Urusengero rwo mu vy’Impwemu Ruhambaye Rwa Yehova
“Dufise umuherezi mukuru ameze artyo, . . . akorera ahēra, no mw ihema nyakuri, ryashinzwe n[a Yehova, “NW”] atar’abantu.”—ABAHEBURAYO 8:1, 2.
1. Ni intunganyo ndangarukundo nki Imana yagiriye ubwoko-muntu banyavyaha?
YEHOVA IMANA, bivuye ku rukundo rwiwe ruhambaye afitiye ubwoko-muntu, yaratanze inkuka kugirango akureho ivyaha vy’isi. (Yohana 1:29; 3:16) Vyasavye kwimura ubuzima bw’Umwana mfura wiwe kuva mw ijuru kuja mu nda y’umuyudakazi w’isugi yitwa Mariya. Umumarayika wa Yehova yarasiguriye Mariya atomora yuko nya kibondo yosamye ‘cokwiswe uwera, Umwana w’Imana.’ (Luka 1:34, 35) Yozefu, uwari yareheje Mariya, yarabariwe ivyerekeye isamwa rya Yezu ku gitangaro, yongera arabwirwa ko uwo “[yokijije] abantu biwe ivyaha vyabo.”—Matayo 1:20, 21.
2. Yezu yagize iki igihe yari amaze imyaka nka 30 y’amavuka, kandi kwari ukubera iki?
2 Uko Yezu yakura, ategerezwa kuba yarategereye bimwebimwe muri ivyo birukuri vyerekeye ivuka ryiwe ryo ku gitangaro. Yari azi ko Se wiwe wo mw ijuru amufitiye umurimo nkizabuzima yokoze kw isi. Nuko, Yezu aho abereye umugabo w’ingerabigero w’imyaka nka 30 y’amavuka, yaraje kuri Yohani umumenyeshakazoza w’Imana, ngo abatizwe mu Ruzi Yorodani.—Mariko 1:9; Luka 3:23.
3. (a) Yezu yashatse kuvuga iki muri ya majambo ngo “Ibimazi n’amashikanwa ntiwabigomvye”? (b) Ni akarorero kiserukije akahe Yezu yashiriyeho abashaka bose gucika abayoboke biwe?
3 Yezu yariko arazamba igihe c’ibatisimu yiwe. (Luka 3:21) Birumvikana, yariko yirabishako ubwiwe Zaburi 40:6-8, nk’uko mu nyuma vyerekanywe n’umuposolo Paulo: “Ibimazi n’amashikanwa ntiwabigomvye, ariko wanteguriye umubiri.” (Abaheburayo 10:5) Gutyo, Yezu yararanze yuko yari azi ko Imana ‘itagomvye’ ko ibimazi vy’ibitungwa bibandanya gushikanwa, ku rusengero rw’i Yeruzalemu. Mu gishingo cavyo, yarabonye ko Imana yari yamuteguriye umubiri wa kimuntu ukemutse, ari wo Yezu, ngo utangwe bwa kimazi. Ivyo vyokuyeho inkenero iyo ari yo yose yindi y’ugutanga ibimazi vy’ibitungwa. Mu kuranga icipfuzo mvamutima yari afise c’ukworohera igomba ry’Imana, Yezu yarabandanije kuzamba atya: “Ehe ndaje, (mu muzingo w’igitabo ni ko vyanditswe kuri jewe) nzanywe no gukora [igomba ryawe, NW], Mana.” (Abaheburayo 10:7) Mbega akarorero k’akumiza karanga uburindutsi n’ubwibande ntīkunda Yezu yashizeho uwo musi, agashiriyeho abocitse abayoboke biwe mu nyuma bose!—Mariko 8:34.
4. Imana yaranze gute ko ishimye ukwishikana kwa Yezu?
4 Imana yoba yararanze ko ishimye izambo Yezu atuye ry’ibatisimu? Reka umwe mu baposolo bacaguwe ba Yezu aduhe inyishu: “Yesu amaze kubatizwa, aca ava mu mazi: maz’ijuru riruguruka, abona [im]pwemu [y]’Imana, [i]manuka [i]sa n’inuma, [i]mugwako. Buno rer’ijwi riva mw ijuru, rit’Uyu ni we Mwana wanje nkunda, akampimbara.”—Matayo 3:16, 17; Luka 3:21, 22.
5. Ni igiki cagereranywa n’igicaniro bucaniro c’urusengero?
5 Ivy’uko Imana yemeye ugushikanwa kw’umubiri wa Yezu ngo ube inkuka, mu nyuro y’ivy’impwemu vyasigura yuko igicaniro gihambaye gusumba ico mu rusengero rw’i Yeruzalemu caragiye mu kibanza ca mbere. Igicaniro bucaniro aho ibitungwa vyatangirwako ibimazi cari igitutu c’igicaniro co mu vy’impwemu kikaba mu vy’ukuri ari co cari ‘igomba’ ry’Imana, ari yo ntondeko y’ukugira ubuzima bwa kimuntu bwa Yezu bwemerwe ko ari inkuka. (Abaheburayo 10:10) Ni co gituma umuposolo Paulo yubahutse kwandikira Abakirisu bagenziwe ati: “Dufise igicaniro, ico abakorera muri rya hema [canke, rwa rusengero] batemererwa kurīrako.” (Abaheburayo 13:10) Mu yandi majambo, Abakirisu nyakuri barungukira ku nkuka mpongeravyaha ya rutura, iyo abaherezi bayuda benshi bashibuye.
6. (a) Ni igiki cagiye mu kibanza ca mbere igihe c’ibatisimu ya Yezu? (b) Izina-cubahiro ngo Mesiya, canke Kirisitu, risobanura iki?
6 Ugusīgwa impwemu yera kwa Yezu kwasobanura yuko Imana ico gihe yari izanye intondeko yayo yose uko ingana y’ivy’urusengero rwo mu vy’impwemu, Yezu akaba ari we asukura bwa Muherezi Mukuru. (Ivyakozwe n’intumwa 10:38; Abaheburayo 5:5) Umuyoboke Luka yarahumekewe ngo adome ku mwaka wabereyeko ico gishikiragihe c’akamarampaka yuko hari mu “mwaka ugira icumi na gatanu Kayisari Tiberiyo ari ku ngoma.” (Luka 3:1-3) Uwo uhwana n’umwaka wa 29 G.C.—neza na neza amayinga 69 y’imyaka, canke imyaka 483, guhera igihe Umwami Aritazeruzi yari yatangiyeko imbwirizo y’uko impome za Yeruzalemu zisubira kwubakwa. (Nehemiya 2:1, 5-8) Dukurikije ibimenyeshakazoza, “Mesiya Segaba” yoserutse muri uwo mwaka wari waravuzwe. (Daniyeli 9:25) Abayuda benshi biboneka ko ivyo bari babizi. Luka ashikiriza inkuru y’uko “abantu bāri barorereye ibizoba” ku vyerekeye iseruka rya Mesiya, canke Kirisitu, amazina-cubahiro ava mu majambo y’igiheburayo n’ikigiriki afise insobanuro imwe nyene, “uwasîzwe.”—Luka 3:15.
7. (a) Imana yasîze ryari ‘Ahera Cane,’ kandi ivyo vyasiguye iki? (b) Ni ibindi biki vyashikiye Yezu igihe c’ibatisimu yiwe?
7 Igihe c’ukubatizwa kwa Yezu, ubutûro bwo mw ijuru bw’Imana bwari busīzwe, ni kwo gushirwa ku ruhande, buba ‘Ahera Cane’ mu ntondeko y’ivy’urusengero rwo mu vy’impwemu ruhambaye. (Daniyeli 9:24) “Ihema nyakuri [canke, urusengero], [i]ryashizweho n[a Yehova, NW], atar’abantu,” ryari rigiye mu bukabazi. (Abaheburayo 8:2) Kandi, biciye mu kubatirishwa amazi n’impwemu kwiwe, uwo mugabo Yezu Kirisitu yari avutse ubwa kabiri nk’Umwana w’Imana wo mu vy’impwemu. (Gereranya na Yohana 3:3.) Ivyo vyasobanura yuko Imana, mu gihe gikwiriye, yosubiye guhamagarira Umwana wayo ubuzima bwo mw ijuru, aho yosukuriye iburyo bwa Se wiwe nk’Umwami n’Umuherezi Mukuru “ibihe bidashira mu buryo bga Melekisedeki.”—Abaheburayo 6:20; Zaburi 110:1, 4.
Ahera Cane ho mw Ijuru
8. Buno ni imboneko nshasha izihe intebe-bwami y’Imana yagize mw ijuru?
8 Ku musi w’ukubatizwa kwa Yezu, intebe-bwami yo mw ijuru y’Imana yari ishikiriye imboneko nshasha. Ishingwa ry’inkuka ya kimuntu ikemutse y’ugutangako impongano y’ivyaha vy’isi ryarakomeje ubweranda bw’Imana, ributandukanya n’ubukorecaha bw’umuntu. Ikigongwe c’Imana cari kandi giseruwe mu buryo bw’uko buno yari aranze ubugombe afise bw’ugutururuzwa, canke guhongwa. Gutyo, intebe-bwami y’Imana yo mw ijuru yari icitse nk’icumba c’indani c’urusengero, aho umuherezi mukuru yǐnjira rimwe mu mwaka afise amaraso y’igitungwa kugira ahongere ivyaha mu mburyo bw’ikirorezo.
9. (a) Ca gihuzu cari hagati y’Ahera n’Ahera Cane cagereranya iki? (b) Yezu yinjiye gute hirya y’igihuzu c’urusengero rwo mu vy’impwemu rw’Imana?
9 Igihuzu cagabura Ahera n’Ahera Cane cagereranya umubiri w’inyama wa Yezu. (Abaheburayo 10:19, 20) Ni wo wari igitangīro cagumya Yezu ngo ntiyinjire aho Yehova ari igihe uwo Yezu yari umuntu kw isi. (1 Ab’i Korinto 15:50) Igihe Yezu yapfa, “igihuzu gikingiriye ahēra cane h’urusengero [catantamutsemwo] kubiri, uhereye hejuru ugashitsa hasi.” (Matayo 27:51) Ivyo vyabaye indorêrwa yerekana yuko igitangīro cabuza Yezu kwinjira mw ijuru buno cari gikuweho. Inyuma y’imisi itatu, Yehova Imana yarakoze igitangaro ciserukije. Yaravyuye Yezu mu bapfuye, atari umuntu apfa w’umubiri n’amaraso, ariko ari ikiremwa c’impwemu c’ubuninahazwa “[c]amah’ibihe bidashira.” (Abaheburayo 7:24) Haciye imisi mirongwine, Yezu yaruriye mw ijuru hanyuma yinjira ‘Ahera Cane’ nyakuri, ngo “aduserukire imbere y’inyonga z’Imana.”—Abaheburayo 9:24.
10. (a) Ni ibiki vyashitse Yezu amaze gushikana kwa Se wiwe agaciro k’inkuka yiwe? (b) Ugusigwa impwemu yera kwasobanura iki ku bayoboke ba Kirisitu?
10 Imana yoba yaremeye agaciro k’amaraso yasheshwe ya Yezu bwa mpongano y’ivyaha vy’isi? Si ivy’imbeshere yarayemeye. Igihinyuza c’ivyo caje neza na neza imisi 50 inyuma y’izuka rya Yezu, ku musi mukuru wa Pentekote. Impwemu yera y’Imana yarasukiriwe ku bayoboke 120 ba Yezu batororokaniye hamwe i Yeruzalemu. (Ivyakozwe n’intumwa 2:1, 4, 33) Nk’uko vyabaye ku Muherezi Mukuru wabo Yezu Kirisitu, buno bari basīzwe ngo basukure bagize ‘ubuherezi bweranda, ngo batange inkuka mu vy’impwemu’ munsi y’intondeko y’ivy’urusengero rwo mu vy’impwemu ruhambaye rw’Imana. (1 Petero 2:5) Ikindi kandi, abo basīzwe bǎgize ihanga rishasha, “ihanga ryera,” Isirayeli yo mu vy’impwemu. Gutyo rero, amamenyeshakazoza yose y’ibintu vyiza vyerekeye Isirayeli, nka wa muhango w’ “isezerano risha” ryanditse muri Yeremiya 31:31, yokwerekeye ikorane ry’Abakirisu basīzwe, ari bo “Bisirayeli b’Imana” nyabo.—1 Petero 2:9; Ab’i Galatiya 6:16.
Izindi Mboneko z’Urusengero rw’Ivy’Impwemu rw’Imana
11, 12. (a) Ni igiki cagereranywa n’ikigo c’ubuherezi mu vyerekeye Yezu, kandi ico ni igiki mu vyerekeye abakurikizi biwe basīzwe? (b) Ya mazi yo mu kigārigāri yagereranya iki, kandi ariko akoreshwa mu buryo ki?
11 Naho nyene Ahera Cane hǎgereranya “mw ijuru ubgaho,” aho Imana ivyagiye, izindi mboneko zose z’urusengero rwo mu vy’impwemu rwa Yehova zerekeye ibintu vyo kw isi. (Abaheburayo 9:24) Mu rusengero rw’i Yeruzalemu, hariho ikigo c’indani c’ubuherezi, kirimwo igicaniro gitangirwako ibimazi hamwe n’ikigārigāri kinini c’amazi abaherezi bǎkoresha ngo bityorore imbere y’uko bakora ubusuku bweranda. None ivyo bintu bigereranya iki mu ntondeko y’ivy’urusengero rwo mu vy’impwemu rw’Imana?
12 Mu biraba Yezu Kirisitu, ca kigo c’idani c’ubuherezi cagereranya ubumeremere ntacaha bwiwe, we yari Umwana w’Imana wa kimuntu akemutse. Biciye mu gutumikisha ukwizera inkuka ya Yezu, abakurikizi basīzwe ba Kirisitu baritwa ko ari intungane. Gutyo, Imana irashobora neza gukorana na bo nka kumwe boba ari bantagiricaha. (Abaroma 5:1; 8:1, 33) Nuko rero, ico kigo kandi kigereranya ubumeremere butunganye bwa kimuntu bw’inshirweko, ubwo abaharurwa umwumwe bo mu buherezi bweranda binovora imbere y’Imana. Ubwo nyene kandi, Abakirisu basīzwe baracari banyamakemwa bakaba banashikirwa n’ugukora icaha. Ca kigārigāri c’amazi co mu kigo, kigereranya Ijambo ry’Imana, iryo Umuherezi Mukuru akoresha mu gutyorora bukebuke ubuherezi bweranda. Mu kworohera uwo mwandamo w’ivy’ubutyorozi, barashikiriye inseruko bwizantangere itera ikuzo Imana kandi inakwega abo hanze bakaza ku nsengo yiwe ityorotse.—Abanyefeso 5:25, 26; gereranya na Malaki 3:1-3.
Ha Hera
13, 14. (a) Ahera h’urusengero hagereranya iki mu vyerekeye Yezu hamwe n’abakurikizi biwe basīzwe? (b) Ca giterekwako amatara c’inzahabu kigereranya iki?
13 Icumba ca mbere ca nya rusengero kigereranya ubumeremere bwa rutura kuruta ubwo muri ca kigo. Mu vyerekeye wa muntu ntamakemwa Yezu Kirisitu, kigereranya ivukabusha ryiwe bwa Mwana w’Imana wo mu vy’impwemu agenewe gusubira ku buzima bwo mw ijuru. Abo bakurikizi basīzwe, bamaze kwaturwa ko ari intungane hishimikijwe ukwizera kwabo amaraso yasesetse ya Kirisitu, baribonera kandi n’iryo kora ridasanzwe ry’impwemu y’Imana. (Abaroma 8:14-17) Biciye mu ‘mazi [ni kuvuga ukubatizwa kwabo] no ku mpwemu,’ baba ‘bavyawe ubwa kabiri’ bakaba abana b’Imana bo mu vy’impwemu. Bari ukwo, baragira icizigiro c’ukuzurirwa ubuzima bwo mw ijuru ari abana b’Imana, bagapfa gusa kuguma ari abizerwa gushika ku gupfa.—Yohana 3:5, 7; Ivyahishuriwe Yohana 2:10.
14 Abaherezi bǎsukurira indani y’Ahera h’urusengero rwo kw isi ntibǎbonwa n’abasenzi bari ku ruhande rwo hanze y’urusengero. Ni nk’ukwo nyene, Abakirisu basīzwe bararonka ubumeremere bwo mu vy’impwemu butaronkwako canke budatahurwa vyuzuye n’abenshi mu basenzi b’Imana, abari n’icizigiro c’ukubaho ubudashira kw isi y’iparadizo. Ca giterekwako amatara c’inzahabu co mw itaberenakulo kigereranya ubumeremere bubonesherejwe bw’Abakirisu basīzwe. Ubukabazi bw’impwemu yera y’Imana, nka kumwe kw’amavuta muri ya matara, burashwarika umuco kuri Bibiliya. Itahura Abakirisu bahakǔra ntibaryigumizako. Baragamburukira Yezu nyabuna, we yavuze ati: “Mur’umuco w’isi. . . . umuco wanyu ubonesh[e] imbere y’abantu, ngo babone ibikorwa vyanyu vyiza, bahimbaze So wo mw ijuru.”—Matayo 5:14, 16.
15. Ni igiki kigereranywa na ya mitsima yo ku meza y’imitsima y’ibiterekērwa?
15 Kugira Abakirisu basīzwe bagume muri ubwo bumeremere bubonesherejwe, bategerezwa gufungura ubudahorereza ku bigereranywa na ya mitsima yarí ku meza y’imitsima y’ibiterekērwa. Isôko rya mbere na mbere bakurako imfungurwa zo mu vy’impwemu ni Ijambo ry’Imana, iryo bihatira gusoma no kuzirikana misiyose. Yezu kandi yarasezeranye kubaronsa ‘imfungurwa igihe kigeze’ biciye kuri wa “mushumba w’umwizerwa kandi w’incabwenge.” (Matayo 24:45, NW) Uwo “mushumba” ni inama yose uko ingana y’Abakirisu basīzwe bari kw isi ku gihe kinaka ico ari co cose. Kirisitu yarakoresheje iyo nama yasîzwe kugira yamamaze amabwirwa yerekeye itaha ry’amamenyeshakazoza ya Bibiliya no kugira atange ubuyobozi buhuye n’igihe mu vyerekeye ikurikizwa ry’ingingo zo muri Bibiliya mu buzima bwa misiyose bwo mu gihe ca none. Kubera ico, Abakirisu basīzwe barafungura bakenguruka kuri ivyo bironswa vyo mu vy’impwemu. Ariko rero ugutungwa kw’ubuzima bwabo bwo mu vy’impwemu kuva ku biruta ukwinjiza ubumenyi bwerekeye Imana mu mizirikanyi no mu mitima yabo. Yezu yavuze ati: “Indya zanje n’ugukora ico uwantumye agomba, no guheraheza igikorwa ciwe.” (Yohana 4:34) Muri ubwo buryo nyene, Abakirisu basīzwe barumva bashize akanyota mu kwita ku gukora misiyose igomba ry’Imana ryahishuwe.
16. Ni igiki kigereranywa n’ubusuku bwo ku gicaniro c’imibavu?
16 Mu gitondo no ku mugoroba, umuherezi yarashikanira Imana imibavu ku gicaniro c’imibavu Ahera. Ubwo nyene, abasenzi batari mu buherezi bǎrazamba Imana igihe bahagaze mu bigo vyo hanze y’urusengero. (Luka 1:8-10) “Imibavu,” ni Bibiliya isigura, “ni yo gusenga kw’abera.” (Ivyahishuriwe Yohana 5:8) “Ugusenga kwanje gushirwe imbere yawe nk’imibavu,” vyanditswe n’umunyazaburi Dawidi. (Zaburi 141:2) Abakirisu basīzwe na bo nyene baraha agaciro agateka batewe k’ukwegera Imana mw izambo baciye kuri Yezu Kirisitu. Amazambo aturanywe ubwira ahwehwera ava ku mutima ameze nk’imibavu ihumera neza. Abakirisu basīzwe kandi barashemeza Imana mu bundi buryo, bakoresheje iminwa yabo mu kwigisha abandi. Ukurindirako kwabo imbere y’amagume hamwe n’ukutadohoka kwabo iyo bari munsi y’ikigeragezo, ni vyo canecane biryohera Imana.—1 Petero 2:20, 21.
17. Ni ibiki vyarimwo mw itaha ry’ikigereranyo menyeshakazoza cǎtanzwe n’iyinjira rya mbere ry’umuherezi mukuru aja Ahera Cane ku Musi w’Impongano?
17 Ku Musi w’Impongano, umuherezi mukuru wa Isirayeli yabwirizwa kwinjira Ahera Cane agaturira imibavu ku cotezo c’inzahabu kirimwo amakara abengagira umuriro. Ivyo vyategerezwa kugirwa imbere y’uko azanayo amaraso y’ugutangako amashikanwa y’ivyaha. Mw itaha ry’ico kigereranyo menyeshakazoza, wa mugabo Yezu yaragumije ukutadohoka kuri Yehova Imana kwumije imbere y’uko ashikana ubuzima bwiwe nk’inkuka imwe iramba, itangiwe ivyaha vyacu. Gutyo yarerekanye neza yuko umuntu akemutse yoshoboye kugumya ukutadohoka ku Mana kwiwe naho umukazo Shetani yomuzanako wobaye umeze ute. (Imigani 27:11) Igihe yashirwako agasuzumisho, Yezu yarakoresheje izambo “atakamba cane arira, kand[i yarumviwe] kubgo kuyubaha kwiwe.” (Abaheburayo 5:7) Muri ubwo buryo, yaraninahaje Yehova ko ari we atunganye akaba na Segaba abifitiye uburenganzira mw ihangāre. Imana yarahemvye Yezu mu kumuzura mu bǎpfuye ikamushira mu buzima bwo mw ijuru budapfa. Muri ico kibanza kiri hejuru, Yezu arashira ikebu ku mpamvu nzaruhande y’ukuza kwiwe kw isi, ari kwo gusubirisha hamwe n’Imana abantu banyavyaha.—Abaheburayo 4:14-16.
Bwa Bwiza Buhambaye Kuruta bw’Urusengero rw’Ivy’Impwemu rw’Imana
18. Yehova yazanye gute ubwiza bwiserukije ku rusengero rwiwe rwo mu vy’impwemu?
18 “Ubgiza bgo hanyuma buzoba kur’iyi ngoro buzorusha ubga mbere,” ni vyo Yehova yavuze imbere y’igihe. (Hagayi 2:9) Igihe Yehova yazura Yezu ngo abe Umwami n’Umuherezi Mukuru adapfa, Yehova yarazanye ubwiza bwiserukije ku rusengero rwiwe rwo mu vy’impwemu. Yezu ubu arashoboye kuzana ‘agakiza kadashira ku bamugamburukira bose.’ (Abaheburayo 5:9) Abǎbaye aba mbere mu kuranga ubwo bugamburutsi bari ba bayoboke 120 bǎronka impwemu yera kuri Pentekote mu 33 G.C. Igitabu c’Ivyahishuriwe Yohana caravuze imbere y’igihe yuko abo bana ba Isirayeli bo mu vy’impwemu amaherezo boshitse ku gitigiri c’144 000. (Ivyahishuriwe Yohana 7:4) Benshi muri bo aho bapfiriye, barinze kuryama mu mva ubwoko-muntu busangiye, batagira ubwenge, barindira igihe Yezu yobaye ari ho ari, mu bubasha bwiwe bw’umwami. Urukurikirane-bihe ruri muri Daniyeli 4:10-17, 20-27 rutunga urutoke ku 1914 ko ari co gihe Yezu yotanguriyeko gutegeka hagati y’abansi biwe. (Zaburi 110:2) Imyaka mirongo imbere yaho, Abakirisu basīzwe uwo mwaka barawurorereye bakaramutse. Ya ntambara ya mbere y’isi yose hamwe n’ivyago vyayiherekeje vyashikiye ubwoko-muntu, vyaratanze igihinyuza c’uko Yezu yari yimitswe bimwe bitari ivy’imbeshere, aba Umwami, mu 1914. (Matayo 24:3, 7, 8) Haciye gatoyi, igihe kimaze gushika c’uko “urubanza rutangurira mu b’inzu y’Imana,” Yezu yoshikije wa muhango yari yahaye abayoboke basīzwe biwe bari bagiye mw itiro ry’urupfu: “Nzogaruka kubajana i wanje.”—1 Petero 4:17; Yohana 14:3.
19. Amasigarira ya bamwe 144 000 azoshobora gute gushikira Ahera Cane ho mw ijuru?
19 Nya baharurwa 144 000 ba bwa buherezi bweranda bose ntibaradomwako ikimenyetso ubwa nyuma ngo begeranirizwe mu muhira wabo wo mw ijuru. Amasigarira yabo baracari kw isi mu bumeremere bwo mu vy’impwemu bugereranywa n’Ahera, abatandukanywa n’aho Imana iri hera n’“igihuzu” ari co gitangirizo, ni ukuvuga imibiri yabo y’inyama. Iyo abo bapfuye bari mu bwizerwe, mu kanya barazurirwa kuba ibiremwa vy’impwemu bidapfa kugira biyunge ku bo mu 144 000 bamaze gushika mw ijuru.—1 Ab’i Korinto 15:51-53.
20. Ni umurimo uhambaye uwuhe abasigaye bo muri bwa buherezi bweranda bariko barangura muri iki gihe, na wo ukavamwo iki?
20 Ko abaherezi benshi basukurira hamwe n’Umuherezi Mukuru ahambaye mw ijuru, urusengero rwo mu vy’impwemu rw’Imana rwararonse ubundi bwiza rwongewe. Mu kurindira, abasigaye bo mu buherezi bweranda bariko barangura umurimo w’agaciro kw isi. Biciye mu bukwiririji bwabo, Imana iriko ‘irahindisha agashitsi amahanga yose’ ikoresheje inseruro z’urubanza rwayo, nk’uko vyavuzwe imbere y’igihe muri Hagayi 2:7. Ico gihe nyene, amamiliyoni y’abasenzi badondorwa ko ari “ivy’igiciro vyo mu mahanga yose” bariko bararindiga binjira mu bigo vyo kw isi vy’urusengero rwa Yehova. None abo bafise ikibanza giki mu ntondeko Imana yashizeho y’ivy’ugusenga, kandi ni ubwiza buki bwo muri kazoza dushobora kwitega ku rusengero rwo mu vy’impwemu rwayo ruhambaye? Ivyo bibazo ni vyo bigiye guhwebuzwa mu mutagi ukurikira.
Ibibazo vy’Isubiramwo
◻ Ni akarorero nyabaki kiserukije Yezu yashizeho mu 29 G.C.?
◻ Ni intondeko nki yatanguye gukora mu 29 G.C.?
◻ Ni igiki kigereranywa n’Ahera hamwe n’Ahera Cane?
◻ Rwa rusengero rwo mu vy’impwemu ruhambaye rwaninahajwe gute?
[Ifoto ku rup. 24]
Igihe Yezu yasîgwa impwemu yera mu 29 G.C., urusengero rwo mu vy’impwemu rw’Imana ruhambaye rwaratanguye gukora