ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w05 1/10 rup. 8-rup. 11 ing. 10
  • Ibikurubikuru vyo mu gitabu ca Ngoma za Mbere

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ibikurubikuru vyo mu gitabu ca Ngoma za Mbere
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2005
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • URUTONDE RW’AMAZINA RUHAMBAYE
  • (1 Ngoma 1:1–9:44)
  • Inyishu z’ibibazo bishingiye ku Vyanditswe:
  • DAWIDI AGANZA ARI UMWAMI
  • (1 Ngoma 10:1–29:30)
  • Inyishu z’ibibazo bishingiye ku Vyanditswe:
  • Korera Yehova n’‘umutima ukunze’
  • Niwiheke ku mpwemu y’Imana uko uhangana n’ibihinduka mu buzima
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2004
  • Ibikurubikuru vyo mu gitabu ca Samweli wa Kabiri
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2005
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2005
w05 1/10 rup. 8-rup. 11 ing. 10

Ijambo rya Yehova ni rizima

Ibikurubikuru vyo mu gitabu ca Ngoma za Mbere

HARACIYE nk’imyaka 77 kuva Abayuda bavuye mu bunyagano i Babiloni bagasubira mu gihugu cabo c’amavukiro. Urusengero rwasubiye kwubakwa na Buramatari Zerubabeli ubu ruramaze imyaka 55. Imvo nyamukuru yatumye Abayuda bagaruka kwari ugusubizaho ugusenga kw’ukuri i Yeruzalemu. Ariko rero, abantu ntibafitiye umwete ugusenga Yehova. Birihutirwa ko baremeshwa, kandi izo ndemesho ni zo neza na neza igitabu ca Bibiliya ca Ngoma za Mbere gitanga.

Uretse inkuru zivuga ukuntu imiryango yagiye ikurikirana, igitabu ca Ngoma za Mbere kiranavuga ivyabaye mu kiringo c’imyaka nka 40, uhereye ku rupfu rw’Umwami Sauli ugashitsa ku rupfu rw’Umwami Dawidi. Umuherezi Ezira ni we avugwa ko yanditse ico gitabu mu mwaka wa 460 B.G.C. Igitabu ca Ngoma za Mbere kiradufitiye akamaro kubera ko kidufasha gutahura ivyerekeye ugusenga kwagirirwa ku rusengero, kikaduha n’amakuru y’ido n’ido yerekeye abo Mesiya yakomotseko. Kubera ko ico gitabu kiri mu bitabu bigize Ijambo ry’Imana ryahumetswe, ubutumwa buri muri co burakomeza ukwizera kwacu bukanatuma turushiriza gutahura Bibiliya.​—Abaheburayo 4:12.

URUTONDE RW’AMAZINA RUHAMBAYE

(1 Ngoma 1:1–9:44)

Icegeranyo Ezira agira cerekana ido n’ido ukuntu imiryango yagiye irakurikirana kiri n’akamaro n’imiburiburi kubera imvo zitatu: kirafasha kuraba neza yuko abantu babifitiye uburenganzira ari bo gusa bakora mu buherezi, kigafasha kumenya ivyo umuryango umwumwe wose utegerezwa gutorana, kikongera kigafasha kuzigama urutonde rw’imiryango Mesiya azokomokamwo. Urwo rutonde rurerekana kahise k’Abayuda usubiye inyuma gushika kuri wa muntu wa mbere. Kuva kuri Adamu gushika kuri Nowa hari amaruka cumi, hanyuma kuva kuri Nowa gushika kuri Aburahamu hakaba ayandi maruka cumi. Iyo nkuru imaze gutanga urutonde rw’abana Ishimayeli yavyaye be n’abana Aburahamu yavyaye ku ncoreke yiwe Ketura, hamwe n’abana Esau yavyaye, ica yibanda ku bakomotse kuri ba bahungu 12 ba Isirayeli.​—1 Ngoma 2:1.

Abakomotse kuri Yuda baradondorwa cane kubera ko ari bo bagize urukurikirane rw’imiryango ya cami Umwami Dawidi akomokamwo. Kuva kuri Aburahamu gushika kuri Dawidi hari amaruka 14, kuva kuri Dawidi gushika kuri kwa kujanwa i Babiloni na ho kakaba yandi maruka 14 (1 Ngoma 1:27, 34; 2:1-15; 3:1-17; Matayo 1:17). Ezira aca atanga urutonde rw’abakomotse ku miryango yo mu Buseruko bwa Yorodani, agakurikizako abakomotse ku bahungu ba Lewi (1 Ngoma 5:1-24; 6:1). Mu nyuma aca avuga muri make imwimwe mu yindi miryango yo mu Burengero bw’Uruzi Yorodani, agatanga kandi muri make urutonde rwerekana ido n’ido abakomotse kuri Benyamini (1 Ngoma 8:1). Arashiramwo kandi amazina y’abantu ba mbere na mbere babaye i Yeruzalemu inyuma ya kwa kuva mu bunyagano bw’i Babiloni.​—1 Ngoma 9:1-16.

Inyishu z’ibibazo bishingiye ku Vyanditswe:

1:18​—Hagati ya Arupakisadi na Kayinani, ni nde yari se wa Shela (Luka 3:35, 36)? Arupakisadi ni we yari se wa Shela (Itanguriro 10:24; 11:12). Ijambo “Kayinani” riboneka muri Luka 3:36, hari aho kumbure ryoba ari ijambo “Abakaludaya” ryahinduwe rikandikwa ukutari kwo. Niba ari ukwo biri, mu gisomwa co mu ntango hoshobora kuba hari handitswe ngo: “Umuhungu w’Umukaludaya Arupakisadi”. Canke na ho, hari aho izina Kayinani n’izina Arupakisadi yoba ari amazina y’umuntu umwe. Ico tutokwirengagiza ni uko imvugo ngo “mwene Kayinani” itaboneka mu bisomwa bimwebimwe vyandikishijwe iminwe.​—Luka 3:36, NW, akajambo k’epfo.

2:15​—Dawidi yoba yari umuhungu agira indwi wa Isayi? Oya. Isayi yari afise abahungu umunani, Dawidi akaba ari we yari umuhererezi (1 Samweli 16:10, 11; 17:12). Umwe mu bana ba Isayi biboneka ko yapfuye ata mwana n’umwe asize. Kubera ko uwo muhungu ata co yomaze mu ntonde zerekana ukuntu imiryango yagiye ikurikirana, Ezira ntiyashizemwo izina ryiwe.

3:17​—Ni kubera iki muri Luka 3:27 havuga ko Shalutiyeli umuhungu wa Yekoniya yari mwene Neri? Yekoniya ni we yari se wa Shalutiyeli. Ariko rero, biboneka ko Neri yashingiye Shalutiyeli umukobwa wiwe. Umukwe wa Neri, Luka yamwise umuhungu wa Neri nk’uko yabigize kuri Yozefu, uno akamwita umuhungu wa Heli se wa Mariya.​—Luka 3:23.

3:17-19​—Zerubabeli na Pedaya na Shalutiyeli bapfana iki? Zerubabeli yari umuhungu wa Pedaya, Pedaya na we akaba mwenewabo na Shalutiyeli. Yamara rero, Bibiliya rimwe na rimwe ivuga ko Zerubabeli ari mwene Shalutiyeli (Matayo 1:12; Luka 3:27). Hari aho yoba imwita gutyo kubera Pedaya yapfuye maze Shalutiyeli aca aba ari we arera Zerubabeli. Canke kumbure, kubera ko Shalutiyeli yapfuye adasize akana, Pedaya yaciye yubakana n’umugore asiga mwenewabo, hanyuma Zerubabeli aba ari we mwana wa mbere bavyarana.​—Gusubira mu vyagezwe 25:5-10.

5:1, 2​—Kuba Yozefu yarahawe ubukuru bw’imfura vyasigura iki kuri we? Vyasigura ko Yozefu yahawe imice ibiri y’intoranwa (Gusubira mu vyagezwe 21:17). Gutyo, yabaye se w’imiryango ibiri, ni ukuvuga umuryango wa Efurayimu n’umuryango wa Manase. Abandi bana ba Isirayeli babaye ba se b’umuryango umwumwe gusa.

Ivyigwa tuhigira:

1:1–9:44. Urukurikirane rw’imiryango y’abantu babayeho koko ruragaragaza ko indinganizo yose uko yakabaye y’ugusenga kw’ukuri idashingiye ku migani, ariko ko ishingiye ku bintu vyabaye koko.

4:9, 10. Yehova yarishuye isengesho Yabesi yaturanye ubwira asaba kwungurirwa ata ndwano urubibe rw’akarere yari yarakebewe, kugira ngo gashobore kubamwo abantu batinya Imana barushirije kuba benshi. Na twebwe turakeneye gutura amasengesho avuye ku mutima dusaba ko haba iyongerekana uko tugira uruhara n’umwete mu gikorwa co guhindura abantu abigishwa.

5:10, 18-22. Mu misi y’Umwami Sauli, ya miryango yari mu Buseruko bwa Yorodani yaranesheje Abahaguri naho abo Bahaguri baruta iyo miryango incuro zirenga zibiri. Ivyo vyashobotse kubera ko abarwanyi b’intwari b’iyo miryango bizigiye Yehova kandi bakarondera gufashwa na we. Nimuze twame twizigira Yehova duherezako uko tubandanya ya ntambara yacu yo mu buryo bw’impwemu turwana n’abansi bateye ubwoba rwose.​—Abanyefeso 6:10-17.

9:26, 27. Abalewi bari bajejwe kurinda irembo bari bafise ibanga rikomeye. Bari barahawe urupfunguruzo rwugurura imiryango ija mu bibanza vyeranda vy’urusengero. Barabaye abizigirwa mu kwugurura amarembo ku musi ku musi. Twarashinzwe ibanga ryo gushikira abantu bo mu cibare twakebewe no kubafasha ngo baze gusenga Yehova. Ntidukwiye none natwe kuba abizigirwa nk’ukwo kw’abo Balewi barinda amarembo?

DAWIDI AGANZA ARI UMWAMI

(1 Ngoma 10:1–29:30)

Iyo nkuru itangura ivuga ukuntu Umwami Sauli n’abahungu biwe batatu bapfira mu rugamba bariko barwana n’Abafilisitiya ku Musozi Gilibowa. Dawidi mwene Isayi arimikwa akaba umwami aganza umuryango wa Yuda. Abagabo bavuye mu miryango yose baraza i Heburoni maze bakamwimika kugira aganze Isirayeli yose (1 Ngoma 11:1-3). Butaraca na kabiri, arigarurira Yeruzalemu. Mu nyuma, Abisirayeli barazana isandugu y’isezerano i Yeruzalemu “basēsereza impundu, bavuza inzamba . . . , bavuza cane n’amakembe n’inanga”.​—1 Ngoma 15:28.

Dawidi araserura icipfuzo afise co kwubakira ingoro ya Mana y’ukuri. Ako gateka Yehova akabikira Salomo, mugabo aragirana na Dawidi isezerano ryerekeye Ubwami. Uko Dawidi ashishikara isekeza ryiwe ryo kurwana n’abansi ba Isirayeli, ni ko Yehova aza aramuha intsinzi. Abantu 70.000 barapfa bivuye ku rusansuma rugirwa bidaciye mu mategeko. Dawidi amaze kubwirwa n’umumarayika ngo yubakire igicaniro Yehova, aragura ikibanza n’Umuyebusi yitwa Orunani. Dawidi aratangura ‘kwitegurira vyinshi cane’ bizofasha mu kwubakira Yehova ingoro “nziza y’agahore” muri ico kibanza (1 Ngoma 22:5). Dawidi aragabura ibikorwa vy’Abalewi, hano mu gitabu ca Ngoma za Mbere bikaba bivugwa ido n’ido kuruta ahandi hose mu Vyanditswe. Umwami be n’abanyagihugu baratanga batitangiriye itama intererano zo kwubaka nya rusengero. Dawidi amaze imyaka 40 atwara, arapfa “yīsāziye neza, ageze mu zabukuru, ar’umutunzi n’umunyacubahiro; maz’umuhungu wiwe Salomo a[ga]subira ku ngoma yiwe”.​—1 Ngoma 29:28.

Inyishu z’ibibazo bishingiye ku Vyanditswe:

11:11​—Ni kubera iki havugwa ko abishwe ari 300 aho kuba 800 nk’uko tubisanga mu nkuru nk’iyo nyene iri muri 2 Samweli 23:8? Umukuru w’abantu batatu ba Dawidi b’intwari kurusha abandi yari Yashobeyamu, ari we Yoshebu-bashebeti. Babiri bandi bari Eleyazari na Shama (2 Samweli 23:8-11). Imvo ituma ivyo bitigiri biba ibitandukanye yoshobora kumbure kuba ari uko izo nkuru zivuga ibikorwa bitandukanye vyakozwe n’umuntu umwe.

11:20, 21​—Abishayi yari afise ikibanza ikihe umugereranije na ba bagabo batatu b’abanyenkomezi ba Dawidi baza imbere y’abandi? Abishayi ntiyari uwo muri ba bagabo batatu ba Dawidi barusha abandi kuba abanyenkomezi. Ariko rero, nk’uko bivugwa muri 2 Samweli 23:18, 19, yari umukuru w’abarwanyi 30 kandi yari umunyacubahiro kuruta uwo ari we wese muri bo. Abishayi yaravugangwa nk’abo bagabo batatu b’abanyenkomezi kuruta abandi kubera ko yakoze igikorwa c’ububasha nk’ico Yashobeyamu yakoze.

12:8​—Ni mu buryo ubuhe mu maso h’abarwanyi b’Abagadi hari hasa no “mu maso h’intambwe” (NW)? Abo bagabo b’intwari bari baherereye ku ruhande rwa Dawidi igihe yari mu bugaragwa. Imishatsi yabo yari yarakuze iraba miremire. Kubera ko bari bafise ibishatsi vyinshi, vyatumye bagira mu maso hateye ubwoba, hasa n’ah’intambwe.

13:5​—“Uruzi rwa Egiputa” ni iki? Hari abiyumviriye yuko iyo mvugo yerekeza kw’ishami rinaka ry’Uruzi Nili. Ariko rero, ahanini vyiyumvirwa yuko iyo mvugo yerekeza ku “mugezi wa Egiputa”, uno ukaba wari umwonga muremure wari ugize urubibe rwa ca Gihugu c’Isezerano rwari ruherereye mu Bumanuko bushira Uburengero.​—Guharūra 34:2, 5; Itanguriro 15:18.

16:1, 37-40; 21:29, 30; 22:19​—Ni indinganizo iyihe ijanye n’ugusenga yagumye ikora muri Isirayeli kuva igihe ya Sandugu yazanwa i Yeruzalemu gushika igihe urusengero rwubakwa? Igihe Dawidi yazana ya Sandugu i Yeruzalemu hanyuma akayishira mw’ihema yari yarashinze, hari haciye imyaka myinshi iyo Sandugu itari mw’itaberenakulo. Iyo Sandugu imaze kwimurwa, yagumye muri iryo hema i Yeruzalemu. Itaberenakulo yari i Gibeyoni, aho Umuherezi Mukuru Sadoki na benewabo bashikanira ibimazi vyari vyarashinzwe n’Ivyagezwe. Iyo ndinganizo yarabandanije gushika urusengero ruhejeje kwubakwa i Yeruzalemu. Urusengero rumaze kurangira, nya taberenakulo yarakuwe i Gibeyoni izanwa i Yeruzalemu, Isandugu ica ishirwa Ahera Cane h’urusengero.​—1 Abami 8:4, 6.

Ivyigwa tuhigira:

13:11. Igihe tutaroraniwe mu twigoro twacu, aho guca duta ishavu kuri Yehova, dutegerezwa riho gusuzuma ukuntu ibintu vyifashe maze tukagerageza kuraba icoba cabiteye. Nta gukeka ko ivyo Dawidi yabigize. Yarigiye ku makosa yakoze maze mu nyuma arimurira Isandugu i Yeruzalemu akoresheje uburyo bubereye, biragenda nezaa.

14:10, 13-16; 22:17-19. Dukwiye kwama nantaryo twegera Yehova mw’isengesho tukamusaba ubuyobozi imbere yo gukora ikintu ico ari co cose kizogira ico kidukozeko mu vy’impwemu.

16:23-29. Ugusenga Yehova gukwiye kuba ari co kintu twitwararika imbere y’ibindi mu buzima.

18:3. Yehova arashitsa ivyo asezerana. Abicishije kuri Dawidi, yarashikije umuhango yari yaratanze wo guha urubuto rwa Aburahamu igihugu cose c’i Kanani, kikaba ‘cahera ku ruzi rwo muri Egiputa, kigashika ku ruzi runini ari rwo Efurate’.​—Itanguriro 15:18; 1 Ngoma 13:5.

21:13-15. Yehova yategetse umumarayika guhagarika icago kubera ko ababazwa no kubona abasavyi biwe bariko baracumukura. Vy’ukuri, “imbabazi ziwe [ni] nyinshi cane”b.

22:5, 9; 29:3-5, 14-16. Naho Dawidi atashinzwe igikorwa co kwubaka urusengero rwa Yehova, yaragaragaje agatima ko gutanga atitangiriye itama. Kubera iki? Kubera yuko yabona ko ivyo yari yararonse vyose yari yabironse bivuye ku kumera neza kwa Yehova. Agatima nk’ako k’ugukenguruka ni ko gakwiye kutuvyurira umutima wo gutanga tutitangiriye itama.

24:7-18. Indinganizo Dawidi yatanguje yo kugabura abaherezi mu migwi 24, yari igikora igihe umumarayika wa Yehova yabonekera Zekariya se wa Yohani Umubatizi hanyuma akamumenyesha ivyerekeye ivuka rya Yohani ryari ryimirije. Kubera ko Zekariya yari uwo mu “mutigiri wa Abiya”, ico gihe yari yashikiriwe mu gikorwa co ku rusengero (Luka 1:5, 8, 9). Ugusenga kw’ukuri gushingiye ku bantu babayeho koko, ntigushingiye ku bantu bo mu migani. Turaronka imihezagiro igihe dusenyera ku mugozi umwe na wa “mushumba wo kwizigirwa w’ubgenge” mu bijanye n’ugusenga Yehova mu buryo buringanijwe neza muri iki gihe.​—Matayo 24:45.

Korera Yehova n’‘umutima ukunze’

Igitabu ca Ngoma za Mbere nticigana gusa ukuntu imiryango yagiye ikurikirana. Kirigana n’ukuntu Dawidi yazanye isandugu y’isezerano i Yeruzalemu, intsinzi zikomeye yatahukanye, imyiteguro yagizwe ku bwo kwubaka urusengero, be n’ishingwa ry’imigwi y’Abalewi yari ijejwe gukora igikorwa c’ubuherezi. Ivyo Ezira yigana vyose mu gitabu ca Ngoma za Mbere bitegerezwa vy’ukuri kuba vyaragiriye akamaro Abisirayeli, birabafasha gusubira kugirira umwete ugusenga Yehova kwagirirwa ku rusengero.

Ese akarorero keza Dawidi yatanze mu kugumiza ugusenga Yehova mu kibanza ca mbere mu buzima bwiwe! Aho kwironderera uduteka tudasanzwe, Dawidi yarondera gukora ivyo Imana igomba. Turemeshwa gushira mu ngiro impanuro yatanze yo gukorera Yehova n’“umutima utunganye kand’ukunze”.​—1 Ngoma 28:9.

[Utujambo tw’epfo]

a Ushaka kumenya ibindi vyigwa twigira kuri ca gihe Dawidi yagerageza kujana Isandugu i Yeruzalemu, raba Umunara w’Inderetsi wo ku wa 15 Rusama 2005, urupapuro rwa 16-19.

b Ushaka kumenya ibindi vyigwa bijanye na rwa rusansuma rudaciye mu mategeko Dawidi yagira, raba Umunara w’Inderetsi wo ku wa 15 Rusama 2005, urupapuro rwa 16-19.

[Igicapo/Amafoto ku rup. 8-11]

(Ushaka igisomwa cose, raba ico gitabu)

Amayaruka yo kuva kuri Adamu gushika kuri Nowa (imyaka 1.056)

4026 B.G.C. Adamu

Imyk. 130 ⇩

Seti

105 ⇩

Enoshi

90 ⇩

Kenani

70 ⇩

Mahalaleli

65 ⇩

Yeredi

162 ⇩

Henoki

65 ⇩

Metusela

187 ⇩

Lameki ⇩

182 ⇩

2970 B.G.C. Ivuka rya NOWA

Amayaruka yo kuva kuri Nowa gushika kuri Aburahamu (imyaka 952)

2970 B.G.C. Nowa

Imyaka 502

Shemu

100 ⇩

UMWUZURE 2370 B.G.C.

Arupakisadi

35 ⇩

Shela

30 ⇩

Eberi

34 ⇩

Pelegi

30 ⇩

Reyu

32 ⇩

Serugi

30 ⇩

Nahori

29 ⇩

Tera

130 ⇩

2018 B.G.C. Ivuka rya ABURAHAMU

Kuva kuri Aburahamu gushika kuri Dawidi: amayaruka 14 (imyaka 911)

2018 B.G.C. Aburahamu

Imyaka 100

Isaka

60 ⇩

Yakobo

Nka. 88 ⇩

Yuda

⇩

Peresi

⇩

Hesironi

⇩

Ramu

⇩

Aminadabu

⇩

Nahashoni

⇩

Salumoni

⇩

Bowazi

⇩

Obedi

⇩

Isayi

⇩

1107 B.G.C. Ivuka rya DAWIDI

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika