“[Nitu]be Abatunzi [m]u Bikorwa Vyiza”
1 Mu myaka ya nyuma y’ubusuku bwiwe, intumwa Paulo yarakoranye cane na Timoteyo hamwe na Tito. Yarabandikiye bompi amajambo asa yo kubaremesha. Yabwiye Tito yuko “abizeye Imana” bakwiye “[ku]gir[a] umwete wo kugumya gukora ibikorwa vyiza.” (Tito 3:8) Yabwiye Timoteyo yuko abashira ivyizigiro vyabo ku Mana bakwiye “[kuba] abatunzi [m]u bikorwa vyiza.” (1 Tim. 6:17, 18) Ese ingene ari impanuro nziza kuri twese! Ariko none ni igiki kizotuvyurira umutima wo gukora ibikorwa vyiza mu buzima bwacu? Kandi ni ibikorwa ibihe bitomoye dukwiye gukora mu misi iri imbere?
2 Ikituvyurira umutima wo kuba abatunzi mu bikorwa vyiza, kiva ku kuba twemera Yehova no ku rukundo tumukunda hamwe no ku cizigiro c’agatangaza yaduhaye. (1 Tim. 6:19; Tito 2:11) Canecane muri iki gihe c’umwaka, tuributswa yuko Yehova yarungitse Umwana wiwe kw’isi kugira ngo Yezu ashobore kumenyekanisha Se wiwe yongere aronse abantu babibereye ubuzima budahera. (Mat. 20:28; Yoh. 3:16) Ivyo bizotomorwa neza kw’ihimbazwa ry’Icibutso c’urupfu rwa Kirisitu rizoba ku wa 28 Ntwarante. Mu kwitabira icizigiro dufise c’ukuzoronka ubuzima budahera, ntibituvyurira none umutima wo gukora ivyo dushoboye vyose kugira ngo “[t]ube abatunzi [m]u bikorwa vyiza”? Cane nyene! Ni igikorwa ikihe dukwiye gukora ubu?
3 Ibikorwa Vyiza vyo Gukora mu Kwezi kwa Ntwarante no mu Mezi Azokurikira: Nta nkeka tuzokwitaba Icibutso—rwa rubanza rwo mu mwaka ruhambaye kuruta izindi kw’isi yose rw’Ivyabona vya Yehova. (Luka 22:19) Ariko dushaka gusangira umunezero w’ico gihe n’abantu benshi bashoboka. Nutereze akajisho kuri raporo y’umurimo iri mu Munara w’Inderetsi wo ku 1 Nzero 2002, maze uzobona yuko mu mwaka uheze mu bihugu vyinshi hirya no hino kw’isi, abitavye Icibutso baruta incuro zitatu, zine, zitanu canke zirenga igitigiri c’abamamaji. Nta nkeka ivyo vyasavye akigoro gakomeye ku bagize ishengero bose kugira ngo bakwiragize hose ubutumire bw’Icibutso mu vyibare vyabo. Ku bw’ivyo, dushaka kumara umwanya munini uko dushoboye kuva muri iki kiringo gushika ku wa 28 Ntwarante dutumira abantu ku Cibutso, mu kubafasha kwiga ivyerekeye icizigiro c’ubukiriro.
4 Twoshobora gute kwerekana yuko turi “abatunzi [m]u bikorwa vyiza” muri iki kiringo c’Icibutso? Ni mu kubandanya kugira uruhara mu buryo buranga igishika mu gikorwa co kwamamaza inkuru nziza, mu kugira “ishaka ry’ibikorwa vyiza.” (Tito 2:14; Mat. 24:14) Nimba udashoboye gukora ubutsimvyi bw’ugufasha muri Ntwarante, woba woshobora kubukora muri Ndamukiza be no muri Rusama canke kumwe muri ayo? Nimba uriko urakora ubutsimvyi muri Ntwarante, urashobora kubandanya?
5 Abakozi bamwebamwe barasanga bashobora kumara nk’isaha canke irengako mu nzira bagiye ku kazi, bakagenda barashinga intahe mu nzira canke bakaganira n’abantu bakora ku mamangazini aba yuguruye kare mu gitondo. Abandi baragira urutonde rwo gukoresha akanya k’isaha yo gufungura mu gushinga intahe. Bamwe basanze bishoboka ko barongorera inyigisho ya Bibiliya uwo bakorana muri ico gihe. Abavukanyikazi benshi bakora ibikorwa vy’i muhira barashoboye gushira ku ruhande akanya ko kuja mu busuku bwo mu ndimiro mu gihe abana babo baba bari kw’ishure. Mu kuvyuka hakiri kare imisi imwimwe kugira ngo bakore ibikorwa vyabo vya misi yose vy’i muhira, bararushiriza kuronka umwanya w’igikorwa co kwamamaza n’ukwigisha mu kiringo c’umusi.—Ef. 5:15, 16.
6 Nimba naho udashoboye gukora ubutsimvyi bw’ugufasha, vyoshoboka yuko ushobora kwigirira urutonde rwawe kugira ngo urushirize kugire uruhara mu busuku, mu gukora ivyo ushoboye vyose kugira ngo ‘ukore iciza, ube umutunzi mu bikorwa vyiza, ube n’umunyabuntu, agabirije gushikiriza’ ukuri abandi.—1 Tim. 6:18.
7 Nimwibuke Igikorwa Ciza c’Uguhindura Abantu Abayoboke: Uko umwaka utashe, harabaho abashimishijwe baza ku Cibutso. Vyoba vyoshoboka kuri bamwebamwe mw’ishengero ko bitwararika abitavye Icibutso ariko bakaba ubu batariko bariga Bibiliya? Boba boshobora kugenderwa mu ntumbero yo kubafasha ngo bagire iterambere mu vy’impwemu? Vyoshoboka yuko bamwebamwe mu bitavye Icibutso baba incuti z’Ivyabona. Abandi bashobora kuba ari abantu bize kera yamara bakaba bakeneye indemesho kugira ngo basubire kwiga no kwitaba amakoraniro badahorereza. Ese umunezero twogira kubona bacika abasuku ba Yehova b’abanyamwete bifatanije natwe!
8 Igihe twokwongereza uruhara mu busuku muri Ntwarante no mu mezi azokurikira, turashobora rwose kuronka abantu bashimishwa benshi twosubira kugendera. Gerageza kubasigira ikibazo. Maze usezerane kuzocishura ugarutse kubagendera. Tubigenjeje gutyo, tuba duteguye inzira yo gusubira kubagendera. Birushiriza kuba vyiza, dusubiye kubagendera tudatevye. Nimba tutashoboye gutanguza inyigisho ya Bibiliya ku musi wa mbere tubagendeye, twoshima kugerageza gutanguza imwe ku musi wa vuba dusubiye kumugendera asangwa bishoboka.
9 Igihe twiyemeje gushinga intahe mw’ibarabara, dukwiye kugumiza ku muzirikanyi kugerageza gutanguza ibiganiro n’abantu. Abamamaji benshi barahawe amazina, aderese be n’inomero za telefone babihawe n’abantu bashimishijwe bahuriye mu nzira bagiye ku kazi. Nimba uwo muntu mwabonanye ataba mu cibare canyu, nurondere ya fomu (S-43) itaziriwe ngo: “Turagusavye Ugendere Abantu Bashimishijwe” ku Ngoro y’Ubwami, uyuzuze, maze uyihe umunyamabanga w’ishengero, nawe azoca ayishikiriza ishengero rikukira ico cibare uwo muntu abamwo. Nimba umunyamabanga adashoboye kubigira, azovyungururiza kw’ishami kugira ngo ribikore. Muri ubwo buryo, ugushimishwa kurashobora gutsimbatazwa.
10 Nimba habonetse inomero za telefone ariko akaba ata aderese ibonetse, nusubire kumugendera mu gutelefona uwo muntu. Nutegure imbere y’igihe ivyo ushaka ko muganira. Niwifashishe igitabu Comment raisonner (ari co Kutoa Sababu) kugira ngo woroherwe n’irabiro. Nimba yerekanye ko ashimishijwe nuko mwobandanya kuganira, numusabe aderese y’aho aba kugira ngo ashobore kugenderwa i muhira nimba bishoboka.
11 Nimukorane n’Abakurambere mu Gufasha Abahororokewe: Abakurambere barashima cane kwitwararikana urukundo abahororokewe. Igitigiri kitari gito c’abo, bibavuyeko ubwabo, baramaze gusubira kwitaba amakoraniro y’ishengero. Barategera ko bakeneye kwifatanya n’ishirahamwe rya Yehova kugira ngo baronke ubwugamo bwo mu buryo bw’impwemu budondorwa muri Zaburi ya 91. Bamwe muri bo ubu baramaze gusubira kugira uruhara mu murimo wo mu ndimiro. Nimba abandi bahororokewe bitavye Icibutso muri uku kwezi, boshobora kwemera kugirirwa inyigisho ya Bibiliya ku giti cabo. Mu gihe vyoba ari ukwo, abakurambere bazotunganya ivy’uko hagira umuntu yigana n’abo bipfuza imfashanyo. Nimba usabwe gusahiriza muri ubwo buryo, agatima ko gufasha uzogaragaza kazoshimwa cane.—Rom. 15:1, 2.
12 Nimugume ‘Mukora Ibikorwa Vyiza’: Abagize uruhara mu murimo w’ubutsimvyi bw’ugufasha mu kwezi kumwe canke arenga, benshi barabonye yuko igikorwa cabo co mu ndimiro congerekanye mu mezi yakurikiye. Barahuye n’abantu bashimishijwe bumva ko bakeneye gusubira kubagendera. Ivyo vyabavyuriye umutima wo kugira akigoro kadasanzwe ko kurushiriza gusohoka mu murimo wo mu ndimiro kenshi kugira ngo basubire kubonana n’abashimishijwe. Bamwe baratanguje inyigisho, kandi ivyo vyarabafashije kugira uruhara mbere rurushirije mu busuku.
13 Abandi baracabandanya kuronka umunezero mwinshi mu gukora cane mu kwamamaza no guhindura abantu abayoboke bikaba bibavyurira umutima wo kurimbura ivyo bashira imbere. Ico bivamwo ni uko bamwe bashoboye guhagarika akazi ko mw’isi maze bacika abatsimvyi bafasha badahagarika. Abandi vyarabashobokeye ko binjira mu murimo w’ubutsimvyi busanzwe. Vyatumye barushiriza gushira ivyizigiro vyabo ku Mana mu buryo bushitse rwose atari ku bintu iyi si itanga. Barabonye yuko kuba “umunyabuntu, akunda gutanga,” vyabazaniye imihezagiro myinshi iva kuri Yehova kandi birakomeza icizigiro cabo co kunezererwa “ubu[zima] nyakuri” (1 Tim. 6:18, 19) Birumvikana, igihe benshi bakoze umurimo w’ubutsimvyi, ishengero ryose rirahungukira. Abatsimvyi bama bagabirije kuganira ku vyo babonye bakongera bagasaba abandi kugira ngo bifatanye na bo mu murimo, kandi ivyo biratuma akayaga k’ivy’impwemu gakura mw’ishengero.
14 Ese twese twoba “abatunzi [m]u bikorwa vyiza” muri iki kiringo c’Icibutso n’inyuma yaho mu kwongereza uruhara tugira mu busuku bwacu bwa gikirisu. Nimuze tugaragaze ko dukenguruka ku vyo Yehova yadukoreye mu kuduha icizigiro c’ukubaho ibihe bidahera mw’isi nshasha izobamwo ukugororoka.—2 Pet. 3:13.