Akajambo k'epfo
a Mu kiganiro giheruka co muri uru rukurikirane, twarabonye ukuntu impfuvyi Esiteri yarezwe na mwene sewabo Morudekayi yamurusha imyaka myinshi, maze mu nyuma aratorwa ngo abe umugore wa Ahasuwerusi umwami w’Ubuperesi. Hamani umuhanuzi w’umwami yarateguye umugambi wo guherengeteza abantu bo mu bwoko bwa Morudekayi, ni ukuvuga Abayuda. Morudekayi yarajijuye Esiteri ngo yiture umwami kugira asabire abantu bo mu bwoko bwabo. Raba ikiganiro kivuga ngo “Niwigane ukwizera kwabo—Yaraburaniye abasavyi b’Imana” mu Munara w’Inderetsi wo ku wa 1 Gitugutu 2011.