ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w25 Rusama rup. 8-13
  • Yehova ni Imana iduhoza

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Yehova ni Imana iduhoza
  • Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2025
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • YEHOVA ARATUBABARIRA
  • YEHOVA ARADUHA ICIZIGIRO
  • YEHOVA ARADUSUBIRIZA UMUTIMA MU NDA
  • Yehova ‘arakiza abavunitse umutima’
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2024
  • Niwifate ruto wemere ko hari ivyo utazi
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2025
  • Ntitwigera tuba twenyene
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2025
  • Yehova aragukunda cane
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2024
Ibindi
Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2025
w25 Rusama rup. 8-13

IKIGANIRO C’UKWIGA CA 20

URURIRIMBO RWA 7 Yehova we, uri inkomezi zacu!

Yehova ni Imana iduhoza

«Hashemezwe . . . Se w’imbabazi n’ikibabarwe ikaba n’Imana y’uruhoza rwose.»—2 KOR. 1:3.

ICIYUMVIRO NYAMUKURU

Turabona ivyigwa dukura ku kuntu Yehova yahumurije Abayuda bari kuja mu bunyagano.

1. Igihe Abayuda bari mu bunyagano, ivyabo vyari vyifashe gute?

IYUMVIRE ingene Abayuda bari mu bunyagano i Babiloni bari bamerewe. Bari bariboneye ingene igihugu cabo c’amavukiro gisamburwa. Bari barakuwe mu zabo bajanwa mu kindi gihugu, kubera ibicumuro vyabo be n’ivya ba sekuruza babo. (2 Ngo. 36:​15, 16, 20, 21) Ego ni ko abo Bayuda bari mu bunyagano i Babiloni, barashobora kwikorera utwabo ata wubahungabanya. (Yer. 29:​4-7) Naho ari ukwo, ubwo buzima si bwo bipfuza. None ubwo buzima barimwo babubona gute? Umwe muri bo yavuze ati: «Iruhande y’inzuzi z’i Babiloni ni ho twari twicaye. Twararize twibutse Siyoni.» (Zab. 137:1) Abo Bayuda bari baravunitse umutima, bari bakeneye uruhoza. Ariko none bari kurukura he?

2-3. (a) Ni igiki Yehova yakoreye Abayuda bari kujanwa mu bunyagano? (b) Twihweza iki muri iki kiganiro?

2 Yehova ni «Imana y’uruhoza rwose.» (2 Kor. 1:3) Kubera ko ari Imana y’urukundo, arahimbarwa no guhoza abamwiyegereza bose. Yehova yari azi ko bamwe muri abo Bayuda bokwemeye indero yabatoje maze bakamugarukako. (Yes. 59:20) Ni co gituma hagisigaye imyaka irenga 100 ngo bajanwe mu bunyagano, Yehova yahumekeye umuhanuzi Yesaya kwandika igitabu citirirwa izina ryiwe. None hari ku bw’intumbero iyihe? Yesaya yanditse ati: «Imana yanyu ivuze iti: ‘Nimuhoze, nimuhoze abantu banje.’» (Yes. 40:1) Ego cane, Yehova abicishije ku muhanuzi Yesaya, yarahumurije Abayuda bojanywe mu bunyagano.

3 Cokimwe n’abo Bayuda, na twebwe birashika tugakenera uruhoza. Muri iki kiganiro, tugiye kuraba uburyo butatu Yehova yakoresheje mu guhumuriza abo Bayuda: (1) yasezeranye kubabarira abokwigaye, (2) yarabahaye icizigiro, (3) yarabasubirije umutima mu nda. Uko duca irya n’ino ivyo vyiyumviro, turaza kubona ingene natwe Yehova aduhumuriza muri ubwo buryo.

YEHOVA ARATUBABARIRA

4. Yehova yerekanye gute ko ari Imana y’imbabazi? (Yesaya 55:7)

4 Yehova ni «Se w’imbabazi n’ikibabarwe.» (2 Kor. 1:3) Ivyo turabibonera ku kuntu yasezeranye kubabarira Abayuda bokwigaye. (Soma Yesaya 55:7.) Yavuze ati: «Kubera ubuntu bwanje bwamaho nzokugirira imbabazi.» (Yes. 54:8) None izo mbabazi Yehova yozigaragaje gute? Naho Abayuda bose uko bagize ihanga boshikiwe n’ingaruka z’ibikorwa vyabo, Yehova yasezeranye ko batoheze mu bunyagano i Babiloni. Bomazeyo ikiringo kanaka gusa. (Yes. 40:2) Ese ukuntu ayo majambo yahumurije Abayuda bari bafise umutima wo kwigaya!

5. Kubera iki twebwe dufise imvo nyinshi kuruta Abayuda zo kwemera ko Yehova ari Imana y’imbabazi?

5 Ni icigwa ikihe tuhakura? Yehova arababarira cane abasavyi biwe abigiranye umutima ukunze. Muri iki gihe, twebwe turafise imvo nyinshi kuruta Abayuda zo kwemera ko Yehova ari Imana y’imbabazi. Uti kubera iki? Kubera ko ubu twebwe dutahura ico Yehova yisunga mu kubabarira. Haciye imyaka amajana umuhanuzi Yesaya avuze ayo majambo, Yehova yararungitse kw’isi Umwana wiwe akunda cane, kugira ngo acungure abacumuzi bose bigaya. Iyo ncungu ni yo ituma ibicumuro vyacu ‘bihanagurwa’ burundu. (Ivyak. 3:19; Yes. 1:18; Ef. 1:7) Umve nawe imbabazi z’iyo Mana dukorera!

6. Kuzirikana ku mbabazi za Yehova, bitugirira akamaro gute? (Raba n’ifoto.)

6 Amajambo yahumetswe na Yehova dusanga muri Yesaya 55:​7, arashobora kuduhumuriza igihe twiyagiriza birenze. Hari abashobora kuguma biyagiriza ku kibi bakoze muri kahise, naho boba barigaye. Ivyo vyoshobora gushika, na canecane igihe tuguma dushikirwa n’ingaruka z’ivyo twakoze. Ariko rero nimba twaratuye ibicumuro vyacu tukongera tugahindura ingendo, turashobora kwizigira ko Yehova yatubabariye. Vyongeye, iyo Yehova atubabariye, ntasubira kwibuka ibicumuro vyacu. (Gereranya na Yeremiya 31:34.) Nimba rero Yehova atagumiza umutima ku bicumuro tuba twarakoze, kubera iki tweho twobigira? Igihambaye kuri Yehova ni ivyo turiko turakora ubu, si amakosa twakoze muri kahise. (Ezk. 33:​14-16) Ikindi na co, uwo Muvyeyi wacu yuzuye imbabazi, vuba azodukiza burundu ingaruka zose ziva ku makosa twakoze.

Umuvukanyi ariko aragenda ata co yinona. Amafoto: Udufoto twerekana ivyo yahoze akora be n’ivyo ariko arakora ubu. Amakosa yakoze kera: 1. Yarakina udukino tw’ubukazi. 2. Yaranywa inzoga nyinshi be n’itabi. 3. Yararaba ibiterasoni kuri ordinateri yiwe. Ivyo ariko arakora ubu: 1. Ariko aragira isuku ku Ngoro y’Ubwami. 2. Ariko araganiriza mushiki wacu ageze mu za bukuru. 3. Ariko aramamaza inkuru nziza.

Kuri Yehova, igihambaye si amakosa twakoze muri kahise, ahubwo ni ivyo turiko turakora ubu (Raba ingingo ya 6)


7. Ni igiki cotuma turondera gufashwa n’abakurambere nimba hari igicumuro twanyegeje?

7 Twokora iki nimba tuguma twiyagiriza kubera igicumuro gikomeye twanyegeje? Bibiliya ituremesha kwitura abakurambere ngo badufashe. (Yak. 5:​14, 15) Ariko rero, vyoshobora kutugora kubaturira igicumuro twakoze. Mugabo nimba twigaya vy’ukuri, kandi tukibuka ko Yehova be n’abo bavukanyi b’intahemuka yagenye ngo badufashe bazotugaragariza urukundo n’imbabazi, ntituzogonanwa kubitura. Raba ingene umuvukanyi umwe yitwa Arthura yahumurijwe n’imbabazi za Yehova, igihe yabura amahoro kubera ikibi yari yarakoze. Avuga ati: «Naramaze nk’umwaka ndaba amashusho y’ibiterasoni. Ariko aho numviye insiguro yavuga ibijanye n’ijwi ryo mu mutima, naciye naturira ico gicumuro umugore wanje be n’abakurambere. Naho naciye numva ndemurutse ku mutima, nagumye nicuza ku vyo nari narakoze. Abakurambere baranyibukije ko Yehova atari yarampevye. Adutoza indero kubera ko adukunda. Ayo majambo aremesha yarankoze ku mutima, yongera aratuma ntasubira kwiyagiriza.» Ubu Arthur ni umutsimvyi akaba n’umukozi w’ishengero. Ese ukuntu biduhumuriza kumenya ko Yehova atubabarira igihe cose twigaye vy’ukuri!

YEHOVA ARADUHA ICIZIGIRO

8. (a) Ni icizigiro ikihe Yehova yahaye Abayuda bari mu bunyagano? (b) Twisunze Yesaya 40:​29-31, ico cizigiro cofashije gute Abayuda bokwigaye?

8 Umuntu abiravye, Abayuda bari mu bunyagano i Babiloni wamengo bohezeyo. Intwaro nganzasi ya Babiloni, vyari bizwi ko itigera irekura abantu yaba yagize imbohe. (Yes. 14:17) Ariko rero, Yehova yarahaye abo basavyi biwe icizigiro. Yabasezeraniye ko borekuwe bagasubira mu gihugu cabo, kandi nta kintu na kimwe comubujije kubishitsa. (Yes. 44:26; 55:12) Kuri Yehova, Babiloni yari nk’agakungugu. (Yes. 40:15) Upfa guhuha gusa ntumenye n’iyo gaciye. None ico cizigiro cofashije gute abo Bayuda? Cobahumurije. Ariko si ivyo gusa. Yesaya yanditse ati: «Abizigira Yehova bazosubira kugira inguvu.» (Soma Yesaya 40:​29-31.) Ego cane, icizigiro cobaronkeje inkomezi, ‘bakarara nk’inkona.’

9. Ni igiki cotumye Abayuda bizigira ko ivyo Yehova yabasezeraniye vyorangutse?

9 Yehova yarahaye kandi Abayuda imvo yotumye bizigira ko ivyo yabasezeraniye vyorangutse. Uti ni iyihe? Ni ubuhanuzi bwari bumaze kuranguka. Bari bazi ko Abashuri bari barigaruriye bwa bwami bwa Isirayeli bwari bugizwe n’imiryango cumi, maze bakajana abantu baho mu bunyagano. (Yes. 8:4) Bariboneye ingene Abanyababiloni basangangura Yeruzalemu, abantu baho na bo bakabajana mu bunyagano. (Yes. 39:​5-7) Bariboneye kandi ingene umwami wa Babiloni amena amaso umwami Zedekiya, hanyuma akamujana i Babiloni. (Yer. 39:7; Ezk. 12:​12, 13) Ivyo Yehova yari yaravuze vyose vyari vyararangutse. (Yes. 42:9; 46:10) Ivyo vyose, bitegerezwa kuba vyaratumye barushiriza kwizigira ko umuhango Yehova yari yabahaye wo kubakura mu bunyagano, na wo nyene worangutse.

10. Ni igiki codufasha kuguma dukomeza icizigiro cacu muri iyi misi ya nyuma?

10 Ni icigwa ikihe tuhakura? Igihe ducitse intege, icizigiro kirashobora kuduhumuriza maze tugasubirana intege. Tubayeho mu bihe bigoye kandi duhanganye n’abansi bakomeye. Naho ari ukwo, ntidukwiye kwihebura. Yehova yaraduhaye icizigiro ciza igitangaza co kubaho ibihe bidahera mu mahoro n’umutekano nyakuri. Turakwiye kugumiza umutima kuri ico cizigiro cacu ciza. Ahandi ho cohava kijamwo igipfungu, bikamera nka kurya umuntu araba ahantu habereye ijisho acishije mu kiyo gicafuye c’idirisha. None twohanagura gute ico kiyo c’ikigereranyo, gutyo icizigiro cacu kikaguma gikomeye? Turakwiye kuza turafata umwanya wo kuzirikana ku kuntu ubuzima bwacu buzoba bwiza cane mw’isi nshasha. Twoshobora kuza turasoma ibiganiro, tukaraba amavidewo, tukongera tukumviriza indirimbo, bivuga ibijanye n’icizigiro cacu. Vyongeye, twoshobora kubwira Yehova mw’isengesho ibintu dushashaye kubona birangutse.

11. Ni ibiki bihora bifasha mushiki wacu umwe arwaye indwara idakira gusubirana inguvu?

11 Raba ingene icizigiro kiremesha mushiki wacu umwe yitwa Joy arwaye indwara idakira, kikongera kikamukomeza. Avuga ati: «Iyo ndengewe n’amaganya, nca nitura Yehova nizigiye ko antahura. Yehova na we aca andonsa ‘ububasha burengeye ubusanzwe.’» (2 Kor. 4:7) Joy kandi arakunda kwiha ishusho ari mw’isi nshasha, aho «[ata] wuhaba azovuga ngo: ‘Ndarwaye.’» (Yes. 33:24) Hamwe na twebwe twosukira Yehova ibiri ku mutima, tukongera tukagumiza ubwenge ku cizigiro cacu, twoshobora gusubirana inguvu.

12. Ni imvo izihe zotuma twizigira ivyo Yehova yadusezeraniye? (Raba n’ifoto.)

12 Nka kumwe kwa ba Bayuda bajanwa mu bunyagano, na twebwe Yehova yaraduhaye imvo nyinshi zotuma twizigira ivyo yadusezeraniye. Zirikana ku buhanuzi buriko buraranguka twibonera. Nk’akarorero, turibonera ya ntwaro nganzasi ifise ‘igice kimwe gikomeye ikindi na co kigoyagoya.’ (Dan. 2:​42, 43) Turumva kandi amakuru yerekeye «vya nyamugigima biva hamwe bija ahandi», tukongera tukagira uruhara mu gikorwa co kwamamaza inkuru nziza «ku mahanga yose.» (Mat. 24:​7, 14) Ubwo buhanuzi be n’ubundi bwinshi, buratuma twizigira ko n’ibindi Yehova yadusezeraniye bizoranguka.

Mushiki wacu ariko arasoma ubuhanuzi bwo muri Bibiliya yongera abuzirikanako. Amafoto: 1. Umugabo n’umugore bariko baramamaza ku mugaragaro, bakaba bariko barayagisha umugabo umwe. 2. Umuhungu na se bariko bararaba ivyononywe n’ikiza. 3. Ibuye rikubise ku birenge vya ca gishusho Nebukadinezari yerekwa kivugwa muri Daniyeli ikigabane ca 2. 4. Abantu bibereye mw’Iparadizo baryohewe.

Ubuhanuzi buriko buraranguka muri iki gihe, buratuma twizigira ko ivyo Yehova yadusezeraniye bizoranguka (Raba ingingo ya 12)


YEHOVA ARADUSUBIRIZA UMUTIMA MU NDA

13. (a) Ni ibintu bitoroshe ibihe vyobaye igihe Abayuda bobaye bimirije kurekurwa? (b) Twisunze Yesaya 41:​10-13, Yehova yabahumurije gute?

13 Naho Yehova yari yarahaye Abayuda icizigiro ciza kibahumuriza, yari azi yuko boshikiwe n’ibintu bitoroshe igihe bobaye bimirije kurekurwa bakava i Babiloni. Yehova yari yaramenyesheje ko ico gihe, hari umwami akomeye yosanganguye amahanga yari akikuje Babiloni, mu nyuma na ho agatandukira na Babiloni. (Yes. 41:​2-5) None Abayuda bari bakwiye guhagarika umutima? Yehova yarabahumurije imbere y’igihe ati: «Ntutinye kuko ndi kumwe nawe. Ntuhagarike umutima kuko ndi Imana yawe.» (Soma Yesaya 41:​10-13) None Yehova yashaka kuvuga iki, igihe yavuga ngo «ndi Imana yawe»? Ntiyariko yibutsa Abayuda ko ari we bari bakwiye gusenga, kuko bari basanzwe babizi. Ahubwo yariko arabibutsa yuko yari akiri ku ruhande rwabo.—Zab. 118:6.

14. Ni mu bundi buryo ubuhe Yehova yasubirije umutima mu nda Abayuda?

14 Yehova kandi yarasubirije umutima mu nda Abayuda bari mu bunyagano, mu kubibutsa ko yari afise ubumenyi n’ububasha ntangere. Yasavye abo Bayuda kuraramura amaso bakaraba inyenyeri zo kw’ijuru. Yarabibukije ko uretse ko ari we yaziremye, azizi n’amazina zose. (Yes. 40:​25-28) None wumva yoyoberwa gute izina ry’umwumwe wese mu basavyi biwe? Nimba rero Yehova afise ububasha bwo kurema inyenyeri, birumvikana ko afise n’ububasha bwo gufasha abasavyi biwe. Ego cane, Abayuda bari mu bunyagano, nta mvo n’imwe bari bafise yo gutinya canke guhagarika umutima.

15. Imana yafashije gute Abayuda kwitegurira ivyari vyimirije gushika?

15 Yehova kandi yarafashije abasavyi biwe kwitegurira ivyari vyimirije gushika. Mu bigabane vy’imbere gatoyi vyo mu gitabu ca Yesaya, Yehova yari yabwiye iryo hanga ati: «[Ni]mwinjire mu vyumba vyanyu, mwugare imiryango. Nimwinyegeze akanya gatoyi, gushika uburake burenganye.» (Yes. 26:20) Ibivugwa muri uwo murongo, bishobora kuba vyarangutse ubwa mbere igihe Babiloni yigarurirwa n’umwami Kuro. Umuhinga umwe mu vya kahise w’Umugiriki, avuga yuko igihe Kuro yinjira i Babiloni, «yategetse [abasoda biwe] kwica uwo basanze hanze wese.» Iyumvire ingene abanyagihugu b’i Babiloni batekewe n’ubwoba! Ariko rero Abayuda bari ng’aho mu bunyagano, biboneka ko barusimvye kubera ko bakurikije ivyo Yehova yari yababwiye.

16. Kubera iki tudakwiye guhagarika umutima birenze ku bijanye n’ibiraririye gushika? (Raba n’ifoto.)

16 Ni icigwa ikihe tuhakura? Vuba abantu bazoshikirwa n’amakuba akomeye, atigeze abaho kuva isi yaremwa. Ayo makuba niyatangura, abantu muri rusangi bazota umutwe batekerwe n’ubwoba. Ariko si ko bizogendera abasavyi ba Yehova. Twebwe turazi ko Yehova ari Imana yacu. Tuzohagarara tugororotse kubera ko tuzoba tuzi ko «ubukiriro bwa[cu] buzoba bwegereje.» (Luka 21:28) N’igihe rwa runani rw’amahanga ruzodutera, tuzohagarara dushikamye. Yehova azodukingira biciye ku bamarayika no ku buyobozi aturonsa. None ubwo buyobozi tuzoburonka gute? Naho ata vyo turamenya, birashoboka ko tuzoburonka biciye ku mashengero turimwo. Ayo mashengero twoyagereranya n’‘ivyumba’ tuzohungiramwo, maze tugakingirwa. None twokwitegurira gute ivyimirije gushika? Dutegerezwa kwiyegereza abavukanyi na bashiki bacu, tugakurikiza ubuyobozi duhabwa n’ishirahamwe rya Yehova, kandi tukemera tudakeka ko Yehova ari we ariyoboye.—Heb. 10:​24, 25; 13:17.

Abavukanyi na bashiki bacu bariko barasomera Bibiliya mu cumba bahuriyemwo mu kiringo c’amakuba akomeye. Bararaba inyenyeri mw’ijoro bacishije mw’idirisha, umwe muri bo akaba azitunze urutoke.

Kuzirikana ku bubasha Yehova afise bwo kuturokora, bizodufasha kudata umutwe cane mu gihe ca ya makuba akomeye (Raba ingingo ya 16)b


17. Woronkera gute uruhoza kuri Yehova?

17 Naho Abayuda bari gushikirwa n’ibintu bigoye mu bunyagano i Babiloni, Yehova yarabahaye uruhoza bari bakeneye. Ukwo nyene ni ko natwe azotugirira. Naho tutazi ico buca bucana, nubandanye kuronkera uruhoza kuri Yehova. Egome, niwizigire ko ari Imana ibabarira cane. Nugume ukomeza icizigiro yaguhaye. Niwibuke kandi ko ata na kimwe ukwiye gutinya, kubera ko Yehova ari Imana yawe.

IVYANDITSWE BIKURIKIRA BIGUHUMURIZA GUTE?

  • Yesaya 55:7

  • Yesaya 40:​29-31

  • Yesaya 41:​10-13

URURIRIMBO RWA 3 Inkomezi zacu, icizigiro cacu n’umwizero wacu

a Bamwebamwe si ko basanzwe bitwa.

b INSOBANURO Y’IFOTO: Umugwi mutoyi w’abavukanyi bahuriye hamwe. Baravye inyenyeri, barizigira badakeka ko Yehova afise ububasha bwo gukingira abasavyi biwe aho boba bari hose kw’isi.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika