IKIGANIRO C’UKWIGA CA 46
Ingene Yehova atujijura ko azohindura isi Iparadizo
«Umuntu wese yironderera umuhezagiro kw’isi azohezagirwa n’Imana y’ukuri.»—YES. 65:16.
URURIRIMBO RWA 3 Inkomezi zacu, icizigiro cacu n’umwizero wacu
INCAMAKEa
1. Ni ubutumwa ubuhe umuhanuzi Yesaya yashaka kubwira Abisirayeli bagenziwe?
UMUHANUZI Yesaya yavuze ko Yehova ari «Imana y’ukuri.» Ijambo ryahinduwe ngo «ukuri», mu giheburayo ni «amen.» (Yes. 65:16, akajambo k’epfo.) Ijambo «amen» risobanura ngo «nibibe gutyo nyene» canke ngo «nta nkeka.» Muri Bibiliya, iyo iryo jambo «amen» ryerekeje ku kintu Yehova avuze canke Yezu, riba rishimangiye ko ico kintu ari ukuri. Ico Yesaya rero yashaka kubwira Abisirayeli bagenziwe kiratomoye: Ivyo Yehova avuze vyama biranguka. Kanatsinda, nta na kimwe mu vyo yavuze atashikije.
2. Kubera iki twokwizigira ivyo Yehova adusezeranira muri kazoza, kandi ni ibibazo ibihe tuza kurimbura?
2 Twoba natwe twokwizigira ivyo Yehova adusezeranira muri kazoza? Haciye imyaka nka 800 Yesaya abayeho, intumwa Pawulo yarasiguye igituma dukwiye kwama twizigira ivyo Imana isezerana. Yavuze ati: «Imana ntishobora kubesha.» (Heb. 6:18) Nka kurya nyene isoko rimwe ry’amazi ridashobora kuvamwo amazi aryoshe n’ayarura, ni ko na Yehova we Soko ry’ukuri, adashobora kubesha. Ku bw’ivyo rero, turakwiye kwizigira duherejeko ivyo Yehova avuga vyose, ushizemwo n’ivyo adusezeranira muri kazoza. Muri iki kiganiro, tugiye kurimbura ibi bibazo: Yehova adusezeranira iki muri kazoza? Vyongeye, azobishitsa gute?
YEHOVA YASEZERANYE IKI?
3. (a) Ni umuhango uwuhe Yehova yatanze abasavyi biwe bakunda cane? (Ivyahishuwe 21:3, 4) (b) Abantu bamwebamwe bavyakira gute iyo tubabwiye ivy’uwo muhango?
3 Tugiye kurimbura umuhango Yehova yatanze, abasavyi biwe bose bakunda cane. (Soma Ivyahishuwe 21:3, 4.) Yehova adusezeranira igihe aho “urupfu rutazoba rukiriho, canke ikigandaro canke amaborogo canke ububabare.” Igihe tubwira abandi inkuru nziza, abenshi turakoresha ico canditswe gikora ku mutima kivuga ingene ubuzima buzoba bumeze mw’Iparadizo. None abantu bamwebamwe bavyakira gute iyo tubabwiye ibijanye n’uwo muhango? Hari ababona ko bigoye kwemera.
4. (a) Igihe Yehova yatanga uwo muhango, ni ibiki yari azi? (b) Uretse gutanga uwo muhango, ni ikindi kintu ikihe Yehova yakoze?
4 Nta nkeka ko igihe Yehova yahumekera intumwa Yohani kwandika ibijanye n’uwo muhango, yari azi ko muri iki gihe twowubwiye abandi igihe twamamaza inkuru nziza y’Ubwami. Ariko kandi Yehova yari azi ko uwo muhango werekeye ibintu «bishasha», abantu benshi wobagoye kwemera. (Yes. 42:9; 60:2; 2 Kor. 4:3, 4) None twojijura abandi gute na twebwe tutiyibagiye, yuko ibivugwa mu Vyahishuwe 21:3, 4 bizoranguka? Uretse ko Yehova yatanze uwo muhango ukora ku mutima, yaratanze n’imvo zumvikana zikwiye gutuma tuwizigira. None izo mvo ni izihe?
YEHOVA ARATUJIJURA KO UMUHANGO WIWE UZORANGUKA
5. Ni imvo izihe zituma twizigira ko Imana izoshitsa umuhango yatanze wo guhindura isi Iparadizo, kandi tuzisanga hehe?
5 Imvo zituma twizigira ko Yehova azoshitsa umuhango yatanze wo guhindura isi Iparadizo, turazisanga mu mirongo ikurikira. Igira iti: «Umwe yicaye kuri ya ntebe y’ubwami aca avuga ati: “Ehe ibintu vyose ndiko ndabigira bishasha.” Yongerako ati: “Andika, kuko aya majambo ari ayo kwizigirwa n’ay’ukuri.” Araheza ambwira ati: “Birarangutse! Ndi Alufa na Omega, intango n’iherezo.”»—Ivyah. 21:5, 6a.
6. Ni kubera iki ivyo dusanga mu Vyahishuwe 21:5, 6 bituma turushiriza kwizigira umuhango Imana yatanze?
6 Kubera iki iyo mirongo ituma turushiriza kwizigira umuhango Imana yatanze? Ku bijanye n’iyo mirongo, ca gitabu Insozero y’Ivyahishuwe kigira giti: «Ni nk’aho Yehova ubwiwe yoba asinyiye abantu b’abizigirwa urwandiko rwemeza ko bazoronka iyo mihezagiro.»b Uwo muhango Imana yatanze uri mu Vyahishuwe 21:3, 4. Ariko rero ku murongo wa 5 n’uwa 6, ni nk’aho Yehova aca asinya yuko uwo muhango uzoranguka vy’ukuri. Nimuze twihweze neza amajambo Yehova akoresha kugira atujijure.
7. Ni ikintu ikihe kidasanzwe kitujijura gitangurana n’umurongo wa 5, kandi ni kubera iki gihambaye?
7 Mu kutujijura, umurongo wa 5 utangura uvuga uti: «Umwe yicaye kuri ya ntebe y’ubwami aca avuga ati.» (Ivyah. 21:5a) Ayo majambo ntasanzwe kubera ko ari yo acira inzira incuro ya mbere Yehova avuga, mu ncuro zitatu gusa avuga mu gitabu c’Ivyahishuwe. Ico cemeza rero ntigitangwa n’umumarayika w’umunyabubasha canke mbere Yezu Kristu, ahubwo gitangwa na Yehova ubwiwe. Ivyo bica bituma twizigira tudakeka ivyo avuga ubukurikira. Kubera iki? Kubera ko Yehova «[a]dashobora kubesha.» (Tito 1:2) Ayo majambo aca atuma twizigira duherejeko ivyo dusoma mu Vyahishuwe 21:5, 6.
«EHE IBINTU VYOSE NDIKO NDABIGIRA BISHASHA»
8. Yehova ashimika gute ko umuhango wiwe uzoranguka ata kabuza? (Yesaya 46:10)
8 Ubukurikira, Yehova avuga ngo «Ehe.» (Ivyah. 21:5) Ijambo ry’ikigiriki ryahinduwe ngo «ehe», rirakoreshwa kenshi mu gitabu c’Ivyahishuwe. Igitabu kimwe kivuga ko rikoreshwa nk’«uburyo bwo gukebura umusomyi kugira ngo yiteho ibica bikurikira.» None haca hakurikira iki? Imana ica ivuga iti: «Ibintu vyose ndiko ndabigira bishasha.» Ego ni ko Yehova ariko avuga amahinduka azoba muri kazoza, mugabo kubera ko azi neza ko bizoba ata kabuza, abivuga nk’aho vyamaze kuba.—Soma Yesaya 46:10.
9. (a) Amajambo ngo «ibintu vyose ndiko ndabigira bishasha» yerekeza ku bintu bibiri ibihe Yehova akora? (b) Ni ibiki bizoshikira «ijuru» n’«isi» bihari ubu?
9 Nimuze ubu na ho twihweze iryungane rikurikira mu Vyahishuwe 21:5, irigira riti: «Ibintu vyose ndiko ndabigira bishasha.» Muri ico kigabane, ayo majambo yerekeza ku bintu bibiri Yehova akora, ni ukuvuga gukuraho no gushiraho. Ubwa mbere ni igiki Yehova azokuraho? Mu Vyahishuwe 21:1 hagira hati: «Ijuru rya kera n’isi ya kera vyari vyavuyeho.» «Ijuru rya kera» ryerekeza ku ntwaro z’iyi si iyoborwa na Shetani n’amadayimoni yiwe. (Mat. 4:8, 9; 1 Yoh. 5:19) Muri Bibiliya, ijambo «isi» rirashobora kwerekeza ku bantu baba kw’isi. (Ita. 11:1; Zab. 96:1) «Isi ya kera» rero yerekeza ku bantu b’abanyakibi bo muri iki gihe. Yehova ntazohindura gusa «ijuru» n’«isi» bihari muri iki gihe canke ngo abisanasane, ahubwo azobikuraho burundu. Ijuru n’isi bihari ubu azobisubiriza «ijuru rishasha n’isi nshasha», ni ukuvuga intwaro nshasha n’abatwarwa bayo bagororotse.
10. Ni ibiki Yehova azogira bishasha?
10 Mu Vyahishuwe 21:5, haca herekana ivyo Yehova avuga ko azohindura bishasha. Urabona ko Yehova atavuga ngo «Ndiko ndema ibintu bishasha», ahubwo avuga ngo «Ibintu vyose ndiko ndabigira bishasha.» Yehova azotuma isi n’abantu biba nka bishasha, mu gutuma isi isubira itoto abantu na bo babe abatagira agasembwa. Nk’uko Yesaya yabivuze, isi yose izohinduka ahantu h’akaroruhore, nka rya tongo ry’i Edeni. Na twebwe tuzogirwa bashasha, mu buryo bw’uko umwe wese azokurwako indwara burundu. Abacumbagira, impumyi n’abatumva, bazokizwa ubumuga bwabo, eka mbere n’abapfuye basubire kuba bazima.—Yes. 25:8; 35:1-7.
«AYA MAJAMBO [NI] AYO KWIZIGIRWA N’AY’UKURI. . . . BIRARANGUTSE!»
11. Yehova yategetse Yohani gukora iki, kandi kubera iki?
11 Ni ikindi kintu ikihe Imana yavuze kitujijura ko twoyizigira? Yehova yabwiye Yohani ati: «Andika, kuko aya majambo ari ayo kwizigirwa n’ay’ukuri.» (Ivyah. 21:5) Yehova ntiyategetse gusa Yohani “kwandika”, ahubwo yaramubwiye n’igituma yobigira. Yavuze ati: «Kuko aya majambo ari ayo kwizigirwa n’ay’ukuri», ni ukuvuga ko ivyo Imana ivuze biranguka ata kabuza. Turakenguruka kubona Yohani yaragamburutse iryo tegeko Imana yamuhaye ryo “kwandika.” Ivyo bituma dushobora gusoma ivyerekeye umuhango Imana yatanze wo guhindura isi Iparadizo, no kuzirikana ku mihango myiza igitangaza tuzokwironkera.
12. Kubera iki Yehova yavuze ngo «Birarangutse!»?
12 None Yehova aca avuga iki ubukurikira? Avuga ati: «Birarangutse!» (Ivyah. 21:6) Ubu Yehova avuga nk’aho ivyo yasezeranye vyose ku bijanye n’Iparadizo bimaze kuranguka. Ari n’imvo zumvikana zo kubivuga gutyo, kuko ata kintu na kimwe gishobora kubuza umugambi wiwe kuranguka. Yehova aca atubwira ikindi kintu kitujijura bimwe bikomeye ko umuhango wiwe uzoranguka ata kabuza. Ico na co ni igiki?
«NDI ALUFA NA OMEGA»
13. Kubera iki Yehova yavuze ngo «Ndi Alufa na Omega»?
13 Nk’uko twamaze kubivuga, mu vyo Yohani yeretswe vyose, Yehova yavuze incuro zitatu gusa. (Ivyah. 1:8; 21:5, 6; 22:13) Kuri imwimwe yose muri izo ncuro, Yehova yavuga ati: «Ndi Alufa na Omega.» Mu ndome z’ikigiriki, alufa ni rwo rutangura, omega na rwo rugasozera. Mu kwidondora ko ari «Alufa na Omega», Yehova aba ashaka kwerekana ko iyo atanguye ikintu, agikora gushika agisozereye.
Yehova atanguye ikintu, aruhuka agisozereye (Raba ingingo ya 14, 17)
14. (a) Tanga akarorero k’igihe ari nk’aho Yehova yavuga ngo «Alufa» be n’igihe ari nk’aho azovuga ngo «Omega.» (b) Ibivugwa mw’Itanguriro 2:1-3 bitujijura ku biki?
14 Yehova amaze kurema Adamu na Eva, yaravuze umugambi yari afitiye abantu be n’isi. Bibiliya ivuga iti: «Imana irabahezagira, ibabwira iti: “Nimurondoke, mugwire, mwuzure isi kandi muyiganze.”» (Ita. 1:28) Ico gihe, ni nk’aho Yehova yari avuze ngo «Alufa.» Yaratomoye umugambi yari afise, na wo ukaba wari uko hogeze igihe abakomoka kuri Adamu na Eva batagira akanenge kandi bagamburuka, bokwuzuye isi bakongera bakayihindura iparadizo. Ico gihe nicagera, ni nk’aho Yehova azoba avuze ngo «Omega.» Yehova ahejeje kurema «ijuru n’isi n’ibirimwo vyose», yaciye avuga ikintu cemeza ko umugambi wiwe worangutse ata kabuza. Ico kintu tugisanga mw’Itanguriro 2:1-3. (Soma.) Yehova yaciye avuga ko umusi ugira indwi awugize mweranda. None ivyo bisobanura iki? Yehova yari atanze ikimenyamenya c’uko umugambi afitiye isi n’abantu worangutse ata kabuza. Worangutse bimwe bishitse ku mpera y’umusi w’indwi.
15. Kubera iki wamengo Shetani araburijemwo umugambi Imana yari ifitiye abantu?
15 Igihe Adamu na Eva bagarariza Imana, baciye bacika abacumuzi, bituma bakwegera uruvyaro rwabo igicumuro n’urupfu. (Rom. 5:12) Wamengo Shetani araburijemwo umugambi Imana yari ifise wo gutuma isi yuzura abantu batunganye kandi bagamburuka. Vyasa n’aho Shetani yari atumye Yehova adashobora kuvuga ngo «Omega.» Shetani ashobora kuba yariyumviriye ko Yehova ata kundi yari kubigenza ngo umugambi wiwe uranguke. Yabona ko imwe mu nzira Yehova yari asigaranye kwari ukwica Adamu na Eva, agaca arema uwundi mugabo n’umugore batunganye, kugira bashitse umugambi yari afitiye abantu. Ariko iyo Yehova abigenza gutyo, Shetani yociye amwagiriza ko ari umubeshi. Uti kubera iki? Kubera ko twisunze Itanguriro 1:28, Yehova yari yabwiye Adamu na Eva ko uruvyaro rwabo rwokwuzuye isi.
16. Kubera iki Shetani ashobora kuba yariyumviriye ko yokwagirije Yehova ko yananiwe gushitsa umugambi wiwe?
16 Ni iyindi ngingo iyihe Shetani ashobora kuba yariyumviriye ko Yehova yociye afata? Ashobora kuba yariyumviriye ko Yehova yoretse Adamu na Eva bakagira uruvyaro rufise agasembwa, rutokwigeze rushikira ugutungana. (Umus. 7:20; Rom. 3:23) Bigenze gutyo, Shetani yociye yagiriza Yehova ko yananiwe gushitsa umugambi wiwe. Kubera iki? Kubera ko ivyo bitoshikije umugambi w’Imana w’uko isi y’iparadizo yuzura abantu batunganye kandi bagamburuka bakomoka kuri Adamu na Eva.
17. Yehova yatoreye umuti gute ubugarariji bwa Shetani be n’abavyeyi bacu ba mbere, kandi amaherezo bizovamwo iki? (Raba n’ishusho.)
17 Yehova yatoreye umuti ubugarariji bwa Shetani n’abavyeyi bacu mbere mu buryo butuma Shetani yumirwa. (Zab. 92:5) Aho kuba umubeshi, Yehova yarerekanye ko ari imvugakuri, mu kureka Adamu na Eva bakibaruka abana. Vyongeye, Yehova yarerekanye ko ivyo asezeranye abishitsa ata kabuza. Yaritwararitse ko ata cohagarika umugambi wiwe, mu gutuma haboneka «uruvyaro» rwokijije abantu bose bagamburuka bakomoka kuri Adamu na Eva. (Ita. 3:15; 22:18) Emwe, intunganyo y’incungu itegerezwa kuba yaratumye Shetani yumirwa! Kubera iki? Kubera ko iyo ntunganyo ishingiye ku rukundo ruzira ubwikunzi. (Mat. 20:28; Yoh. 3:16) Shetani wewe arangwa n’ubwikunzi. None incungu izotuma ibintu bigenda gute? Izotuma ku mpera ya ya Ngoma ya Kristu y’imyaka 1.000, abantu bose batunganye kandi bagamburuka bakomoka kuri Adamu na Eva baba kw’isi y’iparadizo, nk’uko nyene Yehova yari yarabitegekanije mu ntango. Ico gihe, ni nk’aho Yehova azoba avuze ngo «Omega.»
INGENE TWORUSHIRIZA KWIZIGIRA UMUHANGO YEHOVA ATANGA W’IPARADIZO
18. Ni ibimenyamenya bitatu ibihe Yehova aduha vyerekana ko azoshitsa umuhango wiwe? (Raba n’uruzitiro ruvuga ngo «Ibintu bitatu bituma twizigira umuhango wa Yehova.»)
18 Twisunze ivyo twarimbuye, ni ibimenyamenya ibihe twobwira abantu bakekeranya ko Imana izorangura umugambi ifise wo guhindura isi Iparadizo? Ica mbere, Yehova ubwiwe ni we atanga uwo muhango. Igitabu c’Ivyahishuwe kigira giti: «Umwe yicaye kuri ya ntebe y’ubwami aca avuga ati: “Ehe ibintu vyose ndiko ndabigira bishasha.”» Yehova arafise ubukerebutsi, ububasha n’icipfuzo vyo gushitsa uwo muhango yatanze. Ica kabiri, Yehova arazi ko ivyo yasezeranye vyose bizotegerezwa gushika, ku buryo kuri we ari nk’aho bimaze kuranguka. Ni co gituma avuga ati: «Aya majambo [ni] ayo kwizigirwa n’ay’ukuri. . . . Birarangutse!» Ica gatatu, iyo Yehova atanguye ikintu aruhuka agisozereye, nk’uko vyerekanwa n’aya majambo agira ati: «Ndi Alufa na Omega.» Yehova azokwerekana ko Shetani ari umubeshi be n’uko vyamunaniye guhagarika umugambi wiwe.
19. Wokora iki hamwe wohura n’umuntu akekeranya yuko Imana izoshitsa umuhango yatanze wo guhindura isi Iparadizo?
19 Niwibuke ko igihe cose tubwiye abo duhura mu ndimiro ibijanye n’umuhango Imana yatanze, bituma turushiriza kwizigira ivyo yasezeranye. None ubutaha niwasomera umuntu uwo muhango ukora ku mutima uvuga ibijanye n’Iparadizo igiye kuza nk’uko bivugwa mu Vyahishuwe 21:4, maze na we akavuga ati: «Ivyo bisa n’ibidashoboka», uzoca ukora iki? Uramusomera umurongo wa 5 n’uwa 6, uce uyimusigurira. Uramwereka ingene Yehova yatanze ibimenyamenya vyerekana ko azoshitsa umugambi wiwe, bikamera nk’aho asinye.—Yes. 65:16.
URURIRIMBO RWA 145 Imana yarasezeranye Iparadizo
a Muri iki kiganiro, turaza kubona ingene Yehova atujijura ko azoshitsa umuhango yatanze wo guhindura isi Iparadizo. Igihe cose tubwiye abandi ibijanye n’uwo muhango, biratuma turushiriza kuwizigira.