Ubukuru bwa Yehova ntibuserangurika
“Uhoraho arahambaye, abereye gushimwa cane: ubukuru bgiwe ntibushobora guserangurika”.—ZABURI 145:3.
1, 2. Dawidi yari umuntu ameze gute, kandi yibona gute imbere y’Imana?
UWATUNGANIJE Zaburi ya 145 ni umwe mu bagabo bari bazwi rwose muri kahise. Akiri agahungu, yarahanganye n’ikigatanya gifise ibirwanisho arakiryamika hasi. Ari umwami w’umurwanantambara na ho, uwo mwanditsi wa Zaburi yaranesheje ingabo nyinshi. Uwo muntu yitwa Dawidi, akaba kandi yari umwami agira kabiri wa Isirayeli ya kera. Izina Dawidi yihesheje ryarabandanije n’inyuma y’urupfu rwiwe ku buryo bw’uko muri iki gihe, abantu amamiliyoni hari ikintu bamuziko.
2 Naho hari ivyo Dawidi yari yarashitseko, yibona ubwiwe ko ari umuntu aciye bugufi. Ku vyerekeye Yehova, yaririmvye ati: “Iyo nitegereje ijuru ryawe, igikorwa c’intoke zawe, n’ukwezi n’inyenyeri, ivyo waremye; umuntu n’iki ah’umwibuka, cank’umwana w’umuntu ah’umugendera?” (Zaburi 8:3, 4). Aho kwiyumvira ko we ubwiwe yari ahambaye, ugukizwa abansi biwe bose Dawidi yakwitiriye Yehova hanyuma avuga ku vyerekeye Imana ati: “Wampaye inkinzo, ni yo gakiza kawe, ukwicisha bugufi kwawe kwanshize hejuru” (2 Samweli 22:1, 2, 36). Yehova arerekana ukwicisha bugufi mu kugirira imbabazi abacumuzi, Dawidi rero akaba yarakengurutse ubwo buntu Imana igirira abantu batabibereye.
‘Nzoshira hejuru Imana yo Mwami’
3. (a) Ni ukubona ibintu ukuhe Dawidi yari afise ku biraba uwari umwami wa Isirayeli? (b) Kandi Dawidi yipfuza gushemeza Yehova gushika ku rugero rungana iki?
3 Naho Dawidi yari umwami yagenywe n’Imana, yabona ko Yehova ari we Mwami nyakuri wa Isirayeli. Dawidi yavuze ati: “Ubgami n’ubgawe, ewe [Yehova], kandi ni wewe ushizwe hejuru ng’ube ūsumba vyose” (1 Ngoma 29:11). Bisubiye, urazi ukuntu Dawidi yaha agaciro Imana nka yo Mutegetsi! Yaririmvye ati: “Mana yanje, Mwami wanje, ndagushira hejuru; nzoshemagiza izina ryawe ibihe bitazoshira. Nzokwama ngushemagiza [“nguhezagira”, NW] uko bukeye, nzoshima [“nzoshemeza”, NW] izina ryawe ibihe bitazoshira” (Zaburi 145:1, 2). Gushemeza Yehova Imana umusi wose gushika ibihe bidahera ni co cari icipfuzo ca Dawidi.
4. Zaburi ya 145 ishira ku kabarore ibihe birego vy’ibinyoma?
4 Zaburi ya 145 ni inyishu y’ububasha ku vyo Shetani yivugishije yuko Imana ari umutegetsi w’umwikunzi yima umwidegemvyo ibiremwa vyiwe (Itanguriro 3:1-5). Iyo Zaburi kandi irashira ku kabarore ikinyoma ca Shetani c’uko abagamburukira Imana babigira kubera gusa ico bashobora kuharonkera, batabigira babitumwe n’urukundo bakunda Imana (Yobu 1:9-11; 2:4, 5). Nka kumwe kwa Dawidi, abakirisu b’ukuri muri kino gihe bariko baratuma haboneka inyishu ku birego vy’ibinyoma vya Shetani. Baraha agaciro icizigiro cabo c’ukuzobaho ibihe bidahera mu gihe c’ubutegetsi bw’Ubwami kubera yuko bipfuza gushemeza Yehova ibihe bidahera. Abantu amamiliyoni baramaze gutangura kubigira mu kwizera inkuka y’incungu ya Yezu no mu gusukurira Yehova babigiranye ukugamburuka bivuye ku rukundo bamukunda ari abasavyi biwe bamwiyeguriye bakabatizwa.—Abaroma 5:8; 1 Yohana 5:3.
5, 6. Ni uturyo utuhe tuhari two guhezagira no gushemeza Yehova?
5 Iyumvire uturyo twinshi dufise two guhezagira Yehova no kumushemeza turi abasavyi biwe. Dushobora kubigira mw’isengesho igihe dukozwe ku mutima n’ikintu dusomye mw’Ijamwo ryiwe Bibiliya. Turashobora guserura ishemezo ryo gushima tugaserura n’ugukenguruka igihe dukozwe ku mutima n’uburyo Imana ifata abantu canke igihe turyohewe n’umuce kanaka w’ivyaremwe vyiwe bitangaje. Turashobora kandi guhezagira Yehova Imana igihe tuganira n’abo dusangiye ukwemera imigambi yiwe ku makoraniro ya gikirisu canke mu biyago tugira turi ukwa twenyene. Kukaba nkako, ‘ibikorwa vyiza’ vyose bikorwa ku bw’inyungu z’Ubwami bw’Imana birashemeza Yehova.—Matayo 5:16.
6 Mu burorero bwa vuba bw’ibikorwa vyiza nk’ivyo harimwo iyubakwa ry’ibibanza vyinshi vy’ugusengeramwo rigirwa n’abasavyi ba Yehova mu bihugu bisinzikajwe n’ubukene. Vyinshi muri ivyo bikorwa vyakozwe bivuye ku nsahirizo yo mu vy’amahera yatanzwe n’abo basangiye ukwizera bo mu bindi bihugu. Abakirisu bamwebamwe barafashije mu kwitanga bakaja mu turere nk’utwo kugira ngo bagire uruhara mw’iyubakwa ry’Ingoro z’Ubwami. Vyongeye, igihambaye kuruta ibindi muri ivyo bikorwa vyiza vyose, ni ugushemeza Yehova mu kwamamaza inkuru nziza y’Ubwami bwiwe (Matayo 24:14). Nk’uko imirongo yo hanyuma muri Zaburi ya 145 ivyerekana, Dawidi yarakengurutse yongera aremera icese ubutegetsi bw’Imana kandi arashira hejuru ubwami bwayo (Zaburi 145:11, 12). Woba nawe ukenguruka nk’ukwo nyene uburyo Imana itegeka? Vyongeye, woba ubwira abandi udahorereza ivyerekeye Ubwami bwayo?
Uburorero bugaragaza ubukuru bw’Imana
7. Tanga imvo nyamukuru yo gushemeza Yehova.
7 Zaburi 145:3 iratanga iyindi mvo nyamukuru yo gushemeza Yehova. Dawidi yaririmvye ati: “Uhoraho arahambaye, abereye gushimwa cane: ubukuru bgiwe ntibushobora guserangurika”. Ubukuru bwa Yehova ntibugira akarimbi. Abantu ntibashobora kubuserangura, kubutahura, canke kubugera bimwe vyuzuye. Ariko, turaza kwungukira ku kurimbura uburorero bw’ubukuru bwa Yehova budaserangurika.
8. Ikirere gihishura iki ku vyerekeye ubukuru be n’ububasha vya Yehova?
8 Gerageza wibuke igihe wasohoka hanze ata kwezi kwaka maze ukaraba hejuru kw’ijuru rikeye ryo mw’ijoro. Mbega ntiwatangajwe n’isinzi ry’inyenyeri ziboneka mu kirere cirabura? Ntiwavyuriwe none umutima wo gushemeza Yehova kubera ubukuru yagaragaje mu kurema ivyo bisyo vyo mu kirere vyose? Ariko rero, ivyo wabonye ni agace inzatsa k’igitigiri c’inyenyeri zo mw’igalagisi isi irimwo. Ikigeretseko, biharurwa ko hariho amagalagisi arenga imiliyaridi ijana, atatu muri yo akaba ari yo gusa umuntu ashobora kubona adakoresheje ca cuma rugagamisha bita telesikope. Kukaba nkako, inyenyeri be n’amagalagisi bidaharurwa bigize ikirere amahanga, ni ikimenyamenya c’ububasha bwa Yehova bw’irema be n’ubukuru bwiwe budaserangurika.—Yesaya 40:26.
9, 10. (a) Ni imice iyihe y’ubukuru bwa Yehova yagaragajwe mu bijanye na Yezu Kirisitu? (b) Izuka rya Yezu rikwiye kugira ico rikoze gute ku kwizera kwacu?
9 Rimbura iyindi mice y’ubukuru bwa Yehova, na yo ikaba ari iyerekeye Yezu Kirisitu. Imana yaragaragaje ko ihambaye mu kurema Umwana wayo no mu kumukoresha imyaka n’iyindi mw’irema ari “umukozi w’umuhanga” (Imigani 8:22-31). Yehova yagaragaje urukundo rwiwe ruhambaye igihe yatanga Umwana wiwe kw’inkuka y’incungu ku bw’abantu (Matayo 20:28; Yohana 3:16; 1 Yohana 2:1, 2). N’ikindi kirengeye ugutahura kw’umuntu ni umubiri w’impwemu w’ubuninahazwa kandi udahwera Yehova yahaye Yezu igihe yazuka.—1 Petero 3:18.
10 Ukuzuka kwa Yezu kwarimwo imice myinshi itangaje igaragaza ubukuru bwa Yehova budaserangurika. Nta gukeka ko Imana yatumye Yezu asubira kwibuka igikorwa kijanye n’ukurema ibintu bitaboneka be n’ibiboneka (Ab’i Kolosayi 1:15, 16). Muri ivyo bintu harimwo ibindi biremwa vy’impwemu, ikirere, isi yimbuka be n’ubundi bwoko bwose bw’ibinyabuzima biri kuri uwu mubumbe wacu. Uretse ivy’ugusubira kugarukana ubumenyi Umwana wiwe yari afise bwerekeye kahise kose k’ubuzima bwo mw’ijuru n’ubwo kw’isi yabona ataraba umuntu, Yehova yaribukije Yezu ivyo yari yariboneye igihe yari umuntu atagira agasembwa. Vyemere, ubukuru bwa Yehova budaserangurika burigaragariza mw’izuka rya Yezu. Vyongeye, ico gikorwa gihambaye ni icemeza yuko izuka ry’abandi rishoboka. Gikwiye gukomeza ukwizera kwacu yuko Imana ishobora gusubiza bazima abantu amamiliyoni bapfuye yibuka mu bwenge bwayo butagira agahaze.—Yohana 5:28, 29; Ivyakozwe 17:31.
Ibikorwa bitangaje be n’ibikorwa vy’ububasha
11. Ni igikorwa gihambaye ca Yehova ikihe catanguye kuri Pentekote yo mu 33 G.C.?
11 Kuva aho Yezu azukiye, Yehova yarakoze n’ibindi bikorwa vyinshi bihambaye kandi bitangaje (Zaburi 40:5). Kuri Pentekote yo mu 33 G.C., Yehova yarashizeho ihanga rishasha ari ryo “Isirayeli y’Imana”, rigizwe n’abigishwa ba Kirisitu basizwe impwemu yera (Ab’i Galatiya 6:16, NW). Iryo hanga rishasha ryo mu buryo bw’impwemu ryarakwiragiye mu buryo bw’ububasha mw’isi yose yari izwi ico gihe. Naho ubuhakanyi bwatumye habaho abiyita abakirisu inyuma y’urupfu rw’intumwa za Yezu, Yehova yagumye akora ibikorwa bitangaje kugira yemeze ko umugambi wiwe uzoranguka.
12. Kuba Bibiliya iboneka mu ndimi nkurunkuru zose zivugwa kw’isi ni ikimenyamenya c’iki?
12 Nk’akarorero, ibitabu vyemewe bigize Bibiliya vyarazigamwe hanyuma amaherezo birahindurwa mu ndimi nkurunkuru zose zivugwa kw’isi muri kino gihe. Uguhindura Bibiliya akenshi kwagirwa mu bihe bigoye kandi hari iterabwoba ry’urupfu rigirwa n’abakozi ba Shetani. Ico umuntu atokeka co, ni uko Bibiliya itari gushobora guhindurwa mu ndimi zirenga 2.000 iyo ivyo bitaba ari igomba rya ya Mana Yehova ihambaye mu buryo budaserangurika!
13. Kuva mu 1914, ubukuru bwa Yehova bwagaragaye gute mu bijanye n’imigambi yiwe yerekeye Ubwami?
13 Ubukuru bwa Yehova bwaragaragaye mu bijanye n’imigambi yiwe yerekeye Ubwami. Nk’akarorero, mu mwaka wa 1914, yarimitse Umwana wiwe Yezu Kirisitu aba Umwami wo mw’ijuru. Gatoyi inyuma y’aho, Yezu yarahagurukiye Shetani n’amadayimoni yiwe. Barirukanywe mw’ijuru hanyuma bagumizwa mu micungararo y’isi, aho ubu barindiririye gutabwa mu gisumanyenzi (Ivyahishuriwe 12:9-12; 20:1-3). Kuva ico gihe, abayoboke ba Yezu basizwe barashikiwe n’uruhamo rwiyongereye. Ariko rero, Yehova yarababungabunze muri iki gihe c’ukuhaba kwa Kirisitu kutaboneka.—Matayo 24:3; Ivyahishuriwe 12:17.
14. Ni igikorwa gitangaje ikihe Yehova yakoze mu 1919, kandi cashikije iki?
14 Mu mwaka wa 1919, Yehova yarakoze ikindi gikorwa gitangaje cagaragaje ubukuru bwiwe. Abayoboke ba Yezu basizwe bari barashizwe mu mimerere y’ukudakora mu vy’impwemu, baravyuwe (Ivyahishuriwe 11:3-11). Mu myaka yakurikiye kuva ico gihe, abasizwe baramamaje n’umwete inkuru nziza yerekeye Ubwami bwashinzwe mw’ijuru. Abandi basizwe baratororokanijwe kugira ngo bakwize igitigiri c’abantu 144.000 (Ivyahishuriwe 14:1-3). Maze biciye ku bayoboke ba Kirisitu basizwe, Yehova yarashizeho umushinge w’“isi nsha”, ikaba ari ikibano c’abantu bagororotse (Ivyahishuriwe 21:1). Mugabo none, ni igiki kizoshikira “isi nsha” abasizwe b’abizerwa bose bamaze kuja mw’ijuru?
15. Ni igikorwa ikihe abakirisu basizwe bahagarikiye, kandi havuyemwo iki?
15 Mu 1935, inomero y’iki kinyamakuru (mu gifaransa) yo ku wa 1 n’iyo ku wa 15 Myandagaro zarimwo ibiganiro nyamukuru bivuga ivya rya “shengero ryinshi” rivugwa mu Vyahishuriwe ikigabane ca 7. Abakirisu basizwe babigiranye umwete, baratanguye kurondera no kuzana muri bo abo bafatanije ugusenga bo mu mahanga yose n’imiryango yose n’amoko yose n’indimi zose. Iryo “shengero ryinshi” rizorokoka wa “mubabaro mwinshi” wimirije, bafise icizigiro co kubaho ibihe bidahera mw’Iparadizo ari abantu bazoguma bari mu bagize “isi nsha” (Ivyahishuriwe 7:9-14). Kubera ko igikorwa co kwamamaza Ubwami no guhindura abantu abigishwa gihagarikiwe n’abakirisu basizwe, abantu barenga imiliyoni zitandatu ubu barafise icizigiro co kubaho ibihe bidahera mw’iparadizo yo kw’isi. Ni nde none akwiye kwitirirwa iryo yongerekana ryabayeho kandi hari ukurwanywa kuva kuri Shetani n’iyi si yononekaye (1 Yohana 5:19)? Yehova wenyene ni we yashoboye kurangura ivyo vyose akoresheje impwemu yera yiwe.—Yesaya 60:22; Zekariya 4:6.
Ubwiza be n’icubahiro bininahaye vya Yehova
16. Ni kubera iki abantu badashobora kubona nya kubona ‘ubwiza buninahaye bw’icubahiro ca Yehova’?
16 ‘Ibikorwa bitangaje’ be n’‘ibikorwa vy’inkomezi’ vya Yehova vyaba bimeze gute, ntibizokwigera vyibagirwa. Dawidi yanditse ati: “Ab’urunganwe rumwe bazoshimira ab’urundi ibikorwa vyawe, babīgānire ivy’inkomezi wakoze. Nzovuga ubgiza [buninahaye bw’]icubahiro cawe, nzoririmba ibikorwa bitangaje wakoze. Abantu bazovuga inkomezi z’ibikorwa vyawe biteye ubgoba: nanje nzomenyekanisha ubukuru bgawe” (Zaburi 145:4-6). Yamara none, Dawidi yari azi ibingana gute ku bijanye n’ubwiza buninahaye bwa Yehova mu gihe ‘Imana ari Impwemu’ kandi bikaba bituma itabonwa n’amaso y’umuntu?—Yohana 1:18; 4:24.
17, 18. Ni igiki Dawidi yakoze kugira arushirize guha agaciro ‘ubwiza buninahaye bw’icubahiro ca Yehova’?
17 Naho atashobora kubona Imana, hariho uburyo butandukanye Dawidi yari kurushirizamwo guha agaciro icubahiro ca Yehova. Nk’akarorero, yarashobora gusoma inkuru yo mu Vyanditswe yerekeye ibikorwa vy’inkomezi vy’Imana, nk’ukuntu yasanganguye isi mbi ikoresheje umwuzure ukwiye kw’isi yose. Birashoboka rwose ko Dawidi yamenye ukuntu imana z’ikinyoma zo mu Misiri zashizwe hasi igihe Imana yarokora Abisirayeli ikabakura mu buja bwo mu Misiri. Ibintu nk’ivyo birashingira intahe icubahiro be n’ubukuru vya Yehova.
18 Nta gukeka ko Dawidi yarushirije guha agaciro icubahiro c’Imana, bidaciye gusa ku gusoma Ivyanditswe, ariko kandi biciye ku kubizirikanako. Nk’akarorero, ashobora kuba yarazirikanye ku vyabaye igihe Yehova yaha Ivyagezwe Isirayeli. Harabaye imituragaro, imiravyo, igicu c’igipfungu kizitanye be n’ijwi ry’inzamba rirengera. Umusozi Sinayi waratigise wongera urapfunduka umwotsi. Abisirayeli bakoraniye ku mucamo w’uwo musozi, baranumvise vya “vyagezwe cumi” hagati mu muriro no mu gicu c’igipfungu igihe Yehova yabavugisha abicishije ku mumarayika amuserukira (Gusubira mu vyagezwe 4:32-36; 5:22-24; 10:4; Kuvayo 19:16-20; Ivyakozwe 7:38, 53). Ese ukuntu ivyo ari ibintu biserura igitinyiro ca Yehova! Abakunda Ijambo ry’Imana bazirikana kuri izo nkuru ntibobura gukorwa ku mutima n’‘ubwiza buninahaye bw’icubahiro ca Yehova’. Erega ni vyo, muri iki gihe turafise Bibiliya yuzuye, iyirimwo ibintu vy’ubuninahazwa bitandukanye vyerekanywe bituma tujorezwa n’ubukuru bwa Yehova.—Ezekiyeli 1:26-28; Daniyeli 7:9, 10, Ivyahishuriwe, ikigabane ca 4.
19. Ni igiki kizotuma turushiriza guha agaciro icubahiro ca Yehova?
19 Ubundi buryo Dawidi ashobora kuba yaratangajwe n’icubahiro c’Imana ni mu kwiga amabwirizwa Imana yahaye Abisirayeli (Gusubira mu vyagezwe 17:18-20; Zaburi 19:7-11). Ukugamburuka amategeko ya Yehova vyaraha icubahiro ihanga rya Isirayeli kandi bigatuma riba iritandukanye n’ayandi mahanga yose (Gusubira mu vyagezwe 4:6-8). Nk’uko vyagenze kuri Dawidi, ugusoma Ivyanditswe ubudahorereza, kubizirikanako bimwe bishika ibwina no kuvyiga tubigiranye ubwira bizotuma turushiriza guha agaciro icubahiro ca Yehova.
Ese ukuntu kamere nziza z’Imana zihambaye!
20, 21. (a) Zaburi 145:7-9 ihayagiza ubukuru bwa Yehova ku bijanye na kamere izihe? (b) Kamere z’Imana zavuzwe hano zigira ico zikoze gute ku bayikunda bose?
20 Nk’uko twabibonye, imirongo itandatu ya mbere ya Zaburi 145 iraduha imvo zumvikana zo gushemeza Yehova kubera ibintu bijanye n’ubukuru bwiwe budaserangurika. Umurongo wa 7 gushika ku wa 9 irahayagiza ubukuru bw’Imana mu kwerekeza kuri kamere zayo nziza. Dawidi yaririmvye ati: “Bazokwibukiriza uku[me]ra neza kwawe kwinshi, baririmbe ukugororoka kwawe. [“Yehova ni umugwaneza n’umunyakigongwe, ateba gushavura kandi agwije ubuntu-mvarukundo”, NW]. Uhoraho agirira neza bose, imbabazi ziwe ziri ku vyo yaremye vyose”.
21 Hano, Dawidi yabanje gushira ahabona ukumera neza kwa Yehova be n’ubugororotsi bwiwe, na zo zikaba ari kamere zahigishijwe na Shetani wa Mucokoranyi. Izo kamere zigira ico zikoze gute ku bantu bose bakunda Imana kandi bakayoboka ubutegetsi bwayo? Emwe, ukumera neza kwa Yehova hamwe n’uburyo bwiwe bwo gutegeka bugororotse biraronsa umunezero abasavyi biwe ku buryo badashobora guhagarika kumushemeza. Vyongeye, Yehova aragaragaza ukumera neza kwiwe ‘kuri bose’. Turizigiye ko ivyo bizofasha benshi kwigaya no gucika abasavyi ba ya Mana y’ukuri amazi atararenga inkombe.—Ivyakozwe 14:15-17.
22. Yehova afata gute abasavyi biwe?
22 Dawidi yaraha agaciro kandi kamere Imana ubwayo yashize ahabona igihe ‘yaca imbere ya Musa ikivuga iti: “[“Yehova, Yehova, Imana y’ikigongwe n’ubugwaneza, iteba gushavura kandi igwije ubuntu-mvarukundo n’ukuri”, NW]”’ (Kuvayo 34:6). Ku bw’ivyo, Dawidi yarashoboye kuvuga ati: “Yehova ni umugwaneza n’umunyakigongwe, ateba gushavura kandi agwije ubuntu-mvarukundo”. Naho Yehova ahambaye mu buryo budaserangurika, aratera iteka abasavyi biwe b’abantu mu kubafatana ubugwaneza. Yuzuye ikigongwe, akaba yiteguriye guharira abacumuzi bigaya yishimikije inkuka y’incungu ya Yezu. Yehova kandi ateba gushavura, kubera ko aha akaryo abasavyi biwe ko gutsinda ubugoyagoye bwobatangira ngo ntibashike mw’isi nshasha y’ubugororotsi.—2 Petero 3:9, 13, 14.
23. Ni kamere iyihe y’agaciro turimbura mu kiganiro gikurikira?
23 Dawidi arashimagiza ubuntu-mvarukundo canke urukundo rudahemuka rw’Imana. Nkako, igice gisigaye ca Zaburi ya 145 kirerekana ukuntu Yehova agaragaza iyo kamere be n’ukuntu abasavyi biwe b’intahemuka bakira ubuntu-mvarukundo bwiwe. Ivyo ni vyo biganirwako mu kiganiro gikurikira.
Wokwishura gute?
• Ni uturyo utuhe tuhari two gushemeza Yehova ‘umusi wose’?
• Ni uburorero ubuhe bwerekana ko ubukuru bwa Yehova budaserangurika?
• Ni igiki dushobora gukora kugira turushirize guha agaciro icubahiro kininahaye ca Yehova?
[Ifoto ku rup. 10]
Amagalagisi ari mu kirere arashingira intahe ubukuru bwa Yehova
[Abo dukesha ifoto]
Tuyikesha Anglo-Australian Observatory, ifoto yafashwe na David Malin
[Ifoto ku rup. 12]
Ubukuru bwa Yehova bwagaragajwe gute ku bijanye na Yezu Kirisitu?
[Ifoto ku rup. 13]
Igihe Abisirayeli bahabwa Ivyagezwe ku Musozi Sinayi, bararonse ikimenyamenya c’icubahiro kininahaye ca Yehova