Akajambo k'epfo
a Cokimwe n’umwanditsi w’amazaburi Dawidi, twese turakunda Yehova kandi turahimbarwa no kumushemeza. Igihe turi ku makoraniro y’ishengero, turaronka akaryo kadasanzwe ko guserura urwo dukunda Imana. Ariko rero, bamwebamwe muri twebwe birabagora gutanga inyishu ku makoraniro. Nimba na wewe bikugora, iki kiganiro kirashobora kugufasha kumenya igituma ugira ubwoba be n’ingene wobutsinda.