UBUZIMA BW’UMUKIRISU
Yehova aradufasha iyo turi mu ngorane
Muri iyi misi ya nyuma, turashikirwa n’ingorane nyinshi. Rimwe na rimwe, twoshobora kwumva umenga ingorane dufise ziraturengeye. Ariko rero, tugumye twiyegereza Yehova, aradufasha kwihanganira n’ingorane zivuna umutima. (Yes 43:2, 4) Ni gute twokwiyegereza Yehova igihe turi mu ngorane?
Isengesho. Igihe dusukiye Yehova ibiri ku mutima, araturonsa amahoro yo mu mutima n’inkomezi zo kwihangana.—Fp 4:6, 7; 1Ts 5:17.
Amakoraniro. Ubu kuruta ikindi gihe cose, turakeneye ibifungurwa vyo mu vy’impwemu n’abagenzi Yehova aturonsa ku makoraniro. (Heb 10:24, 25) Igihe dutegura amakoraniro, tukayitaba, tukongera tukayagiramwo uruhara, turungukira bimwe bishitse ku mfashanyo y’impwemu ya Yehova.—Ivy 2:29.
Indimiro. Dukoze uko dushoboye kwose kugira tugume dufise vyinshi dukora mu ndimiro, biratworohera kugumiza umutima ku bintu vyiza. Biratuma kandi dukomeza ubugenzi dufitaniye na Yehova n’abakozi bagenzi bacu.—1Kr 3:5-10.
NIMURABE IVIDEWO IVUGA NGO YEHOVA AZOKWAKIRA, MUCE MWISHURA IBIBAZO BIKURIKIRA:
Ni ibiki vyafashije Malu kuguma yiyegereje Yehova igihe yari mu ngorane?
Cokimwe na Malu, ni gute amajambo ari muri Zaburi 34:18 aturonsa uruhoza turi mu ngorane?
Ivyashikiye Malu vyerekana gute ko Yehova aduha “ububasha burengeye ubusanzwe” igihe turi mu ngorane?—2Kr 4:7