ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • mwb18 Gitugutu rup. 8
  • Urukundo ni rwo ruranga abakirisu b’ukuri: Munezeranwe n’ukuri

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Urukundo ni rwo ruranga abakirisu b’ukuri: Munezeranwe n’ukuri
  • Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu—Agatabu k’ikoraniro—2018
  • Ivyo bijanye
  • “Urukundo . . . ntirunezererwa ibitagororotse”
    Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu—Agatabu k’ikoraniro—2022
  • Nimuze tunezeranwe!
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2011
  • Abasavyi ba Yehova ‘baravavanura n’ibitagororotse’
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2014
  • Ku wa gatanu
    Programa y’ihwaniro ryo mu 2020
Ibindi
Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu—Agatabu k’ikoraniro—2018
mwb18 Gitugutu rup. 8

UBUZIMA BW’UMUKIRISU

Urukundo ni rwo ruranga abakirisu b’ukuri: Munezeranwe n’ukuri

IGITUMA BIHAMBAYE: Nka kumwe kwa Yezu, dutegerezwa gushingira intahe ukuri kwerekeye imigambi y’Imana. (Yoh 18:37) Dutegerezwa kandi kunezeranwa n’ukuri, tukavuga ukuri kandi tukiyumvira ivy’ukuri vyose naho tuba mw’isi yuzuye ibinyoma be n’ukutagororoka.​—1Kr 13:6; Fp 4:8.

UKO TWOBIGIRA:

  • Niwiyemeze kutumviriza canke kudakwiragiza urusaku.​—1Ts 4:11

  • Ntunezererwe icago c’uwundi

  • Nunezererwe ibintu vyiza kandi biremesha

NIMURABE IVIDEWO IVUGA NGO ‘NIMUGIRIRANIRE URUKUNDO HAGATI YANYU’: NTUNEZERERWE IBITAGOROROTSE, AHUBWO UNEZERANWE N’UKURI, MUCE MWISHURA IBI BIBAZO:

  • Ni mu buryo ki Debora “yanezererewe ibitagororotse”?

  • Alice yabogoye gute ikiyago yariko agirana na Debora?

  • Ibintu vyiza bimwebimwe twoshobora kuvuga ni ibihe?

Alice ariko araganira na Debora

Nunezeranwe n’ukuri, ntunezererwe ibitagororotse

AKARORERO KO KUZIRIKANAKO: Loti yaratuntuzwa cane n’ingeso mbi z’abantu b’i Sodomu n’i Gomora.​—2Pt 2:8.

NIWIBAZE UTI: ‘Ni mu buryo butandukanye ubuhe nokwerekana ko ntanezererwa ibitagororotse mugabo ko nezeranwa n’ukuri?’

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika