ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w12 15/7 rup. 17-21
  • Yehova yaranyigishije gukora ivyo agomba

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Yehova yaranyigishije gukora ivyo agomba
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2012
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • UMUGAMBI NAHAVUYE NSHIKAKO
  • NKORERA UBUTSIMVYI I TASMANIE
  • KUGENDERA AMASHENGERO NO KWITABA ISHURE RYA GILEYADI
  • IKINTU CANSHIKIYE NTAZOKWIGERA NIBAGIRA
  • HASHIKA ABANDI BAMISIYONARI
  • IGIKORWA DUKORA UBU
  • Naracitse “vyose ku bantu b’uburyo bwose”
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2016
  • Kuba nahisemwo neza vyatumye ngira imihezagiro mu buzima bwanje bwose
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2007
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2012
w12 15/7 rup. 17-21

Inkuru y’ubuzima

Yehova yaranyigishije gukora ivyo agomba

Nk’uko vyavuzwe na Max Lloyd

Hari mu 1955, ijoro rikaba ryari rigeze kure. Twe n’umumisiyonari mugenzanje twari aho twari twararungitswe gukorera muri Paraguay, muri Amerika y’Epfo, igihe inzu twarimwo yakikuzwa n’akagwi k’abantu bashangashiwe bariko barasemerera bati: “Imana yacu ni imana inyotewe amaraso, kandi yipfuza amaraso y’abagringosi (abanyamahanga).” None twebwe abagringosi vyagenze gute ngo dushike ng’aho?

KU BINYEREKEYE, vyose vyatanguriye muri Ostraliya aho nakuriye akaba ari na ho Yehova yatanguriye kunyigisha gukora ivyo agomba, hakaba haciye imyaka itari mike. Mu 1938 dawe yarakiriye igitabu Abansi (mu congereza) agihawe n’Icabona. We na mawe ntibari bagishimishwa n’abakuru b’idini bo mu karere twabamwo, bano bakaba bavuga ko ibihimba bimwebimwe vyo muri Bibiliya ari ibitito. Haciye nk’umwaka, abavyeyi banje barabatijwe mu kwerekana ko biyeguriye Yehova. Kuva ico gihe, gukora ivyo Yehova agomba vyabaye co kintu gihambaye kuruta ibindi vyose mu buzima bw’umuryango wacu. Mushikanje Lesley, uwandusha imyaka itanu, yabatijwe ubukurikira, nanje mbatizwa mu 1940 mfise imyaka icenda.

Haciye igihe gito Intambara ya kabiri y’isi yose itanguye, gucapura no gukwiragiza ibisohokayandikiro bishingiye kuri Bibiliya vy’Ivyabona vya Yehova vyarabujijwe muri Ostraliya. Ku bw’ivyo, igihe nari muto narize gusigura ishingiro ry’ukwizera kwanje nkoresheje Bibiliya gusa. Narimenyereje kuza ndatwara Bibiliya yanje kw’ishure kugira ngo nerekane igituma ntaramutsa ibendera canke ngo nshigikire ibijanye n’intambara z’amahanga.​—Kuv. 20:4, 5; Mat. 4:10; Yoh. 17:16; 1 Yoh. 5:21.

Benshi kw’ishure ntibifatanya nanje kubera ko bavuga ko ndi “umutasi w’Umudagi.” Ico gihe, harerekanwa amasinema kw’ishure. Imbere y’uko isinema itangura, umuntu wese yategerezwa guhaguruka maze akaririmba ururirimbo ruhayagiza igihugu. Igihe naba ngumye nicaye, abahungu babiri canke batatu barampagurutsa bankwega imishatsi. Nahavuye nirukanwa kw’ishure kubera ko naguma numiye ku vyo nemera bishingiye kuri Bibiliya. Ariko rero, narashoboye kwigira i muhira biciye kuri bene bwa buryo bwo guhanahana amakuru n’abigisha.

UMUGAMBI NAHAVUYE NSHIKAKO

Nari narishingiye umugambi wo gutangura ubusuku bw’igihe cose ndi umutsimvyi nshikanye imyaka 14. Ni co gituma navunitse umutima cane igihe abavyeyi banje bavuga ko ntegerezwa kubanza kurondera akazi maze ngakora. Bavuze bashimitse yuko ntegerezwa kuza ndariha aho mba be n’ivyo mfungura i muhira mugabo bansezeranira yuko ninashikana imyaka 18, nzoshobora gukora ubutsimvyi. Ivyo vyatumye tuza turayaga ku bijanye n’amahera naronka. Nabasiguriye yuko nipfuza kuyaziganya kugira ngo azomfashe mu butsimvyi, mugabo baguma bayatwara.

Igihe hagera ko ntangura gukora ubutsimvyi, abavyeyi banje baricaranye nanje maze baransigurira yuko amahera nari narabahaye bayabikishije muri banki. Baciye bayansubiza yose kugira ngo ngure impuzu n’ibindi bintu nari nkeneye mu butsimvyi. Bariko baranyigisha kwironsa ivyo nkeneye aho kwitega ko abandi ari bo babindonsa. Nsubije amaso inyuma, ndabona ko ukwo kumenyerezwa kwangiriye akamaro cane.

Igihe twe na Lesley twari tukiri bato, abatsimvyi barakunda kumara imisi i muhira iwacu, kandi twarahimbarwa no kwifatanya na bo mu busuku. Ku mpera z’imishamvu twama tuja mu busuku bw’inzu ku nzu, tugashinga intahe ku mabarabara tukongera tukarongora inyigisho za Bibiliya. Muri iyo myaka, umwamamaji w’ishengero yategerezwa gukora amasaha 60 ku kwezi. Amezi nka yose, mawe yama ashitsa ayo masaha, ivyo bikaba vyaratubereye akarorero keza twe na Lesley.

NKORERA UBUTSIMVYI I TASMANIE

Ahantu ha mbere narungitswe gukorera ubutsimvyi hari mw’izinga rya Tasmanie ryo muri Ostraliya, nkaba nasanze yo mushikanje n’umunega wiwe. Ariko rero, haciye igihe gito baciye baja kwitaba umugwi ugira 15 w’Ishure rya Gileyadi. Nari umunyamasoni cane kandi sinari bwigere mba kure y’i muhira. Hari abavuze yuko nohamaze amezi atatu gusa. Yamara, mu mwaka umwe, mu 1950, naragenywe kuba umusuku w’umugwi, uwitwa ubu umuhuzabikorwa w’inama y’abakurambere. Mu nyuma, naragenywe kuba umutsimvyi adasanzwe, maze nkorana n’uwundi muvukanyi yari akiri muto.

Twarungitswe gukorera mu gisagara bacukuramwo umujumpu cari ukwa conyene, akaba ata Vyabona bariyo. Twashitseyo n’ibisi ku mugoroba. Iryo joro twaraye mw’ihoteli ishaje. Ku musi ukurikira, igihe twariko turamamaza inzu ku nzu, twagenda turabaza abo dusanze ku mihana nimba boturangira inzu yo kubamwo. Uwo musi uri mu kurangira, hari umuntu yavuze yuko inzu y’umukozi w’Imana yari hafi y’urusengero rw’abaperesubitero atawayibamwo aca avuga yuko dukwiye kuvugana n’uwo mudiyakoni. Uno yaratugaragarije umutima mwiza araduha iyo nzu. Kuza turasohoka mu nzu y’uwo mukuru w’idini buri musi tugiye kwamamaza, cari ikintu kitumvikana.

Ico cibare carimbuka. Twaragiranira n’abantu ibiyago bishimishije tukongera tugatanguza inyigisho za Bibiliya nyinshi. Igihe abakuru b’idini baba ku murwa mukuru bamenya ico kintu kandi bakumva yuko Ivyabona vya Yehova baba mu nzu y’uwo mukozi w’Imana, baciye basaba bashimitse yuko uwo mudiyakoni atwirukana ubwo nyene. Twari dusubiye kubura aho tuba!

Tumaze kwamamaza gushika ku muhingamo ku musi ukurikira, twaciye turondera aho turara. Ubwugamwo bw’ikibuga c’inkino ni ho hantu hagendeka twashoboye kuronka. Twaranyegeje ng’aho amavalisi yacu duca dusubira kwamamaza. Naho bwariko burira, twarafashe ingingo yo kugendera iyindi mihana mikeyi kugira ngo turangize ibarabara. Ku muhana umwe, hari umugabo yaduhaye uburaro mu kazu k’icumba kimwe kari inyuma y’urugo rwiwe!

KUGENDERA AMASHENGERO NO KWITABA ISHURE RYA GILEYADI

Maze nk’amezi umunani ndi muri ico gikorwa co kwamamaza, ibiro vy’ishami vyo muri Ostraliya vyaransavye kuba umucungezi w’umuzunguruko. Ivyo vyarampagaritse umutima kubera ko nari mfise imyaka 20 gusa. Maze indwi nka zingahe ndiko ndamenyerezwa, naratanguye kuza ndagendera amashengero kugira ndayaremeshe. Abandusha imyaka, bakaba bari nka bose, ntibakengera ubuto bwanje ahubwo barubaha igikorwa nariko ndakora.

Nakoresha uburyo butandukanye cane bwo kwiyunguruza igihe naba ndiko ndagendera amashengero. Mu ndwi imwe nagenda n’ibisi, mu yindi nkagenda na mwene vya biduga bimeze nka gariyamoshi, ubukurikira nkagenda n’umuduga canke bampetse kw’ipikipiki, ntengatiye ivalisi n’isakoshi yo mu ndimiro. Kumarana imisi n’Ivyabona bagenzanje vyaratuma mpimbarwa cane. Umusuku umwe w’umugwi yari ashashaye kunyakira iwe naho inzu yiwe itari bwahere kwubakwa. Muri iyo ndwi bansasira muri mwene ca kintu bogeramwo kimeze nk’ubwato, mugabo ntiworaba ukuntu twamaranye indwi y’ibikorwa vy’impwemu iteye umunezero.

Ikindi kintu cabaye ntari ndavyiteze, cashitse mu 1953 igihe nasabwa kwuzuza urukaratasi rwo kwitaba umugwi ugira 22 w’Ishure rya Gileyadi. Mugabo ku ruhande rumwe naranezerewe, ku rundi ndahagarika umutima. Urabona, aho mushikanje hamwe n’umunega wiwe bamariye kurangiza ivyigwa vya Gileyadi ku wa 30 Mukakaro 1950, barungitswe gukorera muri Pakistani. Hataraca n’umwaka, Lesley yararwaye maze apfira ng’aho. Naribajije ukuntu abavyeyi banje bovyakiriye bamenye ko ngira nje mu kandi karere k’isi haciye igihe gito ivyo bibaye? Ariko rero, bavuze bati: “Genda ukorere Yehova aho azokurungika hose.” Sinigeze nsubira gukubita ijisho dawe. Yapfuye mu 1957.

Haciye igihe gito, naruriye ubwato ndi kumwe n’abandi ba nya Ostraliya batanu dufata urugendo rw’indwi zitandatu tuja mu gisagara ca New York. Turi kuri urwo rugendo, twarasoma Bibiliya, tukiyigisha tukongera tukabwira inkuru nziza abo twari dufatanije urugendo. Imbere y’uko tuja mu buraruko ku nyubakwa iryo shure ryagirirwamwo i South Lansing muri New York, twaritavye rya hwaniro mpuzamakungu ryabera ku kibuga c’inkino ca Yankee Stadium muri Mukakaro 1953. Ryitabwe n’abantu 165.829!

Umugwi wacu wari ugizwe n’abanyeshure ba Gileyadi 120 baturuka mu mihingo yose y’isi. Ku musi wo guhabwa impapuro z’umutsindo ni ho twabwirwa aho tuzoja gukorera. Twaciye tunyarukira mu bubiko bw’ibitabu bwa Gileyadi kugira ngo tumenye ibijanye n’ibihugu twari twarungitswemwo. Naramenye yuko igihugu nari narungitswemwo ca Paraguay cari carabayemwo imigumuko myinshi yo kurondera amahinduka mu vya politike. Umusi umwe mu gitondo haciye igihe gito nshitseyo, narabajije abandi bamisiyonari umusi mukuru wari waraye ubaye uwo ari wo. Baramwenyuye maze bavuga bati: “Uwo ni umugumuko wa mbere wumvise ujanye no kurondera amahinduka mu vya politike. Raba hariya hanze ku muryango w’imbere.” Abasoda bari bakwiragiye hose!

IKINTU CANSHIKIYE NTAZOKWIGERA NIBAGIRA

Igihe kimwe, naraherekeje umucungezi w’umuzunguruko agiye kugendera ishengero ryari ukwa ryonyene no kwerekana ya sinema ivuga ngo La Société du Monde Nouveau en action. Twagize urugendo rw’amasaha umunani canke icenda, ubwa mbere tugenda n’igariyamoshi, hanyuma n’umukogote ukwegwa n’ifarasi imwe, mu nyuma tugenda n’umukogote ukwegwa n’impfizi z’inka. Twitwaje imoteri itanga umuyagankuba be n’icuma cerekana isinema. Amaherezo twarashitse iyo twariko turaja, maze umusi ukurikira tuwumara turiko turagendera amayororero-rimiro twongera dutumira abantu bose ngo baze kuza kuraba isinema mw’ijoro. Haje abantu nka 15.

Tumaze nk’iminuta 20 twerekana iyo sinema, twasabwe kwinjira mu nzu vuba bishoboka. Twaratoye ca cuma cerekana amasinema maze turagamburuka. Ico gihe ni ho abantu batangura gusemerera barasa mu kirere, bongera baririmba bati: “Imana yacu ni imana inyotewe amaraso, kandi yipfuza amaraso y’abagringosi (abanyamahanga).” Ng’aho hari abagringosi babiri gusa, nkaba nari umwe muri bo! Abari baje kuraba iyo sinema barazibiye ako kagwi kariko kararondera kwinjira muri iyo nzu ku nguvu. Mugabo abo bene kuturwanya baragarutse nk’isaha icenda zo mw’ijoro bakaba bariko bararasa mu kirere bongera bavuga yuko baza kudutegerera mu nzira dusubiye mu gisagara bukeye.

Abavukanyi barituye uwujejwe umutekano muri ako karere, maze aza ku muhingamo azanye amafarasi abiri kugira ngo adutware mu gisagara. Turi mu nzira, igihe cose twaba turi mu gushikira ibisaka canke ibiti birundanye, yaca asokora inkoho yiwe maze akatwitangira imbere ari kw’ifarasi kugira ngo asuzume aho hantu. Narabonye ko ifarasi yari uburyo bwo kwiyunguruza buhambaye, ari co gituma nahavuye ndayitunga.

HASHIKA ABANDI BAMISIYONARI

Igikowa co kwamamaza carabandanije kuvamwo ivyiza naho abakuru b’amadini bama baturwanije. Mu 1955, harashitse abandi bamisiyonari batanu, harimwo na mushiki wacu akiri muto w’Umunyakanada yitwa Elsie Swanson, akaba yari yarize mu mugwi ugira 25 w’ishure rya Gileyadi. Twaramaze igihe gito dukorana ku biro vy’ishami imbere y’uko arungikwa gukorera ahandi. Yari yarakoresheje ubuzima bwiwe mu murimo wa Yehova adafashijwe cane n’abavyeyi biwe, bano bakaba batigeze bemera ukuri. Ku wa 31 Kigarama 1957, twe na Elsie twarubakanye, maze turibana mu nzu y’abamisiyonari yari mu bumanuko bwa Paraguay.

Mu nzu yacu nta mazi yarimwo; ahubwo twari dufise iriba mu kigo. Ku bw’ivyo, nta bwogero canke surwumwe twari dufise mu nzu, nta mashini yo kumesa, eka mbere na firigo twari dufise. Twagura ibifungurwa buri musi. Mugabo ubwo buzima bworoheje twari dufise be n’imigenderanire irangwa urukundo twari dufitaniye n’abavukanyi be na bashiki bacu bo mw’ishengero, vyatumye ico kiringo kiba igihimbaye cane mu mubano wacu.

Mu 1963, haciye igihe gito dusubiye muri Ostraliya kuramutsa mawe, yarafashwe n’indwara y’umutima, bikaba biboneka yuko yatewe n’umunezero mwinshi yagize igihe yasubira kubona umuhungu wiwe haciye imyaka icumi. Uko igihe co gusubira ku gikorwa cacu muri Paraguay cegereza, twarahanganye no gufata imwe mu ngingo zihambaye kuruta izindi zoze twari twarafashe mu buzima bwacu. Twoba twari dukwiye gusiga mawe mu bitaro, twizigiye ko uwundi muntu yomwitwararitse maze tugasubira ku gikorwa cacu twakunda cane co muri Paraguay? Tumaze gusenga cane, twe na Elsie twafashe ingingo yo kuguma ng’aho tukitwararika mawe. Twarashoboye kubigira twongera tuguma mu busuku bw’igihe cose gushika apfuye mu 1966.

Kari agateka kadasanzwe gukoreshwa mu gikorwa co kugendera amashengero n’imizunguruko muri Ostraliya mu kiringo c’imyaka itari mike no kwigisha Ishure ry’ubusuku bw’Ubwami ry’abakurambere. Mu nyuma harabaye irindi hinduka mu buzima bwacu. Naragenywe kuba mu bagize Komite y’ishami ya mbere muri Ostraliya. Mu nyuma, igihe twagira twubake ibiro vy’ishami bishasha, naragenywe kuba umuhagarikizi wa komite y’ubwubatsi. Tubifashijwemwo n’abakozi benshi bazi utuntu n’utundi kandi basenyera ku mugozi umwe, harubatswe ishami riteye igomwe.

Ubukurikira nashinzwe gukorera mu Rwego rw’umurimo, urujejwe guhagarikira igikorwa co kwamamaza. Naratewe kandi agateka ko kugendera ayandi mashami yo hirya no hino kw’isi ndi umucungezi wa zone kugira ngo mfashe abavukanyi nongere ndabaremeshe. Kugendera abantu bo mu bihugu bimwebimwe bari baramaze imyaka itari mike, mbere imyaka mirongo, mu mabohero no mu makambi y’itunatuniro bahorwa ko bagamburukira Yehova badahemuka, vyarakomeza cane ukwizera kwanje.

IGIKORWA DUKORA UBU

Mu 2001, mvuye mu rugendo rwa zone rwanduhishije, nararonse ikete ryansaba kuja i Brooklyn muri New York gusukura ndi umwe mu bagize Komite y’ishami rya Leta Zunze Ubumwe yari iherutse gushingwa. Twe na Elsie twarazirikanye ico kintu tubijanisha n’isengesho, maze turemera ico gikorwa tunezerewe. Turacari ng’aho i Brooklyn, tukaba tuhamaze imyaka irenga 11.

Ndahimbarwa cane no kuba nifitiye umukenyezi ahimbarwa no gukora ikintu cose Yehova asaba. Twe na Elsie ubu turengeje gato imyaka 80 kandi turacafise amagara meza ku rugero runaka. Turiteganye umushasharo kwigishwa na Yehova ibihe bidahera no kwironkera imihezagiro myinshi yose ababandanya gukora ivyo agomba bazokwironkera.

[Iciyumviro nyamukuru ku rup. 19]

Mu ndwi imwe nagenda n’ibisi, mu yindi nkagenda na mwene vya biduga bimeze nka gariyamoshi, ubukurikira nkagenda n’umuduga canke bampetse kw’ipikipiki, mfashe ivalisi mu kuboko kumwe, mu kundi hari isakoshi yo mu ndimiro

[Iciyumviro nyamukuru ku rup. 21]

Turiteganye umushasharo kwigishwa na Yehova ibihe bidahera

[Amafoto ku rup. 18]

I bubamfu: Igihe nari mu gikorwa co kugendera amashengero muri Ostraliya

I buryo: Ndi kumwe n’abavyeyi banje

[Ifoto ku rup. 20]

Ku musi wacu w’ubugeni, ku wa 31 Kigarama 1957

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika