Umuhora wacu wo kuri Internet wemewe—Nuwukoreshe mu kwiyigisha no mu nyigisho y’umuryango
Nusome ibinyamakuru vya vuba kuri Internet: Nusome ibinyamakuru Umunara w’Inderetsi na Be maso! kuri Internet hagisigaye amayinga nk’angahe ngo bishike mw’ishengero. Niwumvirize ibiganiro vyo muri ivyo binyamakuru vyafashwe amajwi.—Nuce ahanditse ngo “ Publications ” hanyuma “ Revues. ”
Nusome ibiganiro biboneka gusa kuri Internet: Ibiganiro bimwebimwe nk’ibi bivuga ngo “Ku bw’urwaruka,” “Ivyigwa vyanje vya Bibiliya,” “Abagize umuryango bavyihwereze hamwe,” be na “Urwaruka ruribaza,” ubu biboneka gusa ku muhora wacu wa Internet. Nuje kuri uwo muhora maze urimbure bimwe muri ivyo biganiro igihe wiyigisha canke igihe mugira inyigisho y’umuryango.—Nuce ahanditse ngo “ La Bible et vous ” hanyuma “ Enfants ” canke ahanditse ngo “ La Bible et vous ” hanyuma “ Adolescents. ”
Numenye amakuru ya vuba: Nusome amaraporo aremesha be n’ivyabonywe biremesha, wongere urabe amavidewo yerekana ukuntu igikorwa cacu kiriko kiratera imbere kw’isi yose. Amakuru ajanye n’ivyago vy’ivyaduka be n’uruhamo arashobora kudufasha kuvuga tudomako igihe dusenga dusabira abavukanyi bacu baba bashikiwe n’izo ngorane. (Yak. 5:16)—Nuce ahanditse ngo “ Actualités. ”
Nugire ubushakashatsi ukoresheje Bibliothèque en ligne: Nimba ico cegeranyo c’amayagwa kiboneka mu rurimi rwanyu, nukoreshe orodinateri canke agakoresho ngendanwa mu gusoma icanditswe c’umusi kuri Internet canke mu kugira ubushakashatsi mu bisohokayandikiro vyacu bimwebimwe vya vuba.—Nuce ahanditse ngo “ Publications ” hanyuma “ Bibliothèque en ligne, ” canke wandike www.wol.jw.org mu kumba kandikwamwo umuhora urondera.
[Igicapo ku rup. 4]
(Ushaka igisomwa cose, raba ico gitabu)
Bigerageze
1 Nufyonde kw’ifoto canke ahanditse ngo “ Télécharger. ” Iyo foto iteguwe muri bwa buryo bita PDF. Nuyicapure maze umwana wawe akore ibiri kuri yo.
2 Nufyonde ahari akamenyetso kerekana aho bafyonda mu kuvuza kugira urabe ividewo.