizo ku bandi, na canecane ku baronderera ubuhungiro kuri Yehova, ya Mana Nawomi yasenga.​—Imigani 17:17.

Urukundo rudahemuka rwa Rusi

Abo bapfakazi batatu bamaze kugenda urugendo rurerure, hari ikindi kintu catanguye guhagarika umutima Nawomi. Yariyumviriye ivy’abo bagore babiri bakiri bato bari kumwe na we be n’urukundo bari baramugaragarije we n’abahungu biwe. Yumva umengo ntiyobongerereza umubabaro. Yaribaza ati: ‘Baramutse bavuye mu gihugu cabo c’amavukiro bakajana nanje i Betelehemu, hari ico nzobamarira?’

Nawomi ni kwo guteba akavuga ati: “Nimugende, musubire inyuma, umwe wese ku nzu ya nyina. Yehova abagirire ubuntu bwuzuye urukundo, nk’uko nyene mwabugiriye abo bagabo bāpfuye, be na jewe.” Yaranaseruye icizigiro yari afise c’uko Yehova yobahaye impera bakagira abandi bagabo n’ubuzima bushasha. Iyo nkuru ivuga iti: “Maze arabasoma, hanyuma bashira amajwi hejuru, bararira.” Ntibigoye kubona igituma Rusi na Orupa biyumvamwo cane uwo mugore w’umutima mwiza kandi azira ubwikunzi. Bompi baguma bamwinginga bati: “Oya, ahubwo turasubirana inyuma tujane mu bantu b’iwanyu.”​—Rusi 1:8-10.

Ariko ntiwibaze ko Nawomi yaciye yemera. Yarabasiguriye ashimitse yuko ata kintu kinini yobamariye muri Isirayeli, narirya ata mugabo yari afise wo kumwitwararika, canke abahungu bobabiriye, kandi akaba ata n’icizigiro cari kihari co kuronka umugabo canke abana. Yarabahishutse ko vyamutera umururazi kubona atari ashoboye kugira ico abamariye.​—Rusi 1:11-13.

Orupa yaciye abona ko ivyo Nawomi avuze ari vyo. I Mowabu yari ahafise umuryango, nyina, n’aho kuba. Mu vy’ukuri, kuguma i Mowabu vyasa n’uko ari vyo vyomubera vyiza kuruta. Yaciye rero asoma Nawomi amusezerana umubabaro maze asubira inyuma.​—Rusi 1:14.

Rusi we? Ivyo Nawomi yavuze na we nyene vyaramuraba. Yamara dusoma duti: “Mugabo Rusi we, amata kuri we.” Nawomi ashobora kuba yari yasubiye kugenda mugabo akabona Rusi amukurikira. Yaciye asubira kumubwira ati: “Ehe mugenzawe yapfakaye asubiye mu bantu b’iwabo no ku mana ziwe. Subirana inyuma na mugenzawe yapfakaye.” (Rusi 1:15) Usomye ayo majambo ya Nawomi hari ikintu gihambaye uca ubona: Orupa ntiyari yasubiye gusa mu bantu b’iwabo, ariko kandi yari yasubiye ku “mana ziwe.” Yashimye kuguma asenga Kemoshi n’izindi mana z’ikinyoma. Rusi we bite?

Rusi ariko ararabana na Nawomi muri iryo barabara ryacamwo abantu imparurwa, yarabona neza ikiri ku mutima wiwe bwite. Wari wuzuye urukundo akunda Nawomi n’Imana Nawomi yasenga. Ni kwo kuvuga ati: “Yaco unyinginga ngo nguhebe, ngo nsubire inyuma ndeke kujana nawe; kuko aho uzoja ari ho nzoja, kandi aho uzorara ni ho nzorara. Abantu bawe bazoba abantu banje, n’Imana yawe ibe Imana yanje. Aho uzopfira ni ho nzopfira, kandi ni ho nzohambwa. Yehova angirire gutyo, mbere n’ibirenze ivyo, nihagira ikindi kintandukanya nawe atari urupfu.”​—Rusi 1:16, 17.

Ayo majambo ya Rusi arahambaye cane ku buryo abantu bakiyibuka naho haciye nk’imyaka 3.000 apfuye. Arahishura neza kamere y’agaciro y’urukundo rudahemuka. Urukundo rwa Rusi rwari rukomeye cane kandi rudahemuka ku buryo yogumye yumiye kuri Nawomi aho yogiye hose. Urupfu ni rwo rwonyene rwoshoboye kubatandukanya. Abantu b’iwabo na Nawomi bobaye abantu ba Rusi, kuko yari yiteguriye gusiga inyuma ibintu vyose yari azi i Mowabu, mbere n’imana zaho. Rusi ntiyabaye nka Orupa; we yarashoboye kuvuga n’umutima wiwe wose yuko ashaka ko Yehova Imana ya Nawomi iba n’Imana yiwe.b

Nuko babandanya urugendo bajana ibarabara rirerire rija i Betelehemu, ico gihe bakaba bari basigaye ari babiri gusa. Umuhinga umwe agereranya ko urwo rugendo rwoba rwatwaye indwi imwe. Naho ari ukwo, umwe wese muri bo ategerezwa kuba yarahumurijwe ku rugero runaka no kuba ari kumwe n’uwundi narirya bari bafise intuntu.

Mw’isi ya kino gihe intuntu ntibuze. Muri ibi bihe tubayemwo, ivyo Bibiliya yita “ibihe bitoroshe kandi bigoye kwihanganira,” turabura mu buryo bwose kandi tugashikirwa n’intuntu. (2 Timoteyo 3:1) Kamere Rusi yari afise irahambaye ubu kuruta ikindi gihe cose. Urukundo rudahemuka, rwa rukundo rwumira ku kintu rukanka kukirekura, ruradufasha cane muri iyi si itera ija mu mwiza. Turarukeneye mu mubano w’abubatse, turarukeneye mu migenderanire tugirana n’abo mu muryango, turarukeneye mu bucuti tugirana n’abandi, turarukeneye mw’ishengero rya gikirisu. Dutsimbataje urwo rukundo, tuba turiko turigana akarorero keza cane ka Rusi.

Rusi na Nawomi i Betelehemu

Ariko ntiwumve, urukundo rudahemuka usanga rworoshe kuvuga ntirworoshe gushira mu ngiro. Rusi yari afise imbere yiwe akaryo ko kurugaragariza Nawomi be n’Imana yahisemwo, ari yo Yehova.

Abo bagore babiri bahavuye bashika i Betelehemu, kikaba cari ikigwati cari nko ku bilometero cumi mu bumanuko bwa Yeruzalemu. Bisa n’uko Nawomi n’umuryango wiwe bari barigeze kuba bazwi cane muri ako gasagara, kubera ko hose muri ako gasagara haciye havugangwa ivy’ukugaruka kwa Nawomi. Abagore baho baguma bamurabaraba bavuga bati: “Mbega uyu ni Nawomi?” Biboneka ko imisi yamaze i Mowabu yatumye ahinduka cane; uravye mu maso hiwe n’ukuntu yatambuka vyaraboneka ko amaze imyaka ari mu ntuntu no mu marushwa.​—Rusi 1:19.

Nawomi yarahishuriye izo ncuti n’ababanyi bari bamaze igihe batabonana yuko ubuzima bwari busigaye ari umururazi kuri we. Mbere yabona ko badakwiye gusubira kumwita Nawomi bisobanura “Igikundiro canje,” ariko ko bomwita Mara bisobanura “Umururazi.” Ewe Nawomi! Nka kumwe kwa Yobu yabayeho imbere yiwe, Nawomi yabona ko Yehova Imana yari yaramuteje ivyago.​—Rusi 1:20, 21; Yobu 2:10; 13:24-26.

Abo bagore babiri bamaze gutangura kuba i Betelehemu, Rusi yaratanguye kwiyumvira ukuntu yokwitunga agatunga na Nawomi. Yaramenye ko rya Tegeko Yehova yari yarahaye abasavyi biwe bo muri Isirayeli ryarimwo intunganyo iranga urukundo igenewe aboro. Aboro bari bemerewe kuja mu mirima mu gihe c’iyimbura bagakurikira abimbuzi, bakagenda baratorora ibisigaye inyuma be n’ivyameze ku mibari y’imirima no mu mfuruka.c​—Abalewi 19:9, 10; Gusubira mu vyagezwe 24:19-21.

Cari igihe c’iyimbura rya sayiri, kumbure muri Ndamukiza dufatiye ku kirangamisi ca none. Rusi ni kwo kuja mu mirima kuraba ko hari uwomukundira kwungukira kuri iyo ntunganyo yo gutorora. Yagiye asanga ari mu mirima y’umugabo yitwa Bowazi. Uno yari umugabo w’umutunzi afise amatongo akaba n’incuti ya Elimeleki umugabo wa Nawomi yari yarapfuye. Naho rya Tegeko ryamuha uburenganzira bwo gutorora, ntiyaciye abwiha; yarasavye uruhusha umusore yari ajejwe abimbuzi. Uno yararumuhaye, Rusi aca aratangura gutorora.​—Rusi 1:22–2:3, 7.

Niwiyumvire Rusi ariko arakurikira abimbuzi. Uko bagenda baragenya sayiri n’imihoro ihinguwe mw’ibuye ry’isare, ni ko yahagarara agatora utwakorotse canke utwasigaye inyuma, akadutekera mu miganda, agaca ayijana aho yoyikubitiye kugira akuremwo intete. Cari igikorwa cikwega kandi kiruhisha, kandi uko igitondo cagenda kirarengana ni ko ico gikorwa carushiriza kugora. Ariko Rusi yagumye akora, ahagarara gusa kugira yihanagure akuya no kugira afungure udufungurwa tubayabaye two ku musase ari mu “nzu,” hakaba hashobora kuba hari ahantu abakozi bubakiwe kugira baronke agafuto.

Naho Rusi ashobora kuba atari yizigiye canke yiteze ko hagira uwumubona, hari uwamubonye. Bowazi yaramubonye aca abaza wa musore ajejwe abimbuzi uwo mukenyezi uwo ari we. Uwo mugabo w’ukwizera kudasanzwe yararamukije abakozi biwe ati: “Yehova abane namwe.” Bamwe muri bo bashobora kuba bari abacangero canke mbere abanyamahanga. Abo bakozi baca bamwishura nk’ukwo nyene. Uwo mugabo yitereye mu myaka akunda Imana yaritwararitse Rusi nk’umuvyeyi.​—Rusi 2:4-7.

Bowazi yise Rusi “umukobwa” wiwe, amuhanura kuguma aza gutorora mu mirima yiwe no kuguma hafi y’abasukukazi bakiri bato bo mu rugo rwiwe kugira ntihagire n’umwe mu basore bamukorera amubuza amahoro. Yaritayeho ivy’uko aronka imfungurwa zo kwivuna umusase. Ariko ikiruta vyose, yaramukeje yongera aramuremesha. Uti gute?​—Rusi 2:8, 9, 14.

Rusi abajije Bowazi ico yakoze ngo agirirwe ubwo butoni kandi ari umunyamahangakazi, Bowazi yishuye ko yari yarumvise ibintu vyose yari yarakoreye inabukwe Nawomi. Nawomi ashobora kuba yari yarashimagije Rusi yikundira akamuyaga neza mu bagore b’i Betelehemu maze iyo nkuru irashikira Bowazi. Yari azi kandi ko Rusi yari asigaye asenga Yehova kuko Bowazi yavuze ati: “Yehova aguhembere ivyo ukora, kandi Yehova Imana ya Isirayeli aguhe impembo itunganye, uwo waje kuronderera ubuhungiro munsi y’amababa yiwe.”​—Rusi 2:12.

Ayo majambo ategerezwa kuba yararemesheje Rusi! Mu vy’ukuri, yari yarafashe ingingo yo guhungira munsi y’amababa ya Yehova Imana, nk’icana c’inyoni cibereye mu cari gikingiwe n’ikivyeyi caco. Yarashimiye Bowazi kubona yamubwiye ayo majambo amusubiriza umutima mu nda. Yaciye abandanya gukora gushika buhwibiriye.​—Rusi 2:13, 17.

Ukwizera Rusi yagaragaje mu bikorwa ni akarorero keza cane kuri twese tunyinyana n’ubuzima muri ibi bihe bitoroshe mu vy’ubutunzi. Ntiyiyumviriye ko abandi hari ico bategerezwa kumuha, akaba ari co gituma yakengurutse ico bamuhaye cose. Ntiyaterwa isoni no kumara umwanya munini akora cane kugira yitwararike Nawomi yikundira, naho cari igikorwa giciye bugufi. Yarashimye yongera arashira mu ngiro impanuro ziranga ubukerebutsi yahawe ku bijanye n’ukuntu yokora ata nkomanzi kandi ari kumwe n’abantu batamusindira. N’igihambaye kuruta ibindi vyose, ntiyigeze yibagira aho ubuhungiro bwiwe nyakuri bwari, ni ukuvuga kuri Se wiwe Yehova Imana amukingira.

Tugaragaje urukundo rudahemuka nka Rusi tukongera tukigana akarorero yatanze mu bijanye n’ukwicisha bugufi, umwete n’ugukenguruka, na twebwe tuzosanga ukwizera kwacu ari akarorero keza cane ku bandi. None Yehova yaronkeje gute Rusi na Nawomi ivyo bari bakeneye? Ni vyo tuzoraba mu kiganiro c’ubutaha co muri uru rukurikirane.

[Utujambo tw’epfo]

a Raba ikiganiro kivuga ngo “Abasomyi bacu barabaza​—Kubera iki Imana yasavye ko abayisenga bubakana gusa n’abo basangiye ukwemera?” kiri ku rupapuro rwa 29.

b Birashimishije kubona Rusi atakoresheje gusa izina ry’icubahiro “Imana” nk’uko abanyamahanga benshi bari gushobora kubigira; ariko kandi yarakoresheje izina ry’uruharo ry’Imana, ari ryo Yehova. Igitabu kimwe gisigura Bibiliya (The Interpreter’s Bible) kivuga giti: “Gutyo umwanditsi arashimika ku vy’uko uwo munyamahangakazi ari umuyoboke w’Imana y’ukuri.”

c Ryari itegeko ridasanzwe ata ho rihuriye n’ivyo Rusi yari azi mu gihugu c’iwabo. Ico gihe mu Karere k’ibihugu vy’Abarabu, abapfakazi ntibafatwa neza. Igitabu kimwe kivuga giti: “Umugabo amaze gupfa, mu bisanzwe umupfakazi yaca azera uburaro n’uburamuko ku bahungu biwe; atabafise na ho yarashobora guca yigurisha akaba umuja, akaja mu bumaraya canke agapfa.”

[Uruzitiro ku rup. 26]

Ni akantu gahinguranywe ubuhanga

Igitabu ca Rusi cavuzwe ko ari akabuyenge, akantu gahinguranywe ubuhanga. Ni ivy’ukuri yuko ico gitabu kitanganya ubunini n’igitabu c’Abacamanza kiza imbere yaco kandi kitubwira igihe ibivugwa mu gitabu ca Rusi vyabereyeko. (Rusi 1:1) Biboneka ko ivyo bitabu vyompi vyanditswe n’umuhanuzi Samweli. Yamara, igihe usoma Bibiliya uribonera nawe ko igitabu ca Rusi kiri mu kibanza kibereye mu rutonde rw’ibitabu vyemewe ko bigize Bibiliya. Umaze gusoma inkuru zijanye n’intambara, ibitero n’ukwivuna ibitero ziri mu gitabu c’Abacamanza, uca ushikira ico gitabu gitoyi kitwibutsa ko Yehova atigera yibagira abantu biwe b’abanyamahoro banyinyana n’ingorane za misi yose. Iyo nkuru isanzwe y’ivyo mu muryango iratanga ivyigwa bikomeye bijanye n’urukundo, ukubura abacu, ukwizera n’ukudahemuka bishobora kutugirira akamaro twese.

[Ifoto ku rup. 24]

Rusi yagaragaje ubukerebutsi mu kwiyegereza Nawomi igihe yari atuntujwe n’ukubura

[Ifoto ku rup. 24, 25]

“Abantu bawe bazoba abantu banje, n’Imana yawe ibe Imana yanje”

[Ifoto ku rup. 27]

Rusi yaremeye gukora igikorwa kitoroshe kandi giciye bugufi kugira aronke ikimutunga n’igitunga Nawomi

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika