ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Urashobora kuba umugenzi wa Yehova
    Urashobora kwiberaho ibihe bidahera—Ivyigwa bishingiye kuri Bibiliya
    • 6. Ivyo Yehova agirira abagenzi biwe

      Yehova arafasha abagenzi biwe kwihanganira ingorane. Nimurabe iyo VIDEWO, muce muganira kuri iki kibazo:

      IVIDEWO: Yehova yarankoreye ivyiza vyinshi (3:20)

      • Yehova yafashije gute uwo yerekanywe muri iyo videwo kwihanganira ivyiyumviro bica intege?

      Nimusome Yesaya 41:10, 13, muce muganira kuri ibi bibazo:

      • Yehova asezeranira iki abagenzi biwe?

      • Ubona Yehova ari Umugenzi mwiza? Kubera iki wishuye gutyo?

      Amafoto: Abagenzi bariko barafashanya. 1. Umugabo ariko arafasha mugenziwe guterura imeza nini. 2. Umukenyezi ariko aritura uwundi mukenyezi. 3. Umugabo ariko arasindagiza mugenziwe agendera ku kibando.

      Abagenzi beza baraguserukako igihe cose ubakeneye. Na Yehova azogufasha

  • Urashobora kuba umugenzi wa Yehova
    Urashobora kwiberaho ibihe bidahera—Ivyigwa bishingiye kuri Bibiliya
  • Ushobora gute kubwira abandi inkuru nziza?
    Urashobora kwiberaho ibihe bidahera—Ivyigwa bishingiye kuri Bibiliya
    • 3. Yehova azogufasha

      Abantu bamwebamwe bipfuza kwamamaza boshobora kwumva ubwoba igihe biyumviriye ingene abandi bazobabona canke ingene bazovyakira.

      • Kuyagira abandi ivyo wize vyoba bigutera ubwoba? Kubera iki wishuye gutyo?

      Nimurabe iyo VIDEWO, muce muganira kuri iki kibazo:

      IVIDEWO: Narasenze Yehova ndamusaba ampe umutima rugabo (4:05)

      • Abo bakiri bato b’Ivyabona batsinze gute ubwoba bari bafise?

      Nimusome Yesaya 41:10, muce muganira kuri iki kibazo:

      • Igihe wumva ufise ubwoba bwo kwamamaza, kubera iki ukwiye gusenga?

      Wari ubizi?

      Benshi mu Vyabona vya Yehova bahoze biyumvira ko batoshoboye kugira umutima rugabo wo kubwira abandi inkuru nziza. Nk’akarorero, uwitwa Sergey yarikengera kandi ntivyamworohera kuyagisha abandi. Ariko yahavuye atangura kwiga Bibiliya. Avuga ati: “Naho nari mfise ubwoba naratanguye kubwira abandi ivyo nariko ndiga. Igitangaje, kubwira abandi ivyerekeye Bibiliya vyatumye ngenda ndahera ubwoba. Vyongeye vyatumye n’ukwizera kwanje kurushiriza gukomera.”

  • Woba witeguriye kubatizwa?
    Urashobora kwiberaho ibihe bidahera—Ivyigwa bishingiye kuri Bibiliya
    • 6. Niwizigire ko Yehova azogufasha

      Wa mwigeme ariko arabwira inkuru nziza umukenyezi yitereye mu myaka, uwumwigisha Bibiliya akaba yamuherekeje.

      Yehova azogufasha kugira umuhimbare. Nimurabe iyo VIDEWO, muce muganira kuri ibi bibazo:

      IVIDEWO: Yehova Imana azogufasha (2:50)

      • Muri iyo videwo, ni igiki catuma uwo mutohoji wa Bibiliya atabatizwa?

      • Ni ibiki yize vyamufashije kurushiriza kwizigira Yehova?

      Nimusome Yesaya 41:10, 13, muce muganira kuri iki kibazo:

      • Kubera iki wohera amazinda ko ushobora gushitsa ivyo wosezerana uramutse wiyeguriye Yehova?

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika