ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • lff icig. 15
  • Yezu ni nde?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Yezu ni nde?
  • Urashobora kwiberaho ibihe bidahera—Ivyigwa bishingiye kuri Bibiliya
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • TWINJIRE MU MIZI
  • INCAMAKE
  • RONDERA N’IBINDI
  • Yezu Kristu ni nde?
    Bibiliya itwigisha iki?
  • Yezu Kristu ni nde?
    Mu vy’ukuri Bibiliya yigisha iki?
  • Yezu Kirisitu—Ni We Rupfunguzo rw’Ubumenyi Bwerekeye Imana
    Ubumenyi Bujana mu Buzima Budahera
  • Inyishu z’ibibazo twibaza kuri Yezu Kristu
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2012
Ibindi
Urashobora kwiberaho ibihe bidahera—Ivyigwa bishingiye kuri Bibiliya
lff icig. 15
Icigwa ca 15. Yezu ariko aragendagenda mu murima.

ICIGWA CA 15

Yezu ni nde?

Integuro icapuwe
Integuro icapuwe
Integuro icapuwe

Yezu ari mu bantu bazwi cane babaye kw’isi. Abantu benshi usanga bazi Yezu kw’izina gusa, ariko ata vyinshi bazi ku bimwerekeye. Mbere benshi usanga bamuzi ugutandukanye. None Bibiliya ivuga iki ku bimwerekeye?

1. Yezu ni nde?

Yezu ni ikiremwa c’impwemu c’ububasha kiba mw’ijuru. Yaremwe na Yehova Imana imbere y’uko ibindi bintu vyose biremwa. Ni co gituma yitwa “imfura mu biremwa vyose.” (Abakolosayi 1:15) Bibiliya ivuga ko Yezu ari “Umwana . . . w’ikinege” w’Imana kubera ko ari we wenyene Yehova yiremeye ata wundi biciyeko. (Yohani 3:16) Yezu yarakoranye cane na Se wiwe Yehova, aramufasha kurema ibindi bintu vyose. (Soma Imigani 8:30.) Yezu ni umugenzi somambike wa Yehova. Ni umuvugizi w’Imana adahemuka, akaba amenyesha abandi ubutumwa n’ubuyobozi bivuye kuri Yehova. Ni co gituma yitwa “Jambo.”—Yohani 1:14.

2. Kubera iki Yezu yaje kw’isi?

Haraciye nk’imyaka 2.000 Yehova akoze igitangaro. Akoresheje impwemu yiwe nyeranda, yarimuye ubuzima bwa Yezu abukuye mw’ijuru abushira mu nda y’umwigeme w’isugi yitwa Mariya. Gutyo, Yezu yarashoboye kuvuka ari umuntu. (Soma Luka 1:34, 35.) Yehova yarungitse Yezu kw’isi kugira abe Mesiya yari yarasezeranywe, ari we Kristu, yongere acungure abantu.a Ubuhanuzi bwose bwerekeye Mesiya bwaramurangukiyeko. Ivyo vyatumye abantu bamenya ko Yezu yari “Kristu, Umwana w’Imana nzima.”—Matayo 16:16.

3. Ubu Yezu ari hehe?

Inyuma y’aho Yezu apfiriye, Imana yaramuzuye asubira kuba ikiremwa c’impwemu, aca asubira mw’ijuru. ‘Imana yaciye imuduza imushira mu kibanza co hejuru cane.’ (Abafilipi 2:9) Ubu Yezu afise ikibanza kidasanzwe mw’ijuru. Ni we agira kabiri havuye Yehova.

TWINJIRE MU MIZI

Reka turabe ayandi makuru adufasha kumenya Yezu uwo ari we vy’ukuri be n’igituma bihambaye ko twiga ibimwerekeye.

Yezu na Yohani Umubatizi bari mu mazi, bariko barumviriza ijwi rivuye mw’ijuru inyuma y’aho Yezu amariye kubatizwa.

4. Yezu si Imana Mushoboravyose

Yezu ni ikiremwa c’impwemu gifise ububasha kiri mw’ijuru. Naho ari ukwo, Bibiliya yigisha ko agamburukira Yehova, Imana yiwe ikaba na Se. Uti kubera iki tuvuze gutyo? Nimurabe iyo VIDEWO kugira ubone ivyo Bibiliya yigisha ku bijanye n’itandukaniro riri hagati ya Yezu n’Imana Mushoboravyose.

IVIDEWO: Yezu Kristu yoba ari Imana? (3:22)

Ivyanditswe bikurikira biradufasha gutahura itandukaniro riri hagati ya Yehova na Yezu. Nimusome icanditswe kimwekimwe cose, muce muganira kuri ivyo bibazo:

Nimusome Luka 1:30-32.

  • Uwo mumarayika yavuze ko Yezu apfana iki na Yehova Imana “Musumbavyose”?

Nimusome Matayo 3:16, 17.

  • Igihe Yezu yabatizwa, ijwi ryavuye mw’ijuru ryavuze iki?

  • Wibaza ko iryo jwi ryari irya nde?

Nimusome Yohani 14:28.

  • Hagati y’umwana na se ni nde asumba uwundi?

  • Kuba Yezu yise Yehova Se wiwe bitwereka iki?

Nimusome Yohani 12:49.

  • Yezu yoba yabona ko we na Se wiwe ari umuntu umwe? Wewe ubivugako iki?

5. Ivyerekana ko Yezu yari Mesiya

Bibiliya irimwo ubuhanuzi bwinshi bwerekeye Mesiya, ni ukuvuga uwo Imana yatoye kugira akize abantu. Ubwo buhanuzi bwarafashije abantu kumenya Mesiya uwo ari we. Nimurabe iyo VIDEWO kugira mubone ubuhanuzi bumwebumwe bwarangukiye kuri Yezu igihe yaza kw’isi.

IVIDEWO: Yezu yarashikije ubuhanuzi (3:03)

Nimusome ubu buhanuzi bwo muri Bibiliya, muce muganira kuri ibi bibazo:

Nimusome Mika 5:2, kugira mubone ahantu Mesiya yari kuvukira.b

  • Yezu yoba yavukiye aho nyene hari haravuzwe?—Matayo 2:1.

Nimusome Zaburi 34:20 na Zekariya 12:10, kugira mubone ivyo Bibiliya yari yaravuze ku bijanye n’urupfu rwa Mesiya.

  • Ivyo bintu vyoba vyarabaye?—Yohani 19:33-37.

  • Woba wibaza ko Yezu hari ico yakoze kugira atume ubwo buhanuzi bumurangukirako?

  • Ivyo bidufasha kubona ko Yezu ari nde?

6. Kwiga ivyerekeye Yezu biratugirira akamaro

Bibiliya irerekana ko bihambaye cane kwiga ivyerekeye Yezu hamwe n’ivyo Imana ishaka ko akora. Nimusome Yohani 14:6 na 17:3, muce muganira kuri iki kibazo:

  • Kubera iki bihambaye kwiga ivyerekeye Yezu?

Yezu ariko arigisha abantu.

Yezu yaratwugururiye inzira kugira dushobore kuba abagenzi b’Imana. Yarigishije ukuri kwerekeye Yehova, kandi biciye kuri we turashobora no kuronka ubuzima budahera

HARI ABAVUGA BATI: “Ivyabona vya Yehova ntibemera Yezu.”

  • Wobishura gute?

INCAMAKE

Yezu ni ikiremwa c’impwemu gifise ububasha. Ni Umwana w’Imana akaba na Mesiya.

Wize iki?

  • Kubera iki Yezu yitwa “imfura mu biremwa vyose”?

  • Ni ibiki Yezu yakoze imbere y’uko aza kw’isi?

  • Twemezwa n’iki ko Yezu ari Mesiya?

Umugambi wokwishingira

RONDERA N’IBINDI

Nurabe ibindi bintu vyerekana ko Yezu ari Mesiya.

“Ubuhanuzi bwerekeye Mesiya bwoba bwemeza ko Yezu yari we Mesiya?” (Ikiganiro co kuri jw.org)

Nurabe ivyo Bibiliya ivuga ku bijanye n’ubucuti buri hagati y’Imana na Yezu.

“Kubera iki Yezu yitwa Umwana w’Imana?” (Ikiganiro co kuri jw.org)

Nurabe igituma inyigisho y’Ubutatu idashingiye kuri Bibiliya.

“Yezu yoba ari Imana?” (Umunara w’Inderetsi, 1 Ndamukiza 2009)

Nurabe ukuntu ubuzima bw’umukenyezi umwe bwahindutse aho amenyeye ivyo Bibiliya yigisha ku bijanye na Yezu.

“Umuyahudikazi asigura icatumye asubira gusuzuma ivyo yemera” (Be maso!, Rusama 2013)

a Mu cigwa ca 26 n’ica 27 tuzobona igituma abantu bakeneye gukizwa n’ingene Yezu adukiza.

b Raba Akajambo ko ku mpera ka 2 kugira ubone ubuhanuzi bwari bwaravuze ibijanye n’igihe Mesiya yobonekeyeko.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika