ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w15 1/7 rup. 15
  • Wari ubizi?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Wari ubizi?
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2015
  • Ivyo bijanye
  • Insyo zironsa umuntu umutsima
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2004
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2015
w15 1/7 rup. 15

WARI UBIZI?

Insyo z’amaboko zakoreshwa gute kera?

Insyo z’amaboko zarakoreshwa mu gusya intete kugira baronke ifu yo gukora imikate. Mu ngo nka zose, abagore be n’abasuku barasya buri musi. Mu bihe vya kera, urwamo rw’insyo cari ikintu kimenyerewe.​—Kuvayo 11:5; Yeremiya 25:10.

Akagenegene ko mu Misiri kerekana umuntu ariko arasya

Utugenegene twa kera two mu Misiri turerekana ingene basya. Intete bazishira ku rusyo. Uwuriko arasya yaca apfukama inyuma y’urwo rusyo, agafata ingasiro n’amaboko yompi, agaca atangura gusya. Igitabu kimwe kivuga ko ingasiro yapima hagati y’ibilo 2 na 4. Bayiteye umuntu yarashobora gupfa.​—Abacamanza 9:50-54.

Urusyo cari ikintu gikenerwa cane mu muryango ku buryo hari itegeko ryo muri Bibiliya ryabuza kurufata nk’ingwati. Mu Gusubira mu vyagezwe 24:6 havuga hati: “Nta n’umwe akwiye gufata bwa ngwati urusyo rw’amaboko canke ingasiro yarwo, kuko ubuzima ari bwo yoba afashe bwa ngwati.”

Imvugo ngo “mu gikiriza” isobanura iki?

Intumwa Yohani ari mu gikiriza ca Yezu kuri Pasika ya nyuma

Bibiliya ivuga ko Yezu ari “mu gikiriza ca Se.” (Yohani 1:18) Iyo mvugo yerekeza ku bucuti budasanzwe Yezu afitaniye n’Imana be no ku kuntu imutonesha. Ayo majambo aratwibutsa ingene Abayuda bicara bari ku meza.

Mu gihe ca Yezu, Abayuda bicara ku ntebe zimeze nk’uburiri zaba zikikuje imeza. Umwe wese yamera nk’uwuryamye yerekeje ku meza, yishimikije inkokora y’ukuboko kw’ukubamfu. Ivyo vyatuma ashobora gukoresha ukuboko kw’ukuryo ata ngorane. Kubera ko ababa bari ku meza bose baryamira ibubamfu bakurikirana, igitabu kimwe kivuga ko “umutwe w’umwe waba uri hafi y’igikiriza c’uwuri inyuma yiwe, bikaba vyavugwa rero ko ‘aryamye mu gikiriza’ ciwe.”

Kuryama mu gikiriza ca serugo canke c’uwateguye inzimano kaba ari agateka kadasanzwe. Ni co gituma kuri Pasika ya nyuma Yezu yahimbaje, “wa mwigishwa Yezu yakunda,” ni ukuvuga intumwa Yohani, ari we yari aryamye mu gikiriza ciwe. Yohani rero yarashoboye ‘kwegamira igikiriza ca Yezu’ kugira amubaze ikibazo.​—Yohani 13:23-25; 21:20.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika