ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w98 1/1 rup. 11-16
  • Nugire Ukumenyesha Icese ngo Uronke Agakiza

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Nugire Ukumenyesha Icese ngo Uronke Agakiza
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—1998
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • “Mu Misi y’Iherezo”
  • Isengesho ryo Kurondera Agakiza
  • Ukwatura ‘Ijambo ryo Kwizera’
  • Ukwambaza Izina rya Yehova
  • Vya ‘Birenge Vyiza’ vy’Abakwiririji
  • Nutume “Ukwizigira Ubukiriro” Kwawe Kuguma Gukayangana!
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2000
  • Ni Nde ‘Azokira’?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—1998
  • Hariho inkuru nziza abantu bose bakeneye
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2011
  • Vyose nibimenyekanishe ubuninahazwa bwa Yehova
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2004
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—1998
w98 1/1 rup. 11-16

Nugire Ukumenyesha Icese ngo Uronke Agakiza

“Umuntu wese azokwambaza izina ry[a Yehova] azokizwa.”—ABAROMA 10:13.

1. Mu nkuru z’ivyabaye, ni imburizi izihe zumvikanishijwe?

INKURU z’ivyabaye ziradondora ‘imisi ya Yehova’ itari mike. Wa Mwuzure wo mu gihe ca Nowa, kwa kuzimanganywa kwa Sodomu na Gomora, hamwe na kwa gusangangurwa kwa Yeruzalemu mu 607 B.G.C. no mu 70 G.C., yari imisi ya Yehova ihambaye kandi iteye ubwoba. Yari imisi yo kugerera ubutungane abagararije Yehova. (Malaki 4:5; Luka 21:22) Muri iyo misi, benshi baratikiye kubera ubukozi bw’ikibi bwabo. Ariko hariho abarokotse. Yehova yaratumye imburizi zumvikanishwa, aramenyesha inkozi z’ikibi isenyagurwa ryari ryimirije, yongera araha ab’umutima ugororotse akaryo ko kuronka agakiza.

2, 3. (a) Ni imburizi iyihe yo mu buhanuzi yadonzwe igihe ca Pentekote? (b) Kuva kuri Pentekote yo mu 33 G.C., ni igiki casabwa ngo umuntu yambaze izina rya Yehova?

2 Isangangurwa rya Yeruzalemu mu 70 G.C. ni akarorero kibonekeje k’ivyo. Umuhanuzi Yoweli yarabuye ico kintu hagisigaye imyaka hafi 900 ngo kibe, yandika ati: “Nzoshira utwumiza mw ijuru no mw isi: amaraso n’umurimo no gupfūndūka kw’umwotsi. Izuba rizocura umwiza, n’ukwezi guhinduke amaraso, hataraza uwo musi mukuru uteye ubgoba w[a Yehova].” Vyoshobotse gute ko hagira uwurokoka ico gihe c’agaterabwoba? Yoweli yanditse ahumekewe ati: “Umuntu wese azokwambaza izina ry[a Yehova] azokizwa: kuko ku musozi Siyoni n’i Yerusalemu hazoba agakiza, nk’uk[o Yehova] yavuze, kandi mu masigarira hazobamw abo [Yehova] azoba ahamagaye.”—Yoweli 2:30-32.

3 Kuri Pentekote yo mu 33 G.C., intumwa Petero yarashikirije ijambo isinzi ry’Abayuda n’abakebanuke i Yeruzalemu hanyuma aradonda ubuhanuzi bwa Yoweli, arerekana ko abamwumviriza bakwiye kwitega iranguka muri ico gihe cabo, ati: “Nzoshira utwumiza hejuru mw ijuru, n’ibimenyetso hasi kw isi, amaraso n’umuriro no gupfūndūka kw umwotsi. Izuba rizocura umwiza, n’ukwezi guhinduke amaraso, hataraza uwo musi mukuru rurangiranwa w[a Yehova]: kand’umuntu wese azokwambaza izina ry[a Yehova] azokizwa.” (Ivyakozwe 2:16-21) Amasinzi yariko yumviriza Petero yose yari arongowe n’Ivyagezwe vya Musa, kandi rero bakaba bari bazi izina rya Yehova. Petero yasiguye ko kuva ubwo, kwambaza izina rya Yehova vyobaye birimwo ikindi kintu. Mu buryo bwibonekeje, muri ivyo harimwo ukubatizwa mw izina rya Yezu, uwari yarishwe hanyuma akazurirwa ubuzima budahwera, bwo mw ijuru.—Ivyakozwe 2:37, 38.

4. Ni ubutumwa ubuhe Abakirisu bamenyesheje mu makungu?

4 Guhera kuri Pentekote kubandanya, Abakirisu barakwiragije ijambo ryerekeye uwo Yezu yari yarazutse. (1 Ab’i Korinto 1:23) Baramenyesheje ko abantu boshoboye kwemerwa nk’abana bo mu vy’impwemu ba Yehova Imana kandi bakaba umuce w’ ‘Abisirayeli b’Imana,’ ihanga ryo mu vy’impwemu ‘ryomenyesheje mu makungu ivyiza bihebuje vya Yehova.’ (Ab’i Galatiya 6:16; 1 Petero 2:9) Abagumye ari abizerwa kugeza ku gupfa botoranye ubuzima bwo mw ijuru budahwera, bakaba abaraganwa na Yezu mu Bwami bwiwe bwo mw ijuru. (Matayo 24:13; Abaroma 8:15, 16; 1 Ab’i Korinto 15:50-54) Vyongeye, abo Bakirisu bari kumenyesha umuzo w’umusi wa Yehova uhambaye kandi uteye ubwoba. Bategerezwa kuburira isi y’Abayuda yuko yoshitsweko n’amarushwa aheta ikintu cose cari carakubise Yeruzalemu n’abantu bavuga ngo ni ab’Imana kugeza ico gihe. Ariko rero, hogize abarokoka. Bande? Abambaza izina rya Yehova.

“Mu Misi y’Iherezo”

5. Muri iki gihe ni amaranguka ayahe y’ubuhanuzi yabaye?

5 Mu buryo bwinshi, ibintu vy’ico gihe vyari igitutu c’ivyo tubona kino gihe. Guhera mu 1914, abantu babaye mu gihe kidasanzwe kivugwa muri Bibiliya ko ari “igihe c’iherezo,” “insozero y’urunkwekwe rw’ibintu,” hamwe n’“[i]misi y’iherezo.” (Daniyeli 12:1, 4; Matayo 24:3-8, NW; 2 Timoteyo 3:1-5, 13) Mu kinjana turimwo, intambara z’ubunyamaswa, ubukazi budahagarikwa, hamwe n’ukwononekara kw’ikibano hamwe n’ibidukikije, vyarerekanye iranguka ry’agatangaza ry’ubuhanuzi bwa Bibiliya. Ivyo vyose biri mu bigize ca kimenyetso Yezu yavugira mu buhanuzi, bikerekana ko abantu bari mu gushikirwa na wa musi wa Yehova uteye ubwoba wa nyuma, umusi simusiga. Ivyo bizokomera muri ya ndwano ya Harumagedoni, bwa butigu bw’ “amarushwa ahambaye atigeze kubaho kuva kw itanguriro ry’isi ugashitsa n’ubu, kandi ntazokwongera kubaho.”—Matayo 24:21; Ivyahishuriwe 16:16.

6. (a) Ni gute Yehova akora ngo akize abicisha bugufi? (b) Ni hehe dusanga impanuro ya Paulo ku vy’ukuntu tworokoka?

6 Uko uwo musi w’iyogeza utera urushirizaho kwegereza, Yehova ariko akora ngo haboneke agakiza k’abicisha bugufi. Muri iki ‘gihe c’iherezo,’ yaratororokanije aba nyuma bo muri Isirayeli y’Imana yo mu vy’impwemu, hanyuma guhera mu myaka y’1930 no kubandanya, yerekeza ivyiyumviro vy’abasuku biwe bo kw isi kw itororokanywa ry’ “ishengero ryinshi, ata woshobora kuriharūra, bo mu mahanga yose n’imiryango yose n’amoko yose n’indimi zose.” Uko bagize umugwi, abo ‘bava muri ya marushwa ahambaye’ ari bazima. (Ivyahishuriwe 7:9, 14) Ariko umwumwe wese ukwiwe yoshobora gute gutuma agakiza kiwe gashoboka ata gukeka? Intumwa Paulo arishura ico kibazo. Mu Baroma ikigabane c’10, aratanga impanuro nziza kugira umuntu arokoke—impanuro yakora mu gihe ciwe kandi ikaba ikora no mu co turimwo.

Isengesho ryo Kurondera Agakiza

7. (a) Ni icizigiro ikihe kigenekerezwa mu Baroma 10:1, 2? (b) Ni kuki Yehova ubu ashobora gutuma “ubutumwa bgiza” bumenyeshwa hanini cane birushirije?

7 Igihe Paulo yandika igitabu c’Abaroma, Yehova yari amaze guta Isirayeli uko ryari ihanga. Mugabo intumwa Paulo yaremeje ibi: “Ivyohimbara umutima wanje n’ivyo nsengera Abisirayeli ku Mana, n’ukugira ngo bakizwe.” Icizigiro yari afise cari ic’uko Abayuda umwumwe ukwiwe boshobora kuronka ubumenyi nziragakosa bw’igomba ry’Imana, bwotumye bakizwa. (Abaroma 10:1, 2) Vyongeye, Yehova yipfuza ko abo mw isi yose y’abantu uko ingana bagaragaza ukwizera, nk’uko vyerekanwa muri Yohana 3:16: “Imana yarakunze isi gushika itange Umwana wayo w’ikinege, ngo umwemeye wese ntapfe, aronke riho ubuzima budahera.” (Ubwuzure Bushasha) Inkuka y’incungu Yezu yatanze yaruguruye inzira ngo habeho ako gakiza gahambaye. Nk’uko vyabaye mu misi ya Nowa no mu misi y’urubanza yakurikiye, Yehova aratuma “ubutumwa bgiza” bumenyeshwa, akadoma urutoke ku nzira y’agakiza.—Mariko 13:10, 19, 20.

8. Dukurikije akarorero ka Paulo, Abakirisu b’ukuri bamenyesha ivyipfuzo vyiza bande muri iki gihe, kandi bakabimenyesha gute?

8 Paulo yarerekanye ivyo yipfuriza Abayuda n’Abanyamahanga, arakwiririza igihe cose akaryo kabonetse. “[Yaremeza] Abayuda n’Abagiriki.” Yabwiye abakurambere b’i Efeso ati: “[N]ta jambo ribereye nacishije i ruhande kubabgira canke kubigishiriza imbere y’abantu mu nzu no mu yindi. Nashinze intahe mu Bayuda no mu Bagiriki y’ukwihana mu nyonga z’Imana, n’ukwizera Umwami wacu Yesu Kristo.” (Ivyakozwe 18:4; 20:20, 21) Mu buryo nk’ubwo, Ivyabona vya Yehova muri iki gihe baritanga mu bukwiririji, batabwira gusa abavuga ko ari Abakirisu, ariko abantu bose, mbere no “gushitsa ku mpera y’isi.”—Ivyakozwe 1:8; 18:5.

Ukwatura ‘Ijambo ryo Kwizera’

9. (a) Ni ukwizera nyabaki mu Baroma 10:8, 9 haturemesha kugira? (b) Ni ryari kandi ni gute dukwiye kwatura ukwizera kwacu?

9 Ukwizera kurimwo ukwihangana kurasabwa kugirango umuntu aronke agakiza. Paulo yaradonze Gusubira mu Vyagezwe 30:14, amenyesha ati: “Ijambo riri hafi yawe, riri mu kanwa kawe no mu mutima wawe; ni ryo jambo ryo kwizera, iryo tubigisha.” (Abaroma 10:8) Uko dukwiririza iryo “jambo ryo kwizera,” ritera rirushiriza kuba iryiyanditse mu mitima yacu bimwe vyimbitse. Ni ko vyari bimeze kuri Paulo, kandi amajambo yavuze mu nyuma arashobora gukomeza icemezo cacu co kumera nka we mu gusangira n’abandi ukwo kwizera: “Ni wāturisha akanwa yuko Yesu ar’Umwami, ukizera mu mutima yukw Imana yamuzuye imukūye mu bapfuye, uzokizwa.” (Abaroma 10:9) Ukwo kwatura ntikugirwa gusa imbere y’abandi igihe c’ukubatizwa, ahubwo gutegerezwa kuba ukwatura kubandanya, igishingantahe c’icese kirangwa umwete ku vyerekeye imice yose y’ukuri mikurumikuru. Ukuri mwen’ukwo gushimikiye kuri rya zina ry’agaciro ry’Umukama Yehova Segaba; ku Mwami wacu wa kimesiya akaba n’Umucunguzi, Yezu Kirisitu Umukama; no kuri ya masezerano y’ivy’Ubwami y’akumiza.

10. Dukurikije Abaroma 10:10, 11, ni gute dutegerezwa gufata iryo “jambo ryo kwizera”?

10 Nta muntu yoronka agakiza atemera kandi ngo akurikize iryo “jambo ryo kwizera,” nk’uko iyo ntumwa ikomeza kubivuga, iti: “Umutima [ni] wo umuntu yizeresha, akaronka ukugororoka: kand’akanwa akaba ari ko yāturisha, akaronka agakiza. Kukw ivyanditswe bivuga, ng’Ūmwizera wese [ntazomaramara].” (Abaroma 10:10, 11) Dutegerezwa kuronka ubumenyi nziragakosa bw’iryo “jambo ryo kwizera” kandi tukabandanya kurigaburira mu mitima yacu kugirango tuvyurirwe ingiro yo kuribwira abandi. Yezu ubwiwe aratwibutsa ati: “Umuntu wese bizotera isoni kunyemera no kwemera amajambo yanje mur’i[ri yaruka ry’]ubusambanyi kandi [r]inyavyaha, n’Umwana w’umuntu bizomutera isoni kumwemera, ah’azozira afise ubgiza bga Se, azananye n’abamarayika bera.”—Mariko 8:38.

11. Inkuru nziza itegerezwa kumenyeshwa kugera hehe, kandi kubera iki?

11 Nk’uko vyari vyaravuzwe n’umuhanuzi Daniyeli, muri iki gihe c’iherezo “abāgize ubgenge” barabonwa bakayangana “nk’ugukayangana kwo mw itāzānure ry’ijuru,” uko intahe y’ivy’Ubwami isagarara kugeza ku mpera z’isi. Bariko ‘bazana benshi ku kugororoka,’ kandi ubumenyi nyabwo si ivy’imbeshere bwaragwiriye, kuko Yehova ariko ashira umuco urushirizaho gukayangana ku buhanuzi bwerekeye iki gihe c’iherezo. (Daniyeli 12:3, 4) Ubwo ni ubutumwa bw’agakiza buhambaye kugirango abakunda ukuri n’ukugororoka bose barokoke.

12. Ni gute Abaroma 10:12 hajanye n’ico umumarayika ashinzwe kidondowe mu Vyahishuriwe 14:6?

12 Intumwa Paulo arabandanya ati: “Nta tandukaniro ry’Umuyuda n’Umugiriki: kuk’Umwami umwe ar’Umwami wa bose, ni we afise ubutunzi bukwiye abamwambaza bose.” (Abaroma 10:12) ‘Inkuru nziza’ itegerezwa gukwiririzwa muri iki gihe ku rugero mbere runini birushirije ku mubumbe wose—ku bisata vyose, kugeza ku mpera nyene z’isi. Wa mumarayika avugwa mu Vyahishuriwe 14:6 arabandanya kuguruka yatiriye ijuru, akadushinga ‘inkuru nziza itazoshira yo kumenyesha ababa kw isi n’amahanga yose n’imiryango yose n’indimi zose n’amoko yose.’ Ni gute iyo izogira ico yunguye abayitaba?

Ukwambaza Izina rya Yehova

13. (a) Icanditswe cacu c’umwaka mu 1998 ni ikihe? (b) Ni gute ico canditswe c’umwaka kibereye birushirije muri iki gihe?

13 Paulo aradonda Yoweli 2:32, akamenyesha ati: “Umuntu wese azokwambaza izina ry[a Yehova] azokizwa.” (Abaroma 10:13) Ese ukuntu bibereye kubona ayo majambo yacaguriwe kuba icanditswe c’umwaka c’Ivyabona vya Yehova mu 1998! Ntaho vyigeze biba ibihambaye kuruta ubu, gutera tuja imbere twizigiye Yehova, tukamenyekanisha izina ryiwe hamwe n’imigambi ikomakomeye risobanura! Nk’uko vyari mu kinjana ca mbere, ari na ko biri mu mpera z’uru runkwekwe rw’ibintu rwononekaye, iri rango rirumvikana: “Ni mwikize ab’iki gihe kigoramye.” (Ivyakozwe 2:40) Ni akamo kameze nk’ak’inzamba gaterwa abantu bose batinya Imana kw isi yose, ngo bambaze Yehova kugira azobakize, azokize n’abumviriza ukumenyesha inkuru nziza kwabo kw’icese.—1 Timoteyo 4:16.

14. Dutegerezwa kwambaza ku Rutare uruhe kugirango turonke agakiza?

14 Ni ibiki bizoba wa musi wa Yehova niwaduka kuri iyi si? Benshi ntibazohanga amaso Yehova ngo baronke agakiza. Abantu muri rusangi “[bazoguma] babarira imisozi n’ibitandara, bati Ni mutugweko, muduhishe inyonga z’Īvyagiye kur’irya ntebe n’uburake bg’Umwagazi w’Intama.” (Ivyahishuriwe 6:15, 16) Icizigiro cabo kizoba kiri mu mashirahamwe n’inzego bimeze nk’imisozi vyo muri uru runkwekwe rw’ibintu. Mugabo ese ingene vyoba vyiza kuruta, bizigiye Gitandara mukuru wa bose, Yehova Imana! (Gusubira mu Vyagezwe 32:3, 4) Ku bimwerekeye Umwami Dawidi yaravuze ati: “[Yehova] n’igitandara canje, n’ubuhungiro bganje, n’umurokozi wanje.” Yehova ni “Igitandara c’agakiza kacu.” (Zaburi 18:2; 95:1) Izina ryiwe ni “umunara ukomeye,” wo ‘munara’ wonyene ukomeye bihagije wo kudukingira mu gihe ca ya mananiza agiye kuza. (Imigani 18:10) Ni co gituma bihambaye cane ko benshi bashoboka mu mamiliyoni hafi atandatu y’abantu bazima muri iki gihe bigishwa kwambaza izina rya Yehova ari abizerwa kandi batagira uburyarya.

15. Mu Baroma 10:14 herekana iki ku vy’ukwizera?

15 Mu buryo bukwiriye, intumwa Paulo irakomeza kubaza iti: “None bazokwambaza bate uwo batarizera?” (Abaroma 10:14) Hariho amasinzi bakiri kumbure abofashwa kugirango ‘ijambo ryo kwizera’ barigire iryabo, kugira babone kwambaza Yehova baronke agakiza. Ukwizera ni ikintu gihambaye cane. Paulo aravuga mu rindi kete ati: “Ūtizera ntibishoboka kw ayihimbara; kuk’uwēgēra Imana akwiye kwizera yukw iriho, igaha impēra abayirondera.” (Abaheburayo 11:6) Ni gute none abandi amamiliyoni bazoheza bakizera Imana? Mw ikete Paulo yandikiye Abaroma, abaza ati: “Kandi bazokwizera bate uwo batarumva?” (Abaroma 10:14) Yehova none yoba abaronsa uburyo bwo kwumva? Mu vy’ukuri, arabubaronsa! Umviriza amajambo abandanya ya Paulo: “Kandi bazokwumva bate, ata wabasiguriye ivyiwe?”

16. Mu ndinganizo y’Imana, ni kuki abakwiririji ari ntahara?

16 Dufatiye ku ciyumviro Paulo atanze, birumvikana neza ko abakwiririji bakenewe. Yezu yarerekanye ko ivyo ari ko vyogenze, “gushika ku nsozero y’urunkwekwe rw’ibintu.” (Matayo 24:14; 28:18-20, NW) Gukwiririza ni uruhande ntahara rw’ivyaringanijwe n’Imana vyo gufasha abantu ngo bambaze izina rya Yehova kugirango babone gukira. Mbere muri Kirisitendomu usanga benshi ataco bakora ngo batere iteka iryo zina ry’agaciro ry’Imana. Abenshi baravatiranije buhere Yehova n’abandi baperesona babiri mu cemerwa kidasigurika c’Ubutatu. Kandi, benshi usanga bari muri wa mugwi uvugwa muri Zaburi 14:1 na 53:1 ngo: “Igipfu cibgira mu mutima, ngo Nta [Yehova a]riho.” Barakeneye kumenya ko Yehova ari we Mana nzima, kandi bategerezwa gutahura ivyo izina ryiwe risobanura vyose niba bashaka gukira muri ya marushwa ahambaye yimirije.

Vya ‘Birenge Vyiza’ vy’Abakwiririji

17. (a) Ni kuki bibereye ko Paulo adonda ubuhanuzi bw’isubizamutamana? (b) Mu vy’ukugira ‘ibirenge vyiza’ harimwo ibiki?

17 Intumwa Paulo arafise ikindi kibazo gihambaye kuruta: “Kandi bazosigura ivyiwe bate, batātumwe? Nk’uko handitswe, ngw Ewe kuntu ibirenge vy’abazanye ubutumwa bg’ivyiza ari vyiza!” (Abaroma 10:15) Paulo ngaha adonda Yesaya 52:7, hakaba harimwo mu bigize ubuhanuzi bw’isubizamutamana bwakoze guhera mu 1919. Muri iki gihe, Yehova arasubira gutuma ‘uwuzanye inkuru nziza, akamamaza ivy’amahoro, uwuzanye inkuru nziza z’ivyiza, uwamamaza ivy’agakiza.’ “Abashibamyi” basizwe b’Imana hamwe na bagenzi babo baguma biha akamo n’umunezero. (Yesaya 52:7, 8) Ibirenge vy’abamamaza agakiza muri iki gihe vyoshobora kuruha, mbere bikajako umukungugu, uko bagenda bava mu nzu baja mu yindi, ariko ese ukuntu mu maso habo hakayanganishwa n’umunezero! Barazi ko bashinzwe na Yehova kumenyesha inkuru nziza z’ivy’amahoro no guhumuriza abagandaye, bakabafasha kwambaza izina rya Yehova barondera agakiza.

18. Mu Baroma 10:16-18 havuga iki ku vyerekeye ikizohava kikamūka mu kwumvikanisha inkuru nziza?

18 Abantu baba ‘bizera ivyo bumvise’ canke bakaba bahitamwo kutavyumvira, aya majambo ya Paulo ntabesha: “Mbega ntibumvise? Ego, bārumvise. Ijwi ryavyo ryumvikanye mw isi yose, bo n’amajambo yavyo ku mpera y’isi.” (Abaroma 10:16-18) Nk’uko nyene “ijuru ritāngāza icubahiro c’Imana,” nk’uko vyerekaniwe mu bikorwa vyayo vy’irema, ni ko Ivyabona kw isi bategerezwa kumenyesha “umwaka wo kwemererwamwo n[a Yehova], n’umusi wo kwīhōra w’Imana yacu; . . . [kwirura] abagandaye bose.”—Zaburi 19:1-4; Yesaya 61:2.

19. ‘Abambaza izina rya Yehova’ muri iki gihe bazohakura iki?

19 Umusi wa Yehova uhambaye kandi uteye ubwoba urushirizaho kwegereza. “Ewe wa musi mubi! Kuk’umusi w[a Yehova] uri hafi; uzoza ar’umusi wo guhonnya uvuye kw Īshobora vyose.” (Yoweli 1:15; 2:31) Isengesho ryacu ni uko amasinzi yandi bokwitaba inkuru nziza bihuta, bakarindiga baza mw iyungungane rya Yehova. (Yesaya 60:8; Habakuki 2:3) Ibuka ko hari iyindi misi ya Yehova yazanye agatikizo ku banyakibi—mu gihe ca Nowa, mu gihe ca Loti, no mu misi ya Isirayeli na Yudaya vyari vyahunnye. Ubu rero duhagaze ku nkengera za ya marushwa ahambaye kuruta ayandi yose, igihe umuyaga w’igihuhusi wa Yehova uzohanagura ubukozi bw’ikibi ukabukura kuri iyi si, ugakubura inzira ngo haze iparadizo y’amahoro ahoraho. None wewe uzoba mu ‘bambaza izina rya Yehova’ uri umwizerwa? Niba ari ukwo, nunezerwe! Urafise isezerano Imana ubwayo yatanze ry’uko uzokizwa.—Abaroma 10:13.

Wokwishura Ute?

◻ Ni ibintu bishasha ibihe vyamenyeshejwe inyuma ya Pentekote yo mu 33 G.C.?

◻ Ni gute Abakirisu bakwiye kwitwararika ‘ijambo ryo kwizera’?

◻ ‘Kwambaza izina rya Yehova’ bisobanura iki?

◻ Ni mu buryo ubuhe intwarabutumwa z’Ubwami zifise ‘ibirenge vyiza’?

[Ifoto ku rup. 15]

Abantu b’Imana bariko bamenyesha ivyiza bihebuje vyayo muri Porto Rico, Sénégal, Pérou, Papouasie-Nouvelle-Guinée—egome, hirya no hino ku mubumbe

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika