-
Ingene Yezu ashimagiza ubugororotsi bw’ImanaUmunara w’Inderetsi—2010 | 15 Myandagaro
-
-
7. Ni ibintu vy’agaciro ibihe Yezu yari afise?
7 Yezu yarerekanye ko yitwararika cane ibintu vy’impwemu mu kwama yitaba amakoraniro ajanye no gusenga. Akoresheje ubwenge bwiwe butagira agahaze, ategerezwa kuba yaratahura ikintu cose yaba yumvise akanagisoma mu Vyanditswe vy’Igiheburayo. (Luka 4:16) Vyongeye, hariho ikindi kintu c’agaciro yari afise, ico na co kikaba cari umubiri w’umuntu utagira agasembwa wari gushobora gutangwako inkuka ku bw’ineza y’abantu bose. Igihe Yezu yabatizwa, yariko arasenga kandi ashobora kuba yariko arazirikana ku bijanye n’amajambo y’ubuhanuzi avugwa muri Zaburi 40:6-8.—Luka 3:21; soma Abaheburayo 10:5-10.a
-
-
Ingene Yezu ashimagiza ubugororotsi bw’ImanaUmunara w’Inderetsi—2010 | 15 Myandagaro
-
-
a Ng’aha intumwa Paulo arasubiramwo amajambo yo muri Zaburi 40:6-8 yisunze impinduro y’ikigiriki yitwa Septante, ino ikaba ishiramwo amajambo avuga ngo “wanteguriye umubiri.” Ayo majambo ntaboneka mu vyandiko vy’iminwe biriho ubu vy’Ivyanditswe vy’igiheburayo vya kera.
-