ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w05 1/5 rup. 13-17
  • Ni bande bazozuka?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ni bande bazozuka?
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2005
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Abapfuye bari hehe?
  • ‘Barahambije ba sogokuruza babo’
  • Hari abagabitanya boba bari muri Sheoli?
  • Ni bande bari muri Gehinomu?
  • Izuka ‘rya mbere’ be n’izuka ‘rirushirije kuba ryiza’
  • Sheoli na Hadesi ni iki?
    Mu vy’ukuri Bibiliya yigisha iki?
  • Ibibazo vy’abasomyi
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2005
  • Inkomezi Duhabwa n’Icizigiro c’Izuka
    Abahurikiye hamwe mu gusenga Imana imwe nsa y’ukuri
  • Umuriro Udahera Uriho Koko?
    Urashobora Kubaho Ibihe Bidashira mw Iparadizo ngaha kw Isi
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2005
w05 1/5 rup. 13-17

Ni bande bazozuka?

“Ntimutangazwe n’ico; kukw’igihe kija kuza, ah’abari mu mva bose bazokwumvira ijwi ryiwe, bakazivamwo”.​—Yohana 5:28, 29.

1. Ni amajambo ahambaye ayahe Musa yumviye kuri ca gisaka c’amahwa caka umuriro, kandi ni nde yahavuye ayasubiramwo?

HARACIYE imyaka irenga 3.500 habaye ikintu gitangaje rwose. Musa yari aragiye intama z’umwe sogokuruza Yetiro. Hafi y’umusozi Horebu, umumarayika wa Yehova yarabonekeye Musa mu mbeya z’umuriro hagati mu gisaka c’amahwa. Inkuru yo mu gitabu co Kuvayo yigana iti: “Aritegereza, abona ico gisaka cakamw’umuriro, ariko nti[gishe]”. Maze yumva ijwi rivuye muri nya gisaka c’amahwa rimuhamagara. Iryo jwi ryavuze riti: “Nd’Imana ya so, Imana ya Aburahamu, Imana ya Isaka, Imana ya Yakobo” (Kuvayo 3:1-6). Mu nyuma, mu kinjana ca mbere G.C., Yezu Umwana w’Imana ni we yahavuye asubiramwo ayo majambo.

2, 3. (a) Ni icizigiro nyabaki kihari kuri Aburahamu na Isaka hamwe na Yakobo? (b) Ni ibihe bibazo bica bivyuka?

2 Yezu yariko arayaga n’Abasadukayo bamwebamwe batemera izuka. Yezu yavuze ati: “Arikw abāpfuye ko bazuka na Mose yabimenyekanishije hamwe yavuga ivy’Igisaka c’amahwa, aho yita Uhoraho Imana ya Aburahamu n’Imana ya Isaka n’Imana ya Yakobo. Ereg’Imana s’iy’abāpfuye, ariko n’iy’abariho: kuko kuri yo bose bariho” (Luka 20:27, 37, 38). Mu kuvuga ayo majambo, Yezu yaremeje ko dufatiye ku kuntu Imana ibona ibintu, abo bantu bari bapfuye kera ari bo Aburahamu, Isaka na Yakobo bari bakiri bazima mu bwenge bw’Imana. Cokimwe na Yobu, barindiriye ko “imisi y’intambara” yabo ihera, ni ukuvuga ugusinzira mu rupfu kwabo (Yobu 14:14). Mw’isi nshasha y’Imana, bazozurwa.

3 None abandi bantu amamiliyaridi bagiye barapfa muri kahise bobo ivyabo bimeze gute? Boba na bo nyene bazozuka? Imbere y’uko turonka inyishu imara akanyota kuri ivyo bibazo, reka tubanze turabe mw’Ijambo ry’Imana aho abantu baja iyo bapfuye.

Abapfuye bari hehe?

4. (a) Abantu baja hehe iyo bapfuye? (b) Sheoli ni iki?

4 Bibiliya ivuga yuko abapfuye “[a]ta co baba bakizi”. Iyo umuntu apfuye ntaja kubabarizwa mu muriro udahera, canke ngo aje kuba ararindiririye mw’Irimbi, ahubwo asubira mu mukungugu. Ni co gituma Ijambo ry’Imana rihanura abazima riti: “Ikintu cose ukuboko kwawe kwerekeje gukora ugikorane inkomezi zawe; kukw ata gikorwa cank’inama cank’ukumenya cank’ubgenge i kuzimu [canke, “muri Sheoli”, NW] ah’urāriye kuja” (Umusiguzi 9:5, 10; Itanguriro 3:19). “Sheoli” ni ijambo abantu benshi batamenyereye. Ni ijambo ry’igiheburayo ata wuzi neza inkomoko yaryo. Amadini menshi yigisha yuko abapfuye bakiriho, ariko nk’uko Ijambo ry’Imana ryahumetswe rivyerekana, abari muri Sheoli barapfuye; nta co bazi. Sheoli ni imva abantu bose bajamwo.

5, 6. Igihe Yakobo yapfa yagiye hehe, kandi yahambije ba nde?

5 Muri Bibiliya, ahantu ha mbere dusanga ijambo “Sheoli” ni mu gitabu c’Itanguriro 37:35. Aho umwe sogokuruza Yakobo amariye kwumva ko Yozefu umwana wiwe yakunda cane yoba yari yapfuye, yaranse guhozwa avuga ati: “Nzorinda mpamvya umwana wanje [“muri Sheoli”, NW] nkirira”. Kubera yuko Yakobo yemera ko umwana wiwe yari yapfuye, yashaka gupfa ngo aje muri Sheoli. Haciye igihe, abana icenda ba Yakobo barashatse kumanukana mu Misiri umwana wiwe w’umuhererezi ari we Benyamini, bagiye kurondera ivyobamara inzara. Ariko rero Yakobo yaranse, avuga ati: “Umwana wanje ntazomanukana namwe; kuko mukuru we yapfuye, akaba asigaye ar’ikinege: yogira ic’aba mu nzira, mugatuma imvi zanje zimanukana umubabaro [“muri Sheoli”, NW]” (Itanguriro 42:36, 38). Aho hantu habiri herekana ko Sheoli ari ahantu haja abapfuye, atari ahantu abantu babandaniriza kuba inyuma yo gupfa.

6 Inkuru yo mu gitabu c’Itanguriro yerekana ko Yozefu yari asigaye ajejwe ibigega vy’ibifungurwa mu Misiri. Yakobo rero yarashoboye kujayo maze arakumburukanya na Yozefu mu kanyamuneza ntangere. Inyuma y’aho, Yakobo yarabaye muri ico gihugu gushika apfe yisaziye cane afise imyaka 147. Nk’uko yari yabisavye ari ku mpfiro, abahungu biwe baratwaye ibisigarira vyiwe baja kubihamba mw’isenga ry’i Makipela mu gihugu c’i Kanani (Itanguriro 47:28; 49:29-31; 50:12, 13). Yakobo rero yarahambije se wiwe Isaka na sekuru wiwe Aburahamu.

‘Barahambije ba sogokuruza babo’

7, 8. (a) Aburahamu yagiye hehe igihe yapfa? Sigura. (b) Ni igiki cerekana ko hari n’abandi bagiye muri Sheoli igihe bapfa?

7 Imbere y’aho, igihe Yehova yemeza isezerano yagiraniye na Aburahamu, akanamusezeranira ko uruvyaro rwiwe rwobaye rwinshi, yaravuze ivyoshikiye Aburahamu. Yehova yavuze ati: “Ariko weho uzohamvya ba sogokuruza amahoro, uzohambga wisāziye neza” (Itanguriro 15:15). Kandi uko yabivuze ni ko vyabaye. Mw’​Itanguriro 25:8 havuga hati: “Aburahamu aracīkāna, atāmbūra ageze mu zabukuru, apfa yisāziye neza; ahamvya ababo”. None ababo yahambije bari ba nde? Mw’​Itanguriro 11:10-26 haratanga urukurikirane rwa ba sekuruza biwe gushika kuri Shemu umuhungu wa Nowa. Abo bantu rero bari basanzwe basinziriye muri Sheoli ni bo Aburahamu yahambije igihe yapfa.

8 Imvugo ngo “ahamvya ababo” iragaruka cane mu Vyanditse vy’igiheburayo. Bica vyumvikana rero yuko na Ishimayeli umuhungu wa Aburahamu hamwe na Aroni mwenewabo na Musa bagiye muri Sheoli igihe bapfa, akaba ari ho barindiririye izuka (Itanguriro 25:17; Guharūra 20:23-29). Na Musa nyene yagiye muri Sheoli, naho ata n’umwe yamenye aho imva yiwe yari (Guharūra 27:13; Gusubira mu vyagezwe 34:5, 6). Yosuwa umwe yasubirira Musa mu kurongora ihanga rya Isirayeli hamwe n’ab’urunganwe rwiwe bose, na bo nyene bamanutse muri Sheoli igihe bapfa.​—Abacamanza 2:8-10.

9. (a) Bibiliya yerekana gute ko ijambo ry’igiheburayo “Sheoli” be n’iry’ikigiriki “Hadesi” yerekeza ku hantu hamwe? (b) Ni icizigiro nyabaki kihari ku bari muri Sheoli canke Hadesi?

9 Haciye ibinjana bitari bike, Dawidi yarabaye umwami wa ya miryango 12 ya Isirayeli. Igihe yapfa, ‘yahambije ba sekuruza’ (1 Abami 2:10). Yoba yari muri Sheoli na we nyene? Icogutangaza, kuri Pentekoti yo mu mwaka wa 33 G.C. intumwa Petero yarerekeje ku rupfu rwa Dawidi aca asubiramwo amajambo ari muri Zaburi 16:10, agira ati: ‘Ntuzorekera ubugingo bwanje muri Sheoli’ (NW). Petero amaze gucishamwo yuko Dawidi yari akiri mu mva yiwe, yaciye yerekeza ayo majambo kuri Yezu mu kuvuga ko Dawidi “yavuze ivy’ukuzuka kwa Kristo abibonye bitaribgabe, yukw atārekewe mu kuzimu [canke, “muri Hadesi”, NW], kandi n’umubiri wiwe ata ho wigeze ubora. Uwo Yesu Imana yaramuzuye, natwe twese tur’ivyabona vyo gushingira intahe ivyo” (Ivyakozwe 2:29-32). Ngaho Petero yakoresheje ijambo “Hadesi”, rikaba ari ijambo ry’ikigiriki rihuye na rya jambo ry’igiheburayo “Sheoli”. Abavugwa ko bari muri Hadesi rero nta ho bataniye n’abavugwa ko bari muri Sheoli. Bose barasinziriye, barindiriye izuka.

Hari abagabitanya boba bari muri Sheoli?

10, 11. Ni kubera iki twovuga ko hari abagabitanya baja muri Sheoli canke Hadesi iyo bapfuye?

10 Musa amaze gukura ihanga rya Isirayeli mu Misiri, bageze mu bugaragwa harabaye umugararizo. Musa yasavye abantu kwitandukanya n’abari imbere muri uwo mugararizo ari bo Kora, Datani na Abiramu. Bari bagiye gupfa urupfu rubi. Musa yasiguye ati: “Aba bantu ni bapfa urupfu rupfa abandi bantu bose, bakāzwako n’ibiza ku bandi bose, Uhoraho azoba atāntumye. Arik’Uhoraho ni yakora ikintu c’inzeduka, isi ikāsama, ikabamirana n’ivyabo vyose, bakamanuka [“muri Sheoli”, NW] bakibona, muca mumenya yukw aba bantu bakengereye Uhoraho” (Guharūra 16:29, 30). Nuko rero, baba abo isi yasamye ikamira canke abarigiswe n’umuriro nka Kora na ba Balewi 250 bari ku ruhande rwiwe, bose batahiriye muri Sheoli canke Hadesi.​—Guharūra 26:10.

11 Umwe Shimeyi yatuka ibitutsi bibi Umwami Dawidi, yahanywe na Salomo uwasubiriye Dawidi ku ngoma. Dawidi yategetse Salomo ati: “Ntuz’ugende utamuhannye; kuk’ur’umunyabgenge, uzomenya uk’ukwiye kumugenza; uz’utume amanuka [“muri Sheoli”, NW] imvi ziwe zirikw ibitenga vy’amaraso”. Salomo yakoresheje uwitwa Benaya mu gushitsa ico gihano (1 Abami 2:8, 9, 44-46). Uwundi muntu Benaya yicishije inkota yari Yowabu, uwahoze ari umukuru w’ingabo za Isirayeli. Imvi ziwe ‘ntizamanutse [“muri Sheoli”, NW] amahoro’ (1 Abami 2:5, 6, 28-34). Ubwo burorero bwose buremeza ko iyi ndirimbo Dawidi yaririmvye ahumekewe ari iy’ukuri: “Abanyakibi bazosubizwa [“muri Sheoli”, NW], mbere n’amahanga yose yibagira Imana”.​—Zaburi 9:17.

12. Ahitofeli yari nde, kandi yagiye hehe igihe yapfa?

12 Ahitofeli yari umuhanuzi mwishikira kuri Dawidi. Impanuro atanze yafatwa nk’aho yaba ivuye kuri Yehova ubwiwe (2 Samweli 16:23). Ariko ikibabaje, uwo musuku yizigirwa yahavuye ahemuka yifatanya na Abusalomu umuhungu wa Dawidi mu gutembagaza ubutegetsi. Bisa n’uko ubwo buhemu ari bwo Dawidi yerekejeko igihe yandika ati: “S’umwansi yantutse, vyari kumbera ibitwarika; cank’uwanyanka si we yanyishimye hejuru, mba naramwinyegeje”. Dawidi yabandanije ati: “Urupfu rubazeko giturumbuka, bamanuke baje [“muri Sheoli”, NW] bakibona, kuko gukora ivyaha kuri mu ngo zabo no mu mitima yabo” (Zaburi 55:12-15). Igihe Ahitofeli na bagenzi biwe bapfa, bagiye muri Sheoli.

Ni bande bari muri Gehinomu?

13. Ni kubera iki Yuda yitwa “umwana wo gupfa rubi”?

13 Gereranya ivyabaye igihe ca Dawidi n’ivyabaye igihe ca Dawidi Mukuru ari we Yezu. Umwe muri za ntumwa ziwe 12, ari we Yuda Isikariyoti, yahavuye ahemuka nka Ahitofeli. Uguhemuka kwa Yuda kwari gukomeye rwose kuruta ukwa Ahitofeli. Yuda yagiriye nabi Umwana w’ikinege w’Imana. Mw’isengesho Umwana w’Imana yatuye ari mu kurangiza ubusuku bwiwe bwo kw’isi, yavuze ku vyerekeye abayoboke biwe ati: “Nkiri kumwe na bo, nabazigamiye mw izina ryawe wampaye. Narabashibamyeko, kandi nta n’umwe muri bo yapfuye rubi, atari wa mwana wo gupfa rubi, kugira ngw ivyanditswe bishike” (Yohana 17:12). Mu kuvuga yuko Yuda yari “umwana wo gupfa rubi”, Yezu yashaka kwerekana yuko Yuda aramutse apfuye, ata cizigiro cariho c’uko azosubira kubaho. Ntiyagumye mu bwenge bw’Imana. Ntiyagiye muri Sheoli, ahubwo yagiye muri Gehinomu. None Gehinomu ni iki?

14. Gehinomu hagereranya iki?

14 Yezu yariyamirije indongozi z’idini zo mu gihe ciwe kubera yuko umwigishwa wazo wese zamuhindura “umwana wa Gehinomu” (Matayo 23:15). Ico gihe abantu bari bamenyereye umwonga wa Hinomu, kikaba cari ikibanza batamwo umwavu, aho bata imivyimba y’inkozi z’ikibi zafatwa ko zitabereye guhambanwa iteka. Imbere y’aho, Yezu ubwiwe yari yaravuze ibijanye na Gehinomu muri ya Nsiguro yiwe yo ku musozi (Matayo 5:29, 30). Insobanuro y’ikigereranyo y’iryo jambo yaribonekeza ku bariko baramwumviriza. Gehinomu hagereranya ugupfa buhere, ata cizigiro co kuzuka. Uretse Yuda Isikariyoti wo mu gihe ca Yezu, hoba hari abandi bapfuye bagaca baja muri Gehinomu aho kuja muri Sheoli canke Hadesi?

15, 16. Ni bande bagiye muri Gehinomu igihe bapfa, kandi kubera iki bagiyeyo?

15 Abantu ba mbere ari bo Adamu na Eva, bari baremwe batagira agasembwa. Bakoze icaha n’ibigirankana. Babwirizwa guhitamwo ubuzima budahera canke urupfu. Bahisemwo kugambararira Imana, baba bashigikiye Shetani. Igihe bapfa, nta cizigiro cariho c’uko bokwungukiye ku nkuka y’incungu ya Kirisitu. Ahubwo bagiye muri Gehinomu.

16 Umwana w’imfura wa Adamu ari we Kayini, yarishe mwenewabo Abeli, aca apfa ayerera agenda aranyegera. Intumwa Yohani yavuze ko Kayini “yar’uwa wa Mubi” (1 Yohana 3:12). Birumvikana rero ko igihe yapfa yagiye muri Gehinomu nk’abavyeyi biwe (Matayo 23:33, 35). Ese ukuntu ivyiwe bitandukanye rwose n’ivya wa mugororotsi Abeli! Paulo yavuze ati: “Ukwizera ni kwo kwatumye Abeli aha Imana ikimazi kiruta ica Kayini, ni kwo kwamuhesheje gushingirwa intahe kw ar’umugororotsi, hamwe Imana yashingira intahe amashikanwa yiwe yukw ari meza”. Yaciye yongerako ati: “Kandi ni kwo kwatumye na none akivuga, naho yapfuye” (Abaheburayo 11:4). Ni ivy’ukuri, Abeli ubu ari muri Sheoli arindiriye izuka.

Izuka ‘rya mbere’ be n’izuka ‘rirushirije kuba ryiza’

17. (a) Muri iki “gihe c’iherezo” ni bande baja muri Sheoli? (b) Abari muri Sheoli be n’abari muri Gehinomu bizobagendera gute?

17 Abantu benshi basoma aya makuru baribaza uko ibintu vyifashe ku bapfa muri iki “gihe c’iherezo” (Daniyeli 8:19). Mu Vyahishuriwe ikigabane ca 6 havuga ivy’abantu bane bagendesha amafarasi muri ico gihe. Biri n’ico bivuze kubona uwa nyuma muri bo yitwa Rupfu, akaba akurikiwe na Hadesi. Abantu benshi rero urupfu rukubiranya muri iki gihe bahitanywe n’ivyago bigereranywa n’abagendera ku mafarasi aza imbere ya Rupfu, batahirira muri Hadesi, aho barindirira kuzozukira mw’isi nshasha y’Imana (Ivyahishuriwe 6:8). None abari muri Sheoli (canke Hadesi) be n’abari muri Gehinomu bizobagendera gute? Muri make, aba mbere bazozuka, ariko aba kabiri bobo ntibazosubira kubaho kuko bapfuye urupfu rw’akagirire.

18. ‘Izuka rya mbere’ ritanga akaryo ko kuronka iki?

18 Intumwa Yohani yanditse ati: “Ūri mu mugabane wo kuzuka kwa mbere arahiriwe kandi n’uwera. Urupfu rwa kabiri ntirugira ububasha ku bameze bartyo, ariko bazoba abaherezi b’Imana na Kristo, kandi bazofatanya na we kuganza, iyo myaka igihumbi”. Abazofatanya na Kirisitu kuganza, bari mu mugabane w’“ukuzuka kwa mbere”. Ariko none abandi bantu basigaye bobo bafise icizigiro ikihe?​—Ivyahishuriwe 20:6.

19. Ni mu buryo ki bamwe baronka ‘izuka rirushirije kuba ryiza’?

19 Kuva mu misi y’abasavyi b’Imana Eliya na Elisa, igitangaro c’izuka caratumye abantu basubira kuba bazima. Paulo yiganye ati: “Abagore bāgaruriwe abo bābuze bazutse, abandi bicishwa amahiri ntibemera gucungurwa, kugira ngo baze bahabge ukuzuka kurushiriza kuba kwiza”. Ego cane, abo bantu b’intadohoka bari barindiranye igishika izuka ryotumye bongera kubaho, atari ukwongera kubaho yindi myaka mikeyi gusa bagaca bapfa, ariko bari barindiriye kuzoronka ubuzima budahera! Emwe, iryo rizoba ari ‘izuka rirushirije kuba ryiza’ koko!​—Abaheburayo 11:35.

20. Ikiganiro gikurikira cihweza iki?

20 Dupfuye turi intahemuka imbere y’uko Yehova azana umuhero kuri uru runkwekwe rubi, tuba dufise icizigiro ntakekeranywa c’‘izuka rirushirije kuba ryiza’. Rirushirije kuba ryiza kubera yuko ritanga akaryo ko kuronka ubuzima budahera. Yezu yasezeranye ati: “Ntimutangazwe n’ico; kukw igihe kija kuza, ah’abari mu mva bose bazokwumvira ijwi ryiwe, bakazivamwo” (Yohana 5:28, 29). Ikiganiro cacu gikurikira kirongera kwihweza intumbero y’izuka iyo ari yo. Kiratwereka ingene icizigiro c’izuka kidukomeza kugira tugume turi intadohoka, kikongera kikadufasha gutsimbataza agatima ko kwitanga.

Woba uvyibuka?

• Ni kubera iki Yehova avugwa ko ari Imana y’“abariho”?

• Abari muri Sheoli bamerewe gute?

• Abari muri Gehinomu bizobagendera gute?

• Ni mu buryo ki bamwe bazoronka ‘izuka rirushirije kuba ryiza’?

[Ifoto ku rup. 15]

Nka kumwe kwa Aburahamu, abaja muri Sheoli bazozuka

[Ifoto ku rup. 16]

Ni kubera iki Adamu na Eva, Kayini hamwe na Yuda Isikariyoti

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika