ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • km 3/14 rup. 2
  • Woba utazogisha ako karyo?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Woba utazogisha ako karyo?
  • Igikorwa dukorera Ubwami—2014
  • Ivyo bijanye
  • Tugaragaze ko dukenguruka ingabirano ihambaye kuruta izindi zose Imana yatanze
    Igikorwa dukorera Ubwami—2010
  • Twerekane ko dukenguruka
    Igikorwa dukorera Ubwami—2011
  • “Muragume mugira ibi”—Icibutso kizohimbazwa ku wa 5 Ndamukiza
    Igikorwa dukorera Ubwami—2012
  • ‘Urukundo Kristu afise ruratugobera’
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2023
Ibindi
Igikorwa dukorera Ubwami—2014
km 3/14 rup. 2

Woba utazogisha ako karyo?

Icibutso cimirije kiradufasha kwerekana ko dukenguruka

1. Ni akaryo kadasanzwe akahe Icibutso gitanga?

1 Icibutso kizoba ku wa 14 Ndamukiza kiratanga akaryo ko gutsimbataza no gukenguruka ukumera neza kwa Yehova. Inkuru iri muri Luka 17:11-18 irerekana ukuntu Yehova na Yezu babona ugukenguruka. Ikibabaje, umwe gusa muri ba banyamibembe cumi bakizwa ni we atagishije akaryo ko gukenguruka. Muri kazoza, ingabirano y’incungu izotuma indwara zose zikira, gutyo itume ubuzima budahera bubaho koko! Nta gukeka ko ico gihe tuzokengurukira Yehova buri musi ku bw’iyo mihezagiro. Ariko none, twokwerekana gute ko dukenguruka mu mayinga yimirije?

2. Twotsimbataza gute ugukenguruka incungu?

2 Nutsimbataze ugukenguruka: Umuntu akenguruka ikintu kubera ko aba yaciyumviriye. Kugira ngo dufashwe kurushiriza gukenguruka incungu, urutonde rw’Ugusoma Bibiliya kw’Icibutso kudasanzwe ruraboneka ahantu hatari hake, nko mu Munara w’Inderetsi wo ku wa 1 Ruhuhuma 2011, urupapuro rwa 23-24, ku kirangamisi be no mu gatabu Twihweze Ivyanditswe ku musi ku musi. Ruzoshirwa kandi kuri jw.org imbere y’Icibutso. Mubona gute murimbuye ayo makuru uko mugize umuryango? Ivyo tubigize bizotuma tuzorushiriza gukenguruka incungu. Ivyo bizoheza bigire ikintu ciza bikoze ku nyifato yacu.​—2 Kor. 5:14, 15; 1 Yoh. 4:11.

3. Ni mu buryo butandukanye ubuhe twokwerekana ko dukenguruka mu kiringo c’Icibutso?

3 Nugaragaze ugukenguruka: Ugukenguruka kugaragarira mu bikorwa. (Kol. 3:15) Wa munyamibembe yakenguruka yaragize akigoro ko kurondera Yezu no kumushimira. Ata gukeka, yarabwiye kandi abandi abigiranye igishika ukuntu yari yakijijwe ku gitangaro. (Luka 6:45) Ugukenguruka incungu kwoba kuzotuvyurira umutima wo kugira uruhara n’umwete mw’isekeza ryo gutangaza Icibutso? Gukora ubutsimvyi bwo gufasha canke kwongereza umwanya tumara mu busuku mu kiringo c’Icibutso ni ubundi buryo bwiza bwo kwerekana ugukenguruka. Ku mugoroba w’Icibutso, umutima ukenguruka uzodusunikira guha ikaze abashitsi no kubaba hafi kugira ngo twishure ibibazo vyabo.

4. Twokora iki kugira ntituze twicuze ku bijanye n’iki Cibutso?

4 Iki Cibutso coba kizoba ica nyuma? (1 Kor. 11:26) Ntitubizi. Ariko ico tuzi coco ni uko nicaramuka kibaye ica nyuma tutazosubira kuronka akaryo kadasanzwe ko kwerekana ko dukenguruka. Woba utazokagisha? Ese amajambo aranga ugukenguruka y’akanwa kacu n’ukuzirikana kw’umutima wacu vyotuma Yehova ahimbarwa, wa Mutanzi w’incungu atanga cane!—Zab. 19:14.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika