ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Yaraseruriye Imana akari ku mutima mw’isengesho
    Niwigane ukwizera kwabo
    • 9. Ni icigwa ikihe twigira ku kuba Hana yaremeye kugira urugendo rwo kuja i Shilo naho yari azi ivyo umukeba wiwe yokoze?

      9 Hari mu gatondo, abo mu rugo bose bakaba bariko baracurumba muri utu na turiya. Umwe wese yariko yitegurira urugendo, mbere n’abana badasigaye inyuma. Urwo rugendo rwo kuja i Shilo rwotumye uwo muryango munini ugenda ibilometero birenga 30 uca mu karere k’imisozi ka Efurayimu.b Urwo rugendo rwotwaye umusi umwe canke ibiri ku maguru. Hana yari azi ivyo umukeba wiwe yokoze. Ariko rero, Hana ntiyagumye i muhira. Gutyo yarabereye akarorero keza cane abasenga Imana gushika muri kino gihe. Ntivyigera biranga ubukerebutsi kureka ngo ukutigenza neza kw’abandi kutubere intambamyi mu bijanye no gusenga Imana. Hamwe tworeka bikatubera intambamyi, twoca twihombera imihezagiro idufasha kwihangana.

  • Yaraseruriye Imana akari ku mutima mw’isengesho
    Niwigane ukwizera kwabo
    • b Ivyo bilometero tubimenyeshwa n’uko igisagara Elikana yavukiyemwo ca Rama gishobora kuba ari co nyene cahavuye citwa Arimateya mu gihe ca Yezu.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika