-
Ibiriho vyabayeho gute?Urashobora kwiberaho ibihe bidahera—Ivyigwa bishingiye kuri Bibiliya
-
-
1. Isi n’ijuru vyabayeho gute?
Bibiliya ivuga iti: “Mu ntango Imana yaremye amajuru n’isi.” (Itanguriro 1:1) Abahinga batari bake baremera ko ijuru n’isi vyagize intango. None Imana yabiremye gute? Yakoresheje impwemu yayo nyeranda, ari zo nguvu zayo, mu kurema ibintu vyose biri mu kirere harimwo inyenyeri n’imibumbe.—Itanguriro 1:2.
-
-
Ibiriho vyabayeho gute?Urashobora kwiberaho ibihe bidahera—Ivyigwa bishingiye kuri Bibiliya
-
-
5. Turashobora kwizigira ivyo Bibiliya ivuga ku bijanye n’irema
Mw’Itanguriro ikigabane ca 1, Bibiliya irasigura ingene isi be n’ibiri kuri yo vyabayeho. Woba wokwizigira ivyo ivuga canke ni inkuru zitagira ishingiro? Nimurabe iyo VIDEWO, muce muganira kuri ibi bibazo:
Bibiliya yoba yigisha ko isi be n’ibiri kuri yo vyaremwe mu misi itandatu y’amasaha 24?
Woba wibaza ko ivyo Bibiliya ivuga ku bijanye n’irema vyumvikana kandi ko dukwiye kuvyizigira? Kubera iki wishuye gutyo?
Nimusome Itanguriro 1:1, muce muganira kuri iki kibazo:
Abahinga bavuga ko isi n’ijuru vyagize intango. Ico ciyumviro gihuye gute n’ivyo uhejeje gusoma muri Bibiliya?
Abantu bamwebamwe bavuga ko ibiriho vyabayeho biciye kw’ihindagurika. Bibaza ko Imana yaremye akanyabuzima kamwe gaca kagenda karavamwo ibindi bintu vyose bifise ubuzima. Nimusome Itanguriro 1:21, 25, 27, muce muganira kuri ibi bibazo:
Bibiliya yoba yigisha ko ibikoko n’abantu vyabayeho biciye kw’ihindagurika? Canke vyaremwe n’Imana?
-