ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w12 15/9 rup. 18-22
  • Niwigire ku kwihangana kwa Yehova na Yezu

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Niwigire ku kwihangana kwa Yehova na Yezu
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2012
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • KUBERA IKI YEHOVA YIHANGANA?
  • YEZU YATANZE GUTE AKARORERO KEZA MU BIJANYE NO KWIHANGANA?
  • NOTSIMBATAZA GUTE UKWIHANGANA NK’UKW’IMANA?
  • NI IVYIZA IBIHE BIVA KU KWIHANGANA?
  • Nubandanye kwihangana
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2023
  • Twigane ukwihangana kwa Yehova
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2006
  • Turakeneye kwihangana mu busuku
    Igikorwa dukorera Ubwami—2011
  • Ukwiyumanganya ni ukwihangana ufise intumbero
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2018
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2012
w12 15/9 rup. 18-22

Niwigire ku kwihangana kwa Yehova na Yezu

“Nimubone ukwihangana kw’Umukama wacu nk’ubukiriro.”​—2 PET. 3:15.

WOKWISHURA GUTE?

  • Yehova yerekanye ate yuko yihangana?

  • Ni kubera iki vyabaye ngombwa ko Yezu amara igihe kirekire yihanganye?

  • Ni ibiki twokora kugira ngo dutsimbataze ukwihangana nk’ukw’Imana?

1. Ni igiki abantu bamwebamwe b’abizigirwa bibaza?

MUSHIKI wacu umwe w’umwizigirwa yamaze imyaka mirongo yihanganira ingorane nyinshi, yabajije yicishije bugufi ati: “Iherezo ryoba rizoza nkiriho?” Abantu bamwebamwe bamaze igihe kirekire bakorera Yehova baribaza ikintu nk’ico. Turashashaye kubona igihe Imana izohindura ibintu vyose ikabigira bishasha, mu gukuraho ingorane zidushikira muri iki gihe. (Ivyah. 21:5) Naho dufise imvo yumvikana yo kwemera yuko iherezo ry’ivy’iyi si ya Shetani riri hafi cane, kurindira uwo musi twihanganye birashobora kutugora.

2. Ni ibibazo ibihe bijanye n’ukwihangana kw’Imana tugira twihweze?

2 Naho ari ukwo, Bibiliya yerekana yuko dutegerezwa kwihangana. Cokimwe n’abasavyi b’Imana batwitangiye imbere, tuzoronka ivyo Imana yasezeranye nitwagira ukwizera gukomeye kandi tukarindira twihanganye ko igihe yashinze co gushitsa ivyo bintu yasezeranye kigera. (Soma Abaheburayo 6:11, 12.) Yehova ubwiwe aramaze igihe yihanganye. Yari gushobora gukuraho ububisha igihe ico ari co cose, mugabo arindiriye igihe kibereye. (Rom. 9:20-24) Kubera iki none yihangana ukuraho? Yezu yatubereye gute akarorero mu bijanye no kwigana ukwihangana kw’Imana? Ni ivyiza ibihe tuzokwironkera nitwatsimbataza ukwihangana nk’ukw’Imana? Inyishu z’ivyo bibazo zirashobora kudufasha gutsimbataza ukwihangana n’ukwizera gukomeye, n’igihe nyene twoba tubona umenga Yehova aratevye.

KUBERA IKI YEHOVA YIHANGANA?

3, 4. (a) Ni kubera iki Yehova yihanganye mu bijanye no gushitsa umugambi afitiye isi? (b) Yehova yavyifashemwo gute igihe haba bwa bugarariji bwo muri Edeni?

3 Yehova arafise imvo yumvikana yo kwihangana. Ni ivy’ukuri yuko afise ububasha ntangere ku biriho vyose akaba ashobora gukuraho ingorane zose umwanya uwo ari wo wose. Naho ari ukwo, bwa bugarariji bwo muri Edeni bwaravyuye ibibazo biraba ibiremwa vyose bifise ubwenge vyo mw’ijuru no kw’isi. Yehova aramaze igihe yihanganye kubera yuko azi ko vyofashe igihe kugira ngo ivyo bibazo vyishurwe neza. Kubera yuko azi neza ivyo ibiremwa bifise ubwenge vyo mw’ijuru no kw’isi bikora be n’inyifato yavyo, nta gukeka ko ariko arakora ku bw’ineza yacu.​—Heb. 4:13.

4 Yehova yari afise umugambi w’uko abakomoka kuri Adamu na Eva buzura isi. Igihe Shetani yahenda Eva, Adamu na we mu nyuma akagambarara, Imana ntiyaciye iheba uwo mugambi wayo. Ntiyahagaritse umutima ngo ice ifata ingingo gihutihuti canke ngo ice itwarwa n’ishavu ihebe umuryango w’abantu. Ahubwo nyabuna, yaratunganije uburyo bwo gushitsa umugambi ifitiye abantu n’isi. (Yes. 55:11) Kugira ngo Yehova ashitse umugambi wiwe yongere yemeze ubusegaba bwiwe, yarigumije cane yongera arihangana cane, mbere ararindira imyaka ibihumbi kugira ngo imice imwimwe y’umugambi wiwe iranguke mu buryo bwiza kuruta ubundi.

5. Ukwihangana kwa Yehova kuvamwo ivyiza ibihe?

5 Iyindi mvo yatumye Yehova arindira yihanganye ni ukugira ngo abantu benshi bashobore kuronka ubuzima budahera. N’ubu nyene, ariko aritegurira kurokora “isinzi rinini.” (Ivyah. 7:9, 14; 14:6) Yehova arashikira abantu biciye ku gikorwa cacu co kwamamaza, akabasaba kwiga ivyerekeye Ubwami bwiwe n’ingingo mfatirwako ziwe zigororotse. Ubutumwa bw’Ubwami ni “inkuru nziza” abantu kakeneye, egome, ni yo nkuru nziza kuruta izindi zose! (Mat. 24:14) Umuntu wese Yehova akwegera aca aba mu bagize ishengero rikwiye kw’isi yose ry’abagenzi nyakuri bakunda ibigororotse. (Yoh. 6:44-47) Imana yacu y’inyarukundo irafasha abo bantu kwemerwa na yo. Iramaze kandi igihe icagura mu bantu abazoba bagize intwaro yayo yo mw’ijuru. Abo bantu bakunda Imana nibamara gushika mu kibanza cabo mw’ijuru, bazofasha abantu bagamburuka gushikira ukutagira agasembwa n’ubuzima budahera. Biragaragara ko naho nyene Yehova arindiriye yihanganye, ariko arakora kugira ngo ashitse imigambi yiwe ku bw’ineza yacu.

6. (a) Yehova yihanganye gute mu misi ya Nowa? (b) Yehova yihanganye gute muri iki gihe cacu?

6 Yehova arihangana naho asomborotswa bimwe bikomeye, nk’uko tubibonera ku kuntu yavyifashemwo ku bijanye na bwa bubisha bwaba imbere y’Isegenya. Ico gihe isi yari yuzuye ubuhumbu n’ubukozi bw’ikibi, kandi Yehova “[yarababaye] mu mutima” kubera ko abantu barushiriza kuba babi. (Ita. 6:2-8) Kubera ko atari kubandanya yihanganira ivyo bintu, yarafashe ingingo yo kuzana isegenya ku bantu batagamburuka. Igihe “ukwihangana kw’Imana kwari kurindiriye mu misi ya Nowa,” Yehova yaratunganije ivyo kurokora Nowa n’umuryango wiwe. (1 Pet. 3:20) Igihe kibereye kigeze, Yehova yaramenyesheje Nowa iyo ngingo yongera amushinga igikorwa co kwubaka ubwato. (Ita. 6:14-22) N’ikindi kandi, Nowa yari “umwamamaji w’ubugororotsi,” akaba yabwira ababanyi biwe ibijanye n’agatikizo kari kimirije. (2 Pet. 2:5) Yezu yavuze yuko igihe cacu kimeze nk’imisi ya Nowa. Yehova yarashinze igihe azokuriraho iyi si mbi. Nta muntu n’umwe azi ‘umusi n’isaha’ ivyo bizoshikira. (Mat. 24:36) Muri iki gihe turafise igikorwa twashinzwe n’Imana co kuburira abantu no kubabwira ukuntu borokoka.

7. Yehova yoba atevye gushitsa ivyo yasezeranye? Sigura.

7 Biragaragara ko ukwihangana kwa Yehova kudasobanura yuko arindira gusa kugira ngo igihe kirengane. Ntidukwiye kwigera twitiranya ukwihangana kwiwe n’ukutitwararika ibintu canke ukutabinerwa! Ariko rero tuvugishije ukuri, birashobora kutugora kuguma twibuka ico kintu uko twiterera mu myaka canke dushikirwa n’ingorane muri iyi si mbi. Twoshobora gucika intege canke kwiyumvira yuko Imana itevye gushitsa ivyo yasezeranye. (Heb. 10:36) Ntiwigere wibagira yuko ifise imvo zumvikana zo kwihangana be n’uko iriko irakoresha ico gihe ku bw’ineza y’abasavyi bayo b’intahemuka. (2 Pet. 2:3; 3:9) Rimbura kandi ukuntu Yezu yagaragaje ukwihangana nk’ukw’Imana.

YEZU YATANZE GUTE AKARORERO KEZA MU BIJANYE NO KWIHANGANA?

8. Yezu yihanganye ibintu vyifashe gute?

8 Yezu ariko arakora ivyo Imana igomba kandi aramaze imyaka ibihumbi n’ibihumbi abikorana ubwira. Igihe Shetani yagarariza, Yehova yarafashe ingingo y’uko Umwana wiwe w’ikinege aza kw’isi ari Mesiya. Iyumvire ico ivyo vyasaba Yezu; yategerezwa kurindira yihanganye imyaka ibihumbi n’ibihumbi gushika ico gihe kigeze. (Soma Abagalatiya 4:4.) Ntiyarindiriye ico gihe cose ata co ariko arakora; ahubwo nyabuna yariko arakora igikorwa Se yari yaramushinze. Igihe amaherezo yaza kw’isi, yari azi yuko yobwirijwe kwicwa na Shetani nk’uko vyari vyaravuzwe mu buhanuzi. (Ita. 3:15; Mat. 16:21) Yarayobotse ukugomba kw’Imana yihanganye, naho ivyo vyasaba ko ashikirwa n’imibabaro ikomeye. Yarabaye intahemuka mu buryo budasanzwe. Ntiyaguma yiyumvira ivyiwe be n’ikibanza ciwe, ivyo tukaba dushobora kuvyungukirako.​—Heb. 5:8, 9.

9, 10. (a) Yezu ariko arakora iki mu gihe arindiriye yihanganye ko Yehova agira ico akoze? (b) Dukwiye kubona gute igihe Yehova yashinze?

9 Yezu amaze kuzuka yarahawe ububasha mw’ijuru no kw’isi. (Mat. 28:18) Arakoresha ubwo bubasha mu gushitsa umugambi wa Yehova yisunze igihe Imana yashinze. Yezu yararindiriye yihanganye ari i buryo bw’Imana gushika mu 1914, kugira ngo abansi biwe bagirwe nk’intebe y’ibirenge vyiwe. (Zab. 110:1, 2; Heb. 10:12, 13) Vuba azohaguruka kugira ngo akureho isi ya Shetani. Mu kurindira, Yezu arakorana n’abantu yihanganye, akabarongora ku “mazi y’ubuzima.”​—Ivyah. 7:17.

10 Ufatiye ku karorero ka Yezu woba ubona ukuntu ukwiye kubona igihe Yehova yashinze? Nta gukeka ko Yezu yari ashashaye gukora ikintu ico ari co cose Se amusavye; naho vyari ukwo, yari afise umutima ukunze wo kurindira igihe Imana yashinze. Uko turindira iherezo ry’ivy’iyi si ya Shetani, twese turakeneye ukwihangana nk’ukw’Imana, ntitwigere tugira ico dukoze itaraduha ubuyobozi canke ngo dutane n’akabando kubera ko twacitse intege. Twokora iki kugira ngo tugire mwene ukwo kwihangana nk’ukw’Imana?

NOTSIMBATAZA GUTE UKWIHANGANA NK’UKW’IMANA?

11. (a) Ni mu buryo ubuhe hari isano hagati y’ukwizera n’ukwihangana? (b) Ni kubera iki dufise imvo zumvikana zo kugira ukwizera gukomeye?

11 Imbere y’uko Yezu aza kw’isi, abahanuzi n’abandi basavyi b’Imana b’abizigirwa baratanze akarorero ku bijanye n’ukuntu mbere n’abantu b’abanyagasembwa bashobora kwihangana. Ukwizera kwabo kwari gufitaniye isano n’ukwihangana kwabo. (Soma Yakobo 5:10, 11.) Iyo bataba vy’ukuri bemera ivyo Yehova yari yarababwiye, ni ukuvuga iyo bataba bafise ukwizera, boba bari kurindira bihanganye iranguka ry’ivyo yasezeranye? Barihanganiye akatari gake ibintu biteye ubwoba canke bigerageza ukwizera, bizigiye ko amaherezo Imana yoshikije ivyo yari yarasezeranye. (Heb. 11:13, 35-40) Turafise mbere iyindi mvo yo kugira ukwizera gukomeye, kuko ubu Yezu “atuma ukwizera kwacu kuba ukutagira akanenge.” (Heb. 12:2) Yarashikije ubuhanuzi yongera arahishura imigambi y’Imana mu buryo butuma tugira imvo zumvikana zo kugira ukwizera.

12. Twokora iki kugira ngo dukomeze ukwizera kwacu?

12 Ni ibintu ngirakamaro ibihe twokora kugira dukomeze ukwizera kwacu, bigatuma turushiriza kwihangana? Birahambaye yuko dushira mu ngiro impanuro Imana itanga. Nk’akarorero, nuzirikane imvo ufise zituma ushira Ubwami mu kibanza ca mbere mu buzima bwawe. Woba worushiriza kugira akigoro ko gushira mu ngiro impanuro dusanga muri Matayo 6:33? Ivyo vyoshobora gusaba ko umara umwanya wiyongereye mu busuku canke ugira ibintu bimwebimwe uhinduye mu buzima bwawe. Ntiwirengagize ukuntu Yehova yahezagiye utwigoro umaze kugira. Yoshobora kuba yaragufashije kurongora inyigisho ya Bibiliya nshasha canke kuronka “amahoro y’Imana arengeye ukwiyumvira kwose.” (Soma Abafilipi 4:7.) Ku bw’ivyo, uko uguma uzirikana ivyiza wironkeye kubera yuko wakurikije ubuyobozi Yehova yaguhaye, ni ko uzorushiriza gutahura ko ukeneye kwihangana.​—Zab. 34:8.

13. Ukuntu ibintu bigenda kugira ngo dutsimbataze ukwizera n’ukwihangana twobigereranya n’iki?

13 Ukwo kuntu ibintu bikurikirana kumeze nk’uko bisanzwe bigenda ku bijanye no kubiba, kubagara no kwimbura. Igihe cose umurimyi yimbuye vyinshi, aca arushiriza kwizigira ko azobiba imbuto mu gihe c’umwaka gikurikira. Ego ni ko, azoca abwirizwa kurindira yihanganye igihe c’iyimbura, mugabo ivyo ntibizomubuza gutera imbuto, kumbure mbere akabiba imirima myinshi kuruta iyo yabivye mu gihe c’umwaka giheruka. Aba yizigiye ko azokwimbura. Muri ubwo buryo nyene, uko twiga impanuro Yehova atanga, tukazikurikiza maze tukironkera ivyiza, turarushiriza kumwizigira. Ukwizera kwacu na kwo nyene kurakomera, maze bikarushiriza kutworohera kurindira imihezagiro tuzi ko izoza.​—Soma Yakobo 5:7, 8.

14, 15. Dukwiye kubona gute imibabaro ishikira abantu?

14 Ubundi buryo twotsimbataza ukwihangana ni ukurimbura ukuntu dukwiye kubona isi n’uko ivyacu vyifashe. Nugerageze kubona ibintu nk’uko Yehova abibona. Nk’akarorero, zirikana ukuntu abona imibabaro ishikira abantu. Yamye ababara igihe abantu bashikiwe n’imibabaro; yamara, ntiyarengewe n’intuntu ku buryo adashobora gukora iciza. Yararungitse Umwana wiwe w’ikinege “kugira ngo asambure ibikorwa vya Shetani” yongere akureho amabi yose Shetani yateje abantu. (1 Yoh. 3:8) Ikizwi coco ni uko imibabaro izomara igihe gito, mugabo Imana ikazoyitorera umuti ubutagisubira kubaho. Muri ubwo buryo nyene, aho kureka ngo duhungabanywe n’ububisha buterwa n’ubutegetsi bwa Shetani canke ngo tubone ko butevye kuvaho, nimuze twizere vya bintu bitaboneka bizokwamaho. Yehova yarashingiye ububisha igihe ntarengwa, kandi ico gihe nicagera azobukuraho.​—Yes. 46:13; Nah. 1:9.

15 Muri iyi misi ya nyuma igoye y’ivy’iyi si, twoshobora gushikirwa n’ingorane zidasanzwe zigerageza ukwizera kwacu. Aho gutwarwa n’ishavu igihe dukorewe ibibi canke igihe abacu bari mu mibabaro, turakwiye kwiyemeza kwizigira Yehova duherejeko. Kubera yuko turi abanyagasembwa, biratugora kubigira. Ariko rero, niwibuke ivyo Yezu yagize, nk’uko vyanditse muri Matayo 26:39.​—Soma.

16. Dukwiye kwirinda gukora iki muri iki gihe gisigaye?

16 Ikintu kitubuza kugaragaza ukwihangana nk’ukw’Imana ni agatima ka “nzobibara ndabibonye”! Ivyo none bisobanura iki? Emwe, umuntu atizigira ko iherezo riri hafi yoshobora gutangura gutegekanya ibindi bintu yoca ahombokerako, mu gihe ibintu bitogenda nk’uko Yehova yabivuze. Mu yandi majambo, yoshobora kwiyumvira ati: ‘Nzorindira ndabe yuko Yehova azoshitsa vy’ukuri ivyo yasezeranye.’ Yoshobora guca agerageza kurondera kuba rurangiranwa muri iyi si, kurondera gutekanirwa mu vy’amahera aho gushira Ubwami bw’Imana mu kibanza ca mbere, canke kwizigira ko kwiga amashure ahanitse ari vyo bizotuma agira ubuzima bwiza muri iki gihe. Ariko none, ivyo koko ntivyoba vyerekana yuko atagira ukwizera? Uribuka yuko Paulo yaduhimirije kwigana abantu b’abizigirwa baronse ivyo Yehova yabasezeraniye “biciye ku kwizera n’ukwihanga.” (Heb. 6:12) Yehova yarashinze igihe co gukuraho iyi si mbi yisunze umugambi wiwe; ico gihe ntikizorenga na gato. (Hab. 2:3) Mu kurindira, dutegerezwa kwirinda gukorera Yehova mu buryo bwo guheza umwuga. Ahubwo nyabuna, turakeneye kuguma turi maso kandi tugakorana umwete mu kwamamaza inkuru nziza, ari na vyo bituma tugira umunezero ntangere no muri iki gihe.​—Luka 21:36.

NI IVYIZA IBIHE BIVA KU KWIHANGANA?

17, 18. (a) Ni akaryo akahe dufise ubu mu gihe turindiriye twihanganye? (b) Ni ivyiza ibihe tuzokwironkera nitwagaragaza ukwihangana muri iki gihe?

17 Twaba tumaze amezi make canke imyaka mirongo dukorera Imana, turipfuza kuyikorera ibihe bidahera. Ukwihangana kuradufasha kwumirako gushika turonse ubukiriro, naho iyi si yoba isigaje igihe kingana gute. Yehova ariko araduha akaryo ko kwerekana yuko twizigira duherejeko ingingo afata be n’uko, mu gihe vyoba ngombwa, twiteguriye kwihanganira imibabaro ku bw’izina ryiwe. (1 Pet. 4:13, 14) N’ikindi kandi, Imana iriko iratumenyereza mu buryo bushobora kudufasha gutsimbataza ukwihangana dukeneye kugira ngo tuzoronke ubukiriro.​—1 Pet. 5:10.

18 Yezu arafise ububasha bwose mw’ijuru no kw’isi, kandi nta kintu na kimwe gishobora kumubuza kugukingira, kiretse ari wewe uvyibujije. (Yoh. 10:28, 29) Ntidukwiye gutinya kazoza canke mbere urupfu. Abihangana gushika kw’iherezo bazokizwa. Dutegerezwa rero kwiyemeza neza yuko tutareka ngo iyi si idukwegakwege maze itubuze kwiheka kuri Yehova. Ahubwo nyabuna, dutegerezwa kwiyemeza gukomeza ukwizera kwacu no gukoresha mu buryo buranga ubukerebutsi umwanya dukesha ukwihangana kw’Imana.​—Mat. 24:13; soma 2 Petero 3:17, 18.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika