Nutere iteka Yehova mu kugaragaza icubahiro
“Igikorwa [ca Yehova ni] icubahiro n’ubgiza.”—ZAB. 111:3.
1, 2. (a) Wosigura gute ijambo “icubahiro”? (b) Ni ibibazo ibihe biza kurimburwa muri iki kiganiro?
IGIHE akigeme kamwe k’imyaka cumi kitwa Madison bagasaba gutanga insobanuro y’“umuntu afise icubahiro” uwo ari we, kaciye kishura yuko ari “umuntu yambaye neza.” Ako kigeme gashobora kuba katari kazi ko Bibiliya ivuga yuko Imana ‘yisakaye icubahiro.’ (Zab. 104:1) Ku bantu, kugaragaza icubahiro vyoshobora rimwe na rimwe kuba birimwo ukuba wambaye neza. Nk’akarorero, intumwa Paulo yaripfuza ko abagore bakirisu “bishariza mu myambaro itunganije neza, mu rupfasoni n’ukurorana kw’umuzirikanyi, atari mu gushazisha imideri yo gusukisha imishatsi, n’inzahabu canke imaragarita canke impuzu zizimvye cane.” (1 Tim. 2:9) Ariko, inyifato iranga icubahiro kandi ishimagiza “icubahiro” ca Yehova be n’“ubgiza” bwiwe, ntigarukira gusa ku kwambara neza.—Zab. 111:3.
2 Muri Bibiliya, ijambo ry’igiheburayo rihindurwa ngo “icubahiro” rishobora kandi guhindurwa ngo “ubwiza,” “ubukuru,” “ubuninahazwa” canke “iteka.” Twisunze insobanuro itangwa n’inyizamvugo imwe, kugira “icubahiro” ni “ukwumva yuko ufise agaciro, utewe iteka canke uri n’ico umaze.” Vyongeye, nta muntu n’umwe ari n’ico amaze canke afise iteka kibure icubahiro kuruta Yehova. Ku bw’ivyo rero, twebwe abasavyi biwe bamwiyeguriye, dukwiye kumuha icubahiro mu mvugo no mu ngiro. Ariko none ni kubera iki abantu bashoboye kugaragaza icubahiro? Icubahiro ca Yehova be n’ubwiza bwiwe vyibonekeza gute? Icubahiro c’Imana gikwiye kugira ico gikoze gute kuri twebwe? Ni igiki Yezu Kristu ashobora kutwigisha mu bijanye n’ukugaragaza iyo kamere? Kandi dushobora gute kugaragaza ko twubaha Imana?
Igituma dushoboye kugaragaza icubahiro
3, 4. (a) Kuba twarahawe icubahiro bikwiye gutuma dukora iki? (b) Ni nde amajambo dusanga muri Zaburi 8:5-9 yerekezako mu buryo bw’ubuhanuzi? (Raba akajambo k’epfo.) (c) Ni bande Yehova yahaye icubahiro muri kahise?
3 Kubera ko abantu bose baremwe mw’ishusho y’Imana, barafise ubushobozi bwo kugaragaza icubahiro. Yehova yarahaye icubahiro umuntu wa mbere mu kumushinga igikorwa co kubungabunga isi. (Ita. 1:26, 27) N’inyuma y’aho uwo muntu abereye umunyagasembwa, Yehova yarasubiye kwerekana ibanga abantu bajejwe ku bijanye n’isi. Rero, n’ubu Imana ‘iracambika’ abantu icubahiro nk’igitsibo. (Soma Zaburi 8:5-9.)a Kubera ko twahawe ico cubahiro, birasaba ko tugira ico dukoze kiranga ko twubaha, ico na co kikaba ari ugushemeza izina rya Yehova rihambaye tubigiranye icubahiro kigera kure.
4 Yehova yarahaye canecane abamurangurira umurimo mweranda icubahiro kitari gike. Imana yarahaye icubahiro Abeli mu kwemera ikimazi ciwe, ntiyemera ica mwenewabo Kayini. (Ita. 4:4, 5) Musa yarabwiwe ko ‘yokebera [Yosuwa] ku cubahiro ciwe,’ uno akaba ari we yari agiye kumusubirira mu kuyobora Abisirayeli. (Guh. 27:20) Ku bijanye na Salomo umuhungu wa Dawidi, Bibiliya ivuga iti: “Uhoraho akuza Salomo cane imbere y’Abisirayeli bose, amuha icubahiro c’ubwami kitīgeze kuba ku mwami n’umwe mu bamwītangiye imbere mu Bisirayeli.” (1 Ngo. 29:25) Imana izoha icubahiro kidasanzwe abakirisu basizwe bazoba bazuwe, bano bakaba baratangaje badahemuka “ubgiza bg’igitinyiro c’ubgami bg[i]we.” (Zab. 145:11-13) Muri ukwo gushemagiza Yehova, abantu amasinzi baguma bongerekana bo mu bagize “izindi ntama” za Yezu, na bonyene barafise uruhara rweranda kandi rurangwa icubahiro barangura.—Yoh. 10:16.
Ukuntu icubahiro ca Yehova be n’ubwiza bwiwe vyibonekeza
5. Icubahiro ca Yehova gihambaye ku rugero rungana iki?
5 Mu ruririmbo rwerekana ukuntu Imana ihambaye umuntu na we akaba ata co amaze, umwanditsi wa Zaburi Dawidi yaririmvye ati: “Uhoraho, Mwami wacu, ereg’izina ryawe ni ryiza mw’isi yose! Washize icubahiro cawe hejuru y’amajuru.” (Zab. 8:1) Kuva imbere y’uko “ijuru n’isi” biremwa, gushika inyuma y’iranguka rihambaye ry’umugambi w’Imana ujanye n’uguhindura isi ikaba Iparadizo be n’ugutuma umuryango w’abantu uba uwutagira agasembwa, ni ukuvuga uhereye ibihe bidahera ugashitsa ibihe bidahera, Yehova Imana ni we ahambaye kandi ni we afise icubahiro kuruta abandi bose kw’isi no mw’ijuru.—Ita. 1:1; 1 Kor. 15:24-28; Ivyah. 21:1-5.
6. Ni kubera iki umwanditsi wa Zaburi yavuze yuko Yehova yisakaye icubahiro?
6 Ese ukuntu uwo mwanditsi wa Zaburi yatinya Imana ategerezwa kuba yarakozwe ku mutima igihe yitegereza ingene ikirere amahero cuzuye inyenyeri mw’ijoro, gisharijwe n’ivyo twokwita ibirezi bica ibibatsi! Bitumwe n’uko uwo mwanditsi wa Zaburi yatangariye cane ukuntu Imana ‘yagaranzuye ijuru nk’ihema,’ yaradondoye ko Yehova yisakaye icubahiro kubera ubuhanga bwiwe bwo kurema butangaje cane. (Soma Zaburi 104:1, 2.) Icubahiro be n’ubwiza vy’uwo Muremyi ataboneka kandi ashobora vyose biribonekeza mu bintu biboneka yaremye.
7, 8. Ni ikimenyamenya ikihe cerekana icubahiro ca Yehova n’ubwiza bwiwe dushobora kubona iyo twitegereje mu kirere?
7 Nk’akarorero, rimbura ibijanye na ya galagisi yitwa Nzira Nyamweru. Muri ico kirere amahanga kigizwe n’inyenyeri, imibumbe be n’imigwi y’ibisyo bizunguruka ibindi binyenyeri binaka, isi yacu iboneka ko ari akantu ata co kavuze kangana nka kurya kw’agatete kamwe k’umusenyi wo kw’isesero amahero ry’ikiyaga. Wari uzi ko iyo galagisi imwe yonyene irimwo inyenyeri zirenga imiliyaridi 100! Hamwe woba ushoboye kuza uraharura inyenyeri imwimwe uko isegunda iheze, ivyo ukabigira mu kiringo c’amasaha 24 buri musi udahagarika, vyogusaba imyaka irenga 3.000 kugira ngo uzoshike kuri ico gitigiri c’imiliyaridi 100.
8 Niba iyo galagisi yitwa Nzira Nyamweru yonyene irimwo inyenyeri zirenga imiliyaridi 100, bite ho ku bijanye n’ayandi magalagisi yo mu kirere? Abahinga mu vy’imibumbe bagereranya ko Inzira Nyamweru ishobora kuba ari igalagisi imwe mu zindi nyinshi cane, ziva nko ku miliyaridi 50 gushika ku miliyaridi 125. None wumva ikirere cose kirimwo inyenyeri zingahe? Nta gukeka ko inyishu y’ico kibazo isiga ubwenge. Yamara, Yehova “aharūra inyenyeri uko zingana, zose azita amazina yazo.” (Zab. 147:4) Ubonye ukuntu Yehova yisakaye icubahiro nk’ico be n’ubwiza nk’ubwo, wumva none udaca uvyurirwa umutima wo gushemagiza izina ryiwe rihambaye?
9, 10. Ukuba Umuremyi wacu aturonsa umukate bishemagiza gute ubukerebutsi bwiwe?
9 Reka ubu na ho duhindukize ivyiyumviro tuve kuri ivyo bintu bihambaye cane biri mu kirere, maze twihweze ikintu tumenyereye cane, ico na co kikaba ari umukate. Yehova ‘ntiyaremye ijuru n’isi’ vyonyene, ariko kandi ni we “agaburira abashonje.” (Zab. 146:6, 7) “Icubahiro” c’Imana be n’“ubgiza” bwayo biragaragarira mu bikorwa bihambaye yakoze, ushizemwo n’ukuba yararemye ibiterwa umukate uvamwo. (Soma Zaburi 111:1-5.) Yezu yigishije abayoboke biwe gusenga bati: “Uduhe uno musi umukate wacu w’uyu musi.” (Mat. 6:11) Umukate cari ikiribwa nyamukuru abantu bo mu gihe ca kera bihereza, ushizemwo n’Abisirayeli. Naho umukate ubonwa ko ari igifungurwa gisanzwe, uravye ukuntu ibintu nyamukuru bikeyi umuntu akoresha bivangana maze bikavamwo umukate unovera, ntugire ngo ni ikintu gisanzwe.
10 Igihe Bibiliya yariko irandikwa, Abisirayeli bakoresha ifu y’ingano canke ya sayiri be n’amazi mu gukora umukate. Rimwe na rimwe barakoresha umwambiro. Igihe ivyo bintu bisanzwe babivangavanze, bica bivamwo uruvange rutangaje rw’uduhimbahimba twinshi dufatanganye bimwe bikomeye. Ukwo kuntu utwo duhimbahimba dufatangana hagati yatwo ni ikintu kidatahurwa bimwe bishitse. Vyongeye, ukuntu umubiri uhingura umukate iyo ushitse mu nda ni ikindi gikorwa gitangaje c’urusobangane. Ntibitangaje rero kubona umwanditsi wa Zaburi yararirimvye ati: “Uhoraho we, ereg’ibikorwa vyawe n’ivy’uburyo bginshi! Vyose wabiremesheje ubgenge.” (Zab. 104:24) Ivyo vyoba nawe bikuvyuriye umutima wo gushemeza Yehova?
Icubahiro c’Imana be n’ubwiza bwayo bigira ico bikoze gute kuri wewe?
11, 12. Kuzirikana ku vyo Imana yaremye bishobora kugira ico bikoze gute kuri twebwe?
11 Ntibikenewe ko turinda kuba abahinga mu vy’imibumbe kugira ngo dutangarire ikirere mw’ijoro canke ngo turinde kuba abahinga mu vya chimie kugira ngo twinovore umukate. Ariko rero, kugira ngo dutahure ukuntu Umuremyi wacu ahambaye cane, turakeneye gufata umwanya tukazirikana ku vyo yakoze. None ukuzirikana nk’ukwo gushobora kutumarira iki? Ico kwotumarira coba ari nka kirya nyene ukuzirikana ku bindi bintu Yehova yakoze kwotumarira.
12 Ku bijanye n’ibikorwa bihambaye Yehova yakoreye abasavyi biwe, Dawidi yaririmvye ati: “Nzovuga ubgiza bg’igitinyiro c’icubahiro cawe, nzoririmba ibikorwa bitangaje wakoze.” (Zab. 145:5) Turagaragaza ko twitwararika ivyo bintu yakoze mu kwiga Bibiliya no mu gufata umwanya tukazirikana ku vyo dusoma muri yo. None ukwo kuzirikana kuvamwo iki? Kuratuma turushiriza gutahura icubahiro c’Imana be n’ubwiza bwayo. Nta gukeka rero ko umwe wese muri twebwe yumva avyuriwe umutima wo kwifatanya na Dawidi mu gutera iteka Yehova, akavuga ati: “Nzomenyekanisha ubukuru bgawe.” (Zab. 145:6) Kuzirikana ku bikorwa bitangaje Yehova Imana yakoze birakwiye gukomeza ubucuti dufitaniye na we kandi bikatuvyurira umutima wo kubwira abandi ibimwerekeye tubigiranye umunezero mwinshi kandi dukomeye kw’ibanga. Woba uriko uramamaza inkuru nziza wongera ufasha abantu ubigiranye umwete kugira ngo batahure icubahiro ca Yehova Imana, ubwiza bwiwe be n’ubukuru bwiwe?
Yezu aragaragaza ata gahaze icubahiro c’Imana
13. (a) Muri Daniyeli 7:13, 14 herekana ko Yehova yahaye Umwana wiwe iki? (b) Umwami Yezu afata gute abatwarwa biwe?
13 Yezu Kristu Umwana w’Imana yaramamaza n’umwete mwinshi inkuru nziza akongera agatera iteka Se wiwe wo mw’ijuru w’umunyacubahiro. Yehova yarahaye Umwana wiwe w’ikinege icubahiro kidasanzwe mu kumuronsa ‘inganji n’ubwami.’ (Soma Daniyeli 7:13, 14.) Yamara, Yezu ntiyishira hejuru canke ngo akumire abandi. Ahubwo riho, ni Umutegetsi w’ikibabarwe atahura aho abatwarwa biwe bageza kandi akabaha icubahiro ku rugero rutari ruto. Rimbura akarorero kamwe kerekana ukuntu Yezu bwa Mwami yagenywe yafata abantu bahura na we, na canecane abari baraciriwe umukenke mu kibano kandi bagasa n’uko batakundwa.
14. Abanyamibembe babonwa gute muri Isirayeli ya kera?
14 Mu bihe vya kera, abantu bari barembejwe n’indwara y’imibembe akenshi baza gupfa baratuntuye cane. Ibihimba vy’umuntu arwaye iyo ndwara vyagenda bukebuke birasinzikara. Gukiza umunyamibembe vyabonwa ko ari ikintu c’amananiza cokimwe n’ukuzura uwapfuye. (Guh. 12:12; 2 Abm. 5:7, 14) Abanyamibembe babonwa ko bahumanye, bakankwa urunuka kandi bagacibwa mu kibano. Igihe baba bariko baregereza ahari abantu, bategerezwa kugenda barasemerera bati: “Ndahumanye, ndahumanye!” (Lew. 13:43-46) Umunyamibembe yafatwa nk’umuntu yapfuye. Inkuru z’abarabi zivuga yuko umunyamibembe yemererwa kwegera uwundi muntu gushika gusa ku metero imwe na santimetero 70. Vyavugwa ko bishitse hakagira indongozi y’idini ibona umunyamibembe, naho yaba ari kure, yaca imutera amabuye kugira ngo agume kure yayo.
15. Yezu yitwararitse gute umunyamibembe umwe?
15 Ariko rero, birashimishije kubona ukuntu Yezu yavyifashemwo igihe umunyamibembe umwe yaza aho ari, maze akamutakambira ngo amukize. (Soma Mariko 1:40-42.) Yezu ntiyaciye yirukana uwo munyamibembe yari yaratawe nk’akanuka, ahubwo yaramwitwararikanye ikibabarwe n’icubahiro. Yezu yabona ko uwo muntu ateye akagongwe kandi ko akeneye kuruhurirwa. Yezu yarakozwe cane ku mutima, maze ikibabarwe cinshi yagize gituma aca agira ico akoze. Yaciye yegera uwo munyamibembe, aramukorako maze aramukiza.
16. Ni icigwa ikihe wakuye ku kuntu Yezu yitwararika abandi?
16 None twebwe abayoboke ba Yezu dushobora kwigana gute ubwo buryo yagaragajemwo icubahiro ca Se wiwe? Uburyo bumwe ni mu gutahura neza ko abantu bose babereye guterwa iteka no kwubahwa, tutaravye ikibanza, ijunja canke imyaka bafise. (1 Pet. 2:17) Na canecane abaja imbere abandi, nk’abanega, abavyeyi canke abakurambere bakirisu, barakwiye gufatana icubahiro abo bajejwe kwitwararika kandi bakabafasha gutuma agateka kabo kaguma kubahirijwe. Bibiliya irashimika ku vy’uko ico ari ikintu abakirisu bose basabwa kugira, mu kuvuga iti: “Mu vy’urukundo rwa kivukanyi mugiriranire ikibabarwe. Mu vyo guterana iteka mube aba mbere.”—Rom. 12:10.
Tugaragaze icubahiro mu bijanye n’ugusenga
17. Ku bijanye n’ukugaragaza icubahiro igihe twiyegereza Yehova mu bijanye n’ugusenga, ni igiki dushobora kwigira ku Vyanditswe?
17 Turakwiye kwitwararika bimwe bidasanzwe ivyo kugaragaza icubahiro igihe twiyegereza Yehova mu bijanye n’ugusenga. Mu Musiguzi 5:1 hagira hati: “Urinde ikirenge cawe iy’uja mu ngoro y’Imana.” Yaba Musa canke Yosuwa, bompi barahawe itegeko ryo gukura inkweto zabo igihe bari ahantu heranda. (Kuv. 3:5; Yos. 5:15) Bategerezwa kubigenza gutyo kugira ngo bibe ikimenyetso cerekana ko bubaha bimwe bigera kure. Abaherezi b’Abisirayeli babwirizwa kwambara amabutura ajishwe mu nyuzi zera kugira ngo “bapfuke ubgambure bgabo.” (Kuv. 28:42, 43) Ivyo vyatuma ubwambure bwabo butaja ahagaragara, igihe baba bariko barasukurira ku gicaniro. Umwe wese mu bagize umuryango w’umuherezi yategerezwa kuguma akurikiza iyo ngingo mfatirwako y’Imana ijanye n’ukwubaha.
18. Tugaragaza gute icubahiro mu vyo dukora bijanye n’ugusenga Yehova?
18 Twebwe abasenga Yehova, turakwiye rero kugaragaza icubahiro mu mice yose y’ubuzima bwacu. Kugira ngo tube ababereye guterwa iteka no kwubahwa, dutegerezwa na twebwe nyene kugaragaza icubahiro. Icubahiro tugaragaza gikwiye kutaba ic’uruhendo canke uc’ukwiyerekana gusa. Gikwiye kurengera ivyo abantu babonesha amaso, kikaba ikibonwa n’Imana, ni ukuvuga kikaba ari ikivuye ku mutima. (1 Sam. 16:7; Imig. 21:2) Icubahiro gikwiye kuba kiri mu bitugize kandi kikagira ico gikoze ku nyifato yacu, ku gatima tugaragaza, ku bucuti dufitaniye n’abandi, eka mbere no ku kuntu tubona ibitwerekeye canke twiyumva. Nkako, icubahiro gikwiye kwigaragaza mu bihe vyose, mu vyo tuvuga vyose no mu vyo dukora vyose. Ku bijanye n’ukuntu twigenza, twambara be n’ukuntu twitunganya, tuguma twibuka amajambo intumwa Paulo yavuze, ati: “Ntidutanga mu buryo na bumwe igitsitaza na kimwe, kugira ngo ubusuku bwacu ntibutorwe amahinyu; mugabo mu buryo bwose turishimagiza nk’abasuku b’Imana.” (2 Kor. 6:3, 4) ‘Turashariza inyigisho y’Umukiza wacu, Imana, muri vyose.’—Tito 2:10.
Tubandanye kugaragaza ko twubaha Imana
19, 20. (a) Uburyo bwiza bwo kugaragariza abandi icubahiro ni ubuhe? (b) Ku bijanye n’ukugaragaza icubahiro, ni igiki dukwiye kwiyemeza gukora?
19 Icubahiro kiragaragazwa n’abakirisu basizwe, bano bakaba ari ‘ivyariho bisubirira Kristu.’ (2 Kor. 5:20) Abo mu “zindi ntama” na bo, bano bakaba bashigikira badahemuka abo basizwe, ni intumwa zahawe icubahiro ku bw’Ubwami burongowe na Mesiya. Icariho canke intumwa ni umuntu avugira intwaro aserukira abigiranye ubutinyutsi n’icubahiro. Ku bw’ivyo rero, turakwiye kuvugana icubahiro n’ubutinyutsi mu gushigikira intwaro y’Imana, ari bwo Bwami bwayo. (Ef. 6:19, 20) Vyongeye, igihe dushira abandi “inkuru nziza z’ivyiza,” ntituba none turiko turabagaragariza icubahiro?—Yes. 52:7.
20 Turakwiye kwiyemeza kuninahaza Imana mu kwigenza mu buryo buranga ko tuyubaha. (1 Pet. 2:12) Nimuze twame nantaryo tuyigaragariza icubahiro kigera kure, twame tukigaragaza mu bijanye n’ukuyisenga kandi tunakigaragarize abo dusangiye ugusenga. Vyongeye, ese Yehova we yisakaye icubahiro n’ubwiza yohimbarwa n’ingene tumusenga tubigiranye icubahiro!
[Akajambo k’epfo]
a Amajambo Dawidi yavuze dusanga muri Zaburi ya 8 arerekeza kandi mu buryo bw’ubuhanuzi kuri wa muntu atagira agasembwa Yezu Kristu.—Heb. 2:5-9.
Wokwishura gute?
• Gutahura ubwiza bw’icubahiro ca Yehova bikwiye kugira ico bikoze gute kuri twebwe?
• Ku bijanye n’icubahiro, ni igiki dushobora kwigira ku kuntu Yezu yitwararitse umunyamibembe umwe?
• Dushobora gute gutera iteka Yehova mu buryo burimwo icubahiro?
[Ifoto ku rup. 12]
Yehova yahaye gute icubahiro Abeli?
[Ifoto ku rup. 14]
Ibikorwa bihambaye Yehova yakoze biribonekeza no mu bijanye n’ingene abantu turonswa umukate
[Ifoto ku rup. 15]
Mu bijanye n’icubahiro, ni igiki wigiye ku kuntu Yezu yitwararitse umunyamibembe umwe?
[Ifoto ku rup. 16]
Ugusenga kugiranywe icubahiro kurimwo n’ugutera iteka Yehova