Bararindiriye Mesiya
“Abantu bari barindiriye, kandi bose baguma biyumvira mu mitima yabo ivyerekeye Yohani, bibaza ko atoba ari we Mesiya”—LUKA 3:15, THE EMPHATIC DIAGLOTT.
1. Abungere bamwe bumvise amajambo ayahe yamenyeshejwe n’umumarayika?
NI MW’IJORO. Abungere bari hanze, baraririye imikuku yabo. Ese ukuntu batangara cane igihe umumarayika wa Yehova ahagarara hafi yabo maze ubuninahazwa bw’Imana bugakayanganira irya n’ino yabo! Umviriza amajambo atangaje uwo mumarayika avuga: “Ntimutinye, kuko ehe ndabamenyesha inkuru nziza y’akanyamuneza kenshi abantu bose bazogira, kuko uno musi Umukiza yabavukiye, akaba ari Kristu Umukama.” Uno yohavuye aba Mesiya. Abo bungere barashobora gusanga urwo ruyoya aho ruryamye mu bwato bw’ibitungwa mu gisagara kiri hafi yabo. Bukwi na bukwi, “ingabo indiri zo mw’ijuru” ziratangura gushemeza Yehova zivuga ziti: “Ubuninahazwa iyo hejuru mu majuru bube ubw’Imana, kw’isi na ho amahoro abe mu bantu ishima.”—Luka 2:8-14.
2. “Mesiya” bisobanura iki, kandi umuntu yomumenya gute?
2 Ego ni ko, abo bungere b’Abayuda barazi ko “Mesiya” canke Kristu bisobanura “Uwarobanuwe” n’Imana. (Kuv. 29:5-7) Ariko none bashobora gute kumenya vyinshi no kujijura abandi yuko uwo mwana avuzwe n’umumarayika ari we azoba Mesiya yagenywe na Yehova? Ni mu gusuzuma ubuhanuzi buri mu Vyanditswe vy’igiheburayo maze bakabugereranya n’ibikorwa vy’uwo mwana be n’ubuzima bwiwe.
Ni kubera iki abantu bari bamwiteze?
3, 4. Dutahura gute ibivugwa muri Daniyeli 9:24, 25?
3 Igihe Yohani Umubatizi yaboneka haciye imyaka, ivyo yavuga be n’ivyo yakora vyaratumye bamwebamwe biyumvira ko ashobora kuba ari we Mesiya. (Soma Luka 3:15.) Birashoboka yuko bamwebamwe batahura neza bwa buhanuzi bwerekeye Mesiya bujanye n’“amayinga mirongo irindwi.” Nimba ari ukwo, bari gushobora kumenya igihe Mesiya yoserukiye. Amwe mu majambo y’ubwo buhanuzi yavuga ati: “Kuva igihe hazosohorwa ijambo ryo gusubizaho Yeruzalemu no gusubira kuyubaka, gushika kuri Mesiya Indongozi, hazoba amayinga indwi, habe n’amayinga mirongo itandatu n’abiri.” (Dan. 9:24, 25) Incabwenge zitandukanye ziremera yuko ayo ari amayinga y’imyaka. Nk’akarorero, Bibiliya imwe (Revised Standard Version) ivuga iti: “Amayinga mirongo irindwi y’imyaka yarashinzwe.”
4 Muri iki gihe, abasavyi ba Yehova barazi yuko ayo mayinga 69, ni ukuvuga imyaka 483, avugwa muri Daniyeli 9:25 yatanguye mu 455 B.G.C. igihe Umwami w’Umuperesi Aritazerusi yaha uruhusha Nehemiya rwo gusubizaho Yeruzalemu no gusubira kuyubaka. (Neh. 2:1-8) Ayo mayinga yarangiye haciye imyaka 483, ni ukuvuga mu 29 G.C., igihe Yezu w’i Nazareti yabatizwa maze akarobanuzwa impwemu nyeranda, gutyo akaba abaye Mesiya.—Mat. 3:13-17.a
5. Ni ubuhanuzi ubuhe tugira twihweze?
5 Ubu na ho, nimuze turimbure bumwebumwe mu bundi buhanuzi bwinshi bwerekeye Mesiya bwarangutse igihe Yezu yavuka, igihe yari akiri umwana no mu gihe c’ubusuku bwiwe. Nta gukeka ko ivyo bizotuma turushiriza kwizigira ubuhanuzi Imana yatanze. Bizotuma kandi tujijuka yuko Yezu yari we vy’ukuri Mesiya yari yararindiriwe kuva kera.
Ivyobaye mu bwana bwiwe vyari vyaravuzwe
6. Sigura ingene ibivugwa mw’Itanguriro 49:10 vyarangutse.
6 Mesiya yategerezwa kuvukira mu muryango wa Isirayeli wa Yuda. Igihe umwe sekuruza w’imiryango Yakobo yariko arahezagira abahungu biwe ari ku mpfiro, yavuze ati: “Agakoni k’ubutware ntikazova kuri Yuda, eka n’inkoni ya kizigenza ntizova hagati y’ibirenge vyiwe, gushika Shilo aje; ni we ibisata vy’abantu bizogamburukira.” (Ita. 49:10) Incabwenge nyinshi z’Abayuda za kera zavuze yuko ayo majambo yerekeza kuri Mesiya. Guhera ku ngoma y’Umwami w’Umuyuda Dawidi, ako gakoni k’ubutware (ni ukuvuga ubutegetsi bwa cami) be n’inkoni ya kizigenza (ni ukuvuga ububasha bwo gutegeka) vyari mu muryango wa Yuda. “Shilo” bisobanura ngo “Nyenevyo; Uwo vyegukira.” Abami bakomoka mu muryango wa Yuda bobandanije gukurakuranwa gushika kuri “Shilo,” uno akaba ari samuragwa w’ubwami yamaho, kubera ko Imana yabwiye Zedekiya, wa mwami wa nyuma wa Yuda, yuko ubwo butware bwohawe uwubufitiye uburenganzira ahabwa n’amategeko. (Ezek. 21:26, 27) Inyuma ya Zedekiya, Yezu ni we muntu wenyene akomoka kuri Dawidi yasezeraniwe ubwami. Imbere y’uko Yezu avuka, umumarayika Gaburiyeli yabwiye Mariya ati: “Yehova Imana azomuha intebe y’ubwami ya Dawidi se wiwe, kandi azoganza inzu ya Yakobo ibihe vyose, kandi ubwami bwiwe ntibuzogira iherezo.” (Luka 1:32, 33) Shilo ategerezwa kuba ari Yezu Kristu, uwakomoka kuri Yuda no kuri Dawidi.—Mat. 1:1-3, 6; Luka 3:23, 31-34.
7. Mesiya yavukiye hehe, kandi ni kubera iki ivyo bihambaye?
7 Mesiya yovukiye i Betelehemu. Umuhanuzi Mika yanditse ati: “Wewe, ewe Betelehemu Efurata, wewe mutoyi cane ku buryo utoharurwa mu bihumbi vya Yuda, muri wewe hazomviramwo uwuzoba umutware muri Isirayeli, amamo yiwe akaba ari ayo kuva mu bihe vya kera, kuva mu misi ya kera.” (Mika 5:2) Mesiya yabwirizwa kuvukira mu gisagara ca Yuda citwa Betelehemu, bikaba bigaragara ko cahora citwa Efurata. Naho nyina wa Yezu Mariya na se wiwe murezi Yozefu baba i Nazareti, itegeko ry’Abaroma rijanye no kwiyandikisha ryari ryaratumye baja i Betelehemu, aho Yezu yavukiye mu mwaka wa 2 B.G.C. (Mat. 2:1, 5, 6) Mbega ukuntu ubwo buhanuzi bwarangutse mu buryo budasanzwe!
8, 9. Ni ibiki vyari vyaravuzwe ku bijanye n’ivuka rya Mesiya be n’ibintu vyakurikiye?
8 Mesiya yovyawe n’isugi. (Soma Yesaya 7:14.) Ijambo ry’igiheburayo bethu·lahʹ risobanura “isugi,” mugabo hari irindi jambo (ʽal·mahʹ) riboneka muri Yesaya 7:14. Ng’aho hari haravuze yuko “umwigeme [ha·ʽal·mahʹ]” yovyaye umuhungu. Ijambo ʽal·mahʹ rirakoreshwa kuri wa mwigeme Rebeka imbere y’uko yubaka urwiwe. (Ita. 24:16, 43) Matayo ahumekewe n’Imana, yarakoresheje ijambo ry’ikigiriki ryahinduwe ngo “isugi” (par·theʹnos) igihe yariko arerekana yuko ibivugwa muri Yesaya 7:14 vyarangutse igihe Yezu yavuka. Abanditsi b’Injili ari bo Matayo na Luka bavuga yuko Mariya yari isugi yibungenze biciye ku mpwemu y’Imana.—Mat. 1:18-25; Luka 1:26-35.
9 Abana batoyi bokwishwe Mesiya amaze kuvuka. Ibinjana n’ibindi imbere y’aho, ikintu nk’ico cari carabaye igihe Farawo wo mu Misiri yasohora itegeko rivuga yuko abana b’abahungu b’Abaheburayo batererwa mu ruzi Nili. (Kuv. 1:22) Mugabo ikintu kiri n’ico kivuze mu buryo budasanzwe, ni ibivugwa muri Yeremiya 31:15, 16, aho Rasheli avugwa ariko araririra abahungu biwe bari bajanywe “mu gihugu c’abansi.” Amaborogo yiwe yarumvikanye kure cane i Rama, mu karere ka Benyamini mu buraruko bwa Yeruzalemu. Matayo arerekana yuko ayo majambo yo muri Yeremiya yarangutse igihe Umwami Herodi yategeka ko abana b’abahungu b’i Betelehemu no mu micungararo yaho bicwa. (Soma Matayo 2:16-18.) Iyumvire intuntu yari muri ako karere!
10. Sigura ingene ibivugwa muri Hoseya 11:1 vyarangukiye kuri Yezu.
10 Cokimwe n’Abisirayeli, Mesiya yohamagawe akava mu Misiri. (Hos. 11:1) Imbere y’uko Herodi atanga rya tegeko ryo kwica abana, umumarayika yarabwiye Yozefu, Mariya na Yezu ngo baje mu Misiri. Bagumyeyo “gushika Herodi apfuye, kugira haranguke ivyavuzwe na Yehova biciye ku muhanuzi wiwe [Hoseya], ngo: ‘Nahamagaye umwana wanje ngo ave mu Misiri.’” (Mat. 2:13-15) Birumvikana yuko Yezu ubwiwe atari gushobora kuyobora ibintu vyabaye igihe yavuka be n’igihe yari akiri umwana.
Mesiya atangura ubusuku bwiwe!
11. Ni mu buryo ubuhe Uwarobanuwe na Yehova yateguriwe inzira?
11 Uwarobanuwe n’Imana yoteguriwe inzira. Malaki yari yaravuze yuko “Eliya umuhanuzi” ari we yokoze ico gikorwa, agategura imitima y’abantu kugira ngo bazokwakire Mesiya niyaza. (Soma Malaki 4:5, 6.) Yezu ubwiwe yavuze yuko uwo “Eliya” ari Yohani Umubatizi. (Mat. 11:12-14) Vyongeye, Mariko yarerekanye yuko ubusuku bwa Yohani bwashikije ubuhanuzi bwavuzwe na Yesaya. (Yes. 40:3; Mrk. 1:1-4) Yezu si we yatunganije ivy’uko Yohani akora igikorwa nk’ica Eliya co kumubera integuza. Igikorwa c’uwo “Eliya” yari yaravuzwe cakozwe mu buryo buhuye n’ukugomba kw’Imana, ivyo bikaba vyarafashije abantu kumenya Mesiya.
12. Ni igikorwa ikihe kidufasha kumenya Mesiya?
12 Igikorwa Imana yoshinze Mesiya kiradufasha kumumenya. Yezu ari mw’isinagogi y’i Nazareti, kino kikaba ari igisagara yari yararerewemwo, yarasomye mu muzingo w’igitabu ca Yesaya maze ariyerekezako aya majambo agira ati: “Impwemu ya Yehova iri kuri jewe, kuko yandobanuje amavuta kugira ngo menyeshe inkuru nziza aboro, yantumye kwamamaza ukubohorwa ku mbohe n’uguhumuka ku mpumyi, kurekura abajanjaguwe bakidegemvya, kwamamaza umwaka wemerwa wa Yehova.” Kubera ko Yezu yari Mesiya vy’ukuri, yarashoboye kuvuga mu buryo bubereye ati: “Uno musi ico canditswe muhejeje kwumva kirarangutse.”—Luka 4:16-21.
13. Yesaya yari yaravuze iki ku bijanye n’ubusuku Yezu yaranguriye i Galilaya?
13 Ubusuku Mesiya yaranguriye i Galilaya bwari bwaravuzwe. Ku bijanye n’“igihugu ca Zebuloni n’igihugu ca Nafutali . . . Galilaya y’amahanga,” Yesaya yanditse ati: “Abantu bahora bagendera mu mwiza babonye umuco mwinshi. Nayo ababa mu gihugu c’igitutu kizitanye, umuco wabakayanganiyeko.” (Yes. 9:1, 2) Yezu yatanguriye ubusuku bwiwe i Galilaya, akaba yaba i Kaperinawumu, aho abantu benshi baba mu gihugu ca Zebuloni n’ica Nafutali bungukiye ku muco wo mu buryo bw’impwemu yabazaniye. (Mat. 4:12-16) Igihe Yezu yari i Galilaya, yarashikirije Insiguro yo ku Musozi ituma umuntu azirikana, ararobanura intumwa ziwe, arakora igitangaro ciwe ca mbere, bikaba bishoboka kandi ko yabonekeye abigishwa bashika 500 aho amariye kuzuka. (Mat. 5:1–7:27; 28:16-20; Mrk. 3:13, 14; Yoh. 2:8-11; 1 Kor. 15:6) Gutyo yarashikije ubuhanuzi bwa Yesaya mu kwamamaza mu “gihugu ca Zebuloni n’igihugu ca Nafutali.” Ariko ntiwumve, Yezu yarabandanije kwamamaza ubutumwa bw’Ubwami no mu tundi turere two muri Isirayeli.
Ibindi bintu Mesiya yokoze vyari vyaravuzwe
14. Ibivugwa muri Zaburi 78:2 vyarangukiye gute kuri Yezu?
14 Mesiya yovugiye mu migani, ari vyo bigereranyo. Umwanditsi wa Zaburi Asafu yaririmvye ati: “Ngira nteranure akanwa kanje mvugire mu mvugo y’akagani.” (Zab. 78:2) Tumenya gute yuko ayo majambo yerekeza kuri Yezu mu buryo bw’ubuhanuzi? Matayo arabitubwira. Amaze kwigana ibigereranyo aho Yezu yasanishije Ubwami n’agatete ka sinapi kagenda karakura akongera akabusanisha n’umwambiro, aca avuga ati: “Nta co yababwira adakoresheje ikigereranyo; kugira haranguke ivyavuzwe biciye ku muhanuzi yavuze ati: ‘Ngira nteranure akanwa kanje mvugire mu bigereranyo, namamaze ibintu vyanyegejwe uhereye kw’ishingwa ry’isi.’” (Mat. 13:31-35) Imvugo z’akagani, ari yo migani, zarafasha Yezu kwigisha mu buryo buri n’ico buvamwo.
15. Erekana ukuntu ibivugwa muri Yesaya 53:4 vyarangutse.
15 Mesiya yabwirizwa kwikorera ubumuga bwacu. Yesaya yari yaravuze ati: “Vy’ukuri, indwara zacu ubwiwe yaraziremetse; nayo imibabaro yacu, yarayikoreye.” (Yes. 53:4) Matayo yarerekanye yuko Yezu amaze gukiza inabukwe wa Petero, yakijije n’abandi kugira ngo “haranguke ivyavuzwe biciye kuri Yesaya umuhanuzi ngo: ‘Ubwiwe yikoreye indwara zacu yongera yiremeka ubumuga bwacu.’” (Mat. 8:14-17) Bibiliya iravuga n’izindi ncuro nyinshi aho Yezu yakijije abantu.
16. Intumwa Yohani yerekanye gute ko Yezu yashikije ibivugwa muri Yesaya 53:1?
16 Naho Mesiya yokoze ivyiza vyinshi, abantu benshi ntibomwemeye. (Soma Yesaya 53:1.) Mu kwerekana ko ubwo buhanuzi bwarangutse, intumwa Yohani yanditse ati: “Naho [Yezu] yari yakoreye ibimenyetso vyinshi gutyo imbere yabo, ntibamwizera, ku buryo ijambo rya Yesaya umuhanuzi ryarangutse, iryo yavuze ati: ‘Yehova, ni nde yizeye ico twebwe twumvise? Nayo ukuboko kwa Yehova, ni nde kwahishuriwe?’” (Yoh. 12:37, 38) Vyongeye, abantu bakeyi ni bo gusa bizeye inkuru nziza yerekeye Yezu, we Mesiya, mu gihe c’ubusuku intumwa Paulo yaranguye.—Rom. 10:16, 17.
17. Ubuhanuzi bwo muri Zaburi 69:4 bwarangutse gute?
17 Mesiya yokwanswe ahorwa ubusa. (Zab. 69:4) Intumwa Yohani arasubiramwo amajambo Yezu yavuze, ati: “Iyo ntaba narakoreye muri [abo bantu] ibikorwa ata wundi n’umwe yakoze, nta gicumuro bobaye bafise; mugabo ubu jewe na Dawe baratubonye bongera baratwanka. Ariko ni ukugira ijambo ryanditswe mw’Itegeko ryabo riranguke, irivuga ngo: ‘Banyankiye ubusa.’” (Yoh. 15:24, 25) Akenshi ijambo “Itegeko” ryerekeza ku Vyanditswe vyose. (Yoh. 10:34; 12:34) Inkuru zo mu Njili ziremeza yuko Yezu yanswe, akaba canecane yaranswe n’indongozi z’idini ry’Abayuda. Vyongeye, Kristu yavuze ati: “Isi nta mpamvu ifise yo kubanka, mugabo jewe iranyanka, kuko nshinga intahe ku biyerekeye yuko ibikorwa vyayo ari bibi.”—Yoh. 7:7.
18. Ni ibindi bintu ibihe tuzokwihweza bikwiye gutuma turushiriza kujijuka yuko Yezu ari we Mesiya?
18 Abayoboke ba Yezu bo mu kinjana ca mbere baremera badakeka ko Yezu yari Mesiya, kubera yuko yashikije vy’ukuri ubuhanuzi bwerekeye Mesiya buri mu Vyanditswe vy’igiheburayo. (Mat. 16:16) Nk’uko twabibonye, bumwebumwe muri ubwo buhanuzi bwarangutse igihe Yezu w’i Nazareti yari akiri umwana no mu gihe c’ubusuku bwiwe. Ubundi buhanuzi bwerekeye Mesiya tuzobwihweza mu kiganiro gikurikira. Nta gukeka yuko kuzirikana kuri ubwo buhanuzi tubijanisha n’isengesho bizotuma turushiriza kujijuka yuko Yezu Kristu ari we vy’ukuri Mesiya yagenywe na Data wa twese wo mw’ijuru Yehova.
[Akajambo k’epfo]
a Nimba ushaka ikiganiro kivuga ido n’ido ibijanye n’ayo “mayinga mirongo irindwi,” raba inyongera yo mu gitabu Mu vy’ukuri Bibiliya yigisha iki, urupapuro rwa 197-199.
Wokwishura gute?
• Ni ubuhanuzi ubuhe bwarangutse ku bijanye n’ivuka rya Yezu?
• Ni mu buryo ubuhe Mesiya yateguriwe inzira?
• Ni ubuhanuzi ubuhe buvugwa muri Yesaya ikigabane ca 53 bwarangukiye kuri Yezu?