Niwigane ukwizera kwabo
Yaraseruriye Imana akari ku mutima mw’isengesho
HANA yaba ariko aracurumba yitegurira urugendo, akagerageza kwiyibagiza ingorane yari afise. Caba ari igihe gikwiye kuba igiteye umunezero; umunega wiwe Elukana, yama yatwaye umuryango wose kuri izo ngendo zagirwa buri mwaka zo kuja gusengera kw’ihema ry’ibonaniro i Shilo. Yehova yashaka ko mwene ivyo biringo biba ivy’umunezero. (Gusubira mu vyagezwe 16:15) Nta gukeka ko na Hana yari yamye anezererwa iyo misi mikuru kuva mu bwana bwiwe. Ariko rero ibintu vyari bimaze imyaka mikeyi vyarahindutse.
Hana yari yarironkeye umunega yamukunda. Yamara rero, uwo munega wiwe Elukana yari afise uwundi mugore. Uwo mugore yitwa Penina kandi wamengo nta kindi yarota atari ugutuma Hana abaho adundumiwe. Penina yari yaratoye uburyo bwo gutuma ivyo biringo vya buri mwaka bitera Hana intuntu nyinshi. Uti gute? N’igihambaye kuruta, kuba Hana yari yizeye Yehova vyamufashije gute kwihanganira ibintu akenshi vyasa n’ibimurengeye? Nimba uhanganye n’ingorane zituma ubura umunezero mu buzima, woshobara gusanga inkuru ya Hana igukoze ku mutima bimwe bidasanzwe.
“Ubabajwe n’iki?”
Bibiliya irahishura ingorane zikomeye zibiri Hana yari afise mu buzima. Iya mbere nta kintu kinini yari ashoboye kuyihindurako, iya kabiri yoyo ikaba yari imurengeye. Ubwa mbere, yari aharitswe, umukeba wiwe na we akaba yaramwanka. Ubwa kabiri na ho, yari ingumba. Ico ni ikintu kigoye ku mugore uwo ari we wese yipfuza kuronka utwana; mu gihe ca Hana no mu mico kama yabo hoho, cari ikintu gituma umuntu agira intuntu itovugwa. Umuryango uwo ari wo wose wasanga witega ko uruvyaro ari rwo rutuma umuryango udahona. Kuba ingumba cari iceyi gikomeye bikaba n’agaterasoni.
Iyo hataba Penina, Hana yari gushobora kwihanganira umutwaro uremereye yari yikoreye. Kugira abagore benshi nta we vyigeze vyerera. Ubukeba, indyane be n’intuntu vyama ari vyo vyeze. Uwo mugenzo wari uteye kubiri n’ingingo ngenderwako Imana yari yarashinze mw’itongo ryo muri Edeni isaba umugabo kugira umugore umwe gusa.a (Itanguriro 2:24) Bibiliya rero ntivuga neza ivy’ukugira abagore benshi, kandi inkuru ibabaje y’ingene vyari vyifashe mu rugo kwa Elukana ni kimwe mu bintu bivyerekana neza.
Mu bisanzwe, Elukana yarakundwakaza Hana. Inkuru mpererekanwa z’Abayuda zivuga ko yabanje kwubakana na Hana hanyuma Penina aza kuza inyuma y’imyaka nk’ingahe. Uko biri kwose, Penina, uwari afitiye ishari ryinshi Hana, yararonse uburyo butandukanye bwo gutuntuza umukeba wiwe. Ikintu nyamukuru Penina yarusha Hana kwari ukuvyara. Penina yaguma avyara avyagiza, kandi uko yavyara umwana akamukurikiza ni ko yabona ko ari agahambaye. Aho kwumvira akagongwe Hana ngo amuhoze umubabaro yari yifitiye, Penina yaboneraho kumubabaza afatiye kuri ico kintu c’inkoramutima. Bibiliya ivuga ko Penina yaguma aratsa Hana kugira gusa “[amutere] intuntu.” (1 Samweli 1:6) Ivyo Penina yagira yabikora n’ibigirankana. Yashaka gutuntuza Hana, kandi yarashitse ku co yipfuza.
Biboneka ko akabero nyako Penina yakaronka mu gihe c’urugendo bagira buri mwaka rwo kuja i Shilo. Uwo ari we wese mu bana benshi ba Penina, ni ukuvuga “abahungu biwe n’abakobwa biwe,” Elukana yaramuha imitigiri ku bimazi vyashikaniwe Yehova. Ariko rero, kubera ko Hana ata kana yagira, yaronka umutigiri wiwe gusa. Penina rero yaca yirya kuri Hana maze akamwibutsa ubugumba bwiwe ku buryo uwo mugore yari yarigorewe yaca aturikisha akarira, n’akayabagu kagaca kagenda. Elukana ntiyabura guca abona ko uwo yikundira Hana yishwe n’intuntu be n’uko atariko arafungura, agaca agerageza kumuhoza. Yamubajije ati: “Urizwa n’iki ga Hana? N’iki kikubuza kurya? Ubabajwe n’iki? Mbega sinkurutira abahungu cumi wovyaye?”—1 Samweli 1:4-8.
Iciza kuri Elukana ni uko yamenye ko ivyari bituntuje Hana vyari bijanye n’ubugumba bwiwe. Vyongeye, nta gukeka ko Hana yashima cane ukuntu yamwereka abigiranye umutima mwiza yuko amukunda.b Ariko rero Elukana ntiyigeze acisha mu kanwa ibijanye n’umutima mubi wa Penina, ndetse iyo nkuru ntivuga ko Hana yoba yarabibariye Elukana. Kumbure yabonye ko gushira Penina ku kabarore vyari guhava vyunyura ibintu. Elukana yoba yari kugira ico ahinduye? Urwo rwanko Penina yari afitiye Hana ntirwari guca rukomera na rwose, abana n’incoreke b’uwo mugore w’umutima mubi na bo bagaca bamera nka we? Hana yorushirije gusa kwumva ko ari nk’igicibwa mu rugo rwiwe bwite.
Elukana yaba yari azi canke atazi neza ububi butagira ishingiro bwa Penina, Yehova Imana we yarabibona vyose. Ijambo ryiwe rirashira ahabona iyo nkuru yose, gutyo rikagabisha ata gufyina umuntu uwo ari we wese aryoherwa no gukorera abandi ibibi womengo nta co bitwaye birimwo ishari n’urwanko. Ku rundi ruhande, abantu bazira ubusa kandi b’indemeshamahoro nka Hana, barashobora guhumurizwa no kumenya ko Imana y’ubutungane ishira ibintu vyose mu buryo ku gihe cayo kandi ibicishije mu nzira yayo. (Gusubira mu vyagezwe 32:4) Kumbure Hana ashobora kuba yari abizi neza kubera ko Yehova ari we yituye ngo amufashe.
“Ntiyasubira kwiraburanirwa ukundi”
Mu gatondo, abo mu rugo bose bariko baracurumba muri utu na turiya. Umwe wese yariko yitegurira urugendo, mbere n’abana badasigaye inyuma. Urwo rugendo rwo kuja i Shilo rwotumye uwo muryango munini ugenda ibilometero birenga 30 uca mu karere k’imisozi ka Efurayimu.c Baramutse bagiye n’amaguru, urwo rugendo rwotwaye umusi umwe canke ibiri. Hana yari azi ivyo umukeba wiwe yokoze. Ariko rero, Hana ntiyagumye i muhira. Gutyo yarabereye akarorero keza cane abasenga Imana gushika muri kino gihe. Ntivyigera biranga ubukerebutsi kureka ngo ukutigenza neza kw’abandi kutubere intambamyi mu bijanye no gusenga Imana. Hamwe tworeka bikatubera intambamyi, twoca twihombera imihezagiro idufasha kwihangana.
Haheze umusi wose uwo muryango munini uriko uraca mu mabarabara agenda aranyuragira mu misozi, amaherezo warahavuye urashika hafi y’i Shilo. Bahageze, baricaye ku gasozi gakikujwe n’utundi dusozi tugahanamiye. Uko begereza gushika, Hana ashobora kuba yaguma yiyumvira cane ivyo yari kubwira Yehova mw’isengesho. Bamaze gushika, abagize uwo muryango barihereje udufungurwa. Hana yaciye akinjura vuba bishoboka, maze agenda kw’ihema rya Yehova. Umuherezi mukuru Eli ni ho yari ari, yicaye hafi y’ibishimaryango vy’iryo hema. Ariko Hana ubwenge bwiwe bwose bwari ku Mana yiwe. Ng’aho kw’ihema ry’ibonaniro, yari yizigiye adakeka ko yokwumviwe. Naho ata wundi yari gushobora gutahura ijana kw’ijana ivyari bimutuntuje, Se wiwe wo mw’ijuru we yari abishoboye. Intuntu yari afise yaciye iduga muri we, maze atangura kurira.
Mu gihe umubiri wa Hana wariko urajugumizwa n’ukurira asevagura, ivyo yabwira Yehova yabivugira mu mutima. Uko yarondera mu bwenge amajambo yoserura intuntu yari afise, iminwa yiwe yaguma idegedwa. Yarasenze umwanya muremure, arasukira Se wiwe ivyari bimuraje ishinga. Ariko rero yarakoze n’ibindi uretse gusa gusaba Imana ngo ishitse icipfuzo gikomeye yari afise co kuronka uruvyaro. Hana ntiyipfuza cane gusa ko Imana imuhezagira, ariko kandi yaripfuza cane kuyiha ivyo yari ashoboye vyose. Ni co gituma yaciye agira isezerano, avuga ko bishitse akaronka umwana w’umuhungu, yociye amutanga ngo akorere Yehova ubuzima bwiwe bwose.—1 Samweli 1:9-11.
Hana rero yarasigiye abasavyi b’Imana bose akarorero mu bijanye n’isengesho. Yehova abigiranye umutima mwiza, aratumira abantu biwe ngo bamuyagire akari ku mutima ata kwitinya, mu gusuka imbere yiwe ibibaraje ishinga nka kurya umwana yizigira umuvyeyi w’umunyarukundo amuyagira. (Zaburi 62:8; 1 Abanyatesalonika 5:17) Intumwa Petero yarahumekewe kwandika aya majambo ahumuriza ajanye n’ugutura isengesho Yehova agira ati: “Muterere amaganya yanyu yose kuri yo, kuko ibababara.”—1 Petero 5:7.
Ariko rero, abantu ntibadutahura canke ngo bababarane natwe nk’uko Yehova abigira. Igihe Hana yariko ararira yongera asenga, yarakangutse yumvise ijwi ry’umuntu. Yari Eli wa muherezi mukuru yari yagumye amwitegereza. Yavuze ati: “Uzogeza hehe kwama uborewe? Genda uhebe iyo vino yawe!” Eli yari yabonye ingene Hana akoma iminwa, ingene arira asevagura be n’ingene asa n’uwutuntuye mu mutima. Aho kumubaza ingorane yari afise, yaciye yihutira kwemeza ko yari yaborewe.—1 Samuel 1:12-14.
Ese ukuntu vyababaje Hana muri ico gihe yari yishwe n’intimba, kuba yaragirijwe ico kintu kitagira ishingiro, kandi rero akacagirizwa n’umuntu nk’uwo yari afise ikibanza c’iteka! Yamara rero, yarasubiye gutanga akarorero keza cane k’ukwizera. Ntiyaretse ngo utunenge tw’umuntu tumubere intambamyi mu bijanye no gusenga Yehova. Yishuranye Eli urupfasoni maze arasigura ivyiwe uko vyifashe. Eli yaciye asubizayo, kumbure akoresheje ijwi ryerekana ko yicuza kandi ryiyoroheje cane, ati: “Ni wigīre amahoro; Imana ya Isirayeli iguhe ico wayisavye.”—1 Samweli 1:15-17.
None kuba Hana yaraseruriye Yehova akari ku mutima akongera akamusengera ng’aho kw’ihema ryiwe, vyamufashije iki? Iyo nkuru igira iti: “Uwo mugore arīgīra; araheza ararya, ntiyasubira kwiraburanirwa ukundi.” (1 Samweli 1:18) Hana yumvise aruhuriwe. Ni nk’aho yari yafashe umutwaro w’amaganya wari umuremereye, awuremeka uwumurusha inkomezi kure n’iyo, uwo na we akaba yari Se wiwe wo mw’ijuru. (Zaburi 55:22) Hoba hari ingorane n’imwe yomunanira? Oya, nta yariho ico gihe, nta yiriho ubu, nta n’iyizokwigera ibaho!
Igihe twumvise turemerewe, turengewe canke tunanijwe n’umubabaro, biraba vyiza dukurikije akarorero ka Hana maze tukabwira akari ku mutima Umwe Bibiliya yita “Uwumva ivyo [a]sabga.” (Zaburi 65:2) Tubigiranye ukwizera, na twebwe nyene twoshobora gusanga umubabaro wacu usubiriwe n’“amahoro y’Imana arengeye ukwiyumvira kwose.”—Abafilipi 4:6, 7.
“Nta gitandara kimeze nk’Imana yacu”
Bukeye bwaho, Hana yarasubiye kw’ihema ry’ibonaniro ari kumwe na Elukana. Bishoboka ko Hana yari yamubwiye ivyerekeye ivyo yari yasavye be n’ivyo yari yasezeranye, kubera ko rya Tegeko rya Musa ryavuga ko umugabo yari afise uburenganzira bwo gufuta isezerano umugore wiwe yaba yagize batavyumvikanyeko. (Guharura 30:10-15) Ariko rero uwo mugabo w’umwizigirwa wewe nta vyo yagize. Ahubwo riho, we hamwe na Hana barasengeye hamwe Yehova kuri iryo hema imbere y’uko basubira i muhira.
Ariko none Penina yamenye ryari ko atari agifise ububasha bwo gushavuza Hana? Iyo nkuru nta vyo ivuga, mugabo imvugo ngo “ntiyasubira kwiraburanirwa ukundi” itanga iciyumviro c’uko kuva ico gihe Hana yaciye areka kwiganyira. Uko biri kwose, Penina ntiyatevye kubona ko umutima mubi wiwe ata co washitseko. Bibiliya ntiyigera isubira kuvuga izina ryiwe.
Uko amezi yarengana, ni ko amahoro Hana yari afise mu mutima yavamwo agahimbare k’akaburarugero. Emwe, yari yasamye inda! Naho Hana yari n’akanyamuneza kangana gutyo, ntiyigeze yibagira na gato uwo yakesha uwo muhezagiro. Igihe wa muhungu yavuka, Hana yahisemwo kumwita Samweli, bisobanura ngo “Izina ry’Imana,” bikaba biboneka ko iryo zina Samweli ryerekeza ku kwambaza izina ry’Imana, nk’uko Hana yari yarabigize. Uwo mwaka, Hana ntiyifatanije na Elukana be n’umuryango muri rwa rugendo rwo kuja i Shilo. Yagumanye i muhira n’uwo mwana imyaka itatu gushika acutse. Yaciye rero yitegurira umusi yobwirijwe gutandukana n’umuhungu wiwe yikundira.
Ukwo gutandukana ntikwobaye ari ikintu coroshe. Ego ni ko, Hana yari azi ko Samweli yokwitwararitswe i Shilo, kumbure akitwararikwa na bamwebamwe mu bagore bakorera kw’ihema ry’ibonaniro. Ariko rero, yari akiri muto cane, uzi n’ingene inabibondo aba ashashaye kugumana n’ikibondo ciwe. Naho biri ukwo, Hana na Elukana barajanye ako gahungu batidoga, ahubwo bakenguruka. Baratanze ibimazi ku nzu y’Imana maze Samweli bamushikiriza Eli, baramwibutsa isezerano hari haheze imyaka itari mike Hana agiriye ng’aho.
Hana rero yaciye atura isengesho, Imana ikaba yabonye ko ribereye gushirwa mw’Ijambo ryayo ryahumetswe. Uko usoma amajambo yavuze dusanga muri 1 Samweli 2:1-10, urabona ukuntu ukwizera kwiwe kugera kure kugaragarira mu murongo umwumwe wose. Yarashemeje Yehova kubera ukuntu akoresha mu buryo bw’agatangaza ububasha bwiwe, aravuga ukuntu afise ubushobozi ntangere bwo gucisha bugufi abishira hejuru, guhezagira abacinyizwa, kwica canke mbere no gukiza. Yarashemeje Se wiwe kubera ubweranda bwiwe budasanzwe, ubutungane bwiwe be n’ubwizigirwa bwiwe. Birabereye kubona Hana yaravuze ati: “Nta gitandara kimeze nk’Imana yacu.” Yehova ni uwo kwizigirwa ijana kw’ijana, ntahinduka kandi ni ubuhungiro ku bahahazwa bose be n’abacurwa bufuni na buhoro bose bamwitura ngo abafashe.
Akana Samweli vy’ukuri karatewe agateka ko kugira nyina yizera Yehova ukuraho. Naho gategerezwa kuba karamukumbura cane igihe kari kakiriko karakura, ntikigeze kumva ko kahebwe. Uko umwaka utashe, Hana yarasubira i Shilo amushiriye agahuzu katagira amaboko yakoresha mu gikorwa yarangurira kw’ihema ry’ibonaniro. Urunyuzi rwose Hana yakoresha mu kukajisha cari ikimenyamenya c’ukuntu yakunda akongera akitwararika umuhungu wiwe. (1 Samweli 2:19) Niwiyumvire ariko arambika umuhungu wiwe ako gahuzu gashasha, ariko arakamutunganiriza neza, yongera amurabaraba ariko aramuvugisha utujambo twiza two kumuremesha. Emwe, wari umuhezagiro kuri Samweli kuba yari afise nyina ameze gutyo, kandi na we yarakuze abera umuhezagiro abavyeyi biwe na Isirayeli yose.
Hana na we nyene ntiyibagiwe. Yehova yaramuhaye kurondoka, aravyarira Elukana abandi bana batanu. (1 Samweli 2:21) Ariko rero, umuhezagiro ushobora kuba uruta iyindi yose Hana yaronse bwari ubucuti hagati yiwe na Se Yehova bwagiye burushiriza gukomera uko imyaka yagiye irakurikirana. Ese nawe vyokugendera nk’ukwo nyene, uko wigana ukwizera kwa Hana.
[Utujambo tw’epfo]
a Ku bijanye n’igituma Imana yararetse hagahera igihe abantu bayo bashobora kugira abagore benshi, raba ikiganiro kivuga ngo “Imana yoba yemera ko umugabo agira abagore benshi?” ku rupapuro rwa 30 mu Munara w’Inderetsi wo ku wa 1 Mukakaro 2009.
b Naho iyo nkuru ivuga ko Yehova ‘yari yarazivye inda Hana,’ nta kintu na kimwe cemeza ko Imana hari ico yagaya uwo mugore yicisha bugufi kandi w’umwizigirwa. (1 Samweli 1:5) Rimwe na rimwe Bibiliya irashira ku Mana ibintu iba yaretse gusa bikaba mu gihe kanaka.
c Ivyo bilometero tubimenyeshwa n’uko igisagara Elukana yavukiyemwo ca Rama gishobora kuba ari co nyene cahavuye citwa Arimateya mu gihe ca Yezu.
[Uruzitiro ku rup. 17]
Amasengesho abiri adasanzwe
Amasengesho abiri Hana yatuye, ayo dusanga muri 1 Samweli 1:11 no muri 1 Samweli 2:1-10, arimwo ibintu bidasanzwe bitari bike. Rimbura bike gusa muri vyo:
◼ Irya mbere muri ayo masengesho abiri, Hana yarituye “Uhoraho Nyen’ingabo.” Hana ni we muntu wa mbere avugwa mu nkuru za Bibiliya yavuze amajambo dusangamwo iryo zina ry’icubahiro. Mu vyandikano vya Bibiliya vyo mu ntango, iryo zina riboneka incuro 285, rikaba ryerekana ko Imana itegeka isinzi rinini ry’abana bayo b’impwemu.
◼ Urabona yuko Hana atatuye isengesho rigira kabiri igihe agahungu kiwe kavuka, ariko yarituye igihe we na Elukana bagashikiriza ngo gakorere Imana i Shilo. Icanezera cane Hana rero, si uko umukeba wiwe Penina atari akimucokora, ahubwo ni uko yari yarahezagiwe na Yehova.
◼ Igihe Hana yavuga ngo “Ihembe ryanje rivyuwe n’Uhoraho,” ashobora kuba yari yiyumviriye impfizi y’inka, kino kikaba ari igikoko gikomeye cane c’igitwazi gikoresha amahembe yaco gishizemwo inkomezi nyinshi. Ni nk’aho Hana yariko avuga ati: ‘Yehova, ni wewe umpa inkomezi.’—1 Samweli 2:1.
◼ Amajambo Hana yavuze ku bijanye n’‘uwo [Imana] yimikishije amavuta,’ biboneka ko ajanye n’ubuhanuzi. Iyo mvugo ni na yo ihindurwa ngo “mesiya,” kandi Hana ni we muntu wa mbere mu nkuru za Bibiliya ayikoresha yerekeza ku mwami yimikishijwe amavuta yoje mu nyuma.—1 Samweli 2:10.
◼ Haciye nk’imyaka 1.000, Mariya nyina wa Yezu yaravuze ibisa n’ivyo Hana yavuze, mu majambo ubwiwe yakoresheje mu gushemeza Yehova.—Luka 1:46-55.
[Ifoto ku rup. 16]
Hana yari ababajwe cane n’ubugumba bwiwe, Penina na we agakora ivyo yari ashoboye vyose kugira ngo asongere isibe
[Ifoto ku rup. 16, 17]
Woba ushobora kwigana akarorero ka Hana ko gusenga ubikuye ku mutima?
[Ifoto ku rup. 17]
Naho Eli yatahuye Hana ukutari kwo, Hana ntiyaciye areka ngo bimutsitaze