Igice ca 1: Kurongora inyigisho za Bibiliya zitera imbere
Inyigisho ya Bibiliya ni iki?
1 Kw’isi yose, abasavyi b’Imana bararongora inyigisho za Bibiliya nk’imiliyoni zitandatu uko ukwezi gutashe. Dukoresheje uburyo bwiza bwo kwigisha, turashobora gufasha abo batohoji ba Bibiliya gutera imbere bagashika ku kwiyegura no ku kubatizwa, bakongera bakaba ‘abashoboye kwigisha abandi’ (2 Tim. 2:2). Woba woshima gufasha uwo mwigana Bibiliya kugira iterambere nk’iryo? Guhera kuri iyi nomero, Igikorwa dukorera Ubwami kizoba kirimwo urukurikirane rw’ibiganiro bisigura imice y’ishimikiro ifasha kurongora inyigisho za Bibiliya zitera imbere.
2 Ni ryari woshira inyigisho ya Bibiliya kuri raporo: Igihe ugiranira n’umuntu ibiganiro bishingiye kuri Bibiliya udahorereza kandi mu buryo buri ku rutonde, naho vyoba ari bigufi, mukoresheje Bibiliya na kimwe mu bisohokayandikiro dusabwa gukoresha, uba uriko urarongora inyigisho ya Bibiliya. Ivyo ni uko biri, n’igihe iyo nyigisho yoba irongorerwa imbere y’umuryango canke kuri telefone. Iyo nyigisho yoshobora gushirwa kuri raporo igihe iba yarongowe incuro zibiri inyuma y’aho mumariye kugira icigwa c’akarorero co kumwereka ingene bigenda, kandi hakaba hariho ivyemeza ko iyo nyigisho izobandanya.
3 Agatabu Ni Ibiki Imana Idusaba? hamwe n’igitabu Ubumenyi ni vyo bisohokayandikiro bikoreshwa mu kurongora inyigisho za Bibiliya zitari nke. Umuntu amaze guheza ivyo bitabu, nimba bigaragara yuko ariko aratera imbere, naho yoba atera imbere bukebuke, kandi akaba yerekana ko akenguruka ivyo ariko ariga; muri ico gihe iyo nyigisho irashobora kubandanirizwa mu gitabu Senga Imana. Agatabu Urashobora Kuba Umukunzi w’Imana karashobora gukoreshwa mu kwigana n’abantu bize amashure make be n’abatazi gusoma neza.
4 Igikorwa co kwigisha Bibiliya carabaye ngirakamaro mu gufasha abantu amamiliyoni kugira bahinduke abigishwa ba Yezu Kirisitu (Mat. 28:19, 20). Ushize mu ngiro inama zitangwa mu rukurikirane rw’ibiganiro bigiye kuza, urashobora kurongora inyigisho ya Bibiliya itera imbere.