ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • wt ikig. 4 rup. 32-40
  • Uwo Abamenyeshakazoza Bose Bashingiye Intahe

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Uwo Abamenyeshakazoza Bose Bashingiye Intahe
  • Senga Imana yonyene y’ukuri
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Ico Ubuhanuzi Bwahishuye
  • Erekana Ukwizera Muri Kirisitu
  • Uwo Abamenyeshakazoza Bose Bashingiye Intahe
    Abahurikiye hamwe mu gusenga Imana imwe nsa y’ukuri
  • Iciyumviro nyamukuru ca Bibiliya
    Ivyahishuwe: Insozero yavyo ininahaye iregereje!
  • Inzira Rudende Ijana mu Buzima Budahera
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—1999
  • Ico Imana Yagize ngo Irokore Abantu
    Ubumenyi Bujana mu Buzima Budahera
Ibindi
Senga Imana yonyene y’ukuri
wt ikig. 4 rup. 32-40

Ikigabane ca Kane

Uwo Abamenyeshakazoza Bose Bashingiye Intahe

1. Ivyerekeye ukubaho kwa Yezu imbere y’uko aba umuntu nkatwe vyerekana iki ku biraba ubucuti afitaniye na Yehova?

“SE A[RA]KUNDA Umwana, akamwereka ivy’akora vyose ubgiwe.” (Yohana 5:20) Mbega ubucuti bwuzuye igishika Umwana yagiraniye na Se Yehova! Ubucuti bwabo bwa cane bwatanguye igihe yaremwa, imyaka ibihumbi n’ibihumbi imbere y’uko avuka ari umuntu. Yari Umwana w’ikinege w’Imana, akaba ari na we wenyene yaremwe na Yehova ubwiwe. Ibindi bintu vyose vyo mw’ijuru no kw’isi vyaremwe biciye kuri uwo Mwana mukundwa cane w’imfura. (Ab’i Kolosayi 1:15, 16) Yaranabaye Jambo w’Imana, canke Umuvugizi wayo, Uwo vyaciyeko kugira ngo ivyo Imana igomba bimenyeshwe abandi. Uwo, ari we Mwana Imana yakunda bimwe bidasanzwe, ni we yahavuye aba wa mugabo Yezu Kirisitu.—Imigani 8:22-30; Yohana 1:14, 18; 12:49, 50.

2. Ubuhanuzi bwa Bibiliya bwavuze Yezu ku rugero rungana iki?

2 Imbere y’uko Umwana w’Imana w’imfura asamwa ku gitangaro ngo abe umuntu, hariho ubuhanuzi injojo bwari bwahumetswe burandikwa ku bimwerekeye. Intumwa Petero yaremeje imbere ya Koruneliyo ati: “Abāvugishwa n’Imana bose bāmushingiye intahe.” (Ivyakozwe 10:43) Uruhara rwa Yezu rwaravuzwe muri Bibiliya ku rugero runini ku buryo umumarayika yabwiye intumwa Yohani ati: “Ugushingira intahe Yezu ni kwo gutuma havugwa ivya kazoza.” (Ivyahishuriwe 19:10, NW) Ubwo buhanuzi bwaramwerekanye neza ko ari we Mesiya. Bwarerekanye uruhara rutandukanye yoranguye mu gushitsa imigambi y’Imana. Ivyo vyose turakwiye kuvyitwararika cane muri iki gihe.

Ico Ubuhanuzi Bwahishuye

3. (a) Mu buhanuzi bwo mw’⁠Itanguriro 3:15, ni nde agereranywa n’Inzoka, wa “mugore,” na rwa ‘rubuto rw’inzoka’? (b) Ni kuki kwa ‘gukomeretsa inzoka ku mutwe’ kwobaye ikintu abasavyi ba Yehova bakwiye kwitwararika?

3 Ubuhanuzi bwa mbere muri ubwo ni ubwavuzwe inyuma y’ubugarariji bwo muri Edeni. Yehova yabwiye ya nzoka ati: “Nzoshira inyankane hagati yawe n’[u]mugore, no hagati y’[“urubuto,” NW] rwawe n’urwiwe: ruzogukomeretsa umutwe, nawe uzorukomeretsa igitsintsiri.” (Itanguriro 3:15) Ubwo buhanuzi mu vy’ukuri bwabwiwe Shetani, ari we agereranywa n’inzoka. Nya “mugore” ni ishirahamwe rya Yehova ubwiwe ryo mw’ijuru ridahemuka, rikaba rimeze nk’umugore w’umwizigirwa kuri we. Mu bagize ‘urubuto rw’inzoka’ harimwo abamarayika bose hamwe n’abantu bose bagaragaza agatima ka Shetani, barya barwanya Yehova n’abasavyi biwe. Ukwo ‘gukomeretsa inzoka ku mutwe’ bisigura ugusangangurwa kwohavuye gushikira umugarariji Shetani, umwe yacokora Yehova hanyuma agakwegera abantu intuntu. Ariko ni nde ari igihimba nyamukuru c’urwo “rubuto” rwogize iryo komeretsa? Mu gihe c’ibinjana n’ibindi, ivyo vyagumye ari ‘ibanga ryeranda.’—Abaroma 16:20, 25, 26.

4. Turavye ba sekuruza ba Yezu bidufasha gute kumenya yuko ari we Rubuto rwari rwarasezeranywe?

4 Inyuma y’imyaka nk’2.000 ya kahise k’abantu, Yehova yarasiguye ibindi. Yarerekanye yuko urwo Rubuto rwobonetse mu muryango wa Aburahamu. (Itanguriro 22:15-18) Ariko rero, uruvyaro rwokomotsemwo nya Rubuto ntirwovanye n’ukurondoka kw’abantu gusanzwe, ahubwo Imana ni yo yorwitoreye. Naho nyene Aburahamu yari afitiye urukundo umuhungu wiwe Ishimayeli wa mwana yavuka kuri Hagari, Yehova yavuze ati: “Isezerano ryanje nzorikomeza na Isaka, uwo muzovyarana na Sara.” (Itanguriro 17:18-21) Mu nyuma iryo sezerano ryaremejwe, mugabo ntiryagiriwe Esau imfura ya Isaka, ahubwo ryagiriwe Yakobo, uwo imiryango 12 ya Isirayeli yakomotseko. (Itanguriro 28:10-14) Mu nyuma, vyarerekanywe yuko nya Rubuto rwovutse mu muryango wa Yuda, mu ruvyaro rwa Dawidi.—Itanguriro 49:10; 1 Ngoma 17:3, 4, 11-14.

5. Igihe Yezu yatangura ubusuku bwiwe bwo kw’isi, ni igiki cagaragaje ko yari we Mesiya?

5 Ni ibindi bintu ibihe vyavuzwe vyofashije kumenya rwa Rubuto uwo ari we? Imyaka irenga 700 imbere y’igihe, Bibiliya yari yaravuze ko Betelehemu ari ho hantu Urubuto rwasezeranywe rwovukiye. Yarahishuye kandi yuko uwo muntu ari we Rubuto yari yabayeho “[kuva] kera hose,” guhera igihe yaremwa mw’ijuru. (Mika 5:2) Igihe nyaco yobonekeyeko kw’isi ari Mesiya na co nyene cari caravuzwe imbere y’igihe, biciye ku muhanuzi Daniyeli. (Daniyeli 9:24-26) Eka n’igihe Yezu yasigwa impwemu yera akabona gucika Uwasizwe wa Yehova, ijwi ry’Imana ubwayo ryavugiye mw’ijuru riratomora yuko ari Umwana wiwe. (Matayo 3:16, 17) Nya Rubuto rwari ruhishuwe! Ni co gituma Filipo yashobora kuvugana ubujijutsi ati: “Uwo Mose yanditse mu vyagezwe, n’abāvugishwa n’Imana bakamwandika, twamubonye, ni Yesu.”—Yohana 1:45.

6. (a) Twisunze Luka 24:27, abayoboke ba Yezu bahavuye batahura iki? (b) Ni nde ari igihimba nyamukuru ca rwa ‘rubuto rw’umugore,’ kandi gukomeretsa umutwe wa ya nzoka bisigura iki?

6 Inyuma y’aho, abayoboke ba Yezu bahavuye batahura yuko hari ubuhanuzi injojo buvuga ivyiwe bwagiye burashirwa mu Vyanditswe vyahumetswe. (Luka 24:27) Vyaranarushirije kugaragara yuko Yezu ari we gihimba nyamukuru ca rwa ‘rubuto rw’umugore,’ rumwe ruzokomeretsa inzoka mu mutwe, rukajanjagura Shetani ubutagisubira kubaho. Biciye kuri Yezu, imihango yose Imana yahaye abantu, ibintu vyose usanga ducambirwa cane bizoranguka.—2 Ab’i Korinto 1:20.

7. Turetse kumenya Umuntu avugwa mu buhanuzi, ni ikindi giki ari ngirakamaro ko tumenya?

7 None kumenya ivyo bikwiye gukora iki kuri twebwe? Bibiliya iratubwira ivy’inkone y’Umunyetiyopiya yari yasomye bumwebumwe muri ubwo buhanuzi bwerekeye Umucunguzi akaba na Mesiya yoje. Yumvise bimuyobeye, abaza wa mwamamaji w’inkuru nziza Filipo, ati: “Uwavugishwa n’Imana yavuze ayo majambo kuri nde?” Mugabo iyo nkone igihe yaronka inyishu ntiyaciye irekera aho. Uwo mugabo amaze kwumviriza yitonze insobanuro Filipo amuha, yaciye yumva yuko atonyurwa n’ubwo buhanuzi ngo abure kugira ico akoze. Yaratahuye yuko akeneye kubatizwa. (Ivyakozwe 8:32-38; Yesaya 53:3-9) Tweho twoba twakira ibintu gutyo?

8. (a) Ukuba Aburahamu yagomba gutangako inkuka Isaka vyagereranya iki? (b) Ni kuki Yehova yabwiye Aburahamu yuko amahanga yose yokwihesheje imihezagiro biciye kuri rwa Rubuto, kandi ivyo bituraba gute muri iki gihe?

8 Rimbura kandi ya nkuru ikora ku mutima y’igihe Aburahamu yagomba gutangako inkuka Isaka, umwana wenyene yari yavyaye kuri Sara. (Itanguriro 22:1-18) Ivyo vyari ikigereranyo c’ivyo Yehova yokoze, akaba yotanzeko inkuka Umwana wiwe w’ikinege: “Urukundo Imana yakunze abari mw isi [n]i rwo rwatumye itanga Umwana wayo w’ikinege, ng’ūmwizera wese ntaz’apfe rubi, arikw ahabge ubu[zima] budashira.” (Yohana 3:16) Ivyo biraduha umwizero w’uko nk’uko nyene Yehova yatanze Umwana wiwe w’ikinege ngo ashitse umugambi wiwe, ari na kwo ‘azotugabira ibindi vyose.’ (Abaroma 8:32) Twebwe dusabwa iki none? Nk’uko vyanditswe mw’⁠Itanguriro 22:18, Yehova yabwiye Aburahamu yuko amahanga yose yokwihesheje umuhezagiro biciye kuri nya Rubuto, ‘kuko Aburahamu yumviye Imana.’ Na twebwe birakenewe ko twumvira Yehova n’Umwana wiwe: “Uwizeye Umwana arafise ubu[zima] budashira, arik’ūtumvira Umwana ntazobona ubu[zima], arik’uburake bg’Imana buguma kuri we.”—Yohana 3:36.

9. Nimba dukenguruka icizigiro c’ubuzima budahera cashobotse kubera inkuka ya Yezu, tuzokora iki?

9 Nimba dukenguruka icizigiro c’ubuzima budahera cashobotse kubera inkuka ya Yezu, bizoba vyiza dukoze ibintu Yehova yatubwiye biciye kuri Yezu. Ivyo bihagaze ku rukundo dukunda Imana hamwe na bagenzi bacu. (Matayo 22:37-39) Yezu yarerekanye yuko urukundo dukunda Yehova ari rwo rwotuvyuriye umutima wo kwigisha abandi “kwitondera ivyo [Yezu yatu]geze vyose.” (Matayo 28:19, 20) Urwo rukundo kandi dushaka kurusangira n’abasavyi ba Yehova bagenzi bacu, mu “gukoranira hamwe” na bo tudahorereza. (Abaheburayo 10:25; Ab’i Galatiya 6:10) Vyongeye, mu kwumviriza Imana n’Umwana wayo, ntidukwiye kwiyumvira yuko badusaba kuba abantu batagira agasembwa. Mu Baheburayo 4:15 havuga yuko Yezu, we Muherezi Mukuru wacu, ashobora “kubabarana natwe mu ntege nke zacu.” Ese ukuntu ivyo bihumuriza yemwe, canecane igihe twegera Imana mw’isengesho tubicishije muri Kirisitu, kugira ngo idufashe gutsinda intege nke zacu!—Matayo 6:12.

Erekana Ukwizera Muri Kirisitu

10. Ni kuki ata handi ubukiriro bwobonekera atari muri Yezu Kirisitu?

10 Intumwa Petero amaze gusigurira sentare nkuru y’Abayuda yari ishashe i Yeruzalemu yuko ubuhanuzi bwa Bibiliya bwari bwarangukiye kuri Yezu, yaciye asozera rugabo ati: “Nta wundi agakiza kabonerwamwo, kukw ata rindi zina musi y’ijuru ryāhawe abantu dukwiye gukirizwamwo.” (Ivyakozwe 4:12) Kubera ko abakomoka kuri Adamu bose ari abanyavyaha, urupfu rwabo nta gaciro rufise koshobora gukoreshwa bwa ncungu ku bw’umuntu n’umwe. Mugabo Yezu yari umuntu atagira agasembwa, kandi ubuzima bwiwe bwari bushoboye gucungura abantu. (Zaburi 49:6-9; Abaheburayo 2:9) Yarashikaniye Imana incungu yari ifise agaciro gahuye neza n’ubuzima butagira agasembwa Adamu yari yaratakaje. (1 Timoteyo 2:5, 6) Ivyo vyatwugururiye inzira yo kuronka ubuzima budahera mw’isi nshasha y’Imana.

11. Sigura ingene inkuka ya Yezu ishobora kutugirira akamaro kanini.

11 Incungu kandi yaratwugururiye inzira yo kuronka ibindi vyiza, no muri iki gihe nyene. Nk’akarorero, naho turi abacumuzi, inkuka ya Yezu iratuma bishoboka ko tugira ijwi ryo mu mutima rityoroye, bivuye ku guharirwa ivyaha. Ivyo biraruta kure n’iyo ivyo Abisirayeli bigeze gushikako vyose mu gutanga ibimazi vy’ibitungwa basabwa n’Ivyagezwe vya Musa. (Ivyakozwe 13:38, 39; Abaheburayo 9:13, 14; 10:22) Ariko rero, kugira ngo duharirwe mwene ukwo, bisaba ko twemera icese yuko dukeneye rwose inkuka ya Kirisitu: “Tuvuze yukw ata caha dufise, tuba twizimiza, ukuri ntikuba kuri muri twebge. Ni twatura ivyaha vyacu, ni yo yo kwizigirwa kand’igororoka, ivyo ni vyo bituma iduharira ivyaha vyacu, ikatwoza ukugabitanya kwose.”—1 Yohana 1:8, 9.

12. Ni kuki ukwibizwa mu mazi ari ikintu gihambaye mu vyo kuronka ijwi ryo mu mutima ritatwagiriza ikibi imbere y’Imana?

12 Abacumuzi bashobora gute guserura ukwizera kwabo muri Kirisitu no mu nkuka yatanze? Igihe abantu bo mu kinjana ca mbere bahinduka abizera, barabigaragaje icese. Gute? Barabatijwe. Kubera iki? Kubera ko Yezu yategetse yuko abigishwa biwe bose babatizwa. (Matayo 28:19, 20; Ivyakozwe 8:12; 18:8) Umuntu ntazotinya igihe vy’ukuri yoba akorwa ku mutima n’iyo ngabirano irangwa urukundo Yehova yatanze biciye kuri Yezu. Yoheza agahindura ibikeneye guhindurwa vyose mu buzima bwiwe, akiyegurira Imana mw’isengesho, hanyuma akagaragaza ko yiyeguye, mu kwibizwa mu mazi. Yerekanye ukwizera muri ubwo buryo ni ho abona ‘gusaba Imana ijwi ryo mu mutima ritamwagiriza ikibi.’—1 Petero 3:21.

13. Iyo dutahuye ko twacumuye, dukwiye gukora iki, kandi kubera iki?

13 Yamara ntiwumve, no mu gihe umuntu ahejeje kugira ivyo, utugeso turanga icaha ntituzobura kuza turigaragaza. Uti none noca ngira iki? Intumwa Yohani yavuze ati: “Mbandikiye ivyo kugira ngo ntimukore icaha. Kandi ni hagira umuntu akora icaha, dufise Umwitsa kuri Data wa twese, ni Yesu Kristo umugororotsi, kand’uwo ni we mpongano y’ivyaha vyacu.” (1 Yohana 2:1, 2) Ivyo none vyoba bisobanura yuko naho twokora ibiki iyo dusavye Imana ngo iduharire vyose bica bigenda neza? Si ngombwa ngo bimere gutyo. Ikintu gihambaye gituma duharirwa ivyaha ni ukwigaya nyakuri. Vyoshobora kandi gukenerwa ko dufashwa n’abantu b’inararibonye baturusha kumenya utuntu n’utundi bo mw’ishengero rya gikirisu. Dutegerezwa kwiyemerera ko ico tuba twakoze ari kibi kandi tukumva yuko twicuza koko, ku buryo tugira akigoro gakomeye ko kwirinda kugisubira. (Ivyakozwe 3:19; Yakobo 5:13-16) Mu gihe ivyo tubigize, nta kitubuza kuronka imfashanyo ya Yezu no gusubira kurabwa ryiza na Yehova.

14. (a) Sigura uburyo buhambaye inkuka ya Yezu yatugiriye akamaro. (b) Nimba dufise ukwizera vy’ukuri, tuzokora iki?

14 Inkuka ya Yezu yaruguruye inzira yo kuronka ubuzima budahera mw’ijuru ku bitwa “[u]busho buto,” ni ukuvuga igihimba c’inyongera ca rwa rubuto ruvugwa mw’⁠Itanguriro 3:15. (Luka 12:32; Ab’i Galatiya 3:26-29) Yarugururiye kandi abandi bantu amamiliyaridi inzira yo kuzoronka ubuzima budahera kw’isi y’iparadizo. (Zaburi 37:29; Ivyahishuriwe 20:11, 12; 21:3, 4) Ubuzima bwamaho ni yo “ngabire y’Imana . . . , [i]bonerwa muri Kristo Yesu Umwami wacu.” (Abaroma 6:23; Abanyefeso 2:8-10) Nimba dufise ukwizera muri iyo ngabire kandi tukaba dukenguruka uburyo yashoboye kuboneka, tuzobigaragaza. Kubona ukuntu Yehova yakoresheje Yezu mu buryo bw’igitangaza mu gushitsa umugambi wiwe, be n’ukuntu bihambaye ko twese tugera ikirenge mu ca Yezu, bizotuma ubusuku bwa gikirisu tubugira kimwe mu bikorwa bihambaye dukora mu buzima bwacu. Ukwizera kwacu kuzobonekera mu bujijutsi tuvugana igihe tubwira abandi ivy’iyo ngabirano y’agatangaza iva ku Mana.—Ivyakozwe 20:24.

15. Ni mu buryo ki ukwizera Yezu Kirisitu gufise ubushobozi bwo gutuma abantu bunga ubumwe?

15 Mbega ukuntu ukwizera mwene ukwo gutuma abantu bunga ubumwe! Biciye kuri kwo, turiyegereza Yehova, Umwana wiwe be n’abandi bo mw’ishengero rya gikirisu. (1 Yohana 3:23, 24) Kuratuma tunezerwa kubera Yehova, abigiranye umutima mwiza, yahaye Umwana wiwe “rya zina nyaryo rirengeye amazina yose [kiretse izina ry’Imana], kugirango, kw’izina rya Yezu, bose bakubite ibipfukamiro [abo] mw’ijuru no kw’isi no mu kuzimu kw’inyenga, kandi ururimi rwose rw[a]ture yuko Yezu-Kristu ari Umukama ku buninahazwa bw’Imana Se.”—Abafilipi 2:9-11, UB.

Ikiganiro c’Isubiramwo

• Igihe Mesiya yaseruka, ni kuki abemera koko Ijambo ry’Imana bamumenye neza?

• Bimwebimwe mu bintu dukwiye gukora kugira ngo twerekane ko dukenguruka inkuka ya Yezu ni ibihe?

• Ni mu buryo butari bumwe ubuhe inkuka ya Yezu imaze kutugirira akamaro? Ivyo bidufasha gute igihe dusaba Yehova ngo aduharire ivyaha?

[Ifoto ku rup. 36]

Yezu yabwiye abayoboke biwe yuko bakwiye kwigisha abandi kwitondera amabwirizwa y’Imana

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika