Ingene twokoresha agatabu Inkuru nziza iva ku Mana
Agatabu gashasha kagenewe kudufasha kugira amasubirayo no gutanguza inyigisho za Bibiliya
1. Ni agatabu gashasha akahe kasohowe kw’Ihwaniro ry’intara ryataziriwe ngo “Zigama umutima wawe!” kagenewe kudufasha kugira amasubirayo no gutanguza inyigisho za Bibiliya?
1 Kuri rya Hwaniro ry’intara ryataziriwe ngo “Zigama umutima wawe!” twarahimbawe no kuronka agatabu gashasha kazodufasha kugira amasubirayo no gutanguza inyigisho za Bibiliya. Agatabu Inkuru nziza iva ku Mana kameze nka kamwe kasubiriye, ari ko Ni Ibiki Imana Idusaba?, mu buryo bw’uko ivyigwa bikagize ari bigufi. Ivyo bizotuma dushobora gukoresha ako gatabu mu kuyobora inyigisho za Bibiliya duhagaze imbere y’umuryango. Yamara, mu gihe agatabu Ni Ibiki Imana Idusaba? kavuga ibijanye n’ibintu umukirisu asabwa, ibishobora kuba bigora abatohoji bashasha kwemera, ako gatabu gashasha ko gashimika ku nkuru nziza iboneka muri Bibiliya.—Ivyak. 15:35.
2. Kubera iki agatabu Inkuru nziza kateguwe?
2 None kubera iki ako gatabu kateguwe? Abavukanyi bo hirya no hino kw’isi barasavye ko hoboneka igikoresho coroshe cotuma abantu bakwegerwa n’ukuri kandi cobacira inzira yo kwiga igitabu Ivyo Bibiliya yigisha, igikoresho nyamukuru dusanzwe dukoresha mu kuyobora inyigisho za Bibiliya. Abantu babona ko batokwiga igitabu akenshi usanga bemera kwiga Bibiliya bakoresheje agatabu. Vyongeye, agatabu karoroshe cane guhindura mu ndimi nyinshi.
3. Ako gatabu gatandukaniye he n’ibindi bisohokayandikiro vy’ukwiga?
3 Ingene gatunganijwe: Vyinshi mu bisohokayandikiro vyacu vy’ukwiga vyanditse ku buryo umuntu ashobora kubisoma kandi agatahura ukuri, ata wumufashije. Ako gatabu ko si ko kameze. Kanditswe nk’igikoresho umuntu akoresha mu kwiga Bibiliya abifashijwemwo n’umwigisha. Ku bw’ivyo, igihe tugahaye umuntu, vyoba vyiza turimburiye hamwe na we ingingo imwe canke zibiri. Ingingo ni ngufi, akaba ari co gituma zishobora kurimburwa umuntu ahagaze imbere y’umuryango canke ari aho akorera. Naho icigwa ca 1 ari co ciza co guherako, twoshobora gutanguza inyigisho ku cigwa ico ari co cose co muri ako gatabu.
4. Ni gute ako gatabu kadufasha kwigisha umuntu ivyo yisomeye muri Bibiliya?
4 Mu bisohokayandikiro vyacu vyinshi, usanga inyishu z’ibibazo vyanditse zishobora kuboneka mu ngingo. Ariko rero, muri ako gatabu, inyishu ziboneka canecane muri Bibiliya. Abantu benshi usanga bipfuza kwiga ikintu bacisomeye muri Bibiliya aho kuciga bagisomye mu gisohokayandikiro. Ku bw’ivyo, ivyanditswe nka vyose vyatanzwe ntivyasubiwemwo mu majambo. Bitegerezwa gusomwa muri Bibiliya ubwayo. Ivyo birafasha abatohoji kubona ko ivyo bariko bariga biva ku Mana.—Yes. 54:13.
5. Kubera iki bihambaye ko umwigisha yitegurira neza buri nyigisho?
5 Ako gatabu ntigasigura ivyanditswe vyose. Uti kubera iki? Kagenewe kuremesha umutohoji kubaza ibibazo be no gutuma umwigisha akoresha ubushobozi bwiwe bwo kwigisha. Ku bw’ivyo, birahambaye kwitegurira neza buri nyigisho. Uriyubara kuri iki kintu: Ntuvuge menshi. Turakunda gusigura Ivyanditswe. Ariko akenshi turashika ku bintu vyiza kuruta iyo turetse umutohoji agasigura ico yiyumvira ko icanditswe gisobanura. Mu gukoresha ibibazo tubigiranye ubugenge, turashobora kumufasha kuzirikana ico icanditswe kimwekimwe cose gisobanura.—Ivyak. 17:2.
6. Twokoresha gute ako gatabu (a) aho abantu bakekeranya ku bijanye n’Imana be na Bibiliya? (b) igihe twamamaza inzu ku nzu? (c) igihe dutanguza inyigisho za Bibiliya dukoresheje bwa buryo burashe? (d) igihe dusubiye kuraba abashimishijwe?
6 Cokimwe n’ibindi bisohokayandikiro dukoresha mu kuyobora inyigisho, ako gatabu karashobora gushikirizwa igihe cose, naho katoba kari mu bishikirizwa muri ukwo kwezi. Benshi bazoshima kugakoresha muri bwa buryo burashe bwo gutanguza inyigisho mu gusaba umuntu ko bokwiga Bibiliya, bahagaze imbere y’umuryango. Vyongeye, nk’uko vyavuzwe kw’ihwaniro ry’intara, kugakoresha igihe umuntu asubiye kuraba abashimishijwe “[bi]rashobora vy’ukuri gutuma umuntu aryoherwa no kugira amasubirayo!”—Raba inzitiro ziri ku rupapuro rwa 5 gushika ku rwa 7.
7. Ushobora gute kuyobora inyigisho ya Bibiliya ukoresheje ako gatabu?
7 Ingene inyigisho yoyoborwa: Twoshobora gutangura ikiganiro mu gusoma ikibazo kiriko inomero canditse mu ndome zizize. Ubukurikira, nimusome ingingo be n’icanditswe canke ivyanditswe vyanditse mu ndome zihengamye. Ubigiranye ubugenge, nukoreshe ibibazo kugira ngo ufashe uwo muyaga gutahura ico ivyanditswe bisobanura. Hanyuma, imbere y’uko muja ku ciyumviro gikurikira, nusabe uwo muyaga kwishura ikibazo canditse mu ndome zizize, kugira ngo wiyemeze ko yatahuye. Mu misi ya mbere, vyoba vyiza murimbuye ikibazo kimwe gusa mu bibazo vyanditse mu ndome zizize. Buhorobuhoro, twoshobora kwongerereza ivyo twiga tugashika aho twiga icigwa cose.
8. Wovuga iki igihe ugomba gusoma icanditswe, kandi kubera iki?
8 Ivyanditswe biri kumwe n’akajambo “soma” ni vyo ahanini vyishura inyishu y’ikibazo canditse mu ndome zizize. Igihe ugomba gusoma icanditswe, niwirinde kuvuga ngo “Intumwa Paulo yanditse iti” canke ngo “Raba ivyo Yeremiya yavuze imbere y’igihe.” Uwo muriko murayaga yohava yiyumvira ko turiko dusoma amajambo y’abantu basanzwe. Vyoba vyiza kuruta uvuze ngo “Ijambo ry’Imana rivuga riti” canke ngo “Raba ivyo Bibiliya yavuze imbere y’igihe.”
9. Ivyanditswe vyose vyatanzwe vyoba bikwiye gusomwa mu gihe c’inyigisho?
9 Twoba dukwiye gusoma ivyanditswe vyose vyatanzwe canke twosoma gusa ibiri kumwe n’akajambo “soma”? Vyovana n’uko ibintu vyifashe. Nta canditswe na kimwe kirimwo kidafise ico kimaze. Buri canditswe cose kirimwo amakuru ahambaye yoganirwako. Ariko rimwe na rimwe, igihe umutohoji adafise umwanya ukwiye, atashimishijwe, canke adasoma neza vyoshobora gutuma dusoma gusa ivyanditswe biri kumwe n’akajambo “soma”.
10. Ni ryari twokwimukira mu gitabu Ivyo Bibiliya yigisha?
10 Igihe co kwimukira mu gitabu Ivyo Bibiliya yigisha: Tumaze kuyaga akatari gake kandi tukaba twiga tudahorereza, twoshobora guhitamwo kwimukira mu gitabu Ivyo Bibiliya yigisha canke tukabandanya mu gatabu Inkuru nziza gushika tukarangije. Abamamaji ni bo bokwihitiramwo igihe ciza co kwimukira muri ico gitabu. Igihe twimukiye mu gitabu Ivyo Bibiliya yigisha, twoba twoca tugihera ku ntango? Nta mategeko ariho kuri ivyo. Abantu baratandukanye. Yamara, abatohoji batari bake boshobora kwungukira ku gusubira kurimbura vya vyiyumviro nyene mu buryo burushirije kuba ubwimbitse hakoreshejwe igitabu Ivyo Bibiliya yigisha.
11. Kubera iki dukwiye gukoresha neza ako gatabu?
11 Muri ino si aho abantu batamenyereye kwumva nkuru nziza, turafise agateka gakomeye ko kwamamaza inkuru nziza kuruta izindi zose, y’uko Ubwami bw’Imana ubu buganza be n’uko vuba buzotunganya isi nshasha aho abagororotsi bazokwibera! (Mat. 24:14; 2 Pet. 3:13) Turizigiye tudakeka ko benshi mu bumva ubwo butumwa bazovuga nk’aya majambo ngo: “Ewe kuntu biteye igomwe ku misozi ibirenge vy’uwuzanye inkuru nziza, uwamamaza amahoro, uwuzanye inkuru nziza y’ikintu ciza kuruta, uwamamaza ubukiriro, uwubwira Siyoni ati: ‘Imana yawe icitse umwami!’ ” (Yes. 52:7) Ese twokoresha ako gatabu gashasha mu gushira inkuru nziza iva Imana abantu banyotewe bo mu cibare cacu!
[Uruzitiro ku rup. 5]
Aho abantu bakekeranya ku bijanye n’Imana be na Bibiliya:
● Mu turere tumwetumwe, abamamaji basanze amajambo ngo “Imana” na “Bibiliya” atuma ikiyago gihagarara. Muri ico gihe, vyoba vyiza igihe tugendeye umuntu ari ryo rya mbere tuganiriye ku biganiro biraje ishinga abantu bo ng’aho, nk’akarorero kuba abantu bakeneye ubutegetsi bwiza, aho twokura imfashanyo ngirakamaro ku miryango canke ico kazoza katubikiye. Kumbure twokwereka umuntu agatabu Inkuru nziza tumaze kuganira akatari gake ku bijanye n’igituma tuzi ko Imana ibaho be n’igituma Bibiliya ari iyo kwizigirwa.
[Uruzitiro ku rup. 6]
Igihe twamamaza inzu ku nzu:
● “Ndakugendeye kugira ngo ndakwereke ukuntu vyoroshe kumenya ico Imana yiyumvira ku bijanye na kazoza k’abantu. Woba umaze kwibaza nimba Imana izodukurako imibabaro? [Rindira yishure.] Aka gatabu karerekana ahantu muri Bibiliya wokura inyishu y’ico kibazo. [Numuhe aka gatabu, maze musome ingingo ya mbere mu cigwa ca 1, mwongere musome Yeremiya 29:11.] Uravye ibi duhejeje gusoma, woba ubona ko kuba Imana itwipfuriza kazoza keza ari ikintu cumvikana? [Rindira yishure.] Ubishimye, wogumana aka gatabu. Ubukurikira, tuzorimbura ingingo ya kabiri kugira turabe inyishu Bibiliya itanga kuri iki kibazo: ‘Ni gute Imana izokuraho ibintu bituma abantu bagira imibabaro?’ ” Nimba uwo muganira asa n’uwufise umwanya igihe umugendeye ari ryo rya mbere, mwoshobora gusoma no kuganira ku ngingo ya kabiri be n’ivyanditswe bitatu vyo muri Bibiliya biri kumwe na yo. Nimuhane isango ry’aho uzogarukira kugira muganire ku kibazo ca kabiri co muri ico cigwa.
● “Abantu benshi barakunda gusenga, na canecane igihe baba bari mu ngorane. Woba uhora usenga? [Rindira yishure.] Woba wiyumvira ko Imana yumviriza amasengesho yose, canke hariho amasengesho idashima? [Rindira yishure.] Aha ndafise agatabu kerekana ingene umuntu yotora inyishu Bibiliya itanga kuri ivyo bibazo. [Numuhe ako gatabu, maze murabire hamwe ingingo ya mbere yo ku cigwa ca 12 be n’icanditswe kiri kumwe n’akajambo “soma”.] Wumva bitanezereje kwumva ko Imana ifise umutima ukunze wo kutwumviriza? Ariko kugira ngo twungukire bimwe vyuzuye kw’isengesho, bisaba ko tumenya Imana neza. [Nuzingurure ku cigwa ca 2 maze umwereke udutwe dutoyi.] Nimba ubishaka, nogusigira kano gatabu, maze ikindi gihe tukazosoma inyishu Bibiliya itanga kuri ibi bibazo bishimishije.”
● “Ndakugendeye kubera abantu barajwe ishinga no kumenya iyo iyi si iriko iraja. Woba wibaza ko hazogera igihe ibintu bikamera neza? [Rindira yishure.] Abantu benshi baratangazwa no kumenya ko Bibiliya irimwo inkuru nziza ituma tugira icizigiro. Ng’ibi ibibazo bimwebimwe Bibiliya yishura.” Numuhe ako gatabu, maze umusabe guhitamwo ikibazo kimushimisha mu biri ku rupapuro rwa nyuma rw’ako gatabu. Nuce uzingurura kuri ico cigwa, maze umwereke ingene inyigisho igirwa. Nimuhane isango ry’aho uzogarukira kugira murimbure ikibazo gikurikira muri ico cigwa.
[Uruzitiro ku rup. 7]
Nugerageze uburyo burashe bwo gusaba umuntu ko mwokwiga Bibiliya:
● “Nciye ng’aha kugira ndakubwira ibijanye n’uburyo bushasha bwo kwiga Bibiliya. Aka gatabu kagizwe n’ivyigwa 15 vyerekana ahantu muri Bibiliya wosanga inyishu z’ibibazo bihambaye. [Numwereke igipfukisho c’ako gatabu, imbere n’inyuma.] Woba umaze kugerageza gutahura ivyo Bibiliya ivuga? [Rindira yishure.] Reka ndakwereke ukuntu ibi vyigwa vyoroshe. [Nimurimbure ingingo ya mbere y’ikibazo ca 3 mu cigwa ca 3, maze muce musoma Ivyahishuwe 21:4, 5. Nimba bibereye, nimurimbure ingingo ikurikira be n’ivyanditswe biri kumwe n’akajambo “soma”.] Ubishatse, woshobora kugumana aka gatabu. Tukuremesheje kugerageza kwiga Bibiliya n’imiburiburi rimwe. Bikuryoheye, woshobora kubandanya. Rero, ubukurikira tuzorimbura icigwa ca mbere. Urabona ko kiri ku rupapuro rumwe gusa.”
[Uruzitiro ku rup. 7]
Kugakoresha igihe ugira amasubirayo:
● Igihe usubiye kugendera umuntu yerekanye ugushimishwa, woshobora kuvuga uti: “Ndahimbawe no gusubira kukubona. Ndakuzaniye aka gatabu gatanga inyishu zishingiye kuri Bibiliya z’ibibazo vyinshi bishimishije. [Numuhe ako gatabu, maze umusabe kuraba ku rupapuro rwa nyuma.] Muri ibi bibazo ni ikihe kigushimisha kuruta ibindi? [Rindira yishure. Nuce uzingurura ku cigwa yahisemwo.] Reka nkwereke ukuntu ako gatabu gashobora gukoreshwa kugira ngo umuntu aronke inyishu Bibiliya itanga.” Numwereke ingene inyigisho igirwa mu kuganira na we ingingo imwe canke zibiri be n’ivyanditswe biri kumwe n’akajambo “soma” vyanditse mu ndome zihengamye. Erega aho wamaze gutanguza inyigisho ya Bibiliya! Nusigire uwo muntu ako gatabu, maze muhane isango ry’aho uzogarukira. Muhejeje icigwa, mwoshobora kuganira ku kindi cigwa yahisemwo canke mugahera ako gatabu ku ntango.