-
Ububasha bwo gusubiza ibintu mu buryo—Yehova “ibintu vyose ariko abigira bishasha”Niwiyegereze Yehova
-
-
3. Ni icizigiro ikihe kiremesha dusanga mu Vyakozwe 3:21, kandi Yehova azogishitsa akoresheje uburyo ubuhe?
3 Ese ukuntu rero duhumurizwa no kumenya ivyerekeye ububasha Yehova afise bwo gusubiza ibintu mu buryo! Nk’uko tuja kubibona, hariho ibintu vyinshi Imana ishobora gusubiza mu buryo ku bw’abana bayo bo kw’isi kandi ikaba izobikora. Nkako, Bibiliya irerekana yuko Yehova afise umugambi w’uko «ibintu vyose bisubizwa mu buryo.» (Ivyakozwe 3:21) Kugira ngo ivyo abishitse, Yehova azokoresha Ubwami burongowe na Mesiya, ari we Mwana wiwe, Yezu Kristu. Ibimenyamenya vyerekana yuko ubwo Bwami bwatanguye gutegeka mw’ijuru mu 1914.a (Matayo 24:3-14) None ni ibiki bizosubizwa mu buryo? Reka turimbure bimwebimwe mu bikorwa bihambaye vya Yehova vyo gusubiza ibintu mu buryo. Kimwe muri ivyo bikorwa turashobora kucibonera. Ibindi bizoshika ku rugero runini muri kazoza.
-
-
Ububasha bwo gusubiza ibintu mu buryo—Yehova “ibintu vyose ariko abigira bishasha”Niwiyegereze Yehova
-
-
a “Ugusubizwa mu buryo kw’ibintu vyose” kwatanguye igihe Ubwami bwa Mesiya bwashingwa, maze uwukomoka ku mwami w’umwizigirwa Dawidi akaba ari we abuganza. Yehova yari yasezeraniye Dawidi yuko uruvyaro rwiwe rwoganje gushitsa ibihe bidahera. (Zaburi 89:35-37) Mugabo aho Babiloni imariye gusangangura Yeruzalemu mu 607 imbere ya Kristu, nta muntu n’umwe akomoka kuri Dawidi yavyagiye ku ntebe y’ubwami bw’Imana. Yezu, uwavukiye kw’isi ari samuragwa wa Dawidi, yacitse Umwami yari yasezeranywe kuva kera, igihe yimikwa mw’ijuru.
-