ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • “Jewe, Yehova Imana yawe, ngufata ukuboko kw’ukuryo”
    Umunara w’Inderetsi—2012 | 1 Nzero
    • “Jewe, Yehova Imana yawe, ngufata ukuboko kw’ukuryo”

      IGIHE sebibondo agira ajabuke ibarabara ririmwo uruja n’uruza, arabwira umwana wiwe ati: “Mfata ukuboko.” Kubera ko ukuboko gukomeye kwa se w’uwo mwana kugumije ikiganza gitoyi ciwe, yumva ata co yinona, ata bwoba. Vyoba birashika ukipfuza ko hogira uwugufata ukuboko akakuyobora ata nkomanzi mu buzima, narirya umuntu atamenya ico buca bucana? Nimba bimaze gushika, woshobora guhumurizwa n’amajambo yanditswe na Yesaya.​—Soma Yesaya 41:10, 13.

      Yesaya yabwiye ayo majambo ihanga rya Isirayeli. Naho iryo hanga Imana yaribona nk’“inyegu ya[yo] idasanzwe,” ryari rikikujwe n’abansi. (Kuvayo 19:5) None iryo hanga ryoba ryari rikwiye kugira ubwoba? Yehova yarakoresheje Yesaya kugira arishikirize ubutumwa bw’ihumure. Uko dusuzuma ayo majambo, tugumize ku muzirikanyi ko yerekeye n’abasavyi b’Imana bo muri iki gihe.​—Abaroma 15:4.

  • “Jewe, Yehova Imana yawe, ngufata ukuboko kw’ukuryo”
    Umunara w’Inderetsi—2012 | 1 Nzero
    • Ni igiki rero abasenga Yehova bomwitegako? Asezerana ati: “Emwe, nzogufata nkugumye n’ukuryo kwanje kw’ubugororotsi.” (Umurongo wa 10) Avuga kandi ati: “Jewe, Yehova Imana yawe, ngufata ukuboko kw’ukuryo.” (Umurongo wa 13) Wumvise ayo majambo, uca ubona iki? Igitabu kimwe gisigura giti: “Iyo mirongo ibiri ishizwe hamwe itanga ishusho ikomeye y’umuvyeyi n’umwana. [Se w’uwo mwana] ntaba gusa ari nka hariya yiteguriye kumukingira, ariko kandi ubwiwe aba ari kumwe n’uwo mwana; ntareka ngo umwana atandukane na we.” Iyumvire ntuze: Yehova ntazoreka ngo abasavyi biwe batandukane na we, no mu bihe vyosa n’ibigoye kuruta ibindi vyose mu buzima bwabo.​—Abaheburayo 13:5, 6.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika