Abakurambere ni ‘abakozi bagenzi bacu ku bw’akanyamuneza kacu’
“Turi abakozi bagenzi banyu ku bw’akanyamuneza kanyu.”—2 KOR. 1:24.
1. Ni igiki catumye Paulo anezerererwa abakirisu b’i Korinto?
HARI mu mwaka wa 55 G.C. Intumwa Paulo yari mu gisagara ca Tirowa carimwo ikivuko, mugabo yaguma yiyumvira i Korinto. Mu ntango z’uwo mwaka, yari yarababajwe no kumenya ko mu bavukanyi baho hari imitongano. Ku bw’ivyo, abitumwe n’ubwitwararitsi bwa kivyeyi, yari yarabarungikiye ikete ryo kubakosora. (1 Kor. 1:11; 4:15) Yari yarabarungikiye kandi umukozi mugenziwe Tito yongera aratunganya ivy’uko uno agaruka i Tirowa kumubwira ukuntu ibintu vyifashe. Ico gihe Paulo yari arindiririye Tito i Tirowa, ashashaye kwumva ukuntu Abanyakorinto bari bamerewe. Mugabo Tito ntiyagarutse, ivyo bikaba vyaravunye umutima Paulo. Yari gukora iki none? Yarafashe ubwato aja i Makedoniya maze bahurirayo, ivyo bikaba vyaramunezereje. Tito yiganiye Paulo yuko abavukanyi b’i Korinto bari bakiriye neza ikete ryiwe be n’uko bari bashashaye kumubona. Igihe Paulo yumva ako gakuru keza, “[yar]arushirije kunezerwa.”—2 Kor. 2:12, 13; 7:5-9.
2. (a) Paulo yandikiye iki Abakorinto ku bijanye n’ukwizera be n’akanyamuneza? (b) Ni ibibazo ibihe turimbura?
2 Haciye igihe gito, Paulo yarandikiye Abakorinto ikete rigira kabiri. Yababwiye ati: “Si uko ari twebwe tuganza ukwizera kwanyu, ahubwo turi abakozi bagenzi banyu ku bw’akanyamuneza kanyu, kuko ukwizera kwanyu ari kwo kubahagaritse.” (2 Kor. 1:24) None Paulo yashaka kuvuga iki? Kandi ayo majambo akwiye kugira ico akoze gute ku bakurambere bakirisu muri iki gihe?
UKWIZERA KWACU BE N’AKANYAMUNEZA KACU
3. (a) Paulo yashaka kuvuga iki igihe yandika ngo: “Ukwizera kwanyu [ni] kwo kubahagaritse”? (b) Muri iki gihe abakurambere bakurikiza gute akarorero ka Paulo?
3 Paulo yaravuze ibintu bibiri bihambaye biri mu bigize ugusenga kwacu, ivyo na vyo bikaba ari ukwizera n’akanyamuneza. Uribuka ko yanditse ku bijanye n’ukwizera ati: “Si uko ari twebwe tuganza ukwizera kwanyu, . . . kuko ukwizera kwanyu ari kwo kubahagaritse.” Mu kuvuga ayo majambo, Paulo yaremeye icese ko abavukanyi b’i Korinto bari bahagaze bashikamye, atari kubera we canke uwundi muntu, mugabo kubera ukwizera Imana kwabo bwite. Ni co gituma Paulo yabona ko bidakenewe kuganza ukwizera kw’abo bavukanyi biwe, kandi nta cipfuzo yari afise co kubigira. Yari yizigiye ko bari abakirisu b’abizigirwa bipfuza gukora icari kibereye. (2 Kor. 2:3) Muri iki gihe, abakurambere barakurikiza akarorero ka Paulo mu kwerekana ko bizigiye ukwizera kw’abavukanyi babo be n’imvo zituma bakorera Imana. (2 Tes. 3:4) Aho gushingira ishengero amategeko ntabanduka, abakurambere bariheka ku ngingo ngenderwako zo mu Vyanditswe no ku buyobozi buva kw’ishirahamwe rya Yehova. Nakare, abakurambere bo muri iki gihe ntibaganza ukwizera kw’abavukanyi babo.—1 Pet. 5:2, 3.
4. (a) Paulo yashaka kuvuga iki igihe yandika ngo: “Turi abakozi bagenzi banyu ku bw’akanyamuneza kanyu”? (b) Muri iki gihe abakurambere bigana gute ako gatima Paulo yari afise?
4 Paulo yavuze kandi ati: “Turi abakozi bagenzi banyu ku bw’akanyamuneza kanyu.” Aho yariko avuga we be n’abo bari basangiye ikivi. Kubera iki tuvuze gutyo? Urabona, muri iryo kete nyene, Paulo yaribukije Abakorinto ivyerekeye babiri muri abo bakozi bagenziwe igihe yandika ati: “Yezu [yar]amamajwe muri mwebwe biciye kuri twebwe, ni ukuvuga biciye kuri jewe na Silivano na Timoteyo.” (2 Kor. 1:19) Vyongeye, igihe Paulo yakoresha mu makete yiwe imvugo y’ikigiriki ngo “abakozi bagenzanje,” yama yerekeza ku bo bari basangiye ikivi, nka Akwila, Pirisika, Timoteyo, Tito hamwe n’abandi. (Rom. 16:3, 21; 2 Kor. 8:23) Mu kuvuga rero ngo: “Turi abakozi bagenzi banyu ku bw’akanyamuneza kanyu,” Paulo yarakuye amazinda Abakorinto yuko we hamwe na bagenziwe bipfuza gukora ivyo bashoboye vyose kugira ngo batume abagize iryo shengero bose bagira akanyamuneza. Muri iki gihe, abakurambere bakirisu bafise icipfuzo nk’ico. Bipfuza gukora ivyo bashoboye vyose kugira ngo bafashe abavukanyi babo ‘gukorera Yehova banezerewe.’—Zab. 100:2; Flp. 1:25.
5. Tugira turimbure inyishu z’ikibazo ikihe, kandi dukwiye kuzirikana iki?
5 Hari umugwi w’abavukanyi na bashiki bacu b’abanyamwete baba mu mihingo itandukanye y’isi baheruka kubazwa ikibazo kigira giti: “Ni amajambo be n’ibikorwa ibihe vy’umukurambere kanaka vyatumye urushiriza kugira akanyamuneza?” Uko turimbura amajambo yavuzwe n’uwo mugwi w’abo dusangiye ukwemera, nurabe isano riri hagati y’ivyo bavuze n’ivyo wari kwishura. Vyongeye, nimuze tuzirikane ukuntu twese twoshobora gutuma mw’ishengero turimwo harushiriza kurangwa akanyamuneza.a
“MURAMUTSE PERUSI UMUKUNDWA WACU”
6, 7. (a) Ni uburyo bumwe ubuhe abakurambere bokwigana Yezu, Paulo n’abandi basavyi b’Imana? (b) Ni kubera iki kwibuka amazina y’abavukanyi bacu bituma barushiriza kugira akanyamuneza?
6 Benshi mu bavukanyi na bashiki bacu bavuga yuko barushiriza kugira akanyamuneza igihe abakurambere babitwararitse. Uburyo bumwe buhambaye abakurambere babigira ni mu gukurikiza akarorero katanzwe na Dawidi, Elihu na Yezu ubwiwe. (Soma 2 Samweli 9:6; Yobu 33:1; Luka 19:5.) Umwe wese muri abo basavyi ba Yehova yaritwararitse abikuye ku mutima uwundi muntu mu gukoresha izina ryiwe. Paulo na we nyene yaratahura akamaro ko kwibuka no gukoresha amazina y’abo basangiye ukwemera. Yasozereye rimwe mu makete yiwe mu kuramutsa mu mazina abavukanyi n’abavukanyikazi barenga 25, harimwo na Perusi, umuvukanyikazi mukirisu Paulo yavuze ku bimwerekeye ati: “Muramutse Perusi umukundwa wacu.”—Rom. 16:3-15.
7 Abakurambere bamwebamwe birabagora kwibuka amazina. Naho ari ukwo, igihe bihatiye kuyibuka, ni nk’aho baba bariko barabwira abo basangiye ukwemera bati: ‘Murahambaye kuri jewe.’ (Kuv. 33:17) Abakurambere bazotuma canecane abavukanyi babo barushiriza kugira akanyamuneza nibibuka amazina yabo igihe babasaba gutanga insasanuro mu gihe c’Inyigisho y’Umunara w’Inderetsi canke ku yandi makoraniro.—Gereranya na Yonani 10:3.
‘YARABIZE AKUYA CANE MU MUKAMA’
8. Ni uburyo bumwe buhambaye ubuhe Paulo yakurikije akarorero katanzwe na Yehova hamwe na Yezu?
8 Paulo yaritwararika kandi abandi mu kubakeza ata buryarya, ubwo bukaba ari ubundi buryo buhambaye bwo gutuma abo dusangiye ukwemera barushiriza kugira akanyamuneza. Ku bw’ivyo, muri iryo kete nyene Paulo yavuzemwo icipfuzo yari afise co gukora ku bw’akanyamuneza k’abavukanyi biwe, yanditse ati: “Ndi n’ukwirata kwinshi mu bijanye namwe.” (2 Kor. 7:4) Ayo majambo yo gukeza abavukanyi b’i Korinto ategerezwa kuba yarabanezereje. Paulo yaraseruriye inyiyumvo nk’izo ayandi mashengero. (Rom. 1:8; Flp. 1:3-5; 1 Tes. 1:8) Nkako, Paulo amaze kuvuga Perusi mw’ikete yandikiye ishengero ry’i Roma, yongeyeko ati: “Ya[ra]bize akuya cane mu Mukama.” (Rom. 16:12) Ese ukuntu uwo mushiki wacu w’umwizigirwa ategerezwa kuba yaranezerejwe n’ayo majambo yo kumukeza! Mu gukeza abandi, Paulo yarakurikije akarorero katanzwe na Yehova hamwe na Yezu.—Soma Mariko 1:9-11; Yohani 1:47; Ivyah. 2:2, 13, 19.
9. Ni kubera iki gukeza no gukezwa bituma mw’ishengero harushiriza kurangwa akanyamuneza?
9 Muri iki gihe, abakurambere na bo nyene baratahura akamaro ko kubwira abavukanyi babo ko babakengurukira. (Imig. 3:27; 15:23) Igihe cose umukurambere agize ico kintu, ni nk’aho aba abwiye abavukanyi biwe ati: ‘Narabonye ivyo wakoze. Ndakwitwararika.’ Kandi nta gukeka ko abo basangiye ukwemera bakeneye kwumva ayo majambo y’abakurambere abasubiriza umutima mu nda. Mushiki wacu umwe afise imyaka nka 55 yaravugiye benshi igihe yagira ati: “Ku kazi ni gake nkezwa. Nta gishika kihari kandi harangwa agatima ko guhiganwa. Igihe rero umukurambere ankeje ku bw’ikintu kanaka mba nakoreye ishengero, biranduhurira cane kandi bigatuma ndushiriza kugira udutege! Bituma niyumvamwo ko Data wa twese wo mw’ijuru ankunda.” Umuvukanyi umwe yireranye abana babiri na we nyene yumvise amerewe gutyo. Hari umukurambere aherutse kumukeza abikuye ku mutima. None vyagize ico bikoze gute kuri uwo muvukanyi wacu? Avuga ati: “Amajambo y’uwo muvukanyi yatumye niyumva ibiro vy’ukuri!” Egome, iyo umukurambere akeje abo basangiye ukwemera abikuye ku mutima, arabaremesha kandi agatuma barushiriza kugira akanyamuneza. Ivyo na vyo biratuma barushiriza kugira inkomezi zo kuguma bagendera mu nzira ijana mu buzima “ntibaruhe.”—Yes. 40:31.
“MURAGIRE ISHENGERO RY’IMANA”
10, 11. (a) Abakurambere bashobora gute gukurikiza akarorero ka Nehemiya? (b) Ni igiki kizofasha umukurambere gutanga ingabirano y’ivy’impwemu igihe aba yagendeye umuntu cungere?
10 Ni uburyo buhambaye cane ubuhe abakurambere bitwararikamwo abavukanyi babo maze bagatuma ishengero rirushiriza kugira akanyamuneza? Ni mu kwibwiriza gushikira abakeneye kuremeshwa. (Soma Ivyakozwe 20:28.) Igihe abakurambere babigize, baba biganye abungere bo mu buryo bw’impwemu ba kera. Raba nk’akarorero ivyo wa mucungezi w’umwizigirwa Nehemiya yakoze igihe yabona ko bamwebamwe mu bavukanyi biwe b’Abayuda bari bagoyagoye mu vy’impwemu. Iyo nkuru ivuga ko yaciye ahaguruka akabaremesha. (Neh. 4:14) Muri iki gihe, abakurambere bipfuza kubigenza gutyo nyene. ‘Barahaguruka,’ ari kwo kwibwiriza, kugira ngo bafashe abo basangiye ukwemera gushikama mu kwizera. Kugira ngo baremeshe umwumwe wese muri ubwo buryo, baragendera abavukanyi na bashiki babo mu ngo zabo bivanye n’ukuntu ibintu vyifashe. Igihe babagendeye cungere gutyo, baba bipfuza “[kubaha] ingabirano y’ivy’impwemu.” (Rom. 1:11) Ni igiki none kizofasha abakurambere kubigira?
11 Imbere y’uko umukurambere agendera umuntu cungere, arakeneye gufata akanya ko kwiyumvira ivyerekeye uwo muntu. Afise ingorane izihe? Ni ivyiyumviro ibihe vyomwubaka? Ni icanditswe canke ikintu cashikiye umuntu avugwa muri Bibiliya ikihe coba gihuye n’uko ivyiwe vyifashe? Ukwo kubanza kwiyumvira kuzofasha umukurambere kugiranira n’uwo muntu ikiyago kiri n’ico kivuze, atari ikiyago kidafashe. Mu gihe umukurambere aba yagendeye cungere abavukanyi na bashiki bacu, arabaha akaryo ko guserura akari ku mutima muri ico gihe nyene akabatega yompi. (Yak. 1:19) Mushiki wacu umwe yavuze ati: “Birahumuriza cane igihe umukurambere yumviriza n’umutima wiwe wose.”—Luka 8:18.
Kwitegura birafasha umukurambere ‘gutanga ingabirano y’ivy’impwemu’ igihe yagendeye umuntu cungere
12. Ni bande mw’ishengero bakeneye kuremeshwa, kandi kubera iki?
12 Ni bande bakeneye kugenderwa cungere? Paulo yahimirije abakurambere bakirisu bagenziwe “[kurinda] ubusho bwose.” Mu vy’ukuri, abagize ishengero bose barakeneye kuremeshwa, harimwo n’abamamaji be n’abatsimvyi baguma barangura ubusuku bwabo badahemuka uko umwaka utashe. Kubera iki bakeneye gufatwa mu mugongo n’abungere bo mu buryo bw’impwemu? Kubera ko bene abo bantu bakomeye mu vy’impwemu na bo nyene bishika bagahakwa kurengerwa n’imikazo iva kuri iyi si mbi. Kugira twerekane igituma n’umusavyi w’Imana akomeye mu vy’impwemu yoshobora rimwe na rimwe gukenera gufashwa na mugenziwe, nimuze turimbure ikintu cashitse mu buzima bw’Umwami Dawidi.
“ABISHAYI . . . AZA KUMUTABARA”
13. (a) Ni akaryo akahe Ishibi-benobu yafatiyeko mu bijanye na Dawidi? (b) Abishayi yashoboye gute gutabara Dawidi?
13 Haciye igihe gito wa musore Dawidi arobanuwe ngo abe umwami, yarahanganye na Goliyati, uno akaba yari umwe mu Barefayimu, ubwoko bw’ibigatanya. Uwo musore w’umutima rugabo Dawidi yarishe ico kigatanya. (1 Sam. 17:4, 48-51; 1 Ngo. 20:5, 8) Haciye imyaka, mu gihe Dawidi yariko ararwana n’Abafilisitiya, yarongeye guhangana n’ikindi kigatanya. Citwa Ishibi-benobu, na co nyene kikaba cari ico mu Barefayimu. (2 Sam. 21:16) Ico gihe hoho ico kigatanya carahatswe kwica Dawidi. Kubera iki? Ntikwari ukubera ko Dawidi yari yabuze umutima rugabo mugabo kwari ukubera ko inkomezi ziwe zari zagabanutse. Iyo nkuru igira iti: “Dawidi araruha.” Ishibi-benobu akimara kubona ko Dawidi afise intege nke, yaciye “yiyumvira ivyo kugarika Dawidi.” Mugabo, ico kigatanya kigira gicumite Dawidi, “Abishayi mwene Zeruwiya aca aza kumutabara maze agarika nya Mufilisitiya, aramwica.” (2 Sam. 21:15-17) Emwe, yavuye mu menyo y’ingwe! Ese ukuntu Dawidi ategerezwa kuba yarakengurutse kuba Abishayi yari yamugumijeko ijisho agaca ubwo nyene aza kumutabara igihe ubuzima bwiwe bwari mu kaga! Ni ivyigwa ibihe twokura kuri iyo nkuru?
14. (a) Ni igiki kidufasha gutsinda ingorane zimeze nka Goliyati? (b) Abakurambere bashobora gute gufasha abandi gusubira kugira inkomezi n’akanyamuneza? Tanga akarorero.
14 Hirya no hino kw’isi, twebwe abasavyi ba Yehova turarangura ubusuku bwacu naho Shetani n’abakozi biwe bashira intambamyi mu nzira ducamwo. Bamwebamwe muri twebwe barahanganye n’ingorane z’ibigatanya, mugabo kubera ko twihetse kuri Yehova bimwe bishitse, twararwanije ivyo bintu twokwita vya Goliyati maze turabitsinda. Ariko rero, rimwe na rimwe urugamba twama turwana n’imikazo iva kuri iyi si ruratuma turuha tukongera tugacika intege. Muri ico gihe c’intege nke, tuba duhakwa ‘kugarikwa’ n’imikazo twari gushobora gutsinda iyo tutaba tumerewe gutyo. Mu bihe nk’ivyo, imfashanyo ije ku gihe kibereye duhawe n’umukurambere irashobora kudufasha gusubira kugira akanyamuneza n’udutege, nk’uko abatari bake bavyiboneye. Umutsimvyi umwe afise imyaka nka 65 yiganye ati: “Mu gihe giheze, numva ntamerewe neza, kandi umurimo wo mu ndimiro waranduhisha. Umukurambere umwe yarabonye ko ntagira inkomezi maze aranyegera. Twaragiranye ikiyago kiremesha gishingiye ku canditswe kinaka. Narashize mu ngiro inama yangiriye, kandi vyarangiriye akamaro.” Yongeyeko ati: “Ese ukuntu biranga urukundo kuba uwo mukurambere yarabonye ubugoyagoye bwanje hanyuma akamfasha!” Egome, bireza umutima kumenya ko dufise abakurambere baguma badushinze ijisho babigiranye urukundo kandi baguma biteguriye ‘kuza kudutabara,’ nka kumwe kwa Abishayi wa kera.
“MUMENYE URUKUNDO NDABAFITIYE”
15, 16. (a) Ni kubera iki Paulo yakundwa cane n’abo bari basangiye ukwemera? (b) Ni kubera iki dukunda abakurambere bacu b’ishengero bitwararikana?
15 Kuba umwungere bisaba gukora cane. Birashika abakurambere bakarara maso bariko bariyumvira ubusho bw’Imana babijanisha n’isengesho canke bariko barafasha mu vy’impwemu abo basangiye ukwemera. (2 Kor. 11:27, 28) Naho ari ukwo, abakurambere bararangura ibanga ryabo bimwe bishitse kandi bahimbawe, nk’uko Paulo yabigize. Yandikiye Abakorinto ati: “Nzotanga ivyo mfise vyose mpimbawe rwose nongere nitange wese ku bwanyu.” (2 Kor. 12:15) Nkako, Paulo abitumwe n’urukundo yaritanze bimwe bishitse mu kubakomeza. (Soma 2 Abakorinto 2:4; Flp. 2:17; 1 Tes. 2:8) Ntibitangaje kuba abavukanyi baramukunda cane!—Ivyak. 20:31-38.
16 Na twebwe abasavyi b’Imana bo muri iki gihe turakunda abakurambere bacu bakirisu batwitwararika kandi turashimira Yehova mu masengesho dutura kuba yarabaduhaye. Baratuma turushiriza kugira akanyamuneza mu kutwitwararika. Turungukira ku kuba batugendera cungere. Vyongeye, turakenguruka kuba bama biteguriye kuza kudufasha mu bihe twumva turengewe n’imikazo iva kuri iyi si. Egome, abo bakurambere bakirisu bitwararikana, mu vy’ukuri ni ‘abakozi bagenzi bacu ku bw’akanyamuneza kacu.’
a Abo bavukanyi n’abo bashiki bacu nyene barabajijwe kandi ikibazo kigira giti: “Ni kamere iyihe ushima cane ku mukurambere?” Benshi cane muri bo bishuye bati: “Kuba yegereka.” Iyo kamere ihambaye izorimburwa mu yindi nomero y’iki kinyamakuru.