ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • g 4/12 rup. 7-9
  • Ukuntu wocungera ishavu

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ukuntu wocungera ishavu
  • Be maso!—2012
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • “Reka ishavu”
  • Nugabanye ishavu
  • Niwige guturura
  • Nugire ivyo uhinduye ku vyo witeze
  • Bibiliya ivuga iki ku bijanye n’ishavu?
    Inyishu z’ibibazo bishingiye kuri Bibiliya
  • Ingorane ijanye n’ishavu
    Be maso!—2012
  • “Ugutahura kwimbitse kw’umuntu ntikubura guhwamika ishavu ryiwe”
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2014
  • Kubera iki abantu batwarwa cane n’ishavu?
    Be maso!—2012
Ibindi
Be maso!—2012
g 4/12 rup. 7-9

Ukuntu wocungera ishavu

HARACIYE imyaka irenga 2.000 umufilozofe w’Umugiriki Arisitote akoresheje ijambo “catharsis” mu kudondora uburyo bwo gusohora inyiyumvo zihagarika umutima umuntu agira aravye igikino cerekana ibintu biteye ubwoba. Yashaka kuvuga yuko igihe umuntu amaze gusohora inyiyumvo zimuhagaritse umutima, aca yumva aruhuriwe.

Mu ntango y’ikinjana giheze, uwitwa Sigmund Freud, akaba ari umuhinga mu vy’indwara zifatira mu bwonko, yararemesheje iciyumviro nk’ico. Yavuze ko hamwe abantu batoserura inyiyumvo zabo mbi canke bakaziyobagiza, mu nyuma zogaruka zahindutse ingorane yo mu mutwe. Gutyo, Freud yarashigikiye ivy’uko umuntu akwiye guserura ishavu aho kurizibira.

Mu myaka ya vuba cane, abashakashatsi basuzumye ibijanye na ya nyigisho ya Arisitote (catharsis) mu myaka ya 1970 na 1980 basanze ata cotuma bayishigikira. Ivyo bintu bashitseko vyatumye umuhinga mu vy’inyifato z’abantu yitwa Carol Tavris yandika ati: “Harageze ko duhagarika gushigikira iciyumviro ca catharsis. Inyigisho yuko gukora ivy’ubukazi (canke ‘kubuserura’) bituma umuntu yikuramwo inzika, isa n’iyitigeze ishigikirwa n’ubushakashatsi.”

Uwundi muhinga mu vy’inyifato z’abantu yitwa Gary Hankins yavuze ati: “Ubushakashatsi bwerekana yuko ‘kurekura’ ishavu ryawe ryose mu buryo bwa ya nyigisho ya catharsis akenshi bituma urushiriza gushavura, aho guturura.” Ego ni ko, abahinga mu bijanye n’ingorane zo mu mutwe boshobora kutigera bahuza ku kibazo kijanye n’inyigisho ya catharsis. Ariko rero, abantu benshi barungukiye ku rindi sôko ry’ubukerebutsi, iryo na ryo akaba ari Bibiliya.

“Reka ishavu”

Iciyumviro co gucungera ishavu kiraserurwa mu buryo bwiza cane n’umwanditsi w’amazaburi Dawidi. Yavuze ati: “Reka ishavu, uhebe ubushangashirwe; nturungure kugira gusa ngo ukore ikibi.” (Zaburi 37:​8) Uburyo bwo kwirinda kuvuga canke gukora ikintu woshobora kwicuza mu nyuma ni ukwirinda guca ‘urungura.’ Ego ni ko, ivyo biroroshe kuvuga kuruta gukora. Mugabo birashoboka! Reka twihweze uburyo butatu bwogufasha gucungera ishavu ryawe.

Nugabanye ishavu

Kugira ngo ugabanye ishavu, nugenze buhoro maze uturure. Nugerageze kwirinda kuvuga ikintu ca mbere kikujemwo. Nimba wiyumvamwo ko uguma urushiriza gushavura ukaba kandi ubona ko uhava ubura ukwigumya, nukurikize impanuro ya Bibiliya igira iti: “Intango y’amahane ni nk’uwurekuye amazi; nuko rero imbere y’uko haduka imitongano, have.”​—⁠Imigani 17:​14.

Ivyo ni vyo vyafashije umugabo umwe yitwa Jack gutsinda kamere yiwe y’ubukazi. Se wa Jack yarakunda kuborerwa no gushavura. Igihe Jack yariko arakura, na we nyene yaratsimbataje agatima k’ubukazi. Avuga ati: “Igihe naba nshavuye, numva umenga ndiko ndarurumba. N’ubukazi n’akantu naca ntangura gutontoma no gukubitana ingumu.”

Ariko rero, ibintu vyaratanguye guhinduka igihe Jack yatangura kwigana Bibiliya n’Ivyabona vya Yehova. Yaratahuye ko abifashijwemwo n’Imana, yari gushobora guhinduka maze akamenya gucungera ishavu ryiwe. Kandi koko yarahindutse! Jack arigana ukuntu yavyifashemwo igihe umwe mu bo bakorana yamutuka ashavuye. Avuga ati: “Narumvise ishavu rindurumvyemwo. Naciye numva nomufata nkamukubita hasi.”

Ni igiki none cafashije Jack kuguma atekanye? Asigura ati: “Ndibuka yuko nasenze nti: ‘Ndakwinginze Yehova, umfashe nturure!’ Naciye niyumvamwo amahoro ari bwo bwa mbere, maze ndashobora kuhava.” Jack yarabandanije kwiga Bibiliya. Yaramara umwanya mwinshi asenga yongera azirikana ku vyanditswe nk’Imigani 26:​20, ahagira hati: “Ahatagira inkwi umuriro urazima.” Mu nyuma, Jack yarashoboye gutsinda ishavu ryiwe.

Niwige guturura

“Umutima utekanye ni ubuzima bw’umubiri w’inyama.” (Imigani 14:​30) Gushira mu ngiro ukwo kuri kw’ishimikiro kwo muri Bibiliya birashobora gutuma umuntu arushiriza kumererwa neza mu mutima, ku mubiri no mu vy’impwemu. Nutangurire ku kwiga uburyo busanzwe bwo guturura, bufasha umuntu kugabanya ishavu. Uburyo bukurikira bwarafashije abantu kurwanya ishavu riterwa n’imikazo:

● Nuheme ushikana, ubwo bukaba ari bumwe mu buryo bwiza kandi bunyaruka kuruta ubundi bwo kugabanya ishavu ufise.

● Mu gihe uriko urahema ushikana, nuze urasubiramwo ijambo canke amajambo yotuma uturura, nka “turura,” “vyihoze,” canke “ntibihambaye.”

● Nukore n’umutima wawe wose ikintu ukunda, nko gusoma, kwumviriza akaziki, kurima, canke ikindi gikorwa ubona ko gituma uturura.

● Niwame winonora imitsi wongere ufungure neza.

Nugire ivyo uhinduye ku vyo witeze

Hari aho utoshobora kwirinda rwose abantu canke ibintu bituma ushavura, mugabo urashobora kwiga gucungera ukuntu uvyifatamwo iyo bigushavuje. Ivyo bisaba ko uhindura ukuntu wiyumvira.

Abantu bitega ibintu birenze urugero usanga barushiriza kugira ingorane zijanye n’ishavu. Kubera iki? Kubera ko igihe hari umuntu adashikije ivyo bari biteze canke ikintu kidakozwe nk’uko bavyipfuza, baca bavunika umutima kandi bagashavura. Kugira ngo turwanye ako gatima ko kurondera yuko ibintu biba ibitagira agahaze, vyoba vyiza tugumye twibuka ko “[a]ta mugororotsi ariho, habe n’umwe . . . Bose barahuvye, bose hamwe.” (Abaroma 3:​10, 12) Ku bw’ivyo, mu gihe twiyumvira ko twebwe, canke uwundi muntu wese, dushobora kuba abantu batunganye, tuzovunika umutima.

Twoba tubaye inkerebutsi tutiteze ibintu birenze urugero kuri twebwe no ku bandi. Bibiliya ivuga iti: “Twese dutsitara kenshi. Nimba hari uwudatsitara mw’ijambo, uyo ni umuntu atagira akanenge.” (Yakobo 3:​2) Egome, “[N]ta muntu w’umugororotsi ariho mw’isi aguma akora ivyiza ntacumure.” (Umusiguzi 7:​20) Nimba rero twiyerekana uko tutari, tukiyerekana ko turi abantu batunganye, bizotuma tugira ubuzima bwuzuye imibabaro n’ishavu.

Kubera ko turi abantu badatunganye, twese birashika tugashavura. Mugabo ni twe twihitiramwo ukuntu duserura ishavu tuba dufise. Intumwa Paulo yagabishije abakirisu bagenziwe ati: “Murake, yamara ntimucumure; izuba ntirirenge mugishavuye.” (Abanyefeso 4:​26) Egome, ducungereye ishavu ryacu, turashobora guserura inyiyumvo zacu mu buryo bwiza, uburyo bugirira akamaro umuntu wese biraba.

[Uruzitiro/​Amafoto ku rup. 8, 9]

NIWIGE GUTURURA

Nuheme ushikana

Nukore n’umutima wawe wose ikintu ukunda

Niwame winonora imitsi

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika