Akajambo k'epfo
c INSOBANURO Y’ISHUSHO: Raba amahinduka umuntu ashobora kugira igihe yize Bibiliya: Mu ntango, umugabo umwe asa n’uwutagira intumbero mu buzima, mbere atazi na Yehova. Mu nyuma arahura n’Ivyabona vya Yehova bariko baramamaza, maze akemera kwiga Bibiliya. Ivyo yiga biratuma yiyegurira Imana akabatizwa. Mu nyuma, na we nyene arafasha abandi gucika abigishwa. Amaherezo, bose bararyoherwa no kuba bibereye mw’Iparadizo.