Ivyo ukuza kwa Kristu kuzorangura
“ITERABWOBA I SÃO PAULO”. Ukwo ni ko ikinyamakuru citwa Veja cadondoye imisi ine yo mu kwezi kwa Rusama 2006, aho ubukozi bw’ikibi bwari bwateguwe “bwasinzikaza cane” igisagara kinini kandi gitunze cane kuruta ibindi vyo muri Berezile. Mu “masaha arenga 100 iryo terabwoba” ryamaze, abantu hafi 150 bagizwe n’inyamiramabi, inkozi z’ikibi be n’abanyagihugu basanzwe, barahasize ubuzima.
Hirya no hino kw’isi, usanga ata kindi kikivugwa mu makuru atari ubukazi. Bisa n’uko abategetsi badashoboye kubuhagarika. Isi yacu iguma irushiriza kuba ahantu hateye akaga. Ushobora kuba wumva ucitse intege kubera yuko ahantu hose usanga havugwa amakuru menshi ababaje. Ariko rero, igihe c’uko ibintu bihinduka kiri hafi.
Yezu yigishije abayoboke biwe gusenga basaba ko Ubwami bw’Imana buza maze ivyo igomba bikaba “mw isi nk’uko biba mw ijuru” (Matayo 6:9, 10). Ubwo Bwami ni intwaro irongowe na Kristu Yezu, uwagenywe n’Imana ngo abe Umwami wabwo. Buzotorera umuti ingorane zose zihanze abantu. Ariko rero, kugira ngo Ubwami bw’Imana butume ivyo kw’isi bihinduka, ni ngombwa ko abategetsi b’isi bahava maze mu gishingo cabo hakaja ubutegetsi bwa Kristu. Ivyo ni vyo neza na neza ukuza kwa Kristu kuzorangura.
Vyoba bizoba mu mahoro?
Amahanga yoba azokwemera kuyobokera ubutegetsi bwa Kristu atabanje gutera igere? Hari ivyo intumwa Yohani yeretswe bidufasha kuronka inyishu y’ico kibazo. Yohani yigana ati: “Mbona ca gikōko [ikigereranya ivya politike vy’isi] n’abami bo kw isi n’ingabo zabo bakoraniye kurwanya ūvyagiye kuri ya farasi [ari we Yezu] n’ingabo ziwe” (Ivyahishuriwe 19:19). Ni ibiki bizoshikira abami bo kw’isi muri iyo ntambara? Bibiliya ivuga yuko Umwami yarobanujwe amavuta na Yehova “[a]zobavunaguza inkoni y’icuma, [a]bamenagur[e] nk’ikibumbano” (Zaburi 2:9). Ivya politike vyo muri iyi si azobigira ubunywenywe. Ubwami bw’Imana “buzomara bukomvomvore ubgami bgose bg’[abantu]; yamara bgo buzohangama gushitsa ibihe vyose”.—Daniyeli 2:44.
None bizogendera gute abantu barwanya Ubwami bw’Imana? Yezu avugwa ko “ah[o] azohishurirwa, ava mw ijuru, azananye n’abamarayika b’ubushobozi bgiwe, hagati mu muriro waka, [azokwishura] guhōrwa abatāmenye Imana n’abatumvira ubutumwa bgiza” (2 Ab’i Tesalonike 1:7, 8). Mu Migani 2:22 havuga hati: “Arikw abanyavyaha bazokomborwa mu gihugu, kand’abaguranyi bazorandurwa muri co”.
Ku bijanye n’ukuza kwa Kristu, Bibiliya ivuga iti: “Eh’arazanana n’ibicu, kandi ijisho ryose rizomwibonera” (Ivyahishuriwe 1:7). Abantu ntibazomubona n’amaso nyamaso. Kuva aho Yezu adugiye mw’ijuru, ni ikiremwa c’impwemu, akaba ‘aba mu muco utegerwa, kandi nta muntu yigeze amubona, canke yoshobora kumubona’.—1 Timoteyo 6:16.
Kugira abantu baba kw’isi babone Yezu, ntibirinda gusaba ko yambara umubiri w’umuntu, nka kurya nyene bitarinze gusaba ko Yehova abigira igihe yateza Abanyamisiri vya Vyago Cumi mu gihe ca Musa. Abantu bariho ico gihe ntibakeka yuko Yehova ari we yariko arateza ivyo vyago, kandi babwirijwe kwemera ububasha bwiwe (Kuvayo 12:31). Mu buryo nk’ubwo nyene, igihe Kristu azohaguruka ngo ashitse urubanza rw’Imana, abanyakibi vyanse bikunze ‘bazobona’ canke batahure, yuko Yezu ariko akoreshwa n’Imana mu kubacira urubanza. Ivyo bazobitahura kubera yuko bazoba baraburiwe imbere y’uko biba. Ni vyo, “ijisho ryose rizomwibonera, . . . kand’amoko yose yo mw isi azoborogeshwa na we”.—Ivyahishuriwe 1:7.
Kugira ngo kw’isi abantu basubire kugira amahoro nyayo bongere batunge batunganirwe, ni ngombwa ko abanyakibi basangangurwa, ubutegetsi burangwa n’ububisha na bwo bukavaho. Ivyo ni vyo Kristu azokora. Azoca yifatira mu minwe ivyo kw’isi vyose, maze hace hakurikira amahinduka akomeye.
Uguhinduka kw’ibintu kuzogira akamaro
Intumwa Petero yaravuze ibijanye n’“ugusubira guhindura ibintu vyose bisha, nk’ukw Imana yavuze mu kanwa k’abera bayo yavugisha bose, uhereye ubga mbere na mbere” (Ivyakozwe n’intumwa 3:21). Ukwo guhinduka kw’ibintu kurimwo n’ihinduka rizoba kw’isi ku ngoma ya Kristu. Umwe mu bahanuzi Imana yakoresheje mu kuvuga ibijanye n’“ugusubira guhindura ibintu vyose bisha” kw’isi, ni umuhanuzi Yesaya, uwabayeho mu kinjana c’umunani B.G.C. Yavuze yuko Yezu Kristu, we “Mukama w’amahoro”, azogarukana amahoro kw’isi. Ku bijanye n’ubutegetsi bwa Kristu, ubuhanuzi bwa Yesaya bugira buti: “Ukugwira kw’ubutware bgiwe n’amahoro ntibizogira iherezo” (Yesaya 9:6, 7). Yezu azokwigisha abantu bo kw’isi kubana mu mahoro. Abazoba baba kw’isi “bazonezererwa amahoro y’umusēsekara”.—Zaburi 37:11.
Bizogenda gute ku bijanye n’ubukene be n’inzara ku ngoma ya Kristu? Yesaya yavuze ati: “Kur’uyu musozi Uhoraho Nyen’ingabo azohategurira amahanga yose amazimano y’inyama zinuze, amazimano ya vino y’umukāka, inyama zinuze zuzuye imisokōro, na vino y’umukāka imininnye neza” (Yesaya 25:6). Umwanditsi wa Zaburi na we yaririmvye ati: “Hazokwera impeke habe agahimbo mu gihugu no ku mpinga z’imisozi” (Zaburi 72:16). N’ikindi kandi, ku bijanye n’abazoba baba kw’isi, dusoma duti: “Bazokwubaka amazu bayīberemwo, kandi bazotera uruzabibu, bīrīre inzabibu zarwo. Ntibazokwubaka ngw abandi binjire; ntibazorima ngw abandi babirye: kuko nk’ukw imyaka y’igiti ingana ari kw abantu banje bazoramba, kand’abo nitoranirije bazoshitsa igihe kirekire banezererwa igikorwa c’amaboko yabo”.—Yesaya 65:21, 22.
Yesaya yaravuze kandi yuko indwara n’urupfu bizovaho. Biciye kuri Yesaya, Imana yavuze iti: “Ni ho impumyi zizohumūka, n’ibipfamatwi bizozibūrwa. Ico gihe ūcumbagira azosimba nk’impongo, ururimi rw’ikiragi ruririmbe” (Yesaya 35:5, 6). Maze “uwaho ntazovuga, ati Ndarwaye” (Yesaya 33:24). Imana, “urupfu [i]zorumira miyonzwa gushitsa ibihe vyose; kand’Umwami Uhoraho azohanagura amosozi ku maso ya bose”.—Yesaya 25:8.
Tuvuge iki ku bijanye n’abo bose bapfuye, bari “mu mva” (Yohana 5:28, 29)? Yesaya yavuze ati: “Abapfuye bawe bazoba bazima. . . . [Ba]zozuka” (Yesaya 26:19). Emwe, abasinziriye mw’itiro ry’urupfu bazosubira kuba bazima!
‘Imana izomuha intebe y’ubwami’
Ukuza kwa Kristu kuzotuma isi yose uko ingana isubira kumera neza! Isi izohindurwa ibe iparadizo y’akaroruhore, kandi abantu bose uko bangana bazohurikira hamwe mu gusenga Imana y’ukuri. Hari icodukura amazinda yuko Yezu Kristu azoshobora gukuraho ubukozi bw’ikibi akazana ubugororotsi kw’isi?
Zirikana ku wahaye Yezu ububasha n’ubukuru. Ku bijanye n’uwo Mwana w’Imana, Bibiliya yavuze iti: “Umwami Imana azomuha intebe y’ubgami ya sekuruza Dawidi” (Luka 1:32). Intebe y’ubwami ya Yezu, ni ukuvuga ubukuru canke ububasha bwiwe, yashinzwe na Yehova. Imana ni yo yashinze iyo ntebe y’ubwami yongera irayimuha. Nta ngorane n’imwe Yezu atazoshobora gutorera umuti.
Yezu amaze kuzuka yabwiye abigishwa biwe ati: “Jewe nahawe ububasha bgose mw ijuru no mw isi” (Matayo 28:18). Muri 1 Petero 3:22 havuga hati: “Amaze guhabga gutwara abamarayika n’abanyabubasha n’abanyabushobozi”. Nta banyabubasha canke abanyabushobozi bazorwanya Yezu ngo bererwe. Nta kintu na kimwe gishobora kumubuza kuzanira umuryango w’abantu imihezagiro iramba.
Ukuntu ukuza kwa Kristu kugira ico gukoze ku bantu
Mw’ikete intumwa Paulo yandikiye Abanyatesalonike, yavuze ati: “Twibuka ubudasība ibikorwa vyanyu biva ku kwizera, n’ubutame buva mu rukundo, n’ukwihangana [“kubera”, NW] ukwizigira Umwami wacu Yesu Kristo, imbere y’Imana yacu, ni yo Data wa twese” (1 Ab’i Tesalonike 1:3). Paulo yerekanye yuko ukwizigira Yezu Kristu gutuma umuntu agira umwete mu gukora ibintu bivamwo ivyiza kukongera kugatuma yihangana. Ukwo kwizigira kurimwo ukwizera ukuza kwa Kristu be n’amahinduka ukwo kuza kwiwe kuzocira inzira. Mwene ukwo kwizigira kurashobora gukomeza abakirisu b’ukuri, kugatuma bihangana n’aho bari mu bihe bitoroshe na gato.
Fata akarorero k’uwitwa Carlos aba i São Paulo, muri Berezile. Muri Myandagaro 2003, Carlos yaramenye ko yari arwanye kanseri. Kuva ico gihe amaze kubagwa incuro umunani, ivyo bikaba vyaramugizeko ingaruka zibabaza kandi zisinzikaza. Naho ari ukwo, yarabandanije kuba kiremesha ku bandi. Nk’akarorero, igihe yariko aramamaza kw’ibarabara imbere y’ibitaro bikomeye, yarabonanye n’ikindi Cabona ca Yehova yari afise umugabo yariko arafata imiti ya kanseri. Kubera yuko Carlos yari azi ingaruka zisinzikaza za kanseri, yarashoboye kuremesha no guhumuriza uwo mugabo n’uwo mukenyezi wiwe. Mu nyuma, bano bahavuye bavuga yuko ikiyago bagiranye na Carlos cabaremesheje. Ivyo vyatumye Carlos yibonera ko aya majambo Paulo yavuze ari ay’ukuri, ayagira ati: “[Imana] itwirura mu marushwa yacu yose, kugira ngo natwe tubone uko twirura imibabaro abari mu marushwa yose, tuyibiruza uko natwe twiruwe n’Imana”.—2 Ab’i Korinto 1:4.
Ni igiki kironsa Carlos inkomezi zo kubandanya kuremesha abandi naho asanzwe arwaye? Kuba yizigiye ukuza kwa Kristu be n’ivyo kuzorangura, biramuvyurira umutima wo kubandanya “[a]kora ivyiza”.—Ab’i Galatiya 6:9.
Zirikana no ku karorero ka Samuel. Murumunawe yiciwe ku metero 50 uvuye i muhira kwa se, arashwe amasasu cumi. Ikiziga ciwe camaze amasaha umunani kiri iruhande y’ibarabara mu gihe abapolisi bariko baragira itohoza kugira ngo bamenye uwari yakoze iryo shano. Samuel ntashobora kwibagira ivyabaye kuri uwo musi. Naho ari ukwo, arakomezwa n’ukuba yizigira yuko Kristu azokura ubukozi bw’ikibi bwose kw’isi be n’uko intwaro irangwa n’ubugororotsi izoca itangura kuganza izozanira abantu imihezagiro. Samuel arakunda kwiha ishusho ariko agwa mu nda uwo murumunawe yazutse, bari mw’Iparadizo kw’isi.—Ivyakozwe n’intumwa 24:15.
Ni igiki ukwiye gukora?
Kwizigira ukuza kwa Kristu n’ivyo kuzorangura birashobora kuguhumuriza cane. Nta gukeka ko Yezu Kristu azotorera umuti ikintu cose gituma abantu bagira ingorane bakongera bagashikirwa n’ibintu bibabaje.
Ni igiki none ukwiye gukora kugira ngo uze wironkere imihezagiro ingoma ya Kristu izohunda umuryango w’abantu? Nutangure kwiga Ijambo ry’Imana Bibiliya uvyitondeye. Mw’isengesho rimwe Yezu yatuye Se wiwe, yavuze ati: “Ubu ni bgo bu[zima] budashira, ko bamenya wewe, Imana yonyene y’ukuri, n’uwo watumye, Yesu Kristo” (Yohana 17:3). Niwishingire umugambi wo gusuzuma ivyo Bibiliya yigisha. Ivyabona vya Yehova bo mu karere ubayemwo bazohimbarwa no kubigufashamwo. Tukuremesheje bivuye ku mutima ngo ugerageze kubonana canke kuvugana na bo, kibure wandikire abasohoye iki kinyamakuru.
[Amafoto ku rup. 7]
Ukuza kwa Kristu kuzotuma isi yose uko ingana isubira kumera neza
[Abo dukesha ifoto]
Igice c’inyuma c’agafoto kongeweko: Rhino and Lion Park, Gauteng, South Africa