ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Urashobora kuba umugenzi wa Yehova
    Urashobora kwiberaho ibihe bidahera—Ivyigwa bishingiye kuri Bibiliya
    • 6. Ivyo Yehova agirira abagenzi biwe

      Yehova arafasha abagenzi biwe kwihanganira ingorane. Nimurabe iyo VIDEWO, muce muganira kuri iki kibazo:

      IVIDEWO: Yehova yarankoreye ivyiza vyinshi (3:20)

      • Yehova yafashije gute uwo yerekanywe muri iyo videwo kwihanganira ivyiyumviro bica intege?

      Nimusome Yesaya 41:10, 13, muce muganira kuri ibi bibazo:

      • Yehova asezeranira iki abagenzi biwe?

      • Ubona Yehova ari Umugenzi mwiza? Kubera iki wishuye gutyo?

      Amafoto: Abagenzi bariko barafashanya. 1. Umugabo ariko arafasha mugenziwe guterura imeza nini. 2. Umukenyezi ariko aritura uwundi mukenyezi. 3. Umugabo ariko arasindagiza mugenziwe agendera ku kibando.

      Abagenzi beza baraguserukako igihe cose ubakeneye. Na Yehova azogufasha

  • Urashobora kuba umugenzi wa Yehova
    Urashobora kwiberaho ibihe bidahera—Ivyigwa bishingiye kuri Bibiliya
  • Dushobora gute kuguma tudahumanye imbere y’Imana?
    Urashobora kwiberaho ibihe bidahera—Ivyigwa bishingiye kuri Bibiliya
    • Niwihe ishusho umuvyeyi ariko arategura agahungu kiwe kugira kaje kw’ishure. Araraba neza ko koze be n’uko impuzu zako zimesuye. Ivyo bituma kagira amagara meza kandi n’abandi bakabona ko abavyeyi bako bakitwararika. Muri ubwo buryo nyene Umuvyeyi wacu munyarukundo Yehova yipfuza ko tuba abantu badahumanye ku mubiri, mu nyifato yacu no mu vyiyumviro vyacu. Igihe tudahumanye biratugirira akamaro kandi bigatera iteka Yehova.

      1. Dushobora gute kuba abadahumanye ku mubiri?

      Yehova atubwira ati: “Mutegerezwa kuba beranda.” (1 Petero 1:16) Kugira tube beranda dutegerezwa kuba abadahumanye ku mubiri, mu nyifato yacu no mu vyiyumviro vyacu. Turashobora kuba abadahumanye ku mubiri mu kwiyoga imisi yose, mu kwama tumesura impuzu zacu no gusukura aho tubaye hamwe n’ingendeshwa zacu. Turashobora no gufasha mu gusukura Ingoro y’Ubwami. Tugumye dusukuye ku mubiri biratera iteka Yehova.—2 Abakorinto 6:3, 4.

      2. Kugira tube abadahumanye ni ibiki dukwiye kwirinda?

      Bibiliya idusaba “[kwiyuhagira] ubuhumane bwose bw’umubiri n’ubw’umutima.” (2 Abakorinto 7:1) Ivyo bisobanura yuko dukwiye kwirinda ikintu cose cokwonona umubiri wacu canke umuzirikanyi wacu. Ivyiyumviro vyacu bikwiye kuba bihimbara Yehova, rero turakora uko dushoboye kwose ngo twirinde ivyiyumviro bitabereye. (Zaburi 19:14) Vyongeye, turihatira gukoresha imvugo ibereye.—Soma Abakolosayi 3:8.

      Ni ibindi bintu ibihe bishobora gutuma duhumana ku mubiri, mu nyifato yacu no mu vyiyumviro vyacu? Hari ibintu bishobora kwonona umubiri wacu. Ku bw’ivyo turirinda ibintu bimwebimwe nk’itabi, ubugoro n’ibiyayuramutwe. Igihe tuvyirinze turagira amagara meza kandi tukaba twerekanye ko twubaha ingabire y’ubuzima. Vyongeye, turihatira kuguma tudahumanye ku mubiri, mu nyifato yacu no mu vyiyumviro vyacu mu kwirinda ingeso zihumanye nko kwimara inambu y’umubiri umuntu ari wenyene no kuraba amashusho y’ibiterasoni. (Zaburi 119:37; Abanyefeso 5:5) Birashobora kutubera urugamba guheba izo ngeso, ariko Yehova arashobora kudufasha.—Soma Yesaya 41:13.

      TWINJIRE MU MIZI

      Reka turabe ingene kuguma tudahumanye ku mubiri bitera iteka Yehova be n’ukuntu twotsinda ingeso zihumanye.

      3. Isuku ryo ku mubiri riratera iteka Yehova

      Igihe dusomye amategeko Yehova yahaye ihanga rya Isirayeli, turabona ingene abona ibijanye n’ukudahumana. Nimusome Kuvayo 19:10 na 30:17-19, muce muganira kuri ibi bibazo:

      • Iyi mirongo ihishura iki ku kuntu Yehova abona isuku ryo ku mubiri?

      • Ni ibiki wokwama ugira kugira ugume usukuye ku mubiri?

      Kuguma dusukuye ku mubiri bisaba umwanya n’akigoro. Ariko turashobora kubigira aho twoba tuba hose, twaba dutunze canke dukenye. Nimurabe iyo VIDEWO, muce muganira kuri ibi bibazo:

      IVIDEWO: Imana ikunda abantu basukuye (4:10)

      • Ni gute gusukura ivyo dutunze bitera iteka igikorwa cacu co kwamamaza?

      4. Nurwanye ingeso mbi

      Umuntu ataye ipaki y’itabi.

      Yehova arashobora kudufasha gutsinda ingeso mbi iyo ari yo yose

      Nimba unywa itabi canke ibiyayuramutwe ushobora kuba uzi ingene guheba izo ngeso ari urugamba. None ni igiki cogufasha? Zirikana ukuntu izo ngeso zishobora kukugirira nabi. Nimusome Matayo 22:37-39, muce muganira ku kuntu kunywa itabi canke ibiyayuramutwe bigira ingaruka . . .

      • ku bucuti umuntu afitaniye na Yehova.

      • ku muryango wiwe n’abo babana.

      Niwishingire umugambi wo guheba ingeso mbi.a Nimurabe iyo VIDEWO.

      IVIDEWO: Nugaragaze ukwigumya (2:47)

      Nimusome Abafilipi 4:13, muce muganira kuri iki kibazo:

      • Ni gute kwiyigisha kenshi, gusenga cane no kwitaba amakoraniro bironsa umuntu inkomezi zo guheba ingeso mbi?

      5. Nurwanye ivyiyumviro be n’inyifato bihumanye

      Nimusome Abakolosayi 3:5, muce muganira kuri ibi bibazo:

      • Twemezwa n’iki ko kuraba amashusho y’ibiterasoni, kurungikiranira ibiterasoni biciye ku buhinga bwa none no kwimara inambu y’umubiri umuntu ari wenyene bihumanye imbere ya Yehova?

      • Woba wibaza ko dushobora kuba abadahumanye nk’uko Yehova abidusaba? Kubera iki?

      Raba ingene ushobora kurwanya ivyiyumviro bihumanye. Nimurabe iyo VIDEWO.

      IVIDEWO: Nugire ico ukoze kugira ugume udahumanye (1:51)

      Yezu yaratanze ikigereranyo cerekana igituma dutegerezwa kugira ico dukoze ngo tugume tudahumanye mu nyifato yacu no mu vyiyumviro vyacu. Nimusome Matayo 5:29, 30, muce muganira kuri iki kibazo:

      • Naho Yezu atariko aravuga ko dukwiye kwibabaza ku mubiri, yaravuze ko dukwiye kugira ico dukoze. Ni nk’ibintu ibihe umuntu yokora kugira yirinde ivyiyumviro bihumanye?b

      Nimba uri mu rugamba rwo kurwanya ivyiyumviro bihumanye, Yehova araha agaciro utwigoro uriko uragira. Nimusome Zaburi 103:13, 14, muce muganira kuri iki kibazo:

      • Nimba uri mu rugamba rwo kurwanya ingeso ihumanye, ni gute iki canditswe cogufasha kwumirako?

      Ntutane n’akabando!

      Biroroshe ko umuntu yibwira ati: ‘Vyanse ko ndabiheba, rero nta kamaro ko kubandanya ngira akigoro.’ Ariko zirikana iki kintu: Bishitse umunonotsi agatsitara maze akagwa, ntibica bisigura ko ataza gutsinda canke ko aca asubira ku ntango kugira atangure ihiganwa bushasha. Muri ubwo buryo nyene, bishitse ugasubira kugwa muri iyo ngeso ntibica bisobanura ko utakivayo. Kandi ntibica bisobanura ko utwigoro wari umaze kugira ari impfagusa. Birashobora gushika ugasubira kugwa muri izo ngeso. Ariko ntucike intege, Yehova abigufashijemwo urashobora kuziheba.

      Umunonotsi ari mw’isiganwa yari yaguye, akaba ariko aravyuka.

      HARI ABAVUGA BATI: “Vyaramaze kunyizizira. Sinshobora kubiheba.”

      • Ni icanditswe ikihe wokoresha kugira wereke umuntu nk’uyo ko Yehova azomufasha guheba iyo ngeso mbi?

      INCAMAKE

      Turahimbara Yehova igihe tugumye tudahumanye ku mubiri, mu vyiyumviro no mu kuntu twigenza.

      Wize iki?

      • Kubera iki bihambaye yuko tuguma tudahumanye?

      • Ni gute woba uwudahumanye ku mubiri?

      • Ni gute woguma udahumanye mu vyiyumviro vyawe no mu ngeso zawe?

      Umugambi wokwishingira

      RONDERA N’IBINDI

      Ni ibintu bisanzwe ibihe wokora kugira ugume usukuye ku mubiri naho ata buryo bwinshi woba ufise?

      Amagara meza be n’isuku—Gukaraba (3:01)

      Nurabe ibintu ngirakamaro vyogufasha guhagarika kunywa itabi.

      “Ingene umuntu yoheba kunywa itabi” (Be maso!, Mukakaro 2010)

      Nurabe ingaruka zo kuraba amashusho y’ibiterasoni.

      “Amashusho y’ubushegabo yoba ata co atwaye canke ni ishano?” (Umunara w’Inderetsi, 1 Myandagaro 2013)

      Nurabe icafashije umugabo umwe gutsinda ingeso yari yaramwiziziye yo kuraba amashusho y’ibiterasoni.

      “Aho ubona umuntu ava kure!” (Umunara w’Inderetsi, No. 4 2016)

      a Kugira umuntu ahebe ibintu vyamwiziziye, raba intambwe yotera zatanzwe ahavuga ngo “Ingene umuntu yoheba kunywa itabi,” mu gice kivuga ngo “Rondera n’ibindi” co muri iki cigwa.

      b Kugira urabe ivyogufasha gutsinda ingeso yo kwimara inambu y’umubiri uri wenyene, nurabe ikiganiro kivuga ngo “Notsinda gute ingeso yo kwimara inambu y’umubiri ndi jenyene?” mu gitabu Ibibazo urwaruka rwibaza—Inyishu ngirakamaro, Igitabu ca 1, ikigabane ca 25.

  • Woba witeguriye kubatizwa?
    Urashobora kwiberaho ibihe bidahera—Ivyigwa bishingiye kuri Bibiliya
    • 6. Niwizigire ko Yehova azogufasha

      Wa mwigeme ariko arabwira inkuru nziza umukenyezi yitereye mu myaka, uwumwigisha Bibiliya akaba yamuherekeje.

      Yehova azogufasha kugira umuhimbare. Nimurabe iyo VIDEWO, muce muganira kuri ibi bibazo:

      IVIDEWO: Yehova Imana azogufasha (2:50)

      • Muri iyo videwo, ni igiki catuma uwo mutohoji wa Bibiliya atabatizwa?

      • Ni ibiki yize vyamufashije kurushiriza kwizigira Yehova?

      Nimusome Yesaya 41:10, 13, muce muganira kuri iki kibazo:

      • Kubera iki wohera amazinda ko ushobora gushitsa ivyo wosezerana uramutse wiyeguriye Yehova?

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika