IKIGANIRO C’UKWIGA CA 28
URURIRIMBO RWA 123 Tugamburuke ubuyobozi tudahemuka
Woba ushobora gutandukanya ukuri n’ikinyoma?
«Muhagarare mushikamye . . . mukenyeye umukaba w’ukuri.» —EF. 6:14.
ICIYUMVIRO NYAMUKURU
Ingene twokwimenyereza gutandukanya ukuri twigishijwe na Yehova be n’ibinyoma bikwiragizwa na Shetani be n’abaturwanya.
1. Ubona gute ukuri?
TWEBWE abasavyi ba Yehova, turakunda ukuri kwo mw’Ijambo ry’Imana. Ukwizera kwacu gushingiye kuri ukwo kuri. (Rom. 10:17) Turemera tudakeka ko Yehova yashizeho ishengero kugira ribe «inkingi n’urwego bishigikiye ukuri.» (1 Tim. 3:15) Vyongeye, turagamburukira ‘abatuja imbere’ tunezerewe, bakaba batwigisha ukuri kwo muri Bibiliya kandi bakaturonsa ubuyobozi buhuye n’ivyo Imana igomba.—Heb. 13:17.
2. Twisunze ibivugwa muri Yakobo 5:19, ni igiki coshobora kudushikira tumaze kumenya ukuri?
2 Ariko rero, n’igihe nyene twoba tumaze kumenya ukuri no gutahura ko dukeneye gukurikiza ubuyobozi duhabwa n’ishirahamwe rya Yehova, vyoshika tukazimizwa. (Soma Yakobo 5:19.) Shetani yohimbarwa cane abonye turetse kwizigira Bibiliya canke gukurikiza ubuyobozi duhabwa n’ishirahamwe rya Yehova.—Ef. 4:14.
3. Kubera iki dukwiye kwumira ku kuri? (Abanyefeso 6:13, 14)
3 Soma Abanyefeso 6:13, 14. Vuba, Shetani azokwiragiza ibinyoma bikomeye kugira ngo azimize amahanga yose, mu ntumbero yo kurwanya Yehova. (Ivyah. 16:13, 14) Turashobora no kwitega ko Shetani azorushiriza gukora ukwo ashoboye kwose kugira ngo azimize abasavyi ba Yehova. (Ivyah. 12:9) Birahambaye rero ko twimenyereza gutandukanya ukuri n’ikinyoma be no kugamburukira ukuri. (Rom. 6:17; 1 Pet. 1:22) Ivyo ni vyo bizotuma turokoka ya makuba akomeye.
4. Twihweza iki muri iki kiganiro?
4 Muri iki kiganiro, tugiye kwihweza kamere zibiri zodufasha gutandukanya ukuri n’ikinyoma no kugamburuka ubuyobozi duhabwa n’ishirahamwe rya Yehova. Mu nyuma, turaza kubona ibintu bitatu twokora kugira tugume twumiye ku kuri.
KAMERE ZODUFASHA GUTANDUKANYA UKURI N’IKINYOMA
5. Gutinya Yehova bidufasha gute gutandukanya ukuri n’ikinyoma?
5 Gutinya Yehova. Umuntu atinya Yehova, aramukunda cane ku buryo atokwigera akora ikintu kimubabaza. Uwo muntu arihatira kumenya itandukaniro riri hagati y’iciza n’ikibi no hagati y’ukuri n’ikinyoma, kugira ngo yemerwe na Yehova. (Imig. 2:3-6; Heb. 5:14) Ntidukwiye kwigera tureka ngo gutinya abantu birengere urukundo dukunda Yehova, narirya ibihimbara abantu usanga akenshi bidahimbara Yehova.
6. Ni mu buryo ki gutinya abantu vyatumye abakuru b’imiryango cumi yo muri Isirayeli bagoreka ukuri?
6 Bishitse tugatinya abantu kuruta uko dutinya Imana, vyoshobora gutuma dutangura kwemera ibintu bidahuye n’ukuri. Raba akarorero k’abakuru b’imiryango 12, bagiye gusuma urusaku mu gihugu Yehova yari yarasezeraniye Abisirayeli. Cumi muri bo baratinye cane Abanyakanani. Ubwo bwoba bwarakomeye burarengera urukundo bakunda Yehova. Babwiye Abisirayeli bagenzi babo bati: «Ntidushobora kuduga kurwanya abo bantu, kuko bakomeye kuturusha.» (Guh. 13:27-31) Ego ni ko twisunze uko abantu babona ibintu, Abanyakanani bari bakomeye kuruta Abisirayeli. Mugabo kuvuga ko Abisirayeli batoshoboye gutsinda abansi babo, kwobaye ari ukwirengagiza Yehova. Abo basumyi b’urusaku cumi bari bakwiye gushira umutima ku co Yehova yipfuza ko Abisirayeli bakora. Bari bakwiye no kuzirikana ku vyo Yehova yari aherutse kubakorera. Ivyo rero vyobafashije kubona ko inkomezi z’Abanyakanani ata co zari zivuze uzigereranije n’ububasha ntangere bwa Yehova. Yosuwa na Kalebu bobo, bari batandukanye n’abo cumi batagira ukwizera, kuko bipfuza guhimbara Yehova. Babwiye abantu bati: «Nitwashimisha Yehova, azotujana koko muri ico gihugu . . . akiduhe.»—Guh. 14:6-9.
7. Twokora iki kugira ngo turushirize gutinya Yehova? (Raba n’ifoto.)
7 Kugira ngo turushirize gutinya Yehova, turakwiye kwama twiyumvira icomuhimbara imbere yo gufata ingingo iyo ari yo yose. (Zab. 16:8) Igihe usoma inkuru zo muri Bibiliya, niwibaze uti: «Iyo aza kuba ari jewe nari gukora iki?» Nk’akarorero, niwihe ishusho uriko urumviriza raporo ica intege ya ba bakuru cumi b’imiryango yo muri Isirayeli. Woba wari kwemera ivyo bavuze bigatuma utinya abantu? Canke urukundo ukunda Yehova n’icipfuzo co kumuhimbara vyari gutuma utsinda ubwoba? Urwo runganwe rwose rw’Abisirayeli rwaranse kwemera ko Yosuwa na Kalebu bariko bavuga ukuri. Ivyo vyatumye abo Bisirayeli batinjira mu Gihugu c’isezerano.—Guh. 14:10, 22, 23.
Wari kwemera ibivuzwe na nde? (Raba ingingo ya 7)
8. Ni kamere iyihe dukwiye kwihatira gutsimbataza, kandi kubera iki?
8 Kwicisha bugufi. Yehova ahishurira ukuri abicisha bugufi. (Mat. 11:25) Kugira ngo tumenye ukuri, vyasavye ko twicisha bugufi turemera gufashwa. (Ivyak. 8:30, 31) Naho ari ukwo, dutegerezwa kuba maso kugira ngo ntitugire ubwibone. Ubwibone bwoshobora gutuma tubona ko ivyiyumviro vyacu bitomoye, ko rero ata ho bitaniye n’ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya be n’ubuyobozi duhabwa n’ishirahamwe rya Yehova.
9. Twokora iki kugira tugume twicisha bugufi?
9 Kugira tugume twicisha bugufi, turakeneye kwibuka ko turi ubusa twigereranije na Yehova. (Zab. 8:3, 4) Twoshobora kandi gusenga Yehova tumusaba ngo adufashe kurushiriza kwicisha bugufi no kuba abantu bemera kwigishwa. Yehova azoheza adufashe guha agaciro ivyiyumviro vyiwe, aho gushira imbere ivyiyumviro vyacu. Ivyo vyiyumviro vyiwe tubimenya biciye kw’Ijambo ryiwe Bibiliya no kw’ishirahamwe ryiwe. Igihe usoma Bibiliya, nurondere ivyerekana ko Yehova akunda ukwicisha bugufi akanka ubwibone, ubwishime, n’ukwishira hejuru. Vyongeye, uritwararika cane kuguma wicisha bugufi niwashingwa amabanga atuma urushiriza kumenyekana.
INGENE TWOGUMA TWUMIYE KU KURI
10. Ni bande Yehova yakoresheje kugira ngo baronse abasavyi biwe ubuyobozi?
10 Nugume wizigira ubuyobozi duhabwa n’ishirahamwe. Mu gihe c’Abisirayeli, Yehova yarakoresheje Musa, mu nyuma na ho akoresha Yosuwa, kugira aronse ubuyobozi abasavyi biwe. (Yos. 1:16, 17) Igihe cose Abisirayeli bemera ko abo bagabo baserukira Yehova, bararoranirwa. Haciye imyaka amajana, igihe ishengero ryo mu ntango ryashingwa, za ntumwa 12 ni zo zatanga ubuyobozi. (Ivyak. 8:14, 15) Mu nyuma, uwo mugwi wahavuye ujamwo n’abandi bakurambere b’i Yeruzalemu. Igihe amashengero yaba akurikije ubuyobozi bwatanzwe n’abo bagabo b’abizigirwa, ‘yarabandanya gukomezwa mu kwizera no kugwira ku musi ku musi.’ (Ivyak. 16:4, 5) Na twebwe muri iki gihe, iyo dukurikije ubuyobozi duhabwa n’ishirahamwe rya Yehova, turaroranirwa. Ariko none, Yehova yobibona gute hamwe twokwanka kwemera abo yagenye. Kugira twishure ico kibazo, reka twihweze ivyabaye igihe Abisirayeli bariko baraja muri ca Gihugu c’isezerano.
11. Ni ibiki vyashikiye Abisirayeli banse kwemera ko Musa yari yatowe n’Imana ngo abayobore? (Raba n’ifoto.)
11 Igihe Abisirayeli bariko baraja muri ca Gihugu c’isezerano, hari abagabo bahambaye barwanije Musa, baranka kwemera ko yari yagenywe na Yehova. Bavuze bati: «Ishengero ryose ni ryeranda, bose uko bangana [si Musa gusa], kandi Yehova ari hagati yabo.» (Guh. 16:1-3) Ni ivy’ukuri ko «ishengero ryose» ryari ryeranda imbere y’Imana, ariko Yehova yari yatoye Musa ngo abe ari we ayobora abasavyi biwe. (Guh. 16:28) Igihe rero abo bagarariji barwanya Musa, mu vy’ukuri bariko barwanya Yehova. Aho gushira imbere ivyo Yehova yashaka, bashize imbere ivyo bipfuza, ni ukuvuga kuronka ubukuru bwiyongereye no kumenyekana. Yehova yaciye yica abari imbere muri ubwo bugarariji, n’abandi bantu ibihumbi babashigikiye. (Guh. 16:30-35, 41, 49) No muri iki gihe, Yehova ntiyerekwa abatubaha ubuyobozi atanga biciye kw’ishirahamwe ryiwe.
Wari gushigikira nde? (Raba ingingo ya 11)
12. Kubera iki dukwiye kuguma twizigira ishirahamwe rya Yehova?
12 Turakwiye kuguma twizigira ishirahamwe rya Yehova. Igihe bigaragaye ko hari igikeneye guhindurwa mu kuntu dutahura ukuri kwo muri Bibiliya canke mu kuntu igikorwa cacu gitunganijwe, abatuja imbere ntibareka kugihindura. (Imig. 4:18) Ivyo babigira kubera ko ahanini bipfuza guhimbara Yehova. Vyongeye, barakora uko bashoboye kwose kugira ngo bafate ingingo zishingiye kw’Ijambo ry’Imana, rikaba ari ryo citegererezo abasavyi ba Yehova bakwiye kwisunga.
13. ‘Icitegererezo c’amajambo ngirakamaro’ ni iki, kandi dukwiye kugifata gute?
13 Nugume wumiye ‘ku citegererezo c’amajambo ngirakamaro.’ (2 Tim. 1:13) Ico ‘citegererezo c’amajambo ngirakamaro’ ni inyigisho abakirisu bisunga dusanga muri Bibiliya. (Yoh. 17:17) Izo nyigisho ni wo mushinge w’ibintu vyose twemera. Ishirahamwe rya Yehova ryaratwigishije kwumira kuri ico citegererezo. Tugumye tubigira tuzororanirwa.
14. Ni ibiki vyatumye abakirisu bamwe bareka kwumira kuri ca ‘citegererezo c’amajambo ngirakamaro’?
14 Vyogenda gute hamwe tworeka kwumira kuri ca ‘citegererezo c’amajambo ngirakamaro’? Raba akarorero. Mu kinjana ca mbere, hari abakirisu bakwiragije urukurukuru rw’uko umusi wa Yehova wari umaze gushika. Ayo makuru ashobora kuba yavuye mw’ikete abantu biyumvira ko ryanditswe n’intumwa Pawulo. Abakirisu bamwebamwe b’i Tesalonika, aho gufata umwanya wo gusuzuma ko ari ukuri, baremeye urwo rukurukuru bongera bararukwiragiza. Iyo bibuka ivyo Pawulo yari yarabigishije akiri kumwe na bo, ntibari guhendwa. (2 Tes. 2:1-5) Pawulo yahanuye abavukanyi biwe kudapfa kwemera ivyo bumvise vyose. Kugira ngo rero abafashe ntibazosubire kugwa muri uwo mutego, yasozereye ikete rya kabiri yandikiye Abatesalonika mu kuvuga ati: «Ng’iyi indamutso yanje jewe Pawulo nanditse n’ukuboko kwanje, kikaba ari ikimenyetso kiranga amakete yanje yose. Ukwo ni ko nandika.»—2 Tes. 3:17.
15. Twokwirinda gute ibinyoma bisa nk’aho umengo ni ukuri. Tanga akarorero. (Raba n’amafoto.)
15 None ayo majambo Pawulo yabwiye Abatesalonika atwigisha iki? Igihe twumvise ikintu kidahuye n’ivyo twize muri Bibiliya canke tukumva urukurukuru rudasanzwe, turakwiye kuba maso. Mu bihugu vyahoze bigize Leta Zunze Ubumwe z’Abasoviyeti, abansi bacu barakwiragije ikete vyavugwa ko ryavuye ku cicaro gikuru. Iryo kete ryaremesha abavukanyi bamwebamwe gushinga irindi shirahamwe ryigenga. Wamengo iryo kete ni iry’ukuri. Ariko abavukanyi b’intahemuka ntibajanye na rwo. Barabonye ko ivyo ryavuga bitari bihuye n’ivyo bari barigishijwe. Muri iki gihe, bihora bishika abansi b’ukuri bagakoresha ubuhinga bwa none kugira ngo batuvuruge mu bwenge bongere baducanishemwo. Aho ‘guhungabana ningoga mu vyiyumviro vyacu’, turashobora kwikingira mu kwihweza nimba ivyo twumva canke dusoma bihuye n’ukuri tumaze kwiga.—2 Tes. 2:2; 1 Yoh. 4:1.
Ntuhendwe n’ibinyoma bisa nk’aho ari ukuri (Raba ingingo ya 15)a
16. Twisunze Abaroma 16:17, 18, dukwiye gukora iki bishitse hakagira uwukwiragiza amakuru agoreka ukuri?
16 Nugume wunze ubumwe n’abaguma ari intahemuka kuri Yehova. Yehova yipfuza ko tumusenga twunze ubumwe. Ivyo tuzobishobora nitwaguma twumiye ku kuri. Umuntu wese akwiragiza amakuru agoreka ukuri, atuma haba amacakubiri mw’ishengero. Ni co gituma Imana idusaba ‘kwirinda’ umuntu nk’uyo. Ahandi ho na twebwe twoshobora gusanga dutanguye guheba ukuri buhorobuhoro.—Soma Abaroma 16:17, 18.
17. Ni ivyiza ibihe twironkera iyo tuzi gutandukanya ukuri n’ikinyoma maze tukumira ku kuri?
17 Iyo tuzi gutandukanya ukuri n’ikinyoma maze tukumira ku kuri, bituma tuguma twiyegereje Yehova, ukwizera kwacu na kwo kugakomera. (Ef. 4:15, 16) Ntiduhendwa n’inyigisho z’ikinyoma za Shetani. Vyongeye, mu gihe ca ya makuba akomeye, tuzoguma dutekanye kuko tuzoba dukingiwe na Yehova. Nugume rero wumiye ku kuri, «maze ya Mana y’amahoro izobana na[we].»—Flp. 4:8, 9.
URURIRIMBO RWA 122 Dushikame, ntitunyiganyige!
a INSOBANURO Y’IFOTO: Ifoto y’ivyakinywe yerekana ivyabaye mu myaka mirongo iheze, igihe abavukanyi bo mu cahoze ari Leta Zunze Ubumwe z’Abasoviyeti baronka ikete wamengo ryavuye ku cicaro gikuru, ariko vy’ukuri ryari ryavuye ku bansi bacu. Muri iki gihe, abansi bacu boshobora gukwiragiza amakuru atari yo ku bijanye n’ishirahamwe rya Yehova, bakoresheje ubuhinga bwa none.