Akajambo k'epfo
c Kugira ngo umugabo akwize ibisabwa vyotuma aterwa uduteka mw’ishengero rya gikirisu, ategerezwa kuba atari “umusinzi”, ni ukuvuga kutaba ari umuntu ahushura abandi canke abarya umutima akoresheje amajambo. Ku bw’ivyo, Umunara w’Inderetsi wo ku wa 1 Nyakanga 1990, ku rupapuro rwa 7, uvuga uti: “Umugabo ntiyoba akwije ibisabwa mu gihe yoba akora mu buryo bushimwa n’Imana ari ahandi, ariko mu rugo rwiwe akaba ari umunyagahahazo”.—1 Timoteyo 3:2-5, 12.