Ni Nde ‘Azokira’?
‘Umuntu wese yambaza izina rya Yehova azokizwa.’—IVYAKOZWE 2:21.
1. Ni kuki Pentekote yo mu 33 G.C. wabaye umusi w’akamarampaka muri kahise k’isi?
PENTEKOTE yo mu 33 G.C. wabaye umusi w’akamarampaka muri kahise k’isi. Kubera iki? Kubera yuko kuri uwo musi ihanga rishasha ryavutse. Mu ntango, ntiryari ihanga rinini cane—ryari rigizwe gusa n’abigishwa imparurwa ba Kirisitu 120 batororokaniye mu cumba co hejuru i Yeruzalemu. Mugabo muri iyi misi, mu gihe amahanga menshi mu yari ariho muri ico gihe ubu yibagiranwe, ihanga ryavukiye muri ico cumba co hejuru riracari muri twebwe. Ico kintu kirahambaye cane kuri twebwe twese, kubera yuko iryo ari ihanga ryagennywe n’Imana kugira ribe icabona cayo imbere y’abantu.
2. Ni ibintu vy’igitangaro ibihe vyaranze ivuka ry’ihanga rishasha?
2 Igihe iryo hanga rishasha ryatangura kubaho, hari ibintu bihambaye vyashikije amajambo y’ubuhanuzi ya Yoweli. Ivyerekeye ivyo bintu vyabaye tubisoma mu Vyakozwe 2:2-4 uku: “Haza igihinda kivuye mw ijuru giturumbuka, nk’uguhuhuta kw’umuyaga w’inkomezi, gikwira hose mu nzu bicayemwo. Hababonekera ibirimi vyigabanije, nk’ivy’umuriro; bibajak’umwe-umwe. Bose buzuzwa [im]pwemu [y]era, batangura kuvuga izindi ndimi, uko [im]pwemu [i]bahaye kuzivuga.” Muri ubwo buryo, abo bagabo n’abagore b’abizerwa 120 bacitse ihanga ryo mu vy’impwemu, baba aba mbere bagize ico mu nyuma intumwa Paulo yise ‘Isirayeli y’Imana.’—Ab’i Galatiya 6:16.
3. Ni ubuhanuzi bwa Yoweli ubuhe bwarangutse kuri Pentekote yo mu 33 G.C.?
3 Amasinzi yaratororokanye aza kubariritsa ivy’ukwo “[g]uhuhuta kw’umuyaga,” hanyuma intumwa Petero abasigurira ko bumwe mu buhanuzi bwa Yoweli bwariko buraranguka. Ubuhanuzi ubuhe? Emwe, umve ico yavuze: ‘Mu misi y’iherezo, ni kw Imana yagize, nzosuka impwemu yanje ku bari n’umubiri bose: kand’abahungu n’abakobga banyu bazovugishwa nanje, n’imisore yanyu izobona ivyo yeretswe, n’abatāma banyu bazorota inzozi, mbere n’abagurano banje b’abahungu n’abakobga mur’iyo misi nzobasukako impwemu yanje, bavugishwe nanje. Nzoshira utwumiza hejuru mw ijuru, n’ibimenyetso hasi kw isi, amaraso n’umuriro no gupfūndūka kw’umwotsi. Izuba rizocura umwiza, n’ukwezi guhinduke amaraso, hataraza uwo musi uhambaye rurangiranwa wa Yehova: kand’umuntu wese azokwambaza izina rya Yehova azokizwa.’ (Ivyakozwe 2:17-21) Ayo majambo Petero yasubiyemwo tuyasanga muri Yoweli 2:28-32, kandi iranguka ryayo risigura ko ku Bayuda igihe cariko kirahera. ‘Umusi uhambaye rurangiranwa wa Yehova,’ ari co gihe co gucira urubanza Isirayeli itizerwa, wari wegereje. Ariko ni nde yokize, canke yowurenganye adora? Kandi ivyo vyagereranya iki?
Amaranguka Abiri y’Ubuhanuzi
4, 5. Petero afatiye ku bintu vyoshitse, ni impanuro iyihe yatanze, kandi ni kuki iyo mpanuro itokoze mu gihe ciwe honyene?
4 Mu myaka yakurikiye uwa 33 G.C., Isirayeli y’Imana yo mu vy’impwemu yarasagamvye, ariko ihanga rya Isirayeli ryo mu vy’umubiri ntiryasagamvye. Mu 66 G.C., Isirayeli yo mu vy’umubiri yariko irarwana na Roma. Mu 70 G.C. Isirayeli yasa n’iyizimanganye, Yeruzalemu n’urusengero rwaho na vyo biraturirwa birayogezwa. Kuri Pentekote yo mu 33 G.C., Petero aravye ako kaziri kari kegereje, yaratanze impanuro nziza. Yarongeye asubiramwo ivyavuzwe na Yoweli, avuga ati: ‘Umuntu wese yambaza izina rya Yehova azokira.’ Umuyuda umwumwe wese ukwiwe yabwirizwa gufata ingingo yiwe bwite yo kwambaza izina rya Yehova. Ivyo vyarimwo n’ugukurikiza ibindi Petero yabasavye gukurikiza ngo: “Ni mwihane, umuntu wese muri mwebge abatizwe mw izina rya Yesu Kristo, mubone guharirwa ivyaha vyanyu.” (Ivyakozwe 2:38) Abari bateze amatwi Petero bategerezwa kwemera ko Yezu ari we Mesiya, uwo Isirayeli bwa hanga yari yarateye akagere.
5 Ayo majambo y’ubuhanuzi ya Yoweli yari afise ico agira kinini ku bantu bicisha bugufi bo mu kinjana ca mbere. Ariko rero, arafise ico agira kirushirije muri iki gihe kubera ko, nk’uko ibiba mu kinjana ca 20 bivyerekana, harabaye iranguka rigira kabiri ry’ubuhanuzi bwa Yoweli. Reka turabe uko vyagenze.
6. Akaranga ka Isirayeli y’Imana katanguye kugaragara gute uko umwaka w’1914 wegereza?
6 Intumwa zimaze gupfa, Isirayeli y’Imana yarapfukiriwe n’urwamfu ari bwo Bukirisu bw’ikinyoma. Mugabo, mu kiringo co mu gihe c’iherezo, icatanguye mu 1914, akaranga k’iryo hanga ryo mu vy’impwemu karasubiriye kugaragara. Ivyo vyose vyari iranguka rya wa mugani wa Yezu w’urwamfu n’uburo. (Matayo 13:24-30, 36-43) Mu gihe umwaka w’1914 wariko uregereza, Abakirisu basizwe baratanguye kwitandukanya n’Abitwa Abakirisu b’intizerwa, bariyamiriza inyigisho zabo bashize amanga bongera baramamaza ivyerekeye iherezo ryariko riraza ry’ ‘ibihe vyashinzwe vy’amahanga.’ (Luka 21:24) Mugabo, indwano ya mbere y’isi yose, iyadutse mu 1914, yaravyuye ibibazo batari bariteguriye. Kubera imikazo ikomeye barimwo, bamwebamwe barahororokewe, abandi na bo baranadohoka. Mu 1918, igikenurwa cabo c’ukwamamaza inkuru nziza casa n’icahagaze.
7. (a) Ni ibintu ibihe vyabaye mu 1919 bisa n’ivyabaye kuri Pentekote yo mu 33 G.C.? (b) Guhera mu 1919, ugusukwa kw’impwemu y’Imana kwakoze iki ku basavyi b’Imana?
7 Naho vyari ukwo, ivyo ntivyamaze igihe kirekire. Guhera mu 1919, Yehova yaratanguye gusuka impwemu yiwe ku gisata ciwe mu buryo bwibukiriza Pentekote yo mu 33 G.C. Birumvikana, mu 1919 nta vy’ukuvuga mu ndimi canke umuyaga w’igihuhusi vyabaye. Dufatiye ku majambo ya Paulo ari muri 1 Ab’i Korinto 13:8, turatahura ko igihe c’ibitangaro cari cararenganye kera. Ariko impwemu y’Imana yaragaragaye vyibonekeje igihe mu 1919, kw iteraniro ryo i Cedar Point i Ohio, muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika, Abakirisu b’abizerwa basubira gukomezwa bakongera gutangura igikorwa c’ukwamamaza inkuru nziza y’Ubwami. Mu 1922, baragarutse muri Cedar Point, maze barasubira gukomezwa n’aka kamo ngo “Tangaze, tangaze, tangaze Umwami n’ubwami bwiwe.” Nk’uko vyabaye mu kinjana ca mbere, isi yabwirijwe kwibonera ico ukwo gusukwa kw’impwemu y’Imana kwavyaye. Umukirisu yiyeguye wese—yaba umugabo, umugore, umuto n’uwukuze—yatanguye ‘kuvuga ubuhanuzi’ ari kwo kumenyesha “ibitangaza vy’Imana.” (Ivyakozwe 2:11) Nk’uko Petero yabigize, baringinze abantu bicisha bugufi bati: “Ni mwikize ab’iki gihe kigoramye.” (Ivyakozwe 2:40) Abafise imitima yumva ivyo bobikoze bate? Bobikoze mu gukurikiza aya majambo ya Yoweli dusanga muri Yoweli 2:32: ‘Umuntu wese yambaza izina rya Yehova azokira.’
8. Ibintu vyateye imbere gute ku bwa Isirayeli y’Imana kuva mu 1919?
8 Kuva muri iyo myaka ya mbere, ibikorwa vya Isirayeli y’Imana vyagiye bitera imbere. Ukudomwako ikimenyetso kw’abasizwe kwaboneka ko kwateye intambwe, kandi kuva mu myaka y’1930 ishengero rinini ry’abicisha bugufi bafise icizigiro c’isi baribonekeje. (Ivyahishuriwe 7:3, 9) Bose biyumvamwo ko ibintu vyihutirwa, kubera yuko iranguka rigira kabiri rya Yoweli 2:28, 29 ryerekana ko twegereje umusi wa Yehova uteye ubwoba birushirije, igihe ivy’amadini, ivya politike n’ivy’ubudandaji vyo kw isi yose bizosangangurwa. Turafise impamvu ikomeye rero yo ‘kwambaza izina rya Yehova’ dufise ukwizera kwuzuye yuko azoturokora!
Twambaza Gute Izina rya Yehova?
9. Ni ibintu bimwebimwe ibihe biri mu kwambaza izina rya Yehova?
9 Ukwambaza izina rya Yehova birimwo n’ukugira iki? Ivyiyumviro bijanye na Yoweli 2:28, 29 biradufasha kwishura ico kibazo. Nk’akarorero, Yehova ntiyumviriza uwo ari we wese amwambaza. Biciye ku wundi muhanuzi ari we Yesaya, Yehova yabwiye Isirayeli ati: “Ni mwatega amaboko yanyu nzobahisha mu nyonga hanje; mbere naho mwosenga amasengesho menshi sinzobumviriza.” Ni kuki Yehova yanse kwumviriza ihanga ryiwe bwite? We ubwiwe arabisigura ati: “Amaboko yanyu yuzuyekw ibitenga vy’amaraso.” (Yesaya 1:15) Yehova ntazokwumviriza uwo wese yagirizwa amaraso canke amogoreye icaha. Ico ni co catumye Petero abwira Abayuda kuri Pentekote ngo bihane. Mu majambo akikije Yoweli 2:28, 29 dusanga ko na Yoweli ashimika ku vy’ukwihana. Nk’akarorero, muri Yoweli 2:12, 13, tuhasoma ibi: “Enda naho bigeze iyo, ni k[o Yehova] agize, ni mungarukeko n’imitima yanyu yose, mwisonzesha, murira, muboroga; imitima yanyu abe ari yo mutabura, ariko s’impuzu zanyu, kandi mugaruke k[uri Yehova] Imana yanyu: kukw ar’inyabuntu, yuzuye imbabazi, iteba kuraka, igira ikigongwe cinshi.” Guhera mu 1919, Abakirisu basizwe barakoze ibijanye n’ayo majambo. Barihanye kubera ukugwa kwabo maze biyemeza kutazigera basubira kudohoka canke guhororokerwa. Ivyo vyarugururiye inzira impwemu y’Imana kugira isukwe. Umuntu wese ashaka kwambaza izina rya Yehova no kwumvirwa ategerezwa gukurikiza iyo nzira nyene.
10. (a) Ukwihana nyakuri ni iki? (b) Yehova yakira gute ukwihana nyakuri?
10 Nimwibuke yuko ukwihana nyakuri atari gusa ukuvuga ngo “Mbabarira.” Abisirayeli barakunda gutabagura imitamana yabo kugirango berekane inyiyumvo zabo zikomeye. Mugabo Yehova avuga ati: “Imitima yanyu abe ari yo mutabura, ariko s’impuzu zanyu.” Ukwihana nyakuri kuva mu mutima, imbere kure muri twebwe. Birimwo guha umugongo ugukora ibibi, nk’uko nyene tubisoma muri Yesaya 55:7: “Umunyavyaha n’areke inzira yiwe, ūgabitanya areke ivyiyumviro vyiwe: agaruke k[uri Yehova].” Birimwo ukwanka icaha, nk’uko Yezu yacanka. (Abaheburayo 1:9) Maze, twizigira ko Yehova yoduharira yishimikije ya nkuka y’incungu, kubera yuko Yehova ‘ari umunyabuntu, yuzuye imbabazi, ateba kuraka, akagira ikigongwe cinshi.’ Azokwemera ugusenga kwacu, amashikanwa y’intete n’ay’ibinyobwa dutanga vyo mu vy’impwemu. Azotega ugutwi nitwambaza izina ryiwe.—Yoweli 2:14.
11. Ugusenga kw’ukuri gukwiye kugira ikibanza ikihe mu buzima bwacu?
11 Muri ya Nsiguro yo ku Musozi, Yezu yaradushikirije ikindi kintu twogumiza ku murizikanyi igihe yavuga ati: “Mubanze mwitwaririke ubgami bg’Imana n’ukugororoka kwayo.” (Matayo 6:33) Ugusenga kwacu ntigukwiye kubonwa nk’ukwofatwa minenegwe, ko ari nk’ikintu tugira bwikureyo kugira duhoyahoye ijwi ryacu ryo mu mutima. Ugukorera Imana gukwiriye ikibanza ca mbere mu buzima bwacu. Gutyo, biciye kuri Yoweli, Yehova abandanya kuvuga ati: “Ni muvugirize inzamba i Siyoni, . . . mukoranye abantu, mweze ikoraniro, mwegeranye abatāma, mukoranye abana n’abakiri kw ibere; umukwe n’asohoke mu nzu yiwe, n’umugeni n’ave mu nkinga.” (Yoweli 2:15, 16) Ni ibisanzwe yuko abaherutse kwabirana bisamarira, agatima k’umwe kakaguma ku wundi gusa. Mugabo no kuri bo, gukorera Yehova gukwiye kuza imbere y’ibindi. Nta kintu gikwiye kuza imbere y’ugutororokanira ku Mana yacu tukambaza izina ryayo.
12. Ni iyongerekana irihe twiteze turavye raporo y’Icibutso co mu mwaka uheze?
12 Mu gihe ivyo tubifise ku muzirikanyi, reka twiyumvire ivy’ibitigiri vyaseruwe na Raporo y’Umwaka w’Umurimo wo mu 1997 y’Ivyabona vya Yehova. Mu mwaka uheze harabayeho igitigiri c’agaheta c’abamamaji b’Ubwami 5 599 931—vy’ukuri rikaba ari ishengero rinini ry’abashemeza Yehova! Abitavye Icibutso bari 14 322 226—ni ukuvuga nk’abantu imiliyoni umunani n’igice barenga ku gitigiri c’abamamaji. Ico gitigiri kirerekena ko hitezwe iyongerekana ry’igitangaza. Abatari bake muri izo miliyoni umunani n’igice bari basanzwe bigana Bibiliya n’Ivyabona vya Yehova ari abantu bashimishijwe, canke ari abana b’abavyeyi babatijwe. Abatari bake muri bo bwari bwo bwa mbere bitaba ikoraniro. Ukuba ari ho bari vyarahaye Ivyabona vya Yehova akaryo keza ko kubamenya neza kuruta no kubafasha kugira irindi terambere. Hariho n’abasanzwe baza ku Cibutso uko umwaka utashe kumbure bakanitaba ayandi makoraniro makeyi, mugabo ntihagire irindi terambere bagira. Birumvikana, mwen’abo turabahaye ikaze ngo bitabe amakoraniro. Mugabo turabahimirije kuzirikana bitonze amajambo y’ubuhanuzi ya Yoweli, no kurimbura izindi ntambwe bakwiye gutera kugira biyemeze ko Yehova azobumviriza nibambaza izina ryiwe.
13. Niba dusanzwe twambaza izina rya Yehova, ni ibanga irihe tujejwe ku bandi?
13 Intumwa Paulo yarashimitse ku wundi muce wo kwambaza izina ry’Imana. Mw ikete yandikiye Abaroma, yarasubiyemwo amajambo y’ubuhanuzi ya Yoweli ati: ‘Umuntu wese yambaza izina rya Yehova azokizwa.’ Hanyuma yavuze ati: “None bazokwambaza bate uwo batarizera? Kandi bazokwizera bate uwo batarumva? Kandi bazokwumva bate, ata wabasiguriye ivyiwe?” (Abaroma 10:13, 14) Egome, abandi benshi gushika ubu bataramenya Yehova barakeneye kwambaza izina ryiwe. Abasanzwe bazi Yehova ntibafise gusa ibanga ryo kubabwira ubutumwa ariko kandi bafise ibanga ryo kubashikira no kubaha iyo mfashanyo.
Iparadizo yo mu vy’Impwemu
14, 15. Ni imihezagiro iyihe imeze nk’iparadizo igisata ca Yehova caronka kubera cambaza izina ryiwe mu buryo bumushimisha?
14 Ukwo ni ko abasizwe hamwe n’izindi ntama babona ibintu, kandi ico bitanga, ni uko Yehova abahezagira. ‘Yehova azogirira ishaka igihugu ciwe, agirire ikigongwe igisata ciwe.’ (Yoweli 2:18) Mu 1919, Yehova yaragaragarije ishaka n’ikigongwe igisata ciwe igihe yagisubiza umutamana akongera akagishira mu karere kiwe k’ibikorwa vyo mu vy’impwemu. Iyo vy’ukuri ni iparadizo yo mu vy’impwemu, iyidondorwa neza na Yoweli muri aya majambo: “Ewe gihugu, nta co utinya, nezerwa, uhimbarwe, kuk[o Yehova] yakoze ibihambaye. Namwe bikōko vyo mw ishamba, nta co mutinya; kuk’ubgatsi bgo mu bgeranyange bgongeye kumera, n’ibiti bisubiye kwama, n’imisukoni bo n’imizabibu bitengengeye. Noneho ni munezerwe, yemwe bantu b’i Siyoni, munezererwe [Yehova] Imana yanyu: kukw ibahaye imvura y’agatāsi ku rugero rukwiye, kukw ibarekuriye imvura, ikabaha iy’agatāsi n’iy’urushana nk’ubga mbere. Imbuga zizokwuzurakw ingano, n’amāto azobōgabōga vino n’amavuta ya elayo.”—Yoweli 2:21-24.
15 Ese ukuntu ari ishusho y’akaroruhore! Ibiribwa mbumbarugo bitatu muri Isirayeli—intete, amavuta ya elayo n’umuvinyu—hamwe n’umunyevu w’amasho vyari gutangwa ari umukimba. Muri iki gihe cacu ayo majambo y’ubuhanuzi araranguka vy’ukuri mu buryo bw’impwemu. Yehova araturonsa ibifungurwa vy’impwemu vyose dukeneye. None twese ntitunezerezwa n’uwo mukimba w’ibintu bitangwa n’Imana? Vy’ukuri, nk’uko Malaki yabimenyesheje, Imana yacu ‘iragomorora ingomero zo mw ijuru ikongera ikaducuncuburira umugisha, ukabura aho ukwizwa.’—Malaki 3:10.
Iherezo ry’Urunkwekwe rw’Ibintu
16. (a) Ugusukwa kw’impwemu ya Yehova gusobanura iki ku gihe turimwo? (b) Kazoza katubikiye iki?
16 Inyuma yo kumenyesha ivy’ukuntu iparadizo y’igisata c’Imana izoba imeze, Yoweli yaravuze ubuhanuzi bwerekeye ugusukwa kw’impwemu ya Yehova. Igihe Petero yasubiramwo ubwo buhanuzi kuri Pentekote, yavuze ko bwari burangutse mu “misi y’iherezo.” (Ivyakozwe 2:17) Ugusukwa kw’impwemu y’Imana muri ico gihe kwasigura yuko imisi y’iherezo yatanguye ku runkwekwe rw’ibintu rw’Abayuda. Ugusukwa kw’impwemu y’Imana kuri Isirayeli y’Imana mu kinjana ca 20 gusigura ko tubayeho mu misi y’iherezo y’ivy’isi yose. Dufatiye kuri ivyo, kazoza none katubikiye iki? Ubuhanuzi bwa Yoweli burabandanya kutubwira buti: “Nzoshira utwumiza mw ijuru no mw isi: amaraso n’umuriro no gupfūndūka kw’umwotsi. Izuba rizocura umwiza, n’ukwezi guhinduke amaraso, hataraza uwo musi [uhambaye] uteye ubgoba w[a Yehova].”—Yoweli 2:30, 31.
17, 18. (a) Ni umusi uteye ubwoba wa Yehova uwuhe waje kuri Yeruzalemu? (b) Ukuba tudakeka ko muri kazoza hazobaho umusi wa Yehova uteye ubwoba bidutuma tugira iki?
17 Mu 66 G.C., ayo majambo y’ubuhanuzi yaratanguye kurangukira kuri Yudaya igihe ibintu biba vyaza biratera intambwe ubudahengeshanya bigana ku butigu bwo ku musi uteye ubwoba wa Yehova mu 70 G.C. Ese ukuntu muri ico gihe vyari agaterabwoba kuba umuntu atari mu bambaza izina rya Yehova! Muri iki gihe, ibintu birandura umutima nk’ivyo biri imbere, igihe ivy’iyi si vyose bizosangangukira mu maboko ya Yehova. Ariko, ukurokoka kuracashoboka. Ubwo buhanuzi bubandanya bugira buti: ‘Umuntu wese yambaza izina rya Yehova azokira: kuko ku Musozi Siyoni n’i Yerusalemu hazoba agakiza, nk’uko Yehova yavuze, kandi mu barokotse hazobamwo abo Yehova azoba ahamagaye.’ (Yoweli 2:32) Vy’ukuri Ivyabona vya Yehova barakenguruka kuba baramenye izina rya Yehova, kandi barizigiye bimwe bishitse ko azobarokora igihe bamwambaza.
18 Ariko none, ni igiki kizoshika wa musi uhambaye kandi rurangiranwa wa Yehova niwaduka kuri iyi si n’ubukari bwawo bwose? Ivyo biraza kwihwezwa mu kiganiro ca nyuma co kwiga.
Woba Wibuka?
◻ Ni ryari Yehova yasutse impwemu yiwe ku gisata ciwe ari bwo bwa mbere?
◻ Ni ibintu bimwebimwe ibihe biri mu kwambaza izina rya Yehova?
◻ Ni ryari umusi uhambaye kandi rurangiranwa wa Yehova waje kuri Isirayeli yo mu vy’umubiri?
◻ Yehova ahezagira gute abambaza izina ryiwe muri iki gihe?
[Ifoto ku rup. 21]
Hari ihanga rishasha ryavutse kuri Pentekote yo mu 33 G.C.
[Ifoto ku rup. 22, 23]
Mu ntango z’iki kinjana, Yehova yarasubiriye gusuka impwemu yiwe ku gisata ciwe, ivyo biba bishikije Yoweli 2:28, 29
[Ifoto ku rup. 24]
Abantu bategerezwa gufashwa ngo bambaze izina rya Yehova