Nugirire impuhwe “abantu b’uburyo bwose”
IGIHE Yezu yigisha abigishwa biwe ingene bokwamamaza inkuru nziza, yariyemereye ko abantu bose batokwakiriye neza ubutumwa bw’Ubwami. (Luka 10:3, 5, 6) Igihe turi mu busuku, twoshobora guhura n’abantu badukarira canke mbere badufata nabi. Ivyo rero vyoshobora gutuma bitugora kuguma tugirira impuhwe abo tubwira inkuru nziza.
Umuntu w’impuhwe arabona ivyo abandi bakeneye n’ingorane bafise, akabagirira ikibabarwe kandi akipfuza kubafasha. Ariko rero, nimba dutanguye kutagirira impuhwe abo duhura mu busuku, vyoshobora gutuma umwete wacu ugabanuka gutyo ntidushobore kubafasha nk’uko bikwiriye. Mugabo igihe dutsimbataje impuhwe, ni nk’aho tuba turiko turegenyeza inkwi mu ziko. Ivyo bica bituma tururumba umwete mu busuku!—1 Tes. 5:19.
None twotsimbataza gute impuhwe n’igihe bitaba vyoroshe? Nimuze turimbure uburorero butatu twokwigana, ni ukuvuga aka Yehova, aka Yezu be n’ak’intumwa Paulo.
NIWIGANE IMPUHWE ZA YEHOVA
Yehova aramaze imyaka ibihumbi yihanganiye iceyi izina ryiwe ryasizwe. Yamara rero, aguma “agirira ubuntu intashima n’ababisha.” (Luka 6:35) Ubuntu bwiwe bugaragarira mu kuntu yihangana. Yehova yipfuza ko “abantu b’uburyo bwose” bakizwa. (1 Tim. 2:3, 4) Naho yanka ububisha, abona ko abantu bafise agaciro cane kandi ntiyipfuza ko hagira n’umwe abura ubuzima.—2 Pet. 3:9.
Yehova arazi ko Shetani yahumye amaso abatemera. (2 Kor. 4:3, 4) Benshi bigishijwe ibinyoma kuva mu bwana, ivyo bikaba bituma bibagora kwemera ukuri. Yehova aripfuza cane gufasha abantu mwene abo. Ivyo tubizi gute?
Rimbura ukuntu Yehova yabona Abanyaninewe. Naho bari ababisha, Yehova yabwiye Yona ati: “Sinari nkwiye kwumvira akagongwe Ninewe ico gisagara gikomeye kirimwo abantu barenga ibihumbi ijana na mirongo ibiri batazi gutandukanya ukuryo n’ukubamfu?” (Yona 4:11) Yehova yaragiriye imbabazi Abanyaninewe ataco bari bazi ku bijanye na we. Yaciye rero arungika Yona kubaburira.
Nk’ukwo kwa Yehova, tubona abantu ko bari n’agaciro. Turashobora kumwigana mu kwihatira gufasha abo bose botwumviriza, naho twoba twiyumvira ko batovyakira neza.
NIWIGANE IMPUHWE ZA YEZU
Cokimwe na Se wiwe, Yezu yaragirira akagongwe abari bakeneye kumenya ivy’Imana. Bibiliya ivuga iti: “Abonye amasinzi, bamutera ikigongwe, kuko bari baratabaguwe, basabagiye nk’intama zitagira umwungere.” (Mat. 9:36) Yezu ntiyagarukira ku biboneka inyuma gusa. Yaratahura ko abaza kumwumviriza bari barigishijwe ibinyoma be n’uko bari barazimijwe n’indogozi zabo z’idini. Naho yari azi ko hari imvo zitandukanye zotumye benshi batakira neza ubutumwa bwiwe, ntiyaretse “kubigisha ibintu vyinshi.”—Mrk. 4:1-9.
Ntubabare igihe umuntu adashotse agaragaza ugushimishwa
Iyo ibintu bihindutse mu buzima, abantu barashobora kugira agatima ko kwakira ukuri
Igihe abantu batakiriye neza ubutumwa tubashiriye, turakwiye kutaraba ibiboneka inyuma gusa maze tukagerageza gutahura ikibituma. Bamwe bashobora kuba banegura Bibiliya be n’ivyerekeye abakirisu kubera ko hari abiyita abakirisu batigenza neza. Abandi bashobora kuba babwiwe ibinyoma ku bijanye n’ivyo twemera. Abandi na bo bashobora kuba batinya ko incuti zabo canke ababanyi babo bobatwenga hamwe bokwakira ubutumwa tubashiriye.
Hari abatakira neza ubutumwa bwacu kubera ibintu bibabaje cane vyabashikiye mu buzima. Umumisiyonari yitwa Kim avuga ati: “Mu gice kimwe co mu cibare cacu, abantu benshi barasinzikajwe n’intambara yatumye batakaza ivyo bari batunze vyose. Nta cizigiro ca kazoza bafise. Baribabariye kandi nta muntu n’umwe bacizigira. Muri ako gace, twama duhura n’abantu baterekwa ubutumwa bwacu. Igihe kimwe, barahatswe kungirira nabi ndi mu busuku.”
None ni igiki gifasha Kim kuguma agaragaza impuhwe naho bamufata nabi? Avuga ati: “Iyo bamfashe nabi, nca ngerageza kwibuka ibivugwa mu Migani 19:11, ahagira hati: ‘Ugutahura kwimbitse kw’umuntu ntikubura guhwamika ishavu ryiwe.’ Kwibuka ivyo abo bantu baciyemwo biramfasha kubagaragariza impuhwe. Kandi si bose batwakira nabi. Muri ako karere nyene, turahafise amasubirayo meza.”
Twokwibaza rero duti: ‘Iyaba ntazi ukuri, nokwakira gute abaje kumbwira ubutumwa bw’Ubwami?’ Nk’akarorero, dufate ko tumaze kubwirwa ibinyoma vyinshi ku vyerekeye Ivyabona vya Yehova. Hari aho na twebwe tutovyakira neza tukaba dukeneye ko batugaragariza impuhwe. Iyo twibutse ko Yezu yadutegetse gufata abandi nk’uko twipfuza ko badufata, biratuvyurira umutima wo kugaragaza impuhwe n’igihe bitoba vyoroshe.—Mat. 7:12.
NIWIGANE IMPUHWE ZA PAULO
Intumwa Paulo yaragaragariza impuhwe n’abamurwanya bivuye inyuma. Uti kubera iki? Ntiyibagira kahise kiwe. Yavuze ati: “Kera nari umurogosi, uwuhamana, nkaba n’umuntu atisonera. Yamara rero, naragiriwe imbabazi, kuko nari mu kutamenya kandi ngakorana ukutizera.” (1 Tim. 1:13) Yaratahura ko Yehova na Yezu bamugiriye imbabazi nyinshi. Birashoboka ko yatahura abo yabwira inkuru nziza kubera ko yari ameze nka bo ataramenya ukuri.
Rimwe na rimwe, Paulo yarahura n’abantu bumira cane ku nyigisho z’ikinyoma. None yaca avyifatamwo gute? Mu Vyakozwe 17:16 havuga ko igihe yari i Atene, “umutima wiwe [watewe] ishavu no kubona ingene ico gisagara cuzuye ibigirwamana.” Naho ari ukwo, yaciye afatira kuri ico kintu nyene kugira ashinge intahe. (Ivyak. 17:22, 23) Mu kwamamaza yafatira ku vyo abantu batandukanye baciyemwo kugira “uko bishoboka kwose [agire abo akiza].”—1 Kor. 9:20-23.
Turashobora kwigana Paulo mu kumenya ukuntu abo tubwira inkuru nziza bakunze kuvyakira be n’inyigisho zabo z’ikinyoma maze tukiga ubuhinga bwo kubabwira “inkuru nziza y’ikintu ciza kuruta.” (Yes. 52:7) Mushiki wacu yitwa Dorothy avuga ati: “Mu cibare cacu, abantu benshi bigishwa ko Imana ikaze kandi ko ikunda guhana abantu. Iyo mpuye n’abantu mwene abo, ndabakeza kubera bemera Imana mu nyuma ngaca ndabereka ivyo Bibiliya ivuga ku bijanye na kamere za Yehova ziranga urukundo be n’imihango yiwe ya kazoza.”
“UGUME UTSINDA IKIBI UKORESHEJE ICIZA”
Uko turushiriza kwegereza iherezo, turashobora kwitega ko bamwebamwe mu bo tubwira inkuru nziza “bazogenda barushiriza kuba babi.” (2 Tim. 3:1, 13) Ariko ivyo ntibikwiye kutubuza kugaragariza abandi impuhwe canke ngo bitume dutakaza umunezero. Yehova arashobora kuduha inkomezi kugira ‘tugume dutsinda ikibi dukoresheje iciza.’ (Rom. 12:21) Umutsimvyi yitwa Jessica avuga ati: “Kenshi ndahura n’abantu baticisha bugufi kandi badusuzugura, bagasuzugura n’ubutumwa bwacu. Ivyo birababaza. Iyo ntanguye kuyaga n’umuntu, ndasenga Yehova mu gacerere kugira amfashe kubona uwo muntu nk’uko amubona. Ivyo bituma ntibanda ku kuntu niyumva, ahubwo nyabuna nkazirikana ingene nomufasha.”
Tuguma turondera abafise agatima kabereye kotuma baronka ubuzima budahera
Igihe tugumye dufasha abantu twihanganye, hari abateba bakavyakira neza
Turakwiye kandi kuzirikana ingene tworemesha abo dukorana mu ndimiro. Jessica avuga ati: “Iyo bishitse umwe muri twebwe agashikirwa n’ikintu kibabaje mu busuku, ndagerageza kutagishirako umutima. Ahubwo riho, nca mpindukiza ikiyago ku bintu biremesha, nk’akarorero ivyiza biva mu busuku turangura, naho hari abatwakira nabi.”
Yehova arazi neza ingorane zidushikira mu busuku. Ese ukuntu ahimbarwa igihe twiganye imbabazi ziwe! (Luka 6:36) Ariko ntiwumve, Yehova ntazogaragaza impuhwe ibihe bidahera. Turashobora kwemera tudakeka ko azi igihe kibereye co gukuraho iyi si mbi. Mu kurindira ico gihe, turakwiye kwamamaza tubona ko ico gikorwa cihutirwa. (2 Tim. 4:2) Nimuze tubandanye kurangura igikorwa cacu n’umwete kandi tugaragariza impuhwe “abantu b’uburyo bwose.”