-
Ubukirisu bukwiragira mu bindi bihugu‘Raba ca gihugu ciza’
-
-
Hataraca n’igihe Yezu avuze ayo majambo, umusi mukuru wa Pentekote warahuje Abayuda n’abahindukiriye idini yabo bari baje bava mu mihingo yose y’inganji nganzabami y’Abaroma, ni ukuvuga uturere twerekanywe kw’ikarata iri aha munsi. Intumwa Petero yarabigishije uwo musi, bituma ubukirisu bukwiragira ningoga na ningoga.—Ivyk 2:9-11.
-
-
Ubukirisu bukwiragira mu bindi bihugu‘Raba ca gihugu ciza’
-
-
[Uruzitiro ku rup. 32]
BAJE BAVA . . .
Abayuda n’abahindukiriye idini yabo bumvise inkuru nziza kuri Pentekote mu 33 G.C., bari baje bava i Paritiya, mu Bumedi, muri Elamu, i Mezopotamiya, i Yudaya, i Kapadokiya, i Ponto, muri Aziya, i Furugiya, i Pamfiriya, mu Misiri, muri Libiya, i Roma, i Kirete no muri Arabiya. Benshi barabatijwe. Wibaza ko bakoze iki igihe basubira iwabo?
-